ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 4 rup. 16-rup. 17 ing. 3
  • Mariya yibungenga ata mugabo afise

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mariya yibungenga ata mugabo afise
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Yibungenze Atabiriwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yaragize “ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe”
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 4 rup. 16-rup. 17 ing. 3
Mariya ariko abwira Yozefu ko yibungenze

IKIGABANE CA 4

Mariya yibungenga ata mugabo afise

MATAYO 1:18-25 LUKA 1:56

  • YOZEFU AMENYA KO MARIYA YIBUNGENZE

  • MARIYA YUBAKANA NA YOZEFU

Mariya amaze amezi ane yibungenze. Ibuka ko agisama imbanyi yamaze igihe ari kuramutsa incuti yiwe Elizabeti mu misozi y’i Yudaya. Ubu Mariya yaratashe iwabo i Nazareti. Bigiye kumenyekana ko yibungenze. Ibaze nawe ukuntu bimuhagaritse umutima!

Ikivyunyura, ni uko Mariya arehejwe n’umubaji wo muri ako karere yitwa Yozefu. Nk’uko amategeko Imana yahaye Abisirayeli abivuga, arazi ko igihe umwigeme arehejwe aryamanye n’uwundi mugabo, ategerezwa kwicishwa amabuye. (Gusubira mu vyagezwe 22:23, 24) Naho Mariya ata busambanyi yakoze, nta nkeka ko yibaza ingene yosigurira Yozefu ivy’iyo mbanyi n’ingene ibintu bizohava bigenda.

Narirya Mariya yari amaze amezi atatu atari ho ari, nta gukeka ko Yozefu ashashaye kumubona. Babonanye, Mariya ashobora kuba amumenyesha ko yibungenze, agakora ibishoboka vyose kugira amwumvishe ko vyavuye ku mpwemu nyeranda y’Imana. Yamara rero, birumvikana ko ivyo bintu Yozefu bimugora cane kubitahura no kuvyemera.

Yozefu arazi ko Mariya ari umwigeme yisonera be n’uko bose bamuvuga neza, kandi aramukunda cane. Ariko rero naho yisigura gute, Yozefu abona umengo iyo nda yayitewe n’uwundi mugabo. Yozefu ntashaka ko Mariya yicishwa amabuye canke ngo yambare ibara mu bantu. Ni co gituma afata ingingo yo kwahukana na we mu mpisho. Ico gihe abantu bareshanije babonwa ko ari nk’aho bamaze kubana, kandi kugira ngo bahebane vyasaba ko haba ukwahukana.

Umumarayika wa Yehova abonekera Yozefu mu ndoto

Mu nyuma, Yozefu akiriko ariyumvira ivyo bintu, araja kuryama. Umumarayika wa Yehova aramubonekera mu ndoto, akamubwira ati: “Ntutinye gutwara Mariya umugore wawe i muhira, kuko icasamwe mu nda yiwe caje bivuye ku mpwemu nyeranda. Azovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yezu, kuko azokiza abantu biwe ibicumuro vyabo.”​—Matayo 1:20, 21.

Igihe Yozefu yikanguye, ese ukuntu yiruhutsa kubona ico kibazo gitomotse! Aranyaragasa gushira mu ngiro ivyo umumarayika yamubwiye, maze agatwara Mariya iwe. Nka kurya kw’ibirori vy’ubugeni, ico ni ikintu kiba ku mugaragaro cerekana ko Yozefu na Mariya babaye umugabo n’umugore. Yamara rero, ntibarangura amabanga y’abubatse mu gihe Mariya agifise inda ya Yezu.

Mariya yicaye ku ndogobwa Yozefu na we ariko ayishirako imizigo

Haciye amezi atari make, Mariya na Yozefu bategerezwa kugira urugendo bavuye iwabo i Nazareti, Mariya akaba akuriwe. None bagira baje he kandi Mariya ari mu kwibaruka?

  • Yozefu yibaza iki igihe amenye ko Mariya yibungenze, kandi kubera iki?

  • Yozefu na Mariya bashobora gute kwahukana kandi batarabana?

  • Ni igiki cerekana ko Yozefu na Mariya babaye umugabo n’umugore?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika