ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 114
  • Hoba hariho “ibicumuro indwi bikomakomeye”?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hariho “ibicumuro indwi bikomakomeye”?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Igicumuro ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana “yiteguriye kubabarira”
    Niwiyegereze Yehova
  • Imana yoba isaba ko twatura ibicumuro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Igicumuro coba ata co kikitubwiye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 114
Umugabo atuntuye cane

Hoba hariho “ibicumuro indwi bikomakomeye”?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya ntivuga urukurikirane rw’“ibicumuro indwi bikomakomeye.” Ariko irigisha ko gukora ibicumuro bikomakomeye bizotuma umuntu ataronka ubukiriro. Nk’akarorero, Bibiliya irerekana ko ubusambanyi, ugusenga ibigirwamana, gukora ivy’ubupfumu, ukwiguburiza kw’ishavu hamwe n’ukunywera akaborerwe ari “ibikorwa vy’umubiri.” Ica yongerako iti: “Abaza barakora mwene ivyo [ntiba]zotorana Ubwami bw’Imana.”—Abagalatiya 5:19-21.a

Bibiliya yoba ivuga ‘ibintu indwi bisesema Uhoraho’?

Ego. Muri Bibiliya Yera, mu Migani 6:16 havuga hati: “Har’ibintu bitandatu Uhoraho yanka, mbere n’indwi bimusesema.” Ariko rero, si ukuvuga ko ibicumuro bica bivugwa mu Migani 6:17-19 ari vyo vyonyene yanka. Ahubwo, ico canditswe cerekana ibintu nyamukuru bigize ubwoko bwose bw’ibibi bikorwa mu vyiyumviro, mu majambo, no mu bikorwa.b

Iyo bavuze “ibicumuro bikomeye” baba bashaka kuvuga iki?

Bibiliya zimwezimwe zirakoresha iyo mvugo muri 1 Yohani 5:16. Nk’akarorero, Bibiliya imwe (The New American Bible) ihindura uwo murongo iti: “Hariho igicumuro gikomeye.” Imvugo ngo “igicumuro gikomeye” irashobora kandi guhindurwa ngo “igicumuro kizana urupfu.” None “igicumuro kizana urupfu” gitandukaniye he n’“igicumuro kitazana urupfu”?—1 Yohani 5:16.

Bibiliya iratomora neza ko icaha cose gishikana ku rupfu. Ariko, turashobora gukizwa tukava mu caha no mu rupfu biciye ku ncungu Yezu Kristu yatanze. (Abaroma 5:12; 6:23) Rero, “igicumuro kizana urupfu” ni igicumuro kidashobora gupfukwa n’incungu ya Kristu. Umuntu akora mwene ico gicumuro ni urya yiyemeje kubandanya acumura ku buryo atigera ahindura agatima afise n’inyifato yiwe. Igicumuro nk’ico Bibiliya icita kandi igicumuro ‘kitazobabarirwa.’—Matayo 12:31; Luka 12:10.

Urwo rutonde rw’ibicumuro indwi bikomakomeye rwavuye he?

“Ibicumuro indwi bikomakomeye” vyavuye mu rutonde rw’ibibi umunani nyamukuru. Urwo rutonde rwashizweho n’umuntu yemera ibintu nsigabwenge yitwa Evagrius Ponticus mu kinjana ca kane inyuma ya Kristu, ivyiyumviro vyiwe bikaba ari vyo umumonaki akaba n’umuntu w’ishaka rirenze mu vy’ugusenga yitwa John Cassian yisunze mu kwandika. Mu kinjana ca gatandatu, Papa Grégoire wa mbere yarahinduye urwo rutonde rwa Cassian rw’ibibi umunani nyamukuru, aruhinduramwo ibicumuro indwi bikomakomeye, ni ukuvuga ivyaha nyamukuru, vyigishwa mu nyigisho z’Abagatolika. Ivyo bicumuro ni: ubwibone, umwina, ukwipfuza, ishari, umunoho, ishavu, hamwe n’ubunebwe. Grégoire yabona ko ivyo ari vyo vyaha nyamukuru kuko ibindi bicumuro vyose bituruka kuri ivyo.

a Ibicumuro bikomakomeye ntibigarukira gusa kuri birya 15 bivugwa mu Bagalatiya 5:19-21, kubera ko Bibiliya ihejeje kubivuga ica yongerako iti: “N’ibintu nk’ivyo.” Uwusoma akwiye rero gukoresha ugutahura kugira amenye n’ibindi bitavuzwe ng’aho ariko bimeze “nk’ivyo.”

b Mu Migani 6:16 harimwo akarorero k’imvugo y’igiheburayo ishimika ku gitigiri ca kabiri kugira igitandukanye n’igitigiri ca mbere. Iyo mvugo irakoreshwa cane muri Bibiliya.—Yobu 5:19; Imigani 30:15, 18, 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika