ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/7 rup. 3-8
  • “Tubwire: Ivyo bizoba ryari?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Tubwire: Ivyo bizoba ryari?”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YA MAKUBA AKOMEYE AZOTANGURA RYARI?
  • YEZU AZOCIRA URUBANZA INTAMA N’IMPENE RYARI?
  • YEZU AZOSHIKA RYARI, NI UKUVUGA AZOZA RYARI?
  • Ubwami bw’Imana bukuraho abansi babwo
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • ‘Ivyo Bintu Ntibizobura Gushika’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • “Ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza”!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Wewe Uzokira Imana Niyahaguruka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/7 rup. 3-8

“Tubwire: Ivyo bizoba ryari?”

“Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?”—MAT. 24:3.

WOKWISHURA GUTE?

  • Amaranguka abiri y’ubuhanuzi bwa Yezu bujanye na ya makuba akomeye ahuye gute?

  • Wa mugani w’intama n’impene ugira ico ukoze gute ku kuntu tubona igikorwa co kwamamaza?

  • Muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25, Yezu yerekeje ku kiringo ikihe igihe yavuga ibijanye n’ukuza kwiwe?

1. Cokimwe n’intumwa, ni igiki dushashaye kumenya?

UBUSUKU bwa Yezu bwo kw’isi bwari mu kurangira, abigishwa biwe bakaba bari bashashaye kumenya ukuntu vyobagendeye muri kazoza. Ni co gituma hasigaye imisi mikeyi gusa ngo apfe, bane mu ntumwa ziwe bamubajije bati: “Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Mat. 24:3; Mrk. 13:3) Yezu yishuye mu gushikiriza ubuhanuzi bugizwe n’ibintu vyinshi, bwanditswe muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25. Muri ubwo buhanuzi, Yezu yaravuze ibintu vyinshi bihambaye vyobaye. Ivyo yavuze biri n’ikintu gikomeye bivuze kuri twebwe, kubera ko na twebwe nyene dushashaye kumenya ukuntu bizogenda muri kazoza.

2. (a) Ni igiki twarondeye kurushiriza gutahura uko imyaka yagiye irarengana? (b) Ni ibibazo bitatu ibihe tugira turimbure?

2 Uko imyaka yagiye irarengana, abasavyi ba Yehova baratohoje babijanisha n’isengesho ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye imisi ya nyuma. Bararondeye kurushiriza gutahura igihe ayo majambo ya Yezu yorangukiye. Kugira ngo twerekane ukuntu twarushirije gutahura ico kintu, nimuze turimbure ibibazo bitatu birimwo akajambo “ryari.” “Amakuba akomeye” azotangura ryari? Yezu azocira urubanza “intama” n’“impene” ryari? Yezu ‘azoshika,’ ni ukuvuga azoza ryari?—Mat. 24:21; 25:31-33.

YA MAKUBA AKOMEYE AZOTANGURA RYARI?

3. Kera twatahura gute ibijanye n’igihe ya makuba akomeye yobereyeko?

3 Twaramaze imyaka itari mike twiyumvira ko ya makuba akomeye yatanguranye n’Intambara ya mbere y’isi yose mu 1914 be n’uko ‘iyo misi yageruye’ na Yehova mu 1918 igihe iyo ntambara yarangira kugira ngo amasigarira aronke akaryo ko kwamamaza inkuru nziza mu mahanga yose. (Mat. 24:21, 22) Ico gikorwa co kwamamaza kimaze kurangira, inganji ya Shetani yotikijwe. Vyiyumvirwa rero ko ya makuba akomeye yogize ibiringo bitatu: Hobaye intango (kuva mu 1914 gushika mu 1918), ayo makuba yohagaze mu kiringo kinaka (kuva mu 1918 kubandanya), hanyuma akarangira kuri Harumagedoni.

4. Ni ugutahura kwimbitse ukuhe kwatumye turushiriza gutahura ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye imisi ya nyuma?

4 Ariko rero, igihe twongera gusuzuma ubwo buhanuzi bwa Yezu, twaratahuye ko igice c’ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye imisi ya nyuma cogize amaranguka abiri. (Mat. 24:4-22) Iranguka rya mbere ryabaye i Yudaya mu kinjana ca mbere G.C., irindi rikaba ryobaye kw’isi yose mu gihe cacu. Ukwo gutahura kwimbitse kwatumye turushiriza gutahura ibintu bitari bike.a

5. (a) Ni ikiringo kitoroshe ikihe catanguye mu 1914? (b) Ico kiringo c’ububabare nk’ubw’ibise gihuye n’ikiringo ikihe co mu kinjana ca mbere G.C?

5 Twaratahuye kandi yuko igice ca mbere ca ya makuba akomeye kitatanguye mu 1914. Kubera iki kitatanguye ico gihe? Kubera ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buhishura yuko ya makuba akomeye atazotangurana n’intambara izoba hagati y’amahanga, ahubwo ko azotangurana n’igitero kizogabwa kw’idini ry’ikinyoma. Ku bw’ivyo, ibintu vyatanguye mu 1914 ntivyari intango ya ya makuba akomeye, ahubwo vyari “intango y’ububabare nk’ubw’ibise.” (Mat. 24:8) Ubwo “bubabare nk’ubw’ibise” buhuye n’ivyabaye i Yeruzalemu n’i Yudaya kuva mu 33 G.C. gushika mu 66 G.C.

6. Ni igiki kizokwerekana ko ya makuba akomeye atanguye?

6 Ni igiki kizokwerekana ko ya makuba akomeye atanguye? Yezu yavuze ati: “Nimwabona . . . ca kintu gisesemye giteza ubugesera, nk’uko cavuzwe biciye kuri Daniyeli umuhanuzi, gihagaze ahantu heranda (umusomyi nakoreshe ugutahura), abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi.” (Mat. 24:15, 16) Mw’iranguka rya mbere, ukwo ‘guhagarara ahantu heranda’ kwabaye mu 66 G.C. igihe ingabo z’Abaroma (“ikintu gisesemye”) zatera Yeruzalemu n’urusengero rwaho (urwo Abayuda babona ko ari ahantu heranda). Mw’iranguka rinini kuruta, ukwo ‘guhagarara’ kuzoba Ishirahamwe mpuzamakungu (ca “kintu gisesemye” co muri iki gihe) niryagaba igitero ku madini y’abiyita abakirisu (ayo abayoboke bayo babona ko ari meranda) be n’ayandi ari mu bigize Babiloni Akomeye. Ico gitero nyene kiravugwa mu Vyahishuwe 17:16-18. Ico kintu ni co kizoba intango ya ya makuba akomeye.

7. (a) ‘Umubiri wakize’ gute mu kinjana ca mbere? (b) Ni igiki twokwitega ko kizoshika muri kazoza?

7 Yezu yavuze kandi ati: “Iyo misi izogerurwa.” Mw’iranguka rya mbere, ivyo vyabaye mu 66 G.C. igihe ingabo z’Abaroma ‘zagerura’ igitero cazo. Abakirisu barobanuwe b’i Yeruzalemu n’i Yudaya baciye bahunga, ivyo bituma ‘umubiri wabo, ari bwo buzima bwabo, ukira.’ (Soma Matayo 24:22; Mal. 3:17) Ni igiki none twokwitega ko kizoshika mu gihe ca ya makuba akomeye yimirije gushika? Yehova ‘azogerura’ igitero Ishirahamwe mpuzamakungu rizogaba kw’idini ry’ikinyoma, ntiyemere ko idini ry’ukuri ritikizanywa n’iry’ikinyoma. Ivyo bizotuma abasavyi b’Imana bakira.

8. (a) Ni ibintu ibihe bizoba igice ca mbere ca ya makuba akomeye kirangiye? (b) Biboneka ko uwa nyuma muri bamwe 144.000 azoronka impembo yiwe yo mw’ijuru ryari? (Raba akajambo ko ku mpera.)

8 Ni igiki kizoshika igice ca mbere ca ya makuba akomeye kirangiye? Amajambo ya Yezu yerekana ko hazobaho ikiringo kizorangira Harumagedoni itanguye. Ni ibiki none bizoshika muri ico kiringo? Inyishu tuyisanga muri Ezekiyeli 38:14-16 no muri Matayo 24:29-31. (Soma.)b Inyuma y’ivyo, tuzokwibonera Harumagedoni, ino ikaba ari igihe c’agaheta ca ya makuba akomeye, igihura n’ugutikizwa kwa Yeruzalemu kwabaye mu 70 G.C. (Mal. 4:1) Ayo makuba akomeye yimiriye, ayazoshika ku gihe cayo c’agaheta ku Ntambara ya Harumagedoni, azoba ari ikintu kidasanzwe, ni ukuvuga “[ki]tigeze [ki]baho kuva mu ntango y’isi.” (Mat. 24:21) Niyarangira, ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi izoca itangura.

9. Ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye ya makuba akomeye bugira ico bukoze gute ku basavyi ba Yehova?

9 Ubwo buhanuzi bwerekeye ya makuba akomeye buradukomeza. Kubera iki? Kubera yuko budukura amazinda ko naho twoshikirwa n’ingorane zimeze gute, abasavyi ba Yehova uko bagize umugwi bazorokoka ayo makuba akomeye. (Ivyah. 7:9, 14) N’ikiruta vyose, turahimbarwa kubera ko kuri Harumagedoni Yehova azokwemeza ubusegaba bwiwe yongere yeze izina ryiwe ryeranda.—Zab. 83:18; Ezk. 38:23.

YEZU AZOCIRA URUBANZA INTAMA N’IMPENE RYARI?

10. Twahora dutahura gute ikiringo ivyo gucira urubanza intama n’impene vyobereyemwo?

10 Ubu na ho, tugira twihweze ikiringo ikindi gice c’ubuhanuzi bwa Yezu kizorangukirako, ni ukuvuga wa mugani werekeye ugucira urubanza intama n’impene. (Mat. 25:31-46) Twahora twiyumvira ko gucira urubanza abantu yuko ari intama canke impene vyobaye mu kiringo cose c’imisi ya nyuma, kuva mu 1914 kubandanya. Twabona ko abateye akagere ubutumwa bw’Ubwami maze bagapfa ya makuba akomeye ataratangura bopfuye ari impene, ni ukuvuga badafise icizigiro co kuzuka.

11. Ni kubera iki mu 1914 atari ho abantu batanguye gucirwa urubanza ko ari intama canke impene?

11 Hagati mu myaka ya 1990, Umunara w’Inderetsi warasubiye gusuzuma Matayo 25:31, ahagira hati: “Umwana w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa.” Vyabonetse ko Yezu yabaye Umwami w’Ubwami bw’Imana mu 1914, mugabo “[ntiyicaye] ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa” ngo acire urubanza “amahanga yose.” (Mat. 25:32; gereranya na Daniyeli 7:13.) Ariko rero, uwo mugani w’intama n’impene werekana ahanini ko Yezu ari Umucamanza. (Soma Matayo 25:31-34, 41, 46.) Kubera ko Yezu atari bwatangure kuba Umucamanza w’amahanga yose mu 1914, muri uwo mwaka si ho yatanguye gucira urubanza abantu yuko ari intama canke impene.c None Yezu azotangura guca urubanza ryari?

12. (a) Yezu azotangura gucira urubanza amahanga yose ryari? (b) Ni ibintu ibihe bizoba bivugwa muri Matayo 24:30, 31 no muri Matayo 25:31-33, 46?

12 Ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye imisi ya nyuma buhishura ko azotangura gucira urubanza amahanga yose idini ry’ikinyoma rimaze gutikizwa. Nk’uko bivugwa mu ngingo ya 8, bimwebimwe mu bintu bizoba muri ico kiringo vyanditswe muri Matayo 24:30, 31. Usuzumye iyo mirongo, urabona ko ng’aho Yezu avuga ibintu bisa na bimwe avuga muri wa mugani w’intama n’impene. Nk’akarorero, Umwana w’umuntu azanana n’ubuninahazwa ari kumwe n’abamarayika; imiryango yose n’amahanga yose bikoranirizwa hamwe; ababoneka ko ari intama ‘barararamika amazosi yabo’ kubera ko “ubuzima budahera” bubarindiriye.d Ababoneka ko ari impene ‘barikubitagura ku gikiriza baboroga,’ babona ko “ukurandurwa kw’ibihe bidahera” kubarindiriye.—Mat. 25:31-33, 46.

13. (a) Ni ryari Yezu azocira urubanza abantu yuko ari intama canke impene? (b) Ukwo gutahura kugira ico gukoze gute ku kuntu tubona ubusuku turangura?

13 None dushike ku ciyumviro ikihe? Yezu azocira urubanza abantu bo mu mahanga yose yuko ari intama canke impene niyaza mu gihe ca ya makuba akomeye. Maze kuri Harumagedoni, kikaba ari igihe c’agaheta c’ayo makuba akomeye, abameze nk’impene ‘bazorandurwa’ ibihe vyose. None ukwo gutahura kugira ico gukoze gute ku kuntu tubona ubusuku turangura? Kuradufasha kubona yuko igikorwa cacu co kwamamaza gihambaye cane. Magingo ya makuba akomeye atarashika, abantu baracafise umwanya wo guhindura ivyiyumviro vyabo maze bagatangura kugendera muri ya nzira ipfunganye “ijana mu buzima.” (Mat. 7:13, 14) Ego ni ko, muri iki gihe abantu boshobora kugaragaza ko bameze nk’intama canke impene. Naho ari ukwo, dukwiye kwibuka ko urubanza rwa nyuma rwo kumenya abari intama n’abari impene abo ari bo ruzoba mu gihe ca ya makuba akomeye. Turafise rero imvo yumvikana yo kubandanya kuronsa abantu benshi bashoboka akaryo ko kwumviriza no kwakira ubutumwa bw’Ubwami.

Magingo ya makuba akomeye atarashika, abantu baracafise umwanya wo guhindura ivyiyumviro vyabo.

YEZU AZOSHIKA RYARI, NI UKUVUGA AZOZA RYARI?

14, 15. Ni ivyanditswe bine ibihe vyerekeza ku kuza kwa Kristu kwo muri kazoza ari Umucamanza?

14 Kwongera kwihweza ubuhanuzi bwa Yezu vyoba bihishura ko dukeneye kugira ico duhinduye ku kuntu dutahura ikiringo ibindi bintu bihambaye vyabereyeko? Ubwo buhanuzi ubwabwo buratanga inyishu. Reka tubirabe.

15 Muri kimwe mu bice bigize ubuhanuzi bwiwe bwanditswe muri Matayo 24:29–​25:46, Yezu aribanda ku bintu biba muri iyi misi ya nyuma no ku bizoba mu gihe ca ya makuba akomeye yimirije gushika. Ng’aho, Yezu aravuga incuro umunani ibijanye n’‘ukuza’ kwiwe ari kwo gushika kwiwe.e Ku vyerekeye ya makuba akomeye, avuga ati: “Bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru.” “[Ntimu]zi umusi Umukama wanyu azozirako.” “Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.” Vyongeye, muri wa mugani w’intama n’impene, Yezu avuga ati: “Umwana w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe.” (Mat. 24:30, 42, 44; 25:31) Incuro imwimwe yose muri izo zine yerekeza ku kuza kwa Kristu kwo muri kazoza ari Umucamanza. Ni hehe none muri ubwo buhanuzi bwa Yezu dusanga incuro zine zisigaye?

16. Ukuza kwa Yezu kuvugwa mu bindi vyanditswe ibihe?

16 Ku vyerekeye wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, Yezu avuga ati: “Hahiriwe uwo mushumba shebuja niyashika [ni ukuvuga niyaza] azosanga ariko akora atyo.” Muri wa mugani w’inkumi z’isugi, Yezu avuga ati: “Bakigenda kugura, wa mukwe arashika [ni ukuvuga “araza,” Kingdom Interlinear].” Muri wa mugani w’italanto, Yezu yigana ati: “Haciye igihe kirekire shebuja wa nya bashumba araza.” Muri uwo mugani nyene, uwo shebuja avuga ati: “Nshitse [ni ukuvuga “nje,” Int] nkaronka ivyanje.” (Mat. 24:46; 25:10, 19, 27) None aho hantu hane havuga ibijanye n’ukuza kwa Yezu herekeza ku kiringo ikihe?

17. Ni ibiki twavuga ku bijanye n’ugushika kuvugwa muri Matayo 24:46?

17 Kera twavuga mu bisohokayandikiro vyacu yuko aho hantu hane duhejeje kuvuga herekeza ku gushika kwa Yezu, ari kwo kuza kwiwe, mu 1918. Dufate nk’akarorero ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’“umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Soma Matayo 24:45-47.) Twatahura ko ‘ugushika’ kuvugwa mu murongo wa 46 guhuye n’igihe Yezu yaza gusuzuma ukuntu ivy’abarobanuwe vyari vyifashe mu vy’impwemu mu 1918 be n’uko uwo mushumba yajejwe ivyo Shebuja atunze vyose mu 1919. (Mal. 3:1) Ariko rero, gusubira kwihweza ubuhanuzi bwa Yezu birerekana ko dukeneye kugira ico duhinduye ku kuntu dutahura ikiringo ibintu bimwebimwe bivugwa muri ubwo buhanuzi vyabereyeko. Uti kubera iki?

18. Kwihweza ubuhanuzi bwa Yezu bwose uko bwakabaye bituma dushika ku ciyumviro ikihe ku bijanye n’ukuza kwiwe?

18 Mu mirongo ishikana kuri Matayo 24:46, ijambo “ukuza” riguma ryerekeza ku gihe Yezu azoza guca no gushitsa urubanza mu gihe ca ya makuba akomeye. (Mat. 24:30, 42, 44) Vyongeye, nk’uko twabibonye mu ngingo ya 12, ‘ugushika’ kwa Yezu kuvugwa muri Matayo 25:31 kwerekeza kuri ico gihe nyene co guca urubanza co muri kazoza. Birumvikana rero dushitse ku ciyumviro c’uko ugushika kwa Yezu aje kuzeza uwo mushumba w’umwizigirwa ivyo atunze vyose, ukuvugwa muri Matayo 24:46, 47, na kwo nyene kwerekeza ku kuza kwiwe kwo muri kazoza, mu gihe ca ya makuba akomeye.f Egome, kwihweza ubwo buhanuzi bwa Yezu bwose uko bwakabaye birerekana neza ko hamwehamwe hose muri aho hantu umunani havuga ibijanye n’ukuza kwiwe herekeza ku gihe co guca urubanza co muri kazoza mu gihe ca ya makuba akomeye.

19. Ni ibintu ibihe vyahindutse mu bijanye n’ukuntu dutahura ibintu twarimbuye, kandi ni ibibazo ibihe bizokwishurwa mu biganiro bikurikira?

19 Mu ncamake twize iki? Mu ntango z’iki kiganiro, twabajije ibibazo bitatu birimwo akajambo “ryari”? Ubwa mbere, twabonye ko ya makuba akomeye atatanguye mu 1914, ahubwo azotangura Ishirahamwe mpuzamakungu niryagaba igitero kuri Babiloni Akomeye. Ubukurikira, twihweje igituma mu 1914 atari ho Yezu yatangura gucira urubanza intama n’impene, mugabo azobigira mu gihe ca ya makuba akomeye. Ubwa nyuma, twasuzumye igituma mu 1919 atari ho Yezu yashika aje kuzeza ivyo atunze vyose wa mushumba w’umwizigirwa, ahubwo azobimuzeza mu gihe ca ya makuba akomeye. Ku bw’ivyo, twa tujambo twose uko ari dutatu tuvuga ngo “ryari” twerekeza ku kiringo co muri kazoza kimwe, ico na co kikaba ya makuba akomeye. None ukwo kuba hari ivyahindutse mu kuntu tubona ibintu bigira ico bikoze gute ku kuntu dutahura ca kigereranyo cerekeye umushumba w’umwizigirwa? Vyongeye, bigira ico bikoze gute ku kuntu dutahura iyindi migani ya Yezu, ari vyo bigereranyo, iriko iraranguka muri iki gihe c’iherezo? Ivyo bibazo bihambaye tuzovyihweza mu biganiro bikurikira.

a Ingingo ya 4: Wipfuza ayandi makuru, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 1994, urupapuro rwa 19-​31 n’uwo ku wa 1 Rusama 1999, urupapuro rwa 15-​27; mu gifaransa ni uwo ku wa 15 Ruhuhuma 1994, urupapuro rwa 8-21 n’uwo ku wa 1 Rusama 1999, urupapuro rwa 8-20.

b Ingingo ya 8: Kimwe mu bintu bivugwa muri iyo mirongo bizoba, ni ‘ugukoranirizwa hamwe kw’abatowe.’ (Mat. 24:​31) Ku bw’ivyo, biboneka yuko abatowe bose bazoba bagisigaye kw’isi igice ca mbere ca ya makuba akomeye kirangiye, bazoduzwa mw’ijuru mu gihe kinaka imbere y’uko intambara ya Harumagedoni itangura. Ivyo biragira ico bihinduye ku vyavuzwe kuri ico ciyumviro mu kiganiro “Ibibazo vy’abasomyi” kiri mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Myandagaro 1990, urupapuro rwa 30.

c Ingingo ya 11: Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1995, urupapuro rwa 10-​20; mu gifaransa ni uwo ku wa 15 Gitugutu 1995, urupapuro rwa 18-​28.

d Ingingo ya 12: Raba inkuru isa n’iyo iri muri Luka 21:​28.

e Ingingo ya 15: Amajambo ‘ukuza’ n’ ‘ugushika’ yahinduwe akuwe mu mero z’irivuga ry’ikigiriki rimwe, ari ryo erʹkho·mai.

f Ingingo ya 18: Nk’uko vyavuzwe, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “niyashika” muri Matayo 24:​46 ni imero y’irivuga ry’ikigiriki nka rirya nyene rihindurwa ngo ‘kuza’ muri Matayo 24:​30, 42, 44.

(Raba ingingo ya 13)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika