ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w17 Ntwarante rup. 32
  • Izina ryo muri Bibiliya ku rwavya rwa kera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Izina ryo muri Bibiliya ku rwavya rwa kera
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Ivyo bijanye
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • Ukuntu izina ry’Imana rikoreshwa be n’insobanuro yaryo
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Imana yitwa nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Udukuru tw’irya n’ino​—Akarere k’ibihugu vy’Abarabu
    Be maso!—2015
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
w17 Ntwarante rup. 32
Icandiko ca kera c’Abanyakanani kiri ku rwavya rumaze imyaka 3.000, kirimwo izina rivugwa muri Bibiliya

Izina ryo muri Bibiliya ku rwavya rwa kera

Urwavya rumaze imyaka 3.000

Mu 2012, abashakashatsi baratangaye cane bubuye ibipandepande vy’urwavya rumaze imyaka 3.000. None ni igiki cabatangaje? Si ivyo bipandepande ubwavyo, ariko ni ivyari vyanditse kuri vyo.

Igihe abacukuzi baterateranya ivyo bipandepande vyose, basanze ivyari vyanditseko biri mu rurimi rwa kera rw’Abanyakanani. Vyagira biti: “Eshubayali Beni [mwene] Beda.” Bwari bwo bwa mbere abacukuzi bubuye iryo zina ku kintu ca kera.

Mu bisanzwe, hariho uwundi Eshubayali avugwa muri Bibiliya. Yari umwe mu bahungu b’Umwami Sauli. (1 Ngo. 8:33; 9:39) Profeseri Yosef Garfinkel, akaba yaragize uruhara muri ubwo bucukuzi, avuga ati: “Birashimishije kubona izina Eshubayali muri Bibiliya no muri ibi twubuye, riboneka gusa mu vyabaye ku ngoma y’Umwami Dawidi.” Hari abiyumvira ko iryo zina ryakoreshejwe muri ico gihe gusa. Ico rero ni ikindi kimenyamenya c’uko ivyacukuwe n’abahinga bishigikira Bibiliya.

Ahandi muri Bibiliya, Eshubayali yitwa Ishi-bosheti. (2 Sam. 2:10) Kubera iki none agace “bayali” gasubirirwa na “bosheti”? Abashakashatsi basigura ko uwanditse igitabu ca 2 Samweli ashobora kuba yaririnze gukoresha izina Eshubayali, kubera yuko ryibutsa Abisirayeli ya mana Bayali, iyo Abanyakanani bemera ko itanga imvura. Ariko rero, izina Eshubayali ryarazigamwe mu gitabu ca mbere c’ivyo ku Ngoma.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika