ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/8 rup. 15
  • Kunywa itabi, vyoba vy’ukuri hari ico bitwaye ku Mana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kunywa itabi, vyoba vy’ukuri hari ico bitwaye ku Mana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Kunywa itabi coba ari icaha?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana ibona gute itabi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/8 rup. 15

Abasomyi bacu barabaza . . .

Kunywa itabi, vyoba vy’ukuri hari ico bitwaye ku Mana?

▪ Umuntu w’inziraburyarya yoshobora kubaza ico kibazo narirya ata tegeko ririho muri Bibiliya rivuga ivyerekeye itabi mu buryo budomako. Ivyo vyoba none bisobanura ko tutoshobora kumenya ico Imana ivyiyumvirako? Habe namba.

Bibiliya ivuga ko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Ivyanditswe birimwo ingingo ngenderwako be n’amajambo bitomoye vyerekana ingene Imana yipfuza ko twitaho amagara yacu. Reka tubanze twihweze ico abashakashatsi bubuye ku bijanye n’ingaruka itabi rigira ku magara y’umuntu. Turaheza turabe ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zifitaniye isano n’ivyo bintu bubuye.

Itabi rironona amagara y’uwurinywa kandi ni kimwe mu bintu dushobora kwirinda vyica abantu benshi. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ku bantu 5 bapfa, 1 apfa yishwe n’itabi. Icegeranyo cagizwe n’ikigo kimwe co muri ico gihugu kiraba ivy’ibiyayuramutwe, kivuga yuko muri ico gihugu itabi ryica buri mwaka abantu benshi gusumba abicwa n’“inzoga, ibiyayuramutwe, ubwicanyi, ukwiyahura, amasanganya y’imiduga n’umugera wa SIDA ubifatiye hamwe vyose.”

Abanywa itabi baragirira nabi abandi. Umwotsi w’itabi uko woba ungana kwose, uronona amagara. Guhema umwotsi w’itabi kandi atari wewe uriko urarinywa birongereza ku rugero rw’ibice 30 kw’ijana ingeramizi yo kurwara kanseri yo mu mahaha be n’indwara y’umutima. Mu myaka ya vuba, abaganga barabonye ko uretse uwo mwotsi hari ibindi bintu vyotuma umuntu asanga yanyoye itabi. Ivyo bintu ni ibisigarira vy’itabi bitaboneka biguma ku mpuzu, ku matapi be n’ahandi; nya bisigarira usanga bimara umwanya munini cane n’igihe mbere umwotsi uba wamaze gutumuka. Ivyo bintu vy’ubumara birabangamira canecane amagara y’abana, bigashobora gutuma ubushobozi bwabo bwo kumenya ibintu buteba gukura.

Itabi ririzizira umuntu. Uwurinywa acika umuja waryo. Nkako, abashakashatsi babona ko kimwe mu bintu bigoye cane guheba gusumba ibindi ari bwa bumara bwitwa nikotine, buno bukaba ari kimwe mu bintu nyamukuru bigize itabi.

None ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zifitaniye isano irihe n’ayo makuru duhejeje kubona? Rimbura ibikurikira:

Imana ishaka ko twubaha ubuzima. Muri rya Tegeko Imana yaha ihanga rya Isirayeli, yarerekanye ko abipfuza kuyihimbara bategerezwa kwubaha ubuzima. (Gusubira mu vyagezwe 5:17) Abisirayeli babwirizwa kwubaka igitangirizo, ni ukuvuga agahome, ku mubari w’ibisenge vy’inzu zabo. Kubera iki? Ivyo bisenge wasanga bibase, kandi barakunda kubiteramirako. Ako gahome katuma ababa muri iyo nzu be n’abandi badakoroka ngo bakomereke canke bapfe. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Vyongeye, Abisirayeli babwirizwa kwitwararika kuraba yuko ibitungwa vyabo ata we bikomeretsa. (Kuvayo 21:28, 29) Umuntu anywa itabi aba rero ahonyanze ingingo ngenderwako ayo mategeko yari ashingiyeko. Aba ariko yonona amagara yiwe n’ibigirankana. N’ikigeretseko, iryo tabi anywa rirageramira amagara y’abandi.

Imana yiteze ko tuyikunda, tugakunda na bagenzi bacu. Yezu Kristu yavuze ko abayoboke biwe bakwiye kugamburuka ya mabwirizwa abiri asumba ayandi yose. Bategerezwa gukunda Imana n’umutima wabo wose, n’ubuzima bwabo bwose, n’umuzirikanyi wabo wose n’inkomezi zabo zose kandi bagakunda bagenzi babo nk’uko bikunda. (Mariko 12:28-31) Kubera yuko ubuzima ari ingabirano iva ku Mana, uwunywa itabi aba yerekanye ko atubaha na gato iyo ngabirano, bikerekana rero ko adakunda Imana. (Ivyakozwe 17:26-28) Kuba anywa itabi birashobora gukwegera abandi akarambaraye, ivyo bikerekana yuko yoba abeshe hamwe yovuga ko akunda mugenziwe.

Imana idusaba kwirinda ingeso zihumanya. Bibiliya ibwira abakirisu ngo biyuhagire “ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima.” (2 Abakorinto 7:1) Si agaseseshwarumuri, itabi rirahumanya umuntu. Abipfuza kuriheba kugira bahimbare Imana bahanganye n’urugamba rutoroshe. Naho ari ukwo, Imana irashobora kubafasha bagaheba iyo ngeso ihumanya kandi yizizira umuntu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika