Yesaya
15 Ng’uru urubanza rwaciriwe Mowabu+:
Kubera ko hatikijwe mw’ijoro rimwe,
Ari+ h’i Mowabu hanumijwe.
Kubera ko hatikijwe mw’ijoro rimwe,
Kiri+ h’i Mowabu hanumijwe.
Mowabu iraboroga kubera Nebo+ no kubera Medeba+.
Imitwe yose iraharanguye+ n’ubwanwa bwose buramoye+.
3 Bagenda bambaye amagunira mu mabarabara.
Ni co gituma ingabo z’i Mowabu ziguma zivuza akaruru.
Hari ukujugumira.
5 Umutima wanje uririra Mowabu.
Impunzi zaho zahunze gushika i Zowari+ n’i Egulati-Shelishiya+.
Baduga umudugo w’i Luhiti barira.
Baja i Horonayimu baboroga kubera ivyo vyago+.
6 Kuko amazi y’i Nimurimu yakamye.
Ivyatsi bitotahaye vyumye,
vyose vyagiye, nta na kimwe gisigaye ari gitoto.
7 Ni co gituma bagenda bajanye ivyo bari basigaranye mu bubiko n’ivyo bari batunze.
Bariko barajabuka umwonga w’ibiti vyitwa imyarava*.
8 Amaborogo arasamirana mu karere kose ka Mowabu+.
Urwamo rw’amarira rushika i Egulayimu,
rushika n’i Beri-Elimu.
9 Amazi y’i Dimoni asigaye yuzuye amaraso.
Kandi hari ibindi mbikiye Dimoni:
nzorungika intambwe ku bantu b’i Mowabu bacitse kw’icumu
no ku basigaye mu gihugu+.