ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/13 rup. 4-5
  • Ingene woyaga n’umwana wawe w’umuyabaga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene woyaga n’umwana wawe w’umuyabaga
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BITOROSHE
  • Igihe umwana wawe w’umuyabaga akoze ikintu gituma utaba ukimwizigira
    Icofasha umuryango
  • Ingene woshingira amategeko umwana wawe w’umuyabaga
    Be maso!—2013
  • Nimufashe Umwana Wanyu w’Umuyabaga Gukura
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Nuganire n’umwana wawe w’umuyabaga mutarinze guharira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Be maso!—2013
g 1/13 rup. 4-5

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Ingene woyaga n’umwana wawe w’umuyabaga

IGITUMA BITOROSHE

Akiri umwana usanga avuga vyose. Ariko iyo abaye umuyabaga, nta kajambo umwumvako. Ugerageje kumuyagisha, akubwira ibintu vyo kukwikura canke akakubwira ibituma muca muhazuka, i muhira hagasigara ari ahantu hama imikwegurano.

Ariko birashoboka ko wiga kuyaga n’umwana wawe w’umuyabaga. Reka tubanze turabe ibintu bibiri vyotuma kuyaga n’umwana wawe bitoroha.

IKIBITERA

Bipfuza kwigenga. Kugira ngo umwana wawe w’umuyabaga abe umuntu akuze kandi yitaho ibintu, abwirizwa kwiga intambwe ku yindi guca mu bintu bigoye vyo mu buzima, nka kurya umuntu yiga umuduga intambwe ku yindi. Ku ruhande rumwe, hari imiyabaga yipfuza umwidegemvyo urenze uwo ikwiriye guhabwa, ku rundi ruhande hakaba abavyeyi batanga umwidegemvyo muke kuruta uwo bari gushobora gutanga. Ukwo kudahuza kurashobora gukwega uruhagarara rukomeye hagati y’abavyeyi hamwe n’abana babo b’imiyabaga. Umuyabaga umwe w’imyaka 16 yitwa Brada yidoga avuga ati: “Abavyeyi banje bashaka gukontorora akantu kose ko mu buzima bwanje. Ninakwiza imyaka 18 batarampa umwidegemvyo wiyongereye, nzoca nigira ndababise!”

Barazirikana. Abana bakiri batoyi biyumvira mu buryo bworoshe; kuri bo, ikintu kitera kiba cirabura; mugabo imiyabaga yoyo irashobora kubona kure. Ico ni ikintu gihambaye kiranga umuntu azirikana kandi gishobora gutuma umuyabaga yiga gutandukanya icatsi n’ururo. Nk’akarorero, umwana asa n’uwutahura mu buryo bworoshe ukutarenganya; kuri we, iyo nyina wiwe afashe agatumbura akakagaburamwo ibipande bibiri bingana, akamuha kimwe, uwundi ikindi, nta n’umwe aba arenganije. Ico gihe, umwana araba gusa ko ivyo umuhaye bingana n’ivyo uhaye uwundi. Ariko rero, imiyabaga yoyo iratahura ko kutarenganya bitagarukira aho. Kanatsinda, ukutarenganya ntivyama bisobanura ugufata abantu cokimwe; mu yandi majambo, ugufata abantu cokimwe ntivyama bisobanura ko ata karenganyo karimwo. Ubushobozi bwo kuzirikana buratuma umwana wawe w’umuyabaga anyinyana n’ibintu nk’ivyo bisaba kwiyumvira cane. None ikibazo ivyo bishobora gutera ni ikihe? Ni uko bishobora gutuma anyinyurana na wewe.

ICO WOKORA

Igihe bishoboka, nimugiranire ibiyago bisanzwe. Ntubure kumuyagisha igihe cose ubonye akaryo kizanye. Nk’akarorero, abavyeyi bamwebamwe basanze vyoroha ko imiyabaga ibugurukira igihe baba bariko barakorana udukorwa tw’i muhira canke igihe baba bari kumwe mu muduga, batariko bararabana mu maso ahubwo bari hambavu yabo.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.

Uraca make. Ntibikenewe ko akantu kose mugaharirako n’imitsi ikaranda. Ahubwo ukwiye kuvuga ico wiyumvira . . . ugaca ugarukiriza aho. Vyinshi mu vyo uvuga umwana wawe w’umuyabaga azobitahura mu nyuma, igihe azoba ari wenyene agafata umwanya wo kubizirikanako. Numuhe rero akanya ko kubizirikanako.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 1:1-4.

Niwumvirize kandi ube umuntu yoroshe. Numwumvirize witonze ata kumuciramwo kugira ngo utahure neza aho ingorane iri. Igihe wishura, nube umuntu akora ibitegereka. Hamwe woguma ushimika ku mategeko, hari aho umwana wawe w’umuyabaga yoca arondera uburyo bwo kuyarengako butuma adahanwa. Igitabu kimwe (Staying Connected to Your Teenager) gitanga ingabisho igira iti: “Ico gihe abana baca batangura kugira ubuzima burimwo tubiri. Ku ruhande rumwe, babwira abavyeyi ivyo bazi ko bibaryohera, ku rundi ruhande na ho bagakora ivyo bishakira igihe abavyeyi babo batababona.”​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abafilipi 4:5.

Nugume utekanye. Umuyabaga umwe yitwa Kari avuga ati: “Igihe tudahuje na mawe, ico mvuga cose gica kimubabaza. Ivyo birandya mu mutwe, bigatuma ikiyago kivamwo uguhazuka.” Aho guca ushavura, nuvuge ikintu cerekana ko utahura ukuntu umwana wawe w’umuyabaga yiyumva. Nk’akarorero, aho kuvuga ngo: “Ico ni co kikubuza amahoro?”, nuvuge uti: “Ndatahura ukuntu ico kintu kikubuza amahoro.”​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 10:19.

Uko bishoboka kwose, nutange ubuyobozi, ntutange amategeko. Ubushobozi bwo kuzirikana umwana wawe w’umuyabaga afise burakeneye kumenyerezwa, nka kurya imitsi ikeneye kumenyerezwa kugira ngo irushirize gukomera. Igihe rero atabona neza ico yokora ku kintu kanaka, ntabe ari wewe umubwira ico akwiye gukora. Igihe muganira kuri ico kintu, numureke agerageze kwiyumvira uburyo butandukanye yogitorera umuti ubwiwe. Mumaze rero kwiyumvira uburyo butandukanye, woshobora kuvuga uti: “Ubwo ni bumwe mu buryo cotorerwa umuti. Genda ufate umusi umwe canke ibiri ubizirikaneko, tuzoca dusubira kwicara hamwe kugira ngo turabe ico wahisemwo be n’igituma wagihisemwo.”​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abaheburayo 5:14.

a Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka.”​—Yakobo 1:19.

  • “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake.”​—Imigani 15:1.

  • “Ntimutere ishavu abana banyu; barere mu kubamenyereza ivyiza no mu kubahanura nk’uko Umukama ashaka.”​—Abanyaefezi 6:4, Ubwuzure Bushasha.

IMPANURO IGENEWE IMIYABAGA

Mwoba mwipfuza ko abavyeyi banyu barushiriza kubaha umwidegemvyo? Mwoba mwipfuza ko babatahura vy’ukuri? Mwoshobora gutuma abavyeyi biborohera kubigira! Uti gute? Nimwibwirize kubabwira ibibashikira mu buzima bwanyu. Nimubugurukire. Igihe mugonanwa, ntibashobora kubizigira ijana kw’ijana, kandi musanzwe muzi ko kubizigira ari co kintu kizotuma barushiriza kubaha umwidegemvyo.

Ico dushaka kuvuga ni iki: Ikiyago ntugihebere abavyeyi bawe. Nukigiremwo uruhara nawe. Nubwire abavyeyi bawe ingene umusi wagenze. Nubabaze na bo ingene umusi wagenze. Niba hari ikikubabaje, niwige kugiserura mu rupfasoni. Kuba umuntu azi kuyaga bizogufasha niwagera mu bigero. Ubona gute none ubaye uravyiga ubu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika