10 Nuko Adonisedeki umwami wa Yeruzalemu yumva ko Yosuwa yari yafashe Ayi arahatikiza be n’uko yari yagize ico gisagara n’umwami waco+ nk’uko yagize Yeriko n’umwami waho+. Yumva kandi ko Abanyagibeyoni bari bagiranye isezerano ry’amahoro n’Abisirayeli+ be n’uko bari basigaye babana na bo.