9 Ivyo ni vyo bisagara vyashiriweho Abisirayeli bose n’abanyamahanga baba muri bo. Babishizeho kugira ngo uwo wese yishe umuntu atabishaka ahungireyo+, ntahave yicwa n’uwuhora amaraso y’uwishwe, atararenguka imbere y’ishengero ngo bamucire urubanza+.