ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwex ikiganiro 1
  • “Ndakora ivyo nshoboye”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ndakora ivyo nshoboye”
  • Inkuru z’ivyabaye
  • Ivyo bijanye
  • Ingene igikorwa cacu co gutabara cafashije abavukanyi bo muri Karayibe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • “Sinari bwigere ngaragarizwa urukundo mwene urwo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Inkuru z’ivyabaye
ijwex ikiganiro 1
Irma ariko arandika ikete

“Ndakora ivyo nshoboye”

Irma aba mu Budagi, akaba afise nk’imyaka 90. Ntagishobora kwamamaza inzu ku nzu kubera yagize amasanganya abiri akomeye yongera arabagwa akatari gake. Ubu Irma abwira abandi ivyo yemera mu kwandikira amakete incuti ziwe n’abo bazinanyi. Abantu barakira neza amakete yandika yo kubaremesha no kubahoza ku buryo bahora bamuterefona bamubaza igihe azosubira kubandikira. Hari n’abandi benshi bamwandikira bamushimira, bakanamusaba ngo asubire kubandikira. Irma avuga ati: “Ivyo vyose birampimbara kandi biratuma ntahagarika kwamamaza.”

Irma

Irma kandi arandikira amakete ababa mu bigo vyitaho abageze mu zabukuru. Yigana ati: “Hari umutamakazi yanterefonye ambwira ko ikete namwandikiye ryamuhumurije cane igihe yabura umunega wiwe. Aribika muri Bibiliya kandi yama arisoma ku mugoroba. Uwundi mukenyezi aheruka kubura umunega wiwe yavuze ko ikete namwandikiye ryamufashije cane kurusha imisa patiri yasomye. Yari afise ibibazo vyinshi aca ansaba ko yoza kundaba.”

Hari umugore atari Icabona azinanye na Irma yimukiye mu kandi karere, aca aramusaba ngo azomwandikire. Irma avuga ati: “Uwo mugore yarabitse amakete yose namwandikiye. Aho amariye gupfa, umukobwa wiwe yaranterefonye. Yambwiye ko yasomye amakete yose nandikiye nyina wiwe, aca aranyinginga ngo na we nyene nzoze ndamwandikira amakete ashingiye kuri Bibiliya.”

Irma araryoherwa cane no kubwira abandi inkuru nziza. Avuga ati: “Ndatakambira Yehova ngo ampe utuguvu kugira mbandanye kumukorera. Naho ntagishobora kwamamaza inzu ku nzu, ndakora ivyo nshoboye.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika