ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 85
  • Noganira gute n’abavyeyi banje ku mategeko banshingira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Noganira gute n’abavyeyi banje ku mategeko banshingira?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ico wokora
  • Kuki banshingira amategeko menshi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Amategeko yo mu rugo yoba akenewe vy’ukuri?
    Urwaruka ruribaza
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Kuki abavyeyi banje batandeka ngo niryohere?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 85
Umuhungu w’umuyabaga aboheshejwe ku maguru n’umunyororo uri ku kintu ciburungushuye

URWARUKA RURIBAZA

Noganira gute n’abavyeyi banje ku mategeko banshingira?

«Igihe nari mfise imyaka 15 nta ngorane nari mfise ku mategeko abavyeyi banshingira, ariko ubu mfise imyaka 19 numva umengo ndakeneye umwidegemvyo.»​—Sylvia.

Woba wiyumva nka Sylvia? Nimba ari ukwo, iki kiganiro kiraza kukwereka ukuntu woganira ico kibazo n’abavyeyi bawe.

  • Ico ukwiye kumenya

  • Ico wokora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Ico ukwiye kumenya

Imbere y’uko uganira n’abavyeyi bawe ku mategeko bagushingira, zirikana iki kintu:

  • Hatabaye amategeko hoba ingorane nyinshi. Niwiyumvire ibarabara ricamwo imiduga myinshi. Wibaza ko vyogenda gute hatariho ivyapa vy’ibarabara, aho basabwa guhagarara (feux rouges), canke umuvuduko bategerezwa kugenderako? Nk’ukwo kw’amategeko yo mw’ibarabara, amategeko yo muhira arafasha kugira habe urutonde.

  • Amategeko arerekana ko abavyeyi bakwitwararika. Badashizeho amategeko, boba batanezwe ivyogushikira. Woba none woshima abavyeyi nk’abo?

WARI UBIZI? N’abavyeyi barafise amategeko! Nimba utavyemeye, soma Itanguriro 2:​24; Gusubira mu vyagezwe 6:​6, 7; Abanyefeso 6:4; na 1 Timoteyo 5:8.

Bite ho nimba uguma ubona ko amategeko abavyeyi bagushingira arenze urugero?

Ico wokora

Nubanze wiyumvire imbere y’uko mubiganira. Woba usanzwe ugamburuka amategeko abavyeyi bawe bagushingira? Nimba utahora uyagamburuka, iki coshobora kuba atari co gihe co kubasaba umwidegemvyo wiyongereye. Ahubwo riho, nurabe ikiganiro kivuga ngo «Nokora iki kugira abavyeyi banje banyizigire?»

Nimba usanzwe ubagamburukira, nutegure ivyo wipfuza ko muyaga. Niwazirikana neza imbere y’igihe ivyo wobabwira bizogufasha kumenya nimba ivyo wipfuza vyumvikana. Ubukurikira, nuce usaba abavyeyi bawe barondere umwanya n’ahantu hotuma mwese mwumva mwisanze bikaborohera kuyaga. Mu nyuma, igihe uriko uyaga n’abavyeyi bawe, uribuka ibi bintu:

Nugaragaze icubahiro. Bibiliya ivuga iti: «Ijambo ribabaza ritera ishavu.» (Imigani 15:1) Niwibuke rero iki kintu: Hamwe woharira n’abavyeyi bawe canke ukabagiriza ko bakubonera, ico kiyago ntikizogenda neza.

«Uko ndushiriza kwubaha abavyeyi banje, ni ko na bo barushiriza kunyubaha. Biroroha cane ko twumvikana igihe twubahana.»​—Bianca w’imyaka 19.

Nutege yompi. Bibiliya itubwira ngo “tunyaruke kwumva, dutebe kuvuga.” (Yakobo 1:19) Niwibuke ko utariko ushikiriza ijambo abavyeyi bawe, ahubwo ko muriko murayaga.

«Uko dukura, twoshobora kwiyumvira ko tuzi vyinshi kurusha abavyeyi bacu, ariko ivyo si vyo. Biraba vyiza twumvirije impanuro baduha n’inama batugira.»​—Devan w’imyaka 20.

Nugaragaze impuhwe. Nugerageze kwishira mu kibanza c’abavyeyi bawe. Nukurikize impanuro yo muri Bibiliya igira iti: «Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi,» muri aka kanya ukaba ukeneye kuraba ivy’abavyeyi bawe.​—Abafilipi 2:4.

Umuhungu w’umuyabaga ariko akarira abavyeyi biwe; umuhungu w’umuyabaga ariko ayagisha abavyeyi biwe mu rupfasoni

Ni iciyumviro ikihe wibaza ko cogufasha kuronka umwidegemvyo wiyongereye?

«Nahora niyumvira ko abavyeyi banje bandwanya aho kwiyumvira ko banshigikira. Ariko ubu ndatahura ko bariko bagerageza gusa kwiga ukuntu boba abavyeyi beza mu gihe nanje nariko ndiga ukuntu noba umuntu akuze yitwararika ibintu. Ivyo bakoze vyose babitumwa n’uko bankunda.»​—Joshua w’imyaka 21.

Nutange ivyiyumviro. Nk’akarorero, dufate ko wipfuza kuja mu kirori aho bizogusaba isaha yose kugira ushikeyo, ariko abavyeyi bawe bakanka. Nurondere kumenya ikintu nyamukuru gitumye bahagarika umutima; ni urwo rugendo canke ni ico kirori?

  • Nimba ari urwo rugendo, hamwe wosaba umugenzi mukajana vyoba vyotuma bahindura ivyiyumviro?

  • Nimba ari ikirori, ubwo ntivyofasha hamwe wobabwira abazoba bahari be n’abazoba bagihagarikiye?

Ntiwibagire kugaragaza icubahiro mu vyo uvuga hamwe no kwumviriza wihanganye ivyo abavyeyi bawe bakubwira. Niwerekane ko “utera iteka so wawe na nyoko wawe” haba mu majambo no mu nyifato. (Abanyefeso 6:2, 3) Boba bazohindura ivyiyumviro? Vyoshoboka canke ntibishoboke. Uko vyogenda kwose . . .

Niwemere ingingo abavyeyi bawe bafashe ubigiranye icubahiro. Ico ni ikintu gihambaye ariko akenshi usanga abantu bacirengagiza. Hamwe utoronka ivyo ukeneye maze ugatangura gushwana n’abavyeyi bawe, bizorushiriza kuba urugamba ikindi gihe muzoyaga. Ku rundi ruhande, hamwe wokwisunga ingingo bafashe, vyoshoboka ko bazorushiriza kuza barorosha amategeko amwamwe bashizeho.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Devan

«Nasanze igihe naba nagumye ntekanye nkashikiriza ivyiyumviro bitomoye, ari ho nitega ko abavyeyi banje banyumviriza haba ku kuyaga ku ngingo bafashe canke ku kurondera uwundi muti w’ingorane. Abavyeyi barabishima iyo muyaze utekanye aho guterana amajambo bikarangira mwashavuye.»​—Devan.

Joseph

«Vyarafashe igihe kugira ndavyige, ariko igihe mvuze ntomora uko mbona ibintu, vyaca bisa n’ivyorohera abavyeyi banje gutahura imvo zituma nkora ibintu. Iyo hari ico tudahurizako, kuyaga dutekanye vyaradufasha kugiranira amahoro, n’igihe mbere tutaba tubihurizako.»​—Joseph.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika