41 Mu kwezi kugira indwi, Ishimayeli+ mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, aza i Mizipa kwa Gedaliya mwene Ahikamu, ari kumwe n’abagabo cumi. Ishimayeli yava mu nda y’ingoma, akaba yari umwe mu batware bakuru b’umwami. Bariko barasangira ibifungurwa aho i Mizipa+,