ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 32
  • Kugira imico myiza vyoba bihambaye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugira imico myiza vyoba bihambaye?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ingene woryohora
  • Urupfasoni Ni Kamere Iranga Abantu Bubaha Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Tugaragaze imico myiza kuko turi abasuku b’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene wokwerekana urupfasoni mu vy’amamesaje
    Be maso!—2014
  • Bavyeyi—Nimubere Abana Banyu Akarorero Keza
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 32
Umusore atwaje umutamakazi

URWARUKA RURIBAZA

Kugira imico myiza vyoba bihambaye?

‘Nimba abandi birenganira batandamukije ni je noza ndibwiriza kubaramutsa?’

‘None ni ngombwa ngo umuntu aze aravuga ngo “urakoze,” “ndakwinginze,” canke “murantunga”?’

‘Nta mico myiza nkwiye kugaragariza abo tuvukana. None ntitumenyeranye?’

Hoba hari ibintu nk’ivyo uhora uvuga? Nimba ari ukwo, ushobora kuba uriko urahomba ivyiza biva ku kugira imico myiza!

  • Ico ukwiye kumenya

  • Ingene woryohora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Ico ukwiye kumenya

Imico myiza irashobora kugufasha muri iyi mice itatu y’ubuzima:

  1. Ukuntu uzwi. Uburyo ufata abandi birashobora gutuma bakubona neza canke nabi. Igihe ufise imico myiza, abandi bazobona ko uri umuntu akuze kandi yiyubaha. Atari ukwo na ho, bazobona ko unezwe ivyawe gusa, gutyo uzosanga uhomvye uturyo two kuronka akazi canke ugishe utundi turyo. Uko ufata abandi rero, ni ko na bo bagufata. Nakare Bibiliya ivuga iti: “Umuntu w’imburakigongwe akwegera umubiri wiwe ugukumīrwa.”​—Imigani 11:17.

  2. Ubugenzi ugiriranira n’abandi. Bibiliya itubwira iti: “Mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge.” (Abakolosayi 3:​14) Ukwo ni ko biri na canecane ku bijanye n’ubugenzi. Umuntu akunda abantu bamufata neza kandi bafise imico myiza. Kukaba nkako, ni nde yogira umugenzi umuntu atagira indero?

  3. Ukwo abandi bagufata. Umwigeme yitwa Jennifer avuga ati: “Nimba uri umuntu w’urupfasoni, akenshi uzosanga mbere n’abantu b’ibitandero katwa wewe bakwubaha.” Ariko mu gihe utagira imico myiza, emwe kizoba igihushane! Bibiliya igira iti: “Ingero mugeresha ni yo namwe bazobagererako.”​—Matayo 7:2.

Ico twoshikako: Imisi yose twama dufise ivyo dukorana n’abandi. Rero ukuntu ubafata biragira ico bikoze ku kuntu bagufata. Muri make, imico myiza irahambaye!

Ingene woryohora

  1. Niwisuzume. Niwibaze uti: ‘Noba nganiriza abakuze n’urupfasoni? Ni kangahe mvuga “urakoze,” “ndakwinginze” canke “murantunga”? Noba nigira mu bindi, nko kwandika mesaje, igihe ndiko ndaganira n’abandi? Noba mfatana icubahiro abavyeyi banje n’abo tuvukana canke ndabafata uko nigombeye ngo ni uko tumenyeranye?’

    Bibiliya ivuga iti: “Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.”​—Abaroma 12:10.

  2. Niwishingire imigambi. Niwandike imice itatu woshima kuryohora. Nk’akarorero, umwigeme w’imyaka 15 yitwa Allison avuga ko akeneye “kuba umuntu azi kwumviriza kuruta kuba umuyazi.” David, uno akaba afise imyaka 19, avuga ko akeneye kwiga kureka kwandika amamesaje igihe ari kumwe n’umuryango canke abagenzi. Avuga ati: “Ni ukubura indero. Ni nkaho mba ndababwiye ko nshimye kuyaga n’uwundi aho kuyaga na bo.” Edward, w’imyaka 17, na we avuga ko akeneye kwirinda guciramwo abandi mw’ijambo. Jennifer, umwe twavuga, avuga ko akeneye kuryohora ukuntu yitwararika abageze mu zabukuru. Avuga ati: “Nahora gusa ndabaha yambu ngaca nigira mu bakiri bato nkanje. Ariko ubu ndihatira koko kubamenya, kandi ivyo vyaramfashije kurushiriza kugira imico myiza!”

    Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:4.

  3. Nuze uraraba aho ugejeje. Mu kiringo c’ukwezi, nuze urasuzuma imice ukeneye kuryohora yaba mu mvugo canke mu nyifato. Mu mpera z’ukwezi, niwibaze uti: ‘Kugira imico myiza vyamfashije gute kuba umuntu mwiza? Ni iyihe mice ngikeneye kuryohora?’ Nuce wishingira rero iyindi migambi.

    Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira.”​—Luka 6:31.

Wari ubizi? Ibibonwa mu karere kamwe ko ari imico myiza bishobora kubonwa ahandi ko ari ukubura indero. Nk’akarorero, mu Buyapani abantu mu kwinjira mu nzu barakura ibirato. Ariko hari ibihugu ico kintu gishobora kubonwa ko ari ukutisonera. Mu karere ubayemwo ni ibiki bibonwa ko ari imico myiza?

IVYO URUNGANWE RWAWE RUVUGA

Selena

Selena

“Igihe ufise imico myiza, akenshi ni co kintu ca mbere abantu babona kandi bagashima. Kandi nawe uzonezerwa kubera uzi ko uriko ukora ibintu bibereye.”

Megan

Megan

“Igihe utagira imico myiza, abandi bazokwitaho buhoro. Ariko igihe ubitwararika, na bo bazokugaragariza icubahiro nk’ico ubagaragariza.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika