ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/6 rup. 8-rup. 11 ing. 8
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Gucura Intimba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Gucura Intimba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘AMASO YANJE YAKOBOWE N’AMOSOZI’
  • (Gucura intimba 1:1–2:22)
  • “NTUKINGE UGUTWI KWAWE NGO NTIWUMVE UKUNIHA KWANJE”
  • (Gucura intimba 3:1–5:22)
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • ‘Uzokwunama unshikire’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yeremiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Buri musi woba ubaza uti: “Yehova ari hehe?”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/6 rup. 8-rup. 11 ing. 8

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Gucura Intimba

UMUHANUZI Yeremiya arabona iranguka ry’ubutumwa bw’urubanza amaze imyaka 40 ashikiriza. None uwo muhanuzi amererwa gute igihe yibonera ingene igisagara akunda cane gisangangurwa? Ya mpinduro y’ikigiriki yitwa Septante ivuga mu ntangamarara y’igitabu co Gucura intimba iti: “Yeremiya yaricaye ararira yongera araserura umubabaro yari afitiye Yeruzalemu akoresheje aya majambo yo gucura intimba”. Igitabu co Gucura intimba, icatunganijwe mu 607 B.G.C. igihe umuhanuzi Yeremiya yari acibuka neza ivyabaye mu mezi 18 i Yeruzalemu hamaze hugarijwe mu nyuma hagaturirwa, kiraserura mu buryo bukomeye umubabaro mwinshi uwo muhanuzi yari afise (Yeremiya 52:3-5, 12-14). Nta kindi gisagara na kimwe co muri kahise cacuriwe intimba hakoreshejwe amajambo ateye ikigongwe gutyo.

Igitabu co Gucura intimba kigizwe n’ibice bitanu vyanditswe mu buryo ndyoshamvugo. Ibice bine vya mbere bigizwe n’amajambo yo gucura intimba; ica gatanu na co kikaba kigizwe n’amajambo yo gutakamba, canke isengesho.​—Gucura intimba 5:1.

‘AMASO YANJE YAKOBOWE N’AMOSOZI’

(Gucura intimba 1:1–2:22)

“Ewe kuntu igisagara cari cuzuye abantu gisigaye cicaye ubusa! Ukuntu cahindutse nk’umupfakazi! Icar’agakomeye mu mahanga, kikaba umwamikazi mu ntāra, ukuntu gisigaye gishikanira abandi!” Ukwo ni ko umuhanuzi Yeremiya atangura gucurira intimba Yeruzalemu. Uwo muhanuzi aravuga icatumye ayo marushwa ashika, ati: “Uhoraho yahababaje ahahōye ibicumuro vyaho vy’isinzi”.​—Gucura intimba 1:1, 5.

Yeruzalemu ifashwe nk’umupfakazi yabuze abana biwe, abaza ati: “Hoba [hari] umubabaro uhwanye n’uyu wanje?”. Ku bijanye n’abansi biwe, asenga Imana asaba ati: “Ububi bgabo bgose ni bushike imbere yawe; ubagirire nk’uko wangiriye umpōra ibicumuro vyanje vyose: kuko kuniha kwanje ari kwinshi, kand’umutima wanje ukaba udendebutse”.​—Gucura intimba 1:12, 22.

Yeremiya avugana intuntu ati: “Kubg’uburake bgiwe bg’inkazi [Yehova] yakondoye ihembe ryose ry’Abisirayeli; yapfunye ukuboko kwiwe kw’i buryo imbere y’abansi: kandi yaturiye Yakobo, amumerera nk’umuriro w’ikibengebenge utongora impande zose”. Uwo muhanuzi mu guserura umubabaro mwinshi afise, acura intimba ati: “Amaso yanje yakobowe n’amosozi, amara yanje aradobangana, umutima wanje usanzariye hasi”. Mbere n’abahita barajorerwa, bakavuga bati: “Mbeg’iki ni ca gisagara abantu bāhora batazira, ngo Ni Nyamwiza w’agahore, ngo Ni Munezero w’isi yose?”.​—Gucura intimba 2:3, 11, 15.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:15​—Ni mu buryo ki Yehova “yahonyanze umukobga w’inkumi w’i Buyuda, nk’ūganira vino mu bgato”? Mu gusangangura ico gisagara, ikivugwa ko ari inkumi, Abanyababiloni barasheshe amaraso menshi ku buryo vyagereranijwe no gufyondera inzabibu mu bwato. Yehova yari yarabivuze kandi yararetse birashika, akaba ari co gituma vyovugwa ko ari nk’aho ‘yaganiye vino mu bwato’.

2:1​—Ni mu buryo ki ‘ubwiza bw’Abisirayeli bwatsinzwe hasi buhanuwe kw’ijuru’? Kubera ko “ijuru ryītāngūye isi”, gusubizwa hasi kw’ibintu biri hejuru rimwe na rimwe bigereranywa n’‘ugutsindwa hasi bihanuwe kw’ijuru’. “Ubgiza bg’Abisirayeli”, ni ukuvuga icubahiro be n’ububasha Isirayeli yari ifise igihe Yehova yari akiyihezagira, bwatsinzwe hasi igihe i Yeruzalemu hasangangurwa, Ubuyuda na bwo bugacika umusaka.​—Yesaya 55:9.

2:1, 6, NW​—“Indava y’ibirenge” ya Yehova be n’“urusago” rwiwe ni ibiki? Umwanditsi umwe wa Zaburi yaririmvye ati: “Ni twinjire mw ihema ryayo, dusengere imbere y’indava y’ibirenge vyayo” (Zaburi 132:7). Ku bw’ivyo, “indava y’ibirenge” ivugwa mu Gucura intimba 2:1 yerekeza ku ngoro ya Yehova yo kumusengeramwo, ari rwo rusengero rwiwe. Abanyababiloni ‘baranze umuriro ingoro y’Uhoraho’ nk’aho umengo bariko baturira urusago canke akaruri ko mu murima.​—Yeremiya 52:12, 13.

2:17​—Ni “ijambo” irihe Yehova yashikije ku bijanye na Yeruzalemu? Biboneka ko ijambo rivugwa muri iki canditswe ryerekeza ku majambo dusanga mu Balewi 26:17, agira ati: “Nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye”.

Ivyigwa tuhigira:

1:1-9. Yeruzalemu irara irarira mw’ijoro, amosozi agacunduguta ku matama. Amarembo arasivye, kandi abaherezi baho baraniha. Inkumi zaho zifise umubabaro mwinshi, na ho ubwaho hari n’intuntu. Kubera iki ibintu vyifashe ukwo? Kubera yuko Yeruzalemu hakoze ivyaha birengeje. Ibiteye isoni vyaho vyashitse no ku myambaro yaho. Inkurikizi z’ukugabitanya si umunezero; ahubwo ni amarira, umuniho, umubabaro, hamwe n’intuntu.

1:18. Yehova yama akoresha ubutungane n’ubugororotsi igihe ahana abacumura.

2:20. Abisirayeli bari baraburiwe yuko mu gihe batokwumviye ijwi rya Yehova bokwikwegeye umuvumo, uno ukaba wobaye urimwo kurya ‘abana babo b’abahungu n’abakobwa’ (Gusubira mu vyagezwe 28:15, 45, 53). Ese ukuntu vyoba bitaranga ubukerebutsi duhisemwo ingendo yo kugambararira Imana!

“NTUKINGE UGUTWI KWAWE NGO NTIWUMVE UKUNIHA KWANJE”

(Gucura intimba 3:1–5:22)

Mu Gucura intimba ikigabane ca 3, ihanga rya Isirayeli rivugwa ko ari “umuntu”. Naho uwo muntu ashikirwa n’ibihe bigoye, aririmba ati: “Uhoraho agirira neza abamwiteze, n’imitima imurondera”. Mw’isengesho atura Imana y’ukuri, asaba ati: “Wumv[e] ijwi ryanje; ntukinge ugutwi kwawe ngo ntiwumve kuniha kwanje n’ugutaka kwanje”. Arasaba Yehova ngo arabe ukuntu abansi bamutuka mu kuvuga ati: “Uhoraho we, uzobasubiriza mu nkōko ibihwanye n’ibikorwa vy’amaboko yabo”.​—Gucura intimba 3:1, 25, 56, 64.

Yeremiya araserura ukuntu yumva amerewe ku bijanye n’ingaruka zibabaje zashikiye igisagara ca Yeruzalemu mu mezi 18 camaze cugarijwe, maze agacura intimba ati: “Ibigabitanyo vy’umukobga w’ubgoko bgacu bikomeye gusumba icaha c’i Sodomu, ari ho hākomvomvowe mu kanya isase, ata kuboko kuhakozeko”. Yongerako ati: “Abicwa n’inkota ni bo bapfa rwiza kuruta abicwa n’inzara; kukw abo bo bagenda bashirira hejuru, bakicwa no kubura utwo bokweza mu mirima”.​—Gucura intimba 4:6, 9.

Igice ca gatanu c’ayo majambo ndyoshamvugo cerekana abantu b’i Yeruzalemu nk’abariko baravuga bati: “Uhoraho we, ibuka ivyatubayeko: itegereze urābe ukuntu dutukwa”. Mu kuvuga amarushwa barimwo, batakamba bati: “Uhoraho, wamah’ibihe bidashira; intebe yawe ihoraho uk’urunganwe rugenda rukurikirana. N’utwigarukanire, Uhoraho we, natwe turakugarukira; dukomōrere imisi yacu nk’iyo twahoranye ubga mbere”.​—Gucura intimba 5:1, 19, 21.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

3:16​—Imvugo ngo: “Amenyo yanje yayahongoje urusekebuye” ishaka kwerekana iki? Igitabu kimwe kivuga giti: “Igihe Abayuda bari mu nzira batwawe mu bunyagano, vyasaba ko bokereza imikate mu tunogo bimvye mw’ivu, ku buryo wasanga iyo mikate irimwo utubuye dutoduto cane”. Umuntu ariye mwene iyo mikate, amenyo yiwe yarashobora kuvunguka.

4:3, 10​—Ni kubera iki Yeremiya agereranya “umukobga w’ubgoko [bwiwe]” n’“ibisīga vyo mu bugaragwa vyitwa imbuni”? Muri Yobu 39:16 havuga yuko ico gisīga “kirenga ivyana vyaco, nk’ibitar’ivyaco”. Nk’akarorero, ikigore gihejeje kuberagura, gica cigira mu bindi bigore kigasiga ikigabo ari co kiriko citwararika ivyo vyana. Iyo ivyo bisīga bigeramiwe hoho bivyifatamwo gute? Vyompi, ikigabo n’ikigore, bica vyihungira bigasiga ivyana vyavyo mu cari. Igihe Abanyababiloni bugariza Yeruzalemu, harateye inzara izura inzara ku buryo abagore, abari bakwiye kugira ikibabarwe bagiriye nabi abana babo, nka kurya kw’imbūni mu bugaragwa. Ukwo kuntu bavyifashemwo kuratandukanye cane n’ukuntu imbwebwe zitwararika abana bazo.

5:7​—Yehova yoba ahora abasavyi biwe ibigabitanyo vya ba sekuruza babo? Oya. Yehova ntahana abantu abahoye ibicumuro vya ba sekuruza babo. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze” (Abaroma 14:12). Ariko rero, ingaruka z’ivyaha zirashobora kumara igihe kirekire ku buryo zishikira n’abarutse mu nyuma. Nk’akarorero, kuba Isirayeli ya kera yaragiye mu vyo gusenga ibigirwamana, vyatumye n’Abisirayeli b’intahemuka barutse mu nyuma bitaborohera kuguma bumiye ku ngendo igororotse.​—Kuvayo 20:5.

Ivyigwa tuhigira:

3:8, 43, 44. Igihe Yeruzalemu yariko irashikirwa n’ivyago, Yehova yaranse kwumvira abantu bo muri ico gisagara batakamba bamutabaza. Kubera iki none? Kubera yuko abo bantu bari baragambaraye, maze baguma ari intigaya. Niba dushaka ko Yehova yishura amasengesho yacu, dutegerezwa kumugamburukira.​—Imigani 28:9.

3:20, NW. Yehova, we ‘Musumbavyose aganza isi’, ari hejuru cane ku buryo yicisha bugufi kugira ngo “[arabe] ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi” (Zaburi 83:18; 113:6). Yamara, Yeremiya yari azi neza ko Mushoboravyose yiteguriye guca bugufi ngo ashikire abasavyi biwe, ivyo bikaba bisobanura yuko yimanura akagera ku rugero rwabo kugira ngo abaremeshe. Ese ukuntu duhimbarwa no kumenya yuko Imana y’ukuri idafise gusa ububasha bwose n’ubukerebutsi bwose, ariko kandi ko yicisha bugufi!

3:21-26, 28-33. Dushobora gute kwihanganira mbere n’imibabaro ikomeye? Yeremiya arabitubwira. Ntidukwiye kwibagira ko Yehova yuzuye imbabazi be n’uko afise ikigongwe cinshi. Turakwiye kandi kwibuka ko kuba turi bazima ari imvo ihagije ikwiye gutuma tudatakaza icizigiro, tukibuka kandi ko dukeneye kwihangana, tukitega agakiza ka Yehova dutekereje ata kwidodomba. N’ikindi kandi, turakwiye ‘gushikana umunwa wacu mu mukungugu’, ivyo bikaba bisobanura yuko twemera kwihanganira ibigeragezo bidushikira tubigiranye ukwicisha bugufi, tuzi neza ko ari ku bw’imvo nziza Imana ireka ivyo bikaba.

3:27. Guhura n’ibigerageza ukwizera mu buto bwacu hari aho vyoba bisobanura kwihanganira ibintu bigoye no gutyekezwa. Ariko ‘ni vyiza ko umuntu amenyerezwa ingogo yo kuganzwa akiri muto’, ni ukuvuga kwikorera iyo ngogo akiri muto. Uti kubera iki? Kubera yuko umuntu yize kwikorera ingogo y’ukubabazwa akiri muto bimutegura kuzokwihanganira ingorane azogira amaze gukura.

3:39-42. ‘Kwidoga’ igihe ducumukura kubera ivyaha twakoze, ntibiranga ubukerebutsi. Aho kwidoga kubera yuko turiko turashikirwa n’ingaruka z’ivyaha twakoze, nimuze ahubwo “dusesangure ingeso zacu, tuzisuzume, tugaruke k’Uhoraho”. Tuba dukoze ibiranga ubukerebutsi twigaye tukongera tugakosora inzira zacu.

Niwizigire Yehova

Igitabu ca Bibiliya co Gucura intimba kirerekana ukuntu Yehova yabona Yeruzalemu be n’igihugu c’Ubuyuda inyuma y’aho Abanyababiloni batuririye ico gisagara, ico gihugu na co bakagisiga ari umusaka. Amajambo agaragaza ukwemera ivyaha ari muri ico gitabu arerekana neza ko, bivanye n’ukuntu Yehova abona ibintu, ibigabitanyo vy’abasavyi biwe ari vyo vyatumye ayo marushwa ashika. Indirimbo zahumetswe dusanga muri ico gitabu na zo nyene zirimwo amajambo aryoheye ugutwi aserura ukwizigira Yehova be n’icipfuzo co guhindukirira ingendo igororotse. Naho abenshi mu bo mu gihe ca Yeremiya batabona ibintu muri ubwo buryo, ayo majambo aragaragaza agatima Yeremiya be n’amasigarira y’Abisirayeli bigaye, bari bafise.

Amajambo agaragaza ukuntu Yehova yasuzumye Yeruzalemu dusanga muri ico gitabu co Gucura intimba, aratwigisha ivyigwa bibiri bihambaye cane. Ica mbere, ugusangangurwa kwa Yeruzalemu be n’ukuntu Ubuyuda bwasigaye ari umusaka biratwereka yuko dukwiye kugamburukira Yehova bikongera bikatuburira yuko tudakwiye kwirengagiza gukora ivyo agomba (1 Ab’i Korinto 10:11). Ica kabiri tugikura ku karorero ka Yeremiya (Abaroma 15:4). Naho nyene wamengo nta cizigiro kiriho, uwo muhanuzi yari afise umubabaro mwinshi yagumye yiteze ko Yehova ari we yomurokoye. Ese ukuntu bihambaye cane ko twizigira Yehova n’Ijambo ryiwe tugaherezako kandi akaba ari we twishimira!​—Abaheburayo 4:12.

[Ifoto ku rup. 9]

Umuhanuzi Yeremiya yariboneye iranguka ry’ubutumwa bw’urubanza yashikiriza

[Ifoto ku rup. 10]

Ukwizera kw’ibi Vyabona bo muri Koreya kwarageragejwe kubera ko batagira aho bahengamiye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika