ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/99 rup. 1
  • Bavyeyi—Nimubere Abana Banyu Akarorero Keza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bavyeyi—Nimubere Abana Banyu Akarorero Keza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Urupfasoni Ni Kamere Iranga Abantu Bubaha Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 9/99 rup. 1

Bavyeyi—Nimubere Abana Banyu Akarorero Keza

1 Ijambo ry’Imana ritubwira yuko “Se [na nyina] [b]’umugororotsi [b]azogira akanyamuneza kenshi.” (Imig. 23:24, 25) Ese ingene ari umuhezagiro ku bavyeyi babereye akarorero keza uruvyaro rwabo! Ku biraba abavyeyi biwe, umwe mu bagize Komite y’Ishami rimwe yavuze ati: “Ubuzima bwabo bwose bwari bushingiye ku kuri, kandi naje nyene ubuzima bwanje bwose nashatse ko bushingira kuri kwo.” Abana bakwiye kubona iki mu bavyeyi babo?

2 Inyifato Nziza n’Icubahiro Kigera Kure: Abavyeyi ni bo bafise ibanga ryo kwinjiza mu bana babo utugeso twizatwiza. Inyifato nziza ntizīgirwa gusa mu mabwirizwa atangwa ku munwa, mugabo zirigirwa no mu kwitegereza be no mu kwigana. Inyifato none mugaragaza ni nyabaki? Abana banyu boba babumva muvuga muti: “mbabarira,” “ndakwinginze,” na “urakoze”? Mu muryango, mwoba mugaragarizanya icubahiro cinshi? Woba utega yompi igihe abandi bariko baravuga? Woba utega ugutwi abana bawe igihe hari ico bariko barakubarira? Izo kamere nziza zoba zigaragazwa mu Ngoro y’Ubwami zikanagaragazwa igihe muri mwenyene mu rugo?

3 Gukomera mu vy’Impwemu n’Umwete mu Gikenurwa: Hari umuvukanyi amaze imyaka irenga 50 mu gikenurwa c’igihe cose yibuka ibi: “Mawe na dawe bari akarorero keza cane mu kuntu bashima amakoraniro n’ukuntu bari n’umwete mu gikenurwa.” Ugaragariza gute abana bawe ko urajwe ishinga n’uko abo mu rugo rwawe boguma bakomeye mu vy’impwemu? Mwoba mwihwereza hamwe icanditswe c’umusi? Mwoba mugira inyigisho y’umuryango mudahorereza? Abana bawe boba bakubona usoma Bibiliya n’ibisohokayandikiro vy’Ishirahamwe? Ni ibiki bumva igihe uriko urasenga userukira umuryango? Mwoba muremesha ikiyago cubaka muri kumwe n’abana bawe, mukaganira ku bintu vyiza vyerekeye ukuri n’ishengero? Mwoba mushashaye kwitaba amakoraniro yose no kugira uruhara mu gikorwa co mu ndimiro uko mugize umuryango?

4 Bavyeyi, nimuzirikane ku karorero muriko muraha abana banyu. Nimukagire akarorero keza ntangere, gutyo bazokazigama ubuzima bwabo bwose. Hari umukenyezi w’umucungezi w’ingenzi, ubu ari mu myaka 70 yavuze ati: “N’ubu ndacungukira ku karorero keza k’abavyeyi banje banyarukundo b’Abakirisu. Kandi ico nsaba Imana n’ubwira ni uko nogaragaza ko nkenguruka cane iryo ragi mu kurikoresha neza mu bihe vyose bizoza.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika