ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/10 rup. 9-11
  • Ububasha Ijambo ry’Imana ryagize ku muryango w’abahindu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ububasha Ijambo ry’Imana ryagize ku muryango w’abahindu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umuryango nakuriyemwo w’abahindu
  • Ingene twamenye ukuri kwerekeye Yehova
  • “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe”
  • Umuhindu Uzomubwira Iki?
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Narahimbawe no gukorera Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/10 rup. 9-11

Ububasha Ijambo ry’Imana ryagize ku muryango w’abahindu

Nk’uko vyavuzwe na Nalini Govindsamy

SINZOKWIGERA nibagira igihe twe n’umuryango wanje wa hafi twari dukoraniye hamwe dusangira akayi, hakaba hari ku musi wa mbere mu gitondo, igenekerezo rya 22 Myandagaro 2005. Ubuzima bwanje bwari ku manga, kuko nari mfise ikivyimba kinini mu bwonko. Umugabo wanje Krishna yaratuye isengesho hanyuma nca ngira akajambo nshikirije abagize umuryango.

Nababwiye nti: “Ndagiye mu bitaro kubagwa, mugabo sinzi ko nzohakura agatwe; mwese mutegerezwa rero kwitegurira ikizovamwo cose. Naratunganije ukuntu ivy’amaziko yanje bizogenda nivyashika ngahwera. Mwebwe musenga Yehova, ndabasavye mukomere kw’ibanga. Namwe abataratera iyo ntambwe, ndabinginze mwemere kwiga Bibiliya kandi mwitabe amakoraniro ya gikirisu tugira. Aho ni ho muzogira icizigiro nk’ico mfise co kuzoba mw’isi nshasha igiye kuza, iyo abakorera Imana vy’ukuri bazokwiberamwo ibihe bidahera bafise amagara atagira agahaze mw’isi izoba yahindutse Iparadizo.”

Imbere y’uko ndabiganira ingene ukwo kubagwa kwagenze, reka mbanze ndababwire ibijanye na kahise kanje be n’ukuntu nahavuye menya Imana y’ukuri.

Umuryango nakuriyemwo w’abahindu

Umuryango wanje waba mu nzu nini yubakishijwe ibiti n’ivyuma, ikaba yari ku musozi umwe mu gisagara co muri Afrika y’Epfo citwa Durban kiri ku nkengera y’ibahari. Kugira ngo umuntu ashike kw’irembo ry’imbere ry’iyo nzu yacu, yabwirizwa kudondagira ku ngazi 125 avuye kw’ibarabara nyamukuru ryo mu mubande wari epfo. Umuntu arangije kudondagira kuri izo ngazi yaca ashika ku kayira kagufi kaca mu twatsi kamushikana ku muryango w’icuma wari kw’irembo. Ku ruhande rumwe rw’iryo rembo, hari hubatswe akanyabugoro ka nyogokuru kari kuzuyemwo amafoto n’ibishushanyo vy’imana z’abahindu. Nyogokuru yambwiye ko nari “umwana w’akanyabugoro” (mu gihindi akaba ari mandir kī baccā) ngo kubera yuko navutse bivuye ku mana twasenga. Aharabana n’ako kanyabugoro hari hariho ingazi zitukura zisenye neza zashikana umuntu ku muryango w’imbere. Iyo nzu yari nini: yari irimwo koridoro ndende, igikoni kinini kirimwo amashiga y’ibizuku, n’ivyumba indwi vy’uburyamo. Hari hariho n’icumba kimwe c’uburyamo cirebanga. Iyo nzu twayibamwo turi abantu 27, ushizemwo sogokuru na nyogokuru, dawe na barumunawe batatu, na mushiki wabo umwe w’umuhererezi be n’imiryango yabo.

Kuronsa umuryango munini gutyo ibiwutunga nticari ikintu coroshe. Mugabo kuba twaba hamwe twese uko tugize umuryango vyatuma tuguma dufatanye mu nda tukongera tukibonera ibintu vyinshi binezereje tutokwigeze twibagira. Abakazana bane ba mutama, ushizemwo na mawe Gargee Devi, barafadikanya mu dukorwa tw’i muhira. Barakuranwa mu guteka no mu gukora isuku. Sogokuru ni we yari serugo, akaba ari we yasumira umuryango wose. Buri musi wa gatatu, sogokuru na nyogokuru baraja kw’isoko kugura inyama, ivyamwa be n’imboga z’insoromano vyakoreshwa muri iyo ndwi. Igihe twaba turindiriye ko bagaruka bavuye kw’isoko, twakunda kuba twicaye mu gatutu k’igiti c’ipinusi ku mubari w’ahari hahanamiye wa mwonga wari epfo. Tubonye bururutse bisi n’amagapo maninimanini, twaca tumanuka kuri za ngazi 125 kugira ngo tubafashe kudugana muhira ivyo baba basumye.

Mu busitani bwacu hari hariho igiti kinini c’ikigazi inyoni zaritsemwo. Twarakunda kuzibona ziguruka zigenda zigaruka, kandi twarumva zijwiragira. Nyogokuru yarakunda kwicara ku ngazi zari imbere y’umuryango hanyuma akatuyagira, ukamengo ariko adusigurira ivyo izo nyoni zaba ziriko ziravuga. Gushika n’ubu ndacibuka ibintu vyinshi bihimbaye vyagiye biraba mu buzima bwacu igihe nari aho muhira! Twaramwenyura, tugatwenga, tugakina, tukiha akamo, tugasangira akabisi n’agahiye, eka ntiworaba ukuntu twaryoherwa no kuba hamwe uko tugize umuryango munini. Igihambaye kuruta, aho muhira ni ho twatanguriye kwiga ivyerekeye Umuremyi wacu Yehova be n’Umwana wiwe Yezu Kristu.

Tutaratangura kwiga ivyerekeye Yehova, hari imigirwa myinshi twama tugira buri musi ijanye n’ugusenga kw’abahindu. Vyongeye, uko haciye igihe kanaka twaragira imisi mikuru ikomakomeye tugatumira n’abandi kugira ngo baze gutera iteka imana n’imanakazi zitari zimwe. Mu misi mikuru imwimwe nk’iyo, nyogokuru yarafatwa n’ibintu akamera nk’uwutaye ubwenge agaca atangura kuvugana n’ibiremwa vy’impwemu (ivyo bakunze kwita imizimu); isaha zitandatu z’ijoro zuzuye neza, haca hatangwa ibimazi vy’ibitungwa kugira ngo batururuze ivyo biremwa vy’impwemu. Sogokuru na we nyene yari azwi cane mu kibano kubera ko yakunda gutanga imfashanyo kugira ngo amashure be n’ibibanza abahindu basengeramwo vyubakwe kandi bibandanye gukora neza.

Ingene twamenye ukuri kwerekeye Yehova

Mu 1972, sogokuru yararwaye hanyuma arahwera. Haciye amezi makeya, uwitwa Indervathey, akaba yari umugore wa datawacu, akaba kandi yitwa Jane, yarakiriye ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi be na Be maso! yahawe n’Ivyabona vya Yehova babiri. Yarababaye kubona atabahaye ikaze mu nzu kugira ngo tuyage na bo. Ivyabona vya Yehova bama baza tukabirukana. Ariko igihe bagaruka, uwo muka datawacu yarabahaye ikaze mu nzu hanyuma arabayagira ingorane yari afise mu mubano ijanye n’uko datawacu yama anywa inzoga akarenza. Incuti n’ababanyi bahanura uwo muka datawacu ko yokwahukana. Ivyabona vya Yehova bobo baramusiguriye ukuntu Imana ibona umubano. (Matayo 19:6) Uwo muka datawacu yarakozwe ku mutima n’impanuro Bibiliya itanga be n’umuhango itanga w’uko muri kazoza abantu bazogira ubuzima bwiza ng’aha kw’isi.a Yaciye ahindura iciyumviro yari afise co kuvana na datawacu, aca atangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova adahorereza. Igihe baba bicaye muri salo bariko bariga, abandi bakazana ba mutama barakurikirana ico kiyago bari mu vyumba vyabo.

Abakazana ba mutama bose bahavuye baza baraza kwiga Bibiliya. Uwo muka datawacu Jane yaratubwira ivyo yaba yize akongera akadusomera inkuru zo mu gitabu Écoutez le grand Enseignant kandi akazidusobanurira.b Igihe ba datawacu bamenya ko abakenyezi babo bariko bariga Bibiliya, baratanguye kuturwanya. Datawacu umwe yarafashe ibitabu vyacu vyose, ushizemwo na Bibiliya, arabiturira. Baradutukagura bakongera bakatugirira nabi ku mubiri baduhora ngo twitavye amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Dawe ni we gusa atadufata gutyo; ntiyigeze arwanya ivy’uko twiga ivyerekeye Yehova. Abo bakazana ba mutama bose uko ari bane bagumye bagenda ku makoraniro, bituma barushiriza gukunda Yehova Imana.

Mu 1974, uwo muka datawacu Jane yarabatijwe araba Icabona ca Yehova, mu nyuma bidatevye mawe be n’abagore ba ba datawacu basigaye barakurikira. Haciye igihe, nyogokuru yarahevye imigenzo yo mw’idini ry’abahindu. Namaze imyaka myinshi ndabaherekeza, nitaba amakoraniro yose ya gikirisu. Mu nyuma, kw’ihwaniro rimwe ry’Ivyabona vya Yehova, hari Icabona yitwa Shameela Rampersad yambajije ati: “Uzobatizwa ryari?” Nanje nishuye nti: “Ntibishoboka kubera yuko ata muntu n’umwe aranyigisha Bibiliya.” Yaciye ansaba ko yonyigisha Bibiliya. Kw’ihwaniro ryakurikiye, ku wa 16 Kigarama 1977, naciye mbatizwa. Muri ba bantu 27 twabana bari bagize umuryango wanje, 18 muri bo bahavuye babatizwa. Ariko ca gihe naja kwa muganga kubagwa, dawe Sonny Deva yari akiri umuhindu.

“Ntimwiganyire ku kintu na kimwe”

Amajambo avugwa mu Bafilipi 4:6, 7 yaramfashije rwose, na canecane igihe namenya ko mfise ikivyimba kinini co mu bwonko. Iyo mirongo igira iti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” Ntivyoroshe ko umuntu “[atiganyira] ku kintu na kimwe,” na canecane igihe abwiwe ko ashobora gupfa umwanya uwo ari wo wose. Nkivyumva nabanje kurira, mu nyuma nca nsenga Yehova. Kuva ubwo, naciye nironkera “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”

Novuga ko Yehova Imana yamfashe ukuboko kw’ukuryo, kandi vy’ukuri narabona ko aguma anyobora. (Yesaya 41:13) Yaramfashije gusigurira abaganga ndabigiranye ubutinyutsi yuko nipfuza gukurikiza itegeko ryo muri Bibiliya risaba kwirinda amaraso. (Ivyakozwe 15:28, 29) Ivyo vyatumye umuganga yambaze be n’uwansinzirije bemera kumbaga batarinze kuntera amaraso. Amaherezo, umuganga yambaze yarambwiye yuko vyagenze neza be n’uko ca kivyimba cose yari yagikuyeyo. Yaravuze kandi yuko mu barwayi yari amaze kubaga ibivyimba vyo mu bwonko, atari bwigere abona umurwayi anyaruka gutora mitende nkanje.

Haciye indwi zitatu mbazwe, narigishije umuntu Bibiliya ndi ku musego. Haheze amayinga indwi, narasubiye kunyonga umuduga, ndaja kwamamaza, ndasubira kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Narakengurutse ukuntu abo dusangiye ukwemera bansahiriza mu gukorana nanje mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Baritwararika ivy’uko ntabura uwo tujana be n’uko nsubira i muhira amahoro. Kwumviriza igisomwa ca Bibiliya cafashwe amajwi be no kwitunira ku mice y’ubuzima bwanje ijanye no gukorera Imana, ndabona ko vyamfashije gusubirana.

Narahimbawe kandi no kumenya yuko inyuma y’aho mbagiwe, dawe yemeye ko Ivyabona vya Yehova bamwigisha Bibiliya. Yabatijwe afise imyaka 73, kandi n’ubu aracakorera Yehova abigiranye umwete. Incuti n’abaryango barenga 40 ubu baramaze kutwiyungako mu gusenga Yehova. Naho ijisho ryanje ry’ibubamfu ritakibona neza, amagufa y’umutwe wanje na yo akaba arimwo ivyuma biyafatanije, ndarindiranye umushasharo igihe Yehova azohindura ‘ibintu vyose bikaba bishasha’ isi niyahinduka Iparadizo.​—Ivyahishuwe 21:3-5.

Imana yarampezagiye indonsa umugabo ankunda, akaba ari umucungezi mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova; yarandonkeje kandi umukobwa mwiza yitwa Clerista, akaba anshigikira uko mbandanya kumara umwanya munini mbwira abandi inkuru nziza. Yehova Imana yarahezagiye cane igikorwa ndamukorera. Ubu ndamaze gufasha abantu batari bake nigisha Bibiliya kwibonera ukuntu Ijambo ry’Imana rigira ububasha mu buzima bwabo. Abarenga 30 muri bo baramaze kwiyegurira Imana no kubatizwa.

Ndarindiranye icizigiro n’umushasharo igihe Yehova Imana azoturokora akadukura muri iyi si yuzuyemwo imibabaro, tukaba mw’isi izoba yahindutse Iparadizo.

a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye isi, raba ikigabane ca 3 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ntikigicapurwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika