“Vyanditswe kugira bitwigishe”
“KWANDIKA ibitabo vyinshi ntikugira iherezo” (Umusiguzi 12:12). Ibintu umuyoro vyanditswe biriho muri kino gihe birerekana ko ayo majambo ari ay’ukuri muri iki gihe cacu nk’uko yari igihe yandikwa. Ariko none, umusomyi azi guhitamwo neza ashobora gute kumenya ivyo akwiye gusoma?
Igihe abasomyi benshi bihweza igitabu kinaka babona ko bakwiye gusoma, usanga bipfuza kugira ivyo bamenye ku bijanye n’uwacanditse. Abasohora ibitabu boshobora kwandika utujambo dukeyi tuvuga ibijanye n’igisagara umwanditsi yavukiyemwo, amashure yize, be n’urutonde rw’ibitabu amaze gusohora. Kumenya uwanditse igitabu uwo ari we birahambaye. Ivyo turabibonera mu kuntu mu binjana vya kera abanditsi b’abagore wasanga akenshi biha amazina y’abagabo kugira ngo aboba bipfuza gusoma ibitabu vyabo ntibabigaye ngo ni kubera gusa vyanditswe n’abagore.
Ariko ikibabaje, nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, hariho abantu batitaho Ivyanditswe vy’igiheburayo kubera biyumvira yuko Imana idondorwa muri ivyo Vyanditswe ari ikimana c’ikibisha casanganguye abansi baco ata kagongwea. Nimuze turimbure ivyo Ivyanditswe vy’igiheburayo be n’Ivyanditswe vy’ikigiriki bitubwira ku vyerekeye uwo Bibiliya yakomotseko.
Ico bitubwira ku vyerekeye uwo Bibiliya ikomokako
Twisunze uko Ivyanditswe vy’igiheburayo bivuga, Imana yabwiye ihanga rya Isirayeli iti: “Jewe Uhoraho [nta] ho mpinduka” (Malaki 3:6). Imyaka nka 500 inyuma y’aho ayo majambo yandikiwe, umwanditsi wa Bibiliya Yakobo yanditse ku vyerekeye Imana ati: “Kuri [yo] ntihaba uguhinduka kw’ukuzunguruka kw’igitutu” (Yakobo 1:17, NW). Ni kubera iki none kuri bamwebamwe Imana ivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo bisa n’uko itandukanye n’Imana ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki?
Ikibituma ni uko usanga mu bice bitandukanye vya Bibiliya imice y’ukuntu Imana imeze ihishurwa mu buryo butari bumwe. Mu gitabu c’Itanguriro honyene, Imana idondorwa nk’iyifise “intuntu mu mutima”, nka “Nyen’ijuru n’isi”, ikongera ikadondorwa nk’“Umucamanza w’isi yose” (Itanguriro 6:6; 14:22; 18:25). None ubwo buryo butandukanye bwo kudondora bwoba bwerekeza ku Mana imwe? Cane nyene.
Reka tubitangire akarorero: Umucamanza munaka ashobora kuba azwi cane n’abarengutse imbere yiwe muri sentare nk’umuntu akurikiza amategeko uko ari. Ariko abana biwe bo, bashobora kumubona ko ari umuvyeyi w’umunyarukundo kandi w’umutanzi. Abagenzi somambike biwe na bo bashobora kubona ko ari umuntu yegereka kandi atwenza. Umucamanza, umuvyeyi, be n’umuntu yegereka vyose bidondora umuntu umwe. Bitandukaniye gusa ku kuntu amera bivanye n’uko ibintu biba vyifashe.
Muri ubwo nyene, Ivyanditswe vy’igiheburayo bidondora Yehova nk’‘Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, ihora ari inyizigirwa’. Ariko kandi bivuga ko “[adahe]rereza urubanza k’ūtarugira” (Kuvayo 34:6, 7). Iyo mice ibiri irashira ahabona insobanuro y’izina ry’Imana. Izina “Yehova” urudome ku rundi risobanura ngo “Atuma biba”. Ivyo bisigura yuko, Imana icika ico ari co cose gikenewe kugira ngo irangure imigambi yayo (Kuvayo 3:13-15). N’aho ari ukwo, Yehova aguma ari Imana idahinduka. Yezu yavuze ati: “Yehova Imana yacu ni Yehova umwe”.—Mariko 12:29, NW.
Ivyanditswe vy’igiheburayo vyoba vyarasubirijwe?
Usanga muri kino gihe bimenyerewe ko ibitabu bivuga ibintu binaka bisubirizwa mu gihe hubuwe ibintu bishasha canke igihe ukuntu abantu bahora babona ibintu guhindutse. None vyoba vyagenze gutyo, Ivyanditswe vy’ikigiriki bigasubirira Ivyanditswe vy’igiheburayo? Haba namba.
Iyaba Yezu yari yaripfuje ko Ivyanditswe vy’igiheburayo bisubirirwa n’inkuru ivuga ivyerekeye ubusuku bwiwe be n’ivyo abigishwa biwe banditse, nta nkeka ko yari kuba yarabivuze mu buryo butomoye. Ahubwo, ku bijanye na Yezu imbere yuko aduga mw’ijuru, inkuru ya Luka ivuga iti: “Ahera kuri Musa no ku Bahanuzi bose [mu vyanditswe vy’igiheburayo] [a]sobanurira [babiri mu ntumwa ziwe] ibintu bijanye na we ubwiwe mu Vyanditswe vyose”. Mu nyuma, Yezu yarabonekeye intumwa ziwe z’intahemuka hamwe n’abandi bantu. Iyo nkuru ibandanya iti: “Buno ababwira ati: ‘Aya ni yo majambo yanje nababwiye nkiri kumwe namwe, yuko ibintu vyose vyanditswe mw’itegeko rya Musa no mu Bahanuzi no mu Mazaburi ku binyerekeye bitegerezwa kuranguka’” (Luka 24:27, 44, NW). Ubwo none Yezu yari kubandanya akoresha Ivyanditswe vy’igiheburayo gushika mu mpera z’ubusuku bwiwe bwo kw’isi iyo biza kuba vyarataye igihe?
Ishengero rya gikirisu rimaze gushingwa, abayoboke ba Yezu barabandanije gukoresha Ivyanditswe vy’igiheburayo kugira ngo bashire ahabona ubuhanuzi butari bwaranguke, ingingo ngenderwako zo mu Vyagezwe vya Musa zatanga ivyigwa bihambaye, be n’inkuru zerekeye abasavyi b’Imana ba kera batanze uburorero bwiza buremesha abakirisu kuguma ari intahemuka (Ivyakozwe n’intumwa 2:16-21; 1 Ab’i Korinto 9:9, 10; Abaheburayo 11:1–12:1). Intumwa Paulo yanditse ko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi [ko ari] ngirakamaro”b (2 Timoteyo 3:16, NW). Ni gute none Ivyanditswe vy’igiheburayo ari ngirakamaro muri kino gihe?
Impanuro zifasha mu buzima bwa misi yose
Zirikana ku bijanye n’ingorane iriho muri kino gihe yerekeye ukwinubana gushingiye kw’ibara ry’urukoba. Mu gisagara kimwe co mu Buraya bwo mu Buseruko, hari umusore umwe afise imyaka 21 aturuka mu gihugu ca Etiyopiya avuga ati: “Mu gihe tuba twipfuza kugenda ahantu hanaka, dutegerezwa kugenda mu mugwi. Tugiye turi mu mugwi ni ho kumbure badashobora kudutera”. Abandanya avuga ati: “Ntidushobora guhirahira ngo tugire aho tugiye inyuma y’isaha 12 zo ku mugoroba, na canecane kw’ibarabara ry’indarayi rica mu kuzimu. Iyo abantu baturavye nta kindi babona atari ibara ryacu ry’urukoba”. None hoba hari ico Ivyanditswe vy’igiheburayo bivuga ku bijanye n’iyo ngorane ikomeye?
Abisirayeli ba kera babwiwe bati: “Umunyamahanga ni yaza mu gihugu canyu, akabana namwe, ntimuze mumugirire nabi. Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’uko mwikunda: kuko namwe mwar’abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa” (Abalewi 19:33, 34). Ni vyo, muri Isirayeli ya kera ivyo vyagezwe vyasaba ko bakavamahanga ari bo “banyamahanga” bubahirizwa, kandi vyarazigamwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ntiwemera none ko izo ngingo ngenderwako zazigamwe muri ivyo vyagezwe zishobora kuba ishingiro ryo kurandurana n’imizi ukwinubana gushingiye kw’ibara ry’urukoba muri kino gihe?
N’aho Ivyanditswe vy’igiheburayo bidatanga impanuro z’ido n’ido ku bijanye no gukoresha amahera, usanga birimwo inyobozo ngirakimazi z’ukuntu umuntu yoyakoresha mu buryo buranga ubukerebutsi. Nk’akarorero mu Migani 22:7 havuga hati: “Uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye”. Abantu benshi batanga impanuro ku vyerekeye gukoresha amahera baremera ko gupfa gufata ibintu ku madeni bishobora gukwega akarambaraye mu vy’ubutunzi.
Vyongeye, ukwiruka inyuma y’ubutunzi ata kuraba n’inkurikizi, ivyo bikaba ari ibintu vyeze mw’isi ya none yuzuye uguhahamira amaronko, vyaradondowe neza n’umwe mu bagabo babaye abatunzi kuruta abandi, uwo na we akaba ari Umwami Salomo. Yanditse ati: “Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu: ivyo na vyo nyene n’ubusa” (Umusiguzi 5:10). Ese ukuntu iyo ari ingabisho iranga ubukerebutsi!
Icizigiro ku bijanye na kazoza
Bibiliya yose uko ingana ifise umutwe-shimikiro umwe rudende, uwo na wo ukaba ari uyu: Ubwami burongowe na Yezu Kristu ni bwo Imana izokoresha kugira ngo yemeze ubusegaba bwayo yongere itume izina ryayo riba ryeranda.—Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe 11:15.
Biciye ku Vyanditswe vy’igiheburayo, turamenya ibintu vy’ido n’ido vyerekana ingene ubuzima buzoba bumeze igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, ivyo bintu bikaba biduhumuriza kandi bigatuma turushiriza kwiyegereza Yehova Imana, we Soko ry’ukwo guhumurizwa. Nk’akarorero, umuhanuzi Yesaya yaravuze imbere y’igihe yuko hazoba amahoro hagati y’ibikoko n’abantu. Yavuze ati: “Ibingira rizobana n’umwagazi w’intama, n’ingwe izoryamana n’umwagazi w’impene, n’inyana n’umugunza w’intambge n’ishūri ishishe bizobana, kand’umwana mutoya ni we azobishorera” (Yesaya 11:6-8). Ese ukuntu ico ari icizigiro ciza igitangaza!
Tuvuge iki ku vyerekeye ababangamiwe n’ukwinubana gushingiye ku moko canke kw’ibara ry’urukoba, indwara zikomeye, canke ingorane z’ivy’ubutunzi badashobora gutorera umuti? Ku bijanye na Kristu Yezu, Ivyanditswe vy’igiheburayo bivuga mu buryo menyeshakazoza ibi bikurikira: “Azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza” (Zaburi 72:12, 13). Imihango mwene iyo iragira ikintu ciza ikoze kubera yuko ituma abayizigira bitega kazoza bafise icizigiro be n’ugushira amazinda.—Abaheburayo 11:6.
Ntibitangaje kubona intumwa Paulo yarahumekewe n’Imana ngo yandike ati: “Ibintu vyose vyanditswe kera vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro” (Abaroma 15:4, NW). Ni vyo, Ivyanditswe vy’igiheburayo biracari igihimba nyamukuru c’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya. Mu vy’ukuri biradufitiye akamaro muri kino gihe. Ico tukwipfuriza ni uko wokora uko ushoboye kwose kugira ngo wige vyinshi ku bijanye n’ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yose yigisha, gutyo urushirize kwiyegereza uwo ikomokako, uwo na we akaba ari Yehova Imana.—Zaburi 119:111, 112.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri iki kiganiro, dukoresha imvugo Ivyanditswe vy’igiheburayo aho gukoresha imvugo Isezerano rya kera (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ni Isezerano rya kera canke ni Ivyanditswe vy’igiheburayo?” ruri ku rupapuro rwa 6). Muri ubwo buryo nyene, Ivyabona vya Yehova basanzwe bakoresha imvugo Ivyanditswe vy’ikigiriki aho gukoresha imvugo Isezerano risha.
b Ivyanditswe vy’igiheburayo birimwo ingingo ngenderwako nyinshi usanga ari ngirakamaro cane muri kino gihe. Ariko ntiwumve, dukwiye kumenya ko abakirisu batagengwa n’Ivyagezwe Imana yahaye ihanga rya Isirayeli biciye kuri Musa.
[Uruzitiro ku rup. 6]
NI ISEZERANO RYA KERA CANKE NI IVYANDITSWE VY’IGIHEBURAYO?
Imvugo “isezerano rya kera” iboneka mu 2 Ab’i Korinto 3:14. Muri uwo murongo, ijambo “isezerano” ryakuwe mw’ijambo ry’ikigiriki di·a·theʹke. None iyo mvugo “isezerano rya kera” dusanga muri ico canditswe isobanura iki?
Umwanditsi umwe yitwa Edward Robinson, uno akaba yandika ibitabu vy’inyizamvugo, yavuze ati: “Kubera yuko isezerano rya kera riri mu bitabu vyanditswe na Musa, ijambo [di·a·theʹke] rikoreshwa mu kwerekeza ku gitabu c’isezerano, ni ukuvuga ivyanditswe na Musa, nk’akarorero ivyagezwe”. Mu 2 Ab’i Korinto 3:14, intumwa Paulo yariko avuga Ivyagezwe vya Musa, ivyo na vyo bikaba ari igice gusa c’Ivyanditswe vy’imbere y’ubukirisu.
Ariko none, ni imvugo iyihe ibereye rwose gukoreshwa kuri vya bitabu 39 vya mbere vya Bibiliya Nyeranda? Aho kuvuga ko ico gice ca Bibiliya cataye igihe canke ko ari ica kera, Yezu Kristu hamwe n’abayoboke biwe bavuga ko ivyo bisomwa ari “Ivyanditswe” be n’uko ari “Ivyanditswe vyeranda” (Matayo 21:42; Abaroma 1:2). Ni co gituma Ivyabona vya Yehova mu guhuza n’ayo majambo yahumetswe, bakoresha imvugo Ivyanditswe vy’igiheburayo aho gukoresha imvugo Isezerano rya kera, kubera yuko ico gihimba ca Bibiliya mu ntango canditswe ahanini mu rurimi rw’igiheburayo. Muri ubwo buryo nyene, bakoresha imvugo Ivyanditswe vy’ikigiriki aho gukoresha ya mvugo ngo Isezerano risha, kubera yuko ururimi rw’ikigiriki ari rwo rwakoreshwa n’abagabo Imana yahumekeye kugira ngo bandike ico gice ca Bibiliya.
[Amafoto ku rup. 4]
Umugabo umwe arashobora kuba azwi ko ari umucamanza akurikiza amategeko uko ari, umuvyeyi w’umunyarukundo, n’umuntu yegereka
[Ifoto ku rup. 5]
Yezu yarakoresheje Ivyanditswe vy’igiheburayo mu kiringo cose c’ubusuku bwiwe
[Amafoto ku rup. 7]
Ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe zishobora gufasha umuntu gufata ingingo zibereye?