ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 143
  • Kunywa itabi coba ari icaha?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kunywa itabi coba ari icaha?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Hoba hari ico Bibiliya ivuga ku bijanye no kunywa urumogi canke ikindi kiyayuramutwe ico ari co cose mu ntumbero yo kwiryohera?
  • Nkwiye kumenya iki ku bijanye n’ukunywa itabi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Kunywa itabi, vyoba vy’ukuri hari ico bitwaye ku Mana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Imana ibona gute itabi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Niwitegurire gutsinda intambamyi
    Be maso!—2010
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 143
Umuntu ariko aranywa itabi

Kunywa itabi coba ari icaha?

Inyishu Bibiliya itanga

Nta na hamwe Bibiliya ivuga itabia canke ubundi bwoko bw’ibiyayuramutwe. Ariko, irimwo ingingo ngenderwako zerekana ko Imana itemera ingeso zonona amagara kandi zihumanye, ivyo bigaca vyerekana ko ibona ko kunywa itabi ari icaha.

  • Kwubaha ubuzima. “Imana . . . iha abantu bose ubuzima n’impemu.” (Ivyakozwe 17:24, 25) Kubera ko ubuzima ari ingabire iva ku Mana, ntidukwiye gukora ikintu na kimwe cotuma urupfu rudukubiranya, nko kunywa itabi. Itabi ni kimwe mu bintu nyamukuru vyica abantu kw’isi yose kandi batari gupfa.

  • Gukunda mugenzawe. “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Matayo 22:39) Kunywera itabi mu bantu vyerekana ko utabakunda. Abama bahema umwotsi w’itabi abandi batumuye birashoboka cane ko bafatwa n’ingwara zimwezimwe zifata abanywa itabi.

  • Kuba uwudahumanye. “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana.” (Abaroma 12:1) “Twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, tunonosore ubweranda mu gutinya Imana.” (2 Abakorinto 7:1) Umuntu anywa itabi ntashobora kuba mweranda, canke uwudahumanye, kubera ko abanywa itabi baba bariko barinjiza n’ibigirankana mu mibiri yabo ibintu vyonona cane amagara yabo.

Hoba hari ico Bibiliya ivuga ku bijanye no kunywa urumogi canke ikindi kiyayuramutwe ico ari co cose mu ntumbero yo kwiryohera?

Nta na hamwe muri Bibiliya haboneka ijambo ‘urumogi’ canke irindi zina ry’ikiyayuramutwe. Ariko irimwo ingingo ngenderwako zibuza gukoresha mwene ivyo bintu vyizizira umuntu mu ntumbero yo kwiryohera gusa. Ng’izi izindi ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya:

  • Gucungera ububasha bwacu bwo kwiyumvira. “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe . . . n’umuzirikanyi wawe wose.” (Matayo 22:37, 38) “Muzigame ubwenge bwanyu rwose.” (1 Petero 1:13) Umuntu afata ibiyayuramutwe ntashobora gucungera ububasha bwiwe bwo kwiyumvira. Mbere benshi birabizizira. Usanga baguma biyumvira ukuntu boronka ibiyayuramutwe aho kwiyumvira ibintu vyubaka.​—Abafilipi 4:8.

  • Kugamburuka amategeko y’igihugu. ‘Tugamburukire intwaro n’abakuru.’ (Tito 3:1) Mu bihugu vyinshi, leta irashiraho amategeko akomeye agenga ikoreshwa ry’ibiyayuramutwe bimwebimwe. Nimba dushaka guhimbara Imana, dutegerezwa kugamburuka ayo mategeko.​—Abaroma 13:1.

Ingaruka itabi rigira ku magara

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga ko buri mwaka abantu nk’imiliyoni zitandatu bapfa bahitanywe n’ingwara ziva kw’itabi, aho hakaba harimwo abarenga 600.000 batanywa itabi ariko bakarwazwa n’umwotsi abandi batumura. Raba ingene itabi ryonona amagara y’abarinywa n’ay’abantu baba bari kumwe:

Kanseri. Imyotsi y’itabi irimwo ibintu birenga 50 birimwo ubumara butera kanseri. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kivuga ko “ibice 90 kw’ijana vy’abantu barwara kanseri yo mu mahaha bashobora kuba bayiterwa” n’umwotsi w’itabi. Umwotsi w’itabi urashobora gutera kanseri yo mu bindi bihimba nk’umunwa, akaringoti k’impemu, akaringoti k’ibifungurwa, umuhogo, amarakaraka, igitigu, urwagasha n’agasaho k’umukoyo.

Ingwara zifatira mu bihimba bifasha guhema. Umwotsi w’itabi uratuma vyoroha ko umuntu afatwa n’ingwara zifatira mu bihimba bifasha guhema nk’umusonga n’ibicurane. Abana bama bariko barahema imyotsi y’itabi barakunda kurwara asima, inkorora idahera kandi amahaha yabo ntakura neza canke ngo akore neza.

Ingwara y’umutima. Birashoboka cane ko abanywa itabi bagira ingorane yo guturika udutsi two mu bwonko canke bagafatwa n’ingwara y’umutima. Umwuka witwa monoxyde de carbone uri mu mwotsi w’itabi urava mu mahaha ukaja mu maraso, ugaca usubirira umwuka mwiza witwa oxygène wari mu maraso. Kubera ko amaraso asigara arimwo oxygène nkeyi, bica bisaba ko umutima ukora cane kugira uronse umubiri oxygène ikenewe.

Ingaruka ku bakenyezi bibungenze. Abakenyezi bibungenze banywa itabi barashobora kuvyara abana batageze, badakwije ibilo, canke bafise ubumuga bumwebumwe, nk’ubujana. Abana nk’abo barashobora kandi kugira ingorane zijanye no guhema canke bagapfa bukumbi.

a Ng’aha kunywa itabi vyerekeza ku gukwega umwotsi uvuye kw’isigareti, imisogoto y’ikizungu bita cigares, inkono y’itabi isanzwe canke iyo bashiramwo n’amazi. Ariko rero, ingingo ngenderwako zirimburwa ng’aha zirakora no ku bijanye n’itabi bahekenya, iry’agafu bacisha mu zuru, itabi ry’ikizungu ririmwo nikotine (cigarettes électroniques), ubugoro n’ibindi nk’ivyo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika