5 Mbega ukwo ni ko ukwisonzesha nshima gukwiye kumera, nk’umusi w’uko umuntu yakuwe mw’ivu yibabaza+, akunamika umutwe nk’urukangaga, agasanza igunira n’iminyota ngo bibe uburiri bwiwe+? Mbega ico ni co mwita ukwisonzesha be n’umusi vyemerwa na Yehova+?