ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 54
  • Ivyabona vya Yehova babona gute ivy’ukwahukana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova babona gute ivy’ukwahukana?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyabona boba batanga impanuro ku bijanye n’ingorane zo mu mibano?
  • Abo bakurambere boba bafatira umuntu ingingo yo kwahukana?
  • Ivyabona babona gute ivy’ugutandukana?
  • Mu Gihe Umubano w’Ababiranye Uri mu Gusambuka
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Niwubahe “ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ico Bibiliya ivuga ku kwahukana n’ugutandukana
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Ntutane n’akabando umubano wawe w’abubatse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 54
Ifoto yo ku bugeni batabuyemwo kubiri

Ivyabona vya Yehova babona gute ivyo kwahukana?

Uko tubona ivy’umubano wo mu rugo n’ukwahukana bishingiye ku vyo Bibiliya ivuga. Imana yatanguje umubano kugira umugabo n’umugore babane ibihe vyose. Bibiliya iravuga ko ubusambanyi ari yo imvo yonyene ishobora gutuma haba ukwahukana.—Matayo 19:5, 6, 9.

Ivyabona boba batanga impanuro ku bijanye n’ingorane zo mu mibano?

Ego, barazitanga mu buryo bwinshi:

  • Mu binyamakuru dusohora. Ibiganiro vyama bisohoka muri ivyo binyamakuru birakomeza imibano, mbere n’iyo usanga karabaye. Nk’akarorero, raba ibiganiro bivuga ngo “Nimuzigame indagano yanyu y’ukwabirana,” “Ivyogufasha kubabarira,” hamwe n’ikivuga ngo “Mwosubira gute kwizigirana?”

  • Igihe dukoraniye hamwe ku bwo gusenga. Ku Ngoro z’Ubwami no mu bikorane tugira turiga ukuntu twoshira mu ngiro impanuro ziri muri Bibiliya zijanye n’umubano.

  • Abakurambere b’ishengero. Bano barafasha abubatse gushira mu ngiro ico ivyanditswe bivuga, nk’ico mu Banyefeso 5:22-25.

Abo bakurambere boba bafatira umuntu ingingo yo kwahukana?

Oya, kuko n’igihe basabwe guhanura abubakanye bafitaniye ingorane batigera babafatira ingingo. (Abagalatiya 6:5) Ariko rero, iyo umuntu afashe ingingo yo kwahukana ku mvo idashingiye ku Vyanditswe, Bibiliya ntimurekurira kwubakana n’uwundi.—1 Timoteyo 3:1, 5, 12.

Ivyabona babona gute ivy’ugutandukana?

Bibiliya isaba abubakanye kuguma babana n’igihe baba bari mu bihe bitoroshe. (1 Abakorinto 7:10-16) Gutura amasengesho avuye ku mutima, gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga no kugaragarizanya urukundo birashobora gutuma batorera umuti ingorane bafise.—1 Abakorinto 13:4-8; Abagalatiya 5:22.

Ariko rero, abakirisu bamwe barafata ingingo yo gutandukana n’abo bubakanye kubera ko:

  • Banka kubaronsa n’ibigirankana ivya nkenerwa.—1 Timoteyo 5:8.

  • Babasinzikariza ubuzima.—Zaburi 11:5.

  • Bababuza bimwe vyeruye ibikorwa bijanye n’ugusenga. Nk’akarorero, uwo mwubakanye arashobora kuguhata kurenga kw’itegeko ry’Imana mu buryo kanaka, hanyuma ukabona ko gutandukana na we ari bwo buryo bwonyene buhari bwo “kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”—Ivyakozwe 5:29.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika