ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/6 rup. 7-8
  • Inkuru nziza ku boro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkuru nziza ku boro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Iyo nkuru nziza ni iki?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Utwigoro two gukuraho ubukene
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Dukurikize akarorero ka Yezu mu kwitwararika abakene
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Isi itagiramwo ubukene iri hafi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/6 rup. 7-8

Inkuru nziza ku boro

IJAMBO RY’IMANA ridusubiriza umutima mu nda riti: “Umworo [n]tazokwama yibagirwa.” (Zaburi 9:18) Bibiliya kandi ivuga ku vyerekeye Umuremyi wacu iti: “Upfumbaturura ikiganza cawe ugahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.” (Zaburi 145:16) Ico cizigiro co mw’Ijambo ry’Imana si indoto nsa. Imana Mushoboravyose irashobora gutanga ibikenewe kugira ubukene buveho. None umukene akeneye iki?

Umuhinga mu vy’ubutunzi umwe w’Umunyafrika yavuze ko ku bwa ngingo ibihugu bikenye vyari bikeneye “intwazagikenye y’umutima mwiza.” Ivyo bishaka kuvuga ko kugira ubukene buveho, bisaba ko haboneka umuntu afise ububasha bwo guhagurukira ibintu kandi afise umutima mwiza wo kubikora. Twokwongerako yuko umutegetsi yoshobora gukura ubukene mu bantu bose yobwirizwa kuba ategeka isi yose kuko ubukene butagira izina kenshi buva ku busumbasumbane bw’ibihugu. Vyongeye, umutegetsi yokuraho ubukene yobwirizwa kuba ashoboye kugira ico akoze ku bijanye n’imvo ituma haba ubukene, iyo na yo akaba ari agatima abantu basanzwe bafise ko kwikunda. None umutegetsi abereye nk’uwo yova he?

Imana yarungikanye Yezu inkuru nziza ku boro. Igihe Yezu yahaguruka ngo asome ibijanye n’igikorwa Imana yamushinze, yavuze ati: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro.”​—Luka 4:16-18.

Iyo nkuru nziza ni iki?

Iyo nkuru nziza ni uko Imana yagenye Yezu ngo abe Umwami. Iyo ni inkuru nziza koko. Ni we Mutegetsi abereye ashoboye gukuraho ubukene kubera ko (1) azoganza abantu bose kandi akaba afise ububasha bwo guhagurukira ibintu; akaba (2) yitwararikana impuhwe aboro kandi akigisha abayoboke biwe kubitwararika; akaba kandi (3) ashobora gukuraho ikintu gitera ubukene, ni ukuvuga impengamiro twarazwe yo kwikunda. Reka turimbure iyo mice itatu y’iyo nkuru nziza.

1. Ububasha Yezu afise ku mahanga yose Ku bijanye na Yezu, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “[Yahawe] ubutware . . . kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere.” (Daniyeli 7:14) Ibaze nawe ivyiza tuzokwironkera dufise intwaro imwe gusa iganza abantu bose! Abantu ntibazoba bakiryana canke ngo barwane bapfa ubutunzi bw’isi. Nta wuzocura uwundi. Yezu ubwiwe yaradusubirije umutima mu nda ko azoba Umutegetsi w’isi afise ububasha bwo guhagurukira ibintu. Yavuze ati: “Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.”​—Matayo 28:18.

2. Impuhwe Yezu afitiye aboro Mu kiringo cose Yezu yamaze arangura igikorwa ciwe kw’isi, yaritwararikana impuhwe aboro. Nk’akarorero, umugore umwe yari yarakoresheje utwiwe twose kugira yivuze yarakoze ku mpuzu ya Yezu yizigiye gukira. Yari amaze imyaka 12 ava amaraso kandi nta gukeka ko yari yarakamye amaraso bimwe bikomeye. Nk’uko Itegeko ryabivuga, uwo yakorako wese yaca ahumana. Ariko Yezu yaramugaragarije ubuntu. Yavuze ati: “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro, ukire indwara yawe isesereza.”​—Mariko 5:25-34.

Inyigisho za Yezu zirafise ububasha bwo guhindura imitima y’abantu, na bo nyene bagashobora kugaragaza impuhwe. Nk’akarorero, rimbura inyishu Yezu yahaye umugabo umwe yashaka kumenya ukuntu yohimbara Imana. Uwo mugabo yari azi ko Imana idusaba gukunda bagenzi bacu, ariko yabajije Yezu ati: “None mugenzanje ni nde?”

Mu kwishura, Yezu yatanze ca kigereranyo ciwe kizwi cane c’umuntu yariko ava i Yeruzalemu aja i Yeriko yambuwe kandi agakubitwa agasigwa “ari intere.” Umuherezi yamanukanye iyo nzira yiciriye ku rundi ruhande arirenganira. N’Umulewi yagize gutyo nyene. “Mugabo Umusamariya umwe yariko ajana iyo nzira ashika aho ari, maze ngo amukubite ijisho, amutera ikigongwe.” Ni kwo guca yoza ibikomere vya nya muntu, amujana ku ndaro y’abahita, arariha uwuraba iyo ndaro kugira yitwararike uwo muntu yari yakomerekejwe. Yezu yabajije uwo mugabo ati: “Ni nde . . . yabaye mugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?” Yamwishuye ngo: “Ni uwamugiriye ivy’imbabazi.” Yezu yaciye avuga ati: “Genda uze uragira gutyo nawe.”​—Luka 10:25-37.

Abantu bacika Ivyabona vya Yehova bariga izo nyigisho za Yezu bagahindura ukuntu babona ivy’ugufasha abari n’ivyo bakeneye. Nk’akarorero, mu gitabu umwanditsi umwe w’Umunyaletoniya yanditse (Women in Soviet Prisons) yaravuze ibijanye n’ukuntu yarwaye igihe yariko akorera mw’ikambi bapfungiramwo inkozi z’ikibi y’ahitwa Potma hagati mu myaka ya 1960. Yavuze ati: “Igihe cose narwaye [Ivyabona vya Yehova] baranyitwararikanye ubwira. Sinari kuronka abanyitwararika kuruta abo.” Yongeyeko ati: “Ivyabona vya Yehova babona ko bafise ibanga ryo gufasha uwo ari we wese, bataravye idini arimwo canke igihugu akomokamwo.”

Igihe ingorane z’ivy’ubutunzi zasiga Ivyabona vya Yehova bamwebamwe b’i Ancón muri Équateur batagira akazi canke amahera, Ivyabona vya Yehova bagenzi babo barafashe ingingo yo kubaronderera amahera mu gutegura imfungurwa zo kugurisha ku barovyi baraye bararoba (raba ifoto iri iburyo). Ishengero ryose ryarasenyeye ku mugozi umwe, tudasize inyuma abana. Imisi yose, batangura isaha indwi z’ijoro kugira ngo imfungurwa zibe zahiye ubwato bw’abarovyi bugarutse isaha cumi z’ijoro. Amahera ivyo Vyabona vya Yehova baronka yaca ahabwa ba bantu bari bakenye bivanye n’ivyo umwe wese akeneye.

Ivyo bintu vyabaye, birerekana ko akarorero ka Yezu n’inyigisho ziwe bifise vy’ukuri ububasha bwo guhindura ukuntu abantu babona ibintu ku bijanye no gufasha abari n’ivyo bakeneye.

3. Ububasha Yezu afise bwo guhindura ukuntu abantu bameze Abantu bose bo kw’isi barazi neza ko abantu bafise impengamiro yo kwikunda. Bibiliya iyita igicumuro. N’intumwa Paulo yanditse ati: “Mbona rero iri tegeko ku binyerekeye: ni uko iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.” Yongeyeko ati: “Ni nde azonkiza umubiri ushikirwa n’urwo rupfu? Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu.” (Abaroma 7:21-25) Aha Paulo yariko yerekeza ku kuntu Imana, biciye kuri Yezu, yokijije abayisenga mu kuri impengamiro z’icaha twarazwe, imwe muri zo ikaba ari ukwikunda, wo muzi w’ubukene. None ivyo vyogenze gute?

Haciye igihe Yezu abatijwe, Yohani Umubatizi yamudondoye ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi!” (Yohani 1:29) Vuba isi izokwuzura abantu bakuweko igicumuro twarazwe, harimwo n’impengamiro yo kurondera inyungu zabo bwite. (Yesaya 11:9) Yezu azoba yakuyeho igitera ubukene.

Mbega ukuntu biteye umunezero kuzirikana igihe abantu bose bazoronka ivyo bakeneye! Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Emwe, bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni, kandi nta n’umwe azobajugumiza.” (Mika 4:4) Ayo majambo aradondora mu buryo buhimbaye igihe abantu bose bazoba bafise igikorwa kimara akanyota, bafise umutekano kandi bashoboye guhimbarirwa mu buryo bwuzuye ubuzima mw’isi itagiramwo ubukene, ku bw’ubuninahazwa bwa Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika