ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/6 rup. 29-32
  • Kwihanganira uguhemukirwa n’uwo mwubakanye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwihanganira uguhemukirwa n’uwo mwubakanye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwibone nk’uko Yehova akubona
  • Ingene Yehova ahumuriza
  • Ingene abandi bofasha
  • Nunanire agatima ko kwihora
  • Urashobora kwihangana!
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ntutane n’akabando umubano wawe w’abubatse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Mu Gihe Umubano w’Ababiranye Uri mu Gusambuka
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/6 rup. 29-32

Kwihanganira uguhemukirwa n’uwo mwubakanye

MARGARITA n’umugabo wiwe Raúl bari bamaze imyaka myinshi bakorera Yehova ari abasuku b’igihe cose.a Mugabo haciye igihe gito umwana wabo wa mbere avutse, Raúl yaciye atangura kugenda akayombekere ava kuri Yehova. Amaherezo, Raúl yaratanguye kubaho mu buhumbu maze aracibwa mw’ishengero rya gikirisu. Margarita avuga ati: “Igihe ivyo vyose vyashika, nariyumvisemwo yuko ngira mpfe. Naravunitse umutima, kandi sinabona ico nokora.”

Haciye igihe gito Jane yubatse urwiwe, umunega wiwe yaramuhindutse nk’inzoka yo mu nda mu bundi buryo. Yaratanguye kuza aramukubita. Jane avuga ati: “Igihe yankubita ingumu ari bwo bwa mbere narakubiswe n’inkuba, ndabura amahoro, nongera ndamaramara. Yahavuye agira akamenyero ko kuza arankubita agaca antakambira ngo ndamubabarire. Kubera ko ndi umukirisu, nabona ko ntegerezwa kwama ndamubabarira nongera nibagira. Nabona kandi yuko nobaye mpemutse mbwiye uwundi muntu ingorane yacu, eka mbere n’aho bobaye ari abakurambere bo mw’ishengero ryacu. Iyo ngendo yo kuza arankubita agaca ansaba ikigongwe yaramaze imyaka n’iyindi. Muri ico gihe cose, niyumvira ko hari ico nokora kugira ngo ntume umunega wanje ankunda. Igihe amaherezo yaduta twe n’umukobwa wacu, nariyumvisemwo yuko ata co nashoboye gushikako, yuko hari n’ibindi nari nkwiye kuba narakoze canke naravuze kugira ngo umubano wacu ntusambuke.”

Nk’ukwo kwa Margarita na Jane, woshobora kuba ufise umubabaro, ingorane z’ivy’ubutunzi, be n’ingorane zo mu vy’impwemu kubera ko umunega wawe yaguhemukiye. Canke ushobora kuba uri umunega afise intuntu be n’ingorane kubera ko umukenyezi wawe yabaye igihemu. Nta woharira ko tubaye mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” nk’uko Bibiliya yari yarabivuze. Ubwo buhanuzi burerekana yuko mu “misi ya nyuma” imiryango yobangamiwe, kubera ko ahantu henshi ata gishika c’abantu cobaye kiharangwa na gato. Hari abogaragaye ko ari ababeshi mu vyo bivugisha ko bakorera Imana. (2 Tim. 3:1-5) Abakirisu b’ukuri ntibatewe urucanco rubakingira izo ngorane; ku bw’ivyo none, ni igiki cogufasha kwihangana igihe wahemukiwe?

Niwibone nk’uko Yehova akubona

Mu ntango, woshobora gusanga bigoye kwemera yuko umuntu ukunda yoshobora kukubabaza cane gutyo. Woshobora mbere gutangura kwiyagiriza kubera inyifato yiwe iranga icaha.

Ariko rero, uribuka yuko na wa muntu atagira agasembwa Yezu yahemukiwe n’umuntu yizigira kandi yakunda. Yezu yahisemwo abagenzi biwe somambike, ni ukuvuga za ntumwa, amaze kuzirikana cane no gusenga cane. Bose rero uko bari 12 bari abasavyi ba Yehova b’abizigirwa. Ku bw’ivyo rero, nta gukeka ko Yezu yatuntuye cane igihe Yuda “[y]acika umuguranyi.” (Luka 6:12-16) Ariko rero, Yehova ntiyabona ko Yezu afise ico abazwa mu vyo Yuda yakoze.

Birumvikana ko ata n’umwe mu bubakanye atagira agasembwa muri iki gihe. Abubakanye bompi birashika bagakora amakosa. Umwanditsi w’amazaburi yahumekewe n’Imana yanditse mu buryo bwumvikana ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zab. 130:3) Mu kwigana Yehova, umwumwe wese mu bubakanye akwiye kugira agatima ko kwirengagiza udusembwa twa mugenziwe.​—1 Pet. 4:8.

Ariko rero, “umwe wese muri twebwe azobazwa n’Imana ku vyiwe.” (Rom. 14:12) Mu gihe umwe mu bubakanye yama atuka mugenzi we canke akamukubita, uwo abigira ni we ategerezwa kugira ico abazwa na Yehova. Yehova ariyamiriza ubukazi be no gutukana, ari co gituma ata na rimwe umuntu ashobora kuronka imvo yumvikana yo gufata uwo bubakanye mu buryo nk’ubwo butaranga na gato urukundo n’icubahiro. (Zab. 11:5; Ef. 5:33; Kol. 3:6-8) Nkako, mu gihe umukirisu aguma atwarwa n’ubushangashirwe ntiyigaye kandi ntahindure ingendo, ategerezwa gucibwa mw’ishengero rya gikirisu. (Gal. 5:19-21; 2 Yoh. 9, 10) Umwe mu bubakanye ntakwiye kwumva ko yoba agize nabi abwiye abakurambere ibijanye n’inyifato nk’iyo iteye kubiri n’ubukirisu. Mu vy’ukuri, Yehova aragirira impuhwe abantu bafatwa nabi muri ubwo buryo.

Igihe umwe mu bubakanye arenze ibigo, ntaba acumuye gusa ku wo bubakanye ariko aba acumuye no kuri Yehova. (Mat. 19:4-9; Heb. 13:4) Igihe uwo bubakanye yoba yarakoze uko ashoboye kwose ngo abeho yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ntakwiye kwiyagiriza ku bijanye n’ubuhemu bw’uwo yakoze igicumuro mu kurenga ibigo.

Uribuka ko Yehova azi ingene wumva umerewe. Avuga ko we ubwiwe ari umugabo w’ihanga rya Isirayeli, kandi Ijambo ryiwe ririmwo imirongo myinshi ikora ku mutima iserura intuntu yagize kubera ibikorwa iryo hanga ryakoze vy’ukurenga ibigo mu buryo bw’impwemu. (Yes. 54:5, 6; Yer. 3:1, 6-10) Numenye udakeka ko Yehova azi neza amosozi ukorara nimba wahemukiwe mu buryo bunaka n’uwo mwubakanye. (Mal. 2:13, 14) Arazi ko ukeneye guhumurizwa no kuremeshwa.

Ingene Yehova ahumuriza

Bumwe mu buryo Yehova akoresha mu guhumuriza umuntu, abicisha kw’ishengero rya gikirisu. Jane yararonse mwene iyo mfashanyo. Avuga ivyo yibuka ati: “Urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko rwabaye igihe nari nacitse intege cane. Yari azi ukuntu nari nihebuye bitumwe n’uko umunega wanje yariko arasaba ko twahukana. Yarafashe akanya ko kumfasha kuzirikana ku vyanditswe nk’iki co muri 1 Abakorinto 7:15. Imirongo yo muri Bibiliya be n’amajambo aranga ubuntu yambwiye vyaramfashije kugabanya inyiyumvo nari mfise zo kwiyagiriza vyongera biratuma ndonka amahoro yo mu muzirikanyi ku rugero runaka.”b

Margarita, umwe twavuze mu ntango, na we nyene yarabonye ko Yehova atanga imfashanyo ngirakamaro biciye kw’ishengero rya gikirisu. Avuga ati: “Igihe vyagaragara ko umunega wanje atigaya, naciye ntora abana banje maze twimukira mu kindi gisagara. Dushitseyo, narashoboye kuronka ivyumba bibiri vyo gupanga. Ku musi wakurikiye, nariko ndakura ibintu mu masakoshi yacu narengewe n’umubabaro igihe naza numva umuntu adodoye ku muryango. Nari niteze ko ari umugore nyene inzu nabamwo, uno akaba yaba ku muryango ukurikira. Igitangaje, yari umuvukanyikazi yari yarigishije Bibiliya mawe yongera arafasha umuryango wacu kumenya ukuri. Ntiyari yiteze kumbona mugabo yari yaje kuri uwo muhana kubera ko yigana Bibiliya na wa mugore nyene inzu nabamwo. Narahumurijwe cane. Vyaranse ko nihangana. Naramusiguriye ukuntu ivyanje vyifashe, duca turarira twempi. Yaciye ubwo nyene atunganya ivy’uko tuja ku makoraniro uwo musi. Ishengero ryaraduhaye ikaze, kandi abakurambere baragize intunganyo ngirakamaro kugira ngo bamfashe kwitwararika ivyo umuryango wanje ukeneye mu vy’impwemu.”

Ingene abandi bofasha

Mu vy’ukuri, abagize ishengero rya gikirisu barashobora gufasha mu buryo ngirakamaro butandukanye. Nk’akarorero, Margarita yabwirizwa kurondera akazi. Umuryango umwe wo mw’ishengero waremeye gufasha igihe bikenewe mu vyo kwitwararika abana biwe bavuye kw’ishure.

Margarita yigana ati: “Narakenguruka vy’ukuri igihe abavukanyi n’abavukanyikazi baba bansavye ngo baduherekeze twe n’abana banje mu busuku bwo mu ndimiro.” Biciye kuri mwene iyo mfashanyo ngirakamaro, abagize ishengero baba bariko barafasha “kwikoreranira imizigo” kandi mu kubigenza gutyo baba bashikije “itegeko rya Kristu.”​—Gal. 6:2.

Abariko baracumukura biturutse ku bicumuro vy’abandi bantu barakenguruka vy’ukuri mwene iyo mfashanyo ngirakamaro. Uwitwa Monique, uno akaba yaratawe n’umugabo wiwe, agasiga afise ideni ry’amadolari 15.000 (amarundi arenga imiliyoni 15) be n’abana bane bo kurera, avuga ati: “Abavukanyi n’abavukanyikazi banje barangaragarije urukundo cane. Simbona ukuntu nari kubandanya kubaho batanshigikiye. Ndabona ko Yehova yandonkeje abavukanyi bameze neza cane, bitanze ku bw’abana banje. Naragize agahimbare ko kubona abana banje bakura bagashika ku buhumure bwo mu vy’impwemu kubera ko bafashijwe muri ubwo buryo. Igihe naba nkeneye impanuro, abakurambere baramfasha. Igihe naba nkeneye uwo nyagira, barantega yompi.”​—Mrk. 10:29, 30.

Birumvikana ko umugenzi munyarukundo amenya igihe vyoba vyiza atavyuye ikiyago kijanye n’ibintu bibabaje vyashikiye uwundi muntu. (Umus. 3:7) Margarita avuga ati: “Akenshi narahimbarwa no kuganira n’abavukanyikazi bo muri rya shengero nari mperutse kwimukiramwo ibijanye n’igikorwa co kwamamaza, inyigisho zacu za Bibiliya, abana bacu, eka ikintu ico ari co cose uretse ibijanye n’ingorane zanje. Narakenguruka kubona barampa akaryo ko kwibagira kahise kanje maze bakamfasha gutangura ibintu ukundi gushasha.”

Nunanire agatima ko kwihora

Rimwe na rimwe, aho kwiyumvamwo yuko ufise ico ubazwa mu bicumuro vy’uwo mwubakanye, ushobora kubabazwa n’ukuba uriko uracumukura cane bivuye ku makosa yiwe. Uretse uwo mubabaro ugatsimbatara, vyoshobora kubangamira umwiyemezo ufise wo kuguma uri umwizigirwa kuri Yehova. Nk’akarorero, woshobora kwumva umengo worondera uburyo bwo kwihora uwo mwubakanye yahemutse.

Nimba ubona ko inyiyumvo nk’izo ziriko ziratsimbatara muri wewe, woshobora kuzirikana ku karorero ka Yosuwa na Kalebu. Abo bagabo b’abizigirwa baremeye guhakwa kuhasiga ubuzima baraja gutata ca Gihugu c’Isezerano. Ba batasi bandi barabuze ukwizera baca batuma abantu bareka kugamburukira Yehova. Hariho Abisirayeli mbere bashatse gutera amabuye Yosuwa na Kalebu igihe bagerageza kuremesha iryo hanga ngo rigume ari iryizigirwa. (Guh. 13:25–14:10) Ivyo Abisirayeli bakoze vyatumye Yosuwa na Kalebu babwirizwa kumara imyaka 40 bayerera mu gahinga, atari kubera ikosa bo ubwabo bakoze, ahubwo kubera ikosa abandi bakoze.

Naho Yosuwa na Kalebu bashobora kuba baracitse intege, ntibaretse ngo ibicumuro abavukanyi babo bakoze bitume bagira umujinya. Bibanze ku kuguma bo ubwabo bafise uburimbane mu vy’impwemu. Ya myaka 40 bamaze mu gahinga irangiye, bo hamwe n’Abalewi bararonse impêra mu kuba ari bo barokotse muri iryo yaruka bakemererwa kwinjira muri ca Gihugu c’Isezerano.​—Guh. 14:28-30; Yos. 14:6-12.

Ivyo uwo mwubakanye w’igihemu yakoze vyoshobora gutuma umara igihe kirekire uriko uracumukura. Uwo mubano wanyu woshobora gusambuka, yamara mu nyuma wewe ugashobora kugira intuntu n’ingorane zo mu vy’ubutunzi. Ariko rero, aho kureka ngo ivyiyumviro bibi bitume utiyumvira neza, uribuka yuko Yehova ari we azi kuruta uwundi muntu wese ivyo azogirira abirengagiza n’ibigirankana ingingo mfatirwako ziwe, nk’uko ba Bisirayeli bahemuka mu gahinga bavyiboneye.​—Heb. 10:30, 31; 13:4.

Urashobora kwihangana!

Aho kureka ngo ivyiyumviro bitari vyo bikuremere, niwuzuze umuzirikanyi wawe ivyiyumviro vya Yehova. Jane avuga ati: “Nasanze kwumviriza amakaseti yafatiweko Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyaramfashije kwihangana. Amakoraniro na yo nyene yarankomeje cane. Kugira uruhara n’umwete mu makoraniro vyaramfashije kutaguma niyumvira ingorane zanje. Igikorwa co kwamamaza caramfashije muri ubwo buryo nyene. Mu gufasha abandi kurushiriza kwizera Yehova, narakomeje ukwizera kwanje bwite. Vyongeye, kwitwararika abatohoji ba Bibiliya vyaramfashije kuguma niyumvira ibintu bihambaye kuruta.”

Monique, umwe twamaze kuvuga, agira ati: “Mu kwitaba amakoraniro ntahorereza no mu kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro uko ndabishoboye kwose, narashoboye kwihangana. Abo mu muryango wanje bararushirije kwiyegerezanya no kwiyegereza ishengero. Ingorane zanshikiye zaramfashije kumenya ubugoyagoye bwanje bwite. Narageragejwe, mugabo ndabifashijwemwo na Yehova ndashoboye kwihangana.”

Na wewe nyene urashobora kwihanganira ibigeragezo nk’ivyo. Naho uguhemukirwa gutera umubabaro, niwihatire gukurikiza impanuro yahumetswe Paulo atanga igira iti: “Ntiduhebe . . . gukora iciza, kuko ikiringo nicagera tuzoshwabura nitutadebukirwa.”​—Gal. 6:9.

[Utujambo tw’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

b Nimba ushaka ikiganiro c’ido n’ido cerekana ingene Bibiliya ibona ibijanye no gutandukana be n’ukwahukana, raba igitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana,” urupapuro rwa 125-130, 219-221.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 31]

Abantu batabwa n’abo bubakanye barakenguruka ababafasha mu busuku bwo mu ndimiro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika