8 Mu karere ka Yorodani, mu buseruko bwa Yeriko, batora igisagara ca Bezeri+ mu bugaragwa buri ku mataba yo mu karere k’umuryango wa Rubeni. Batora n’igisagara ca Ramoti+ kiri i Gileyadi mu karere k’umuryango wa Gadi, be n’igisagara ca Golani+ kiri muri Bashani mu karere k’umuryango wa Manase+.