Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza—Impwemu nyeranda ni iki?
IVYABONA VYA YEHOVA barakunda kuyaga n’abandi ibijanye na Bibiliya. Hoba hariho ikibazo umaze kwibaza kijanye na Bibiliya? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Nimba ari ukwo biri, ntuze witinye kubaza niwasubira guhura n’Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.
Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Gasupari yagendeye umugabo twise Matiyasi.
Iyo uvuze ngo “Mpwemu yera” uba ushaka kuvuga iki?
Matiyasi: Ndamaze kwumva ko Ivyabona vya Yehova atari abakirisu. Mpwemu yera mwebwe ntimumwemera.
Gasupari: Ica mbere coco, reka ndakubwire ko turi abakirisu. Kuba nemera Yezu Kristu ni co catumye ndakugendera muri iki gitondo. Nakare ni We ategeka abayoboke biwe kwamamaza. Mugabo nashaka kukwibariza ikintu kimwe. Mbega iyo uvuze ngo “Mpwemu yera” uba ushaka kuvuga iki?
Matiyasi: Mba nshaka kuvuga mpwemu yera, umwe agira gatatu mu bagize Ubutatu, wa mufasha Yezu yasezerana ko azoturungikira. Uwo mufasha arahambaye cane kuri jewe. Nshaka kugumana na mpwemu yera mu buzima bwanje.
Gasupari: Abantu benshi ni ukwo batahura impwemu nyeranda. Mu misi iheze nararonse akaryo ko kwihweza neza ico Bibiliya yigisha ku bijanye n’ico kibazo. Nimba ufise akanya, nohimbarwa no kukwereka ivyo nize.
Matiyasi: Ego, ndafise akanya gatoyi.
Gasupari: Ehe ntuze, kandi ntituridondorana! Jewe nitwa Gasupari. Mbega weho witwa nde?
Matiyasi: Nitwa Matiyasi.
Gasupari: Ni vyiza Matiya. Kugira ngo nubahirize umwanya wawe, reka nshimike ku muce umwe gusa w’ico kibazo. Wavuze ko mpwemu yera ari wa mufasha Yezu yadusezeranira. Aho ndagushigikiye. Ariko none, woba ushaka kuvuga ko impwemu nyeranda ari umuntu akaba kandi angana n’Imana?
Matiyasi: Jewe ni ko banyigishije.
Impwemu nyeranda yoba ari umuntu?
Gasupari: Reka turabe imirongo yo muri Bibiliya iza kudufasha kubona nimba impwemu nyeranda ari umuntu canke atari we. Iyi mirongo ushobora kuba uyizi. Mu Vyakozwe 2:1-4, dusoma duti: “Igihe rero umusi mukuru wa Pentekoti wariko urabandanya, bari hamwe bose muri ca kibanza nyene, maze bukwi na bukwi haza urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta, rwuzura nya nzu yose bari bicayemwo. Maze babona indimi zimeze nk’iz’umuriro hanyuma zirigabagura, rumwerumwe ruja kuri umwe wese muri bo, bose buzuzwa impwemu nyeranda, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko nya mpwemu yabaha kuvuga.”
Matiyasi: Iyo nkuru ndayizi.
Gasupari: None ga Matiya, umuntu yoba ashobora kwuzuzwa uwundi muntu?
Matiyasi: Oya ni ukuri.
Gasupari: Reka tumanuke gatoyi muri ico kigabane nyene ku murongo wa 17. Igice ca mbere c’uwo murongo kigira giti: “‘Mu misi ya nyuma,’ ni ko Imana ivuga, ‘nzosuka igice c’impwemu yanje ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose.’” Nkundira rero ndakubaze, Matiya: Mbega Imana yoshobora gusuka igice c’iyindi Mana ingana na yo?
Matiyasi: Oya, n’ivyo ntivyoshoboka.
Gasupari: Yohani Umubatizi yarakoresheje iyindi mvugo mu kuvuga ivy’ukwo kwuzuzwa impwemu nyeranda. Tubisanga muri Matayo 3:11. Ubona wosoma uwo murongo?
Matiyasi: “Jeho ndababatirisha amazi ku bw’ukwigaya kwanyu; mugabo uwuriko araza inyuma yanje arakomeye kundusha, kandi inkweto ziwe ntibimbereye kuzimwambura. Uyo azobabatirisha impwemu nyeranda n’umuriro.”
Gasupari: Urakoze. Mbega wabonye Yohani Umubatizi yavuze ko impwemu nyeranda yokoreshejwe iki?
Matiyasi: Yavuze ivyo kubatirishwa impwemu nyeranda.
Gasupari: Ni vyo. Urabona ko yavuze n’ivyo kubatirishwa umuriro. Biragaragara ko umuriro atari umuntu. Wibaza none ko uwo murongo werekana ko impwemu nyeranda ari umuntu?
Matiyasi: Oya.
Gasupari: Ni co gituma rero twisunze ico ivyanditswe twasomye bivuga, impwemu nyeranda atari umuntu.
Matiyasi: Emwe, ndabonye ko atari umuntu.
Ni “umufasha” mu buhe buryo?
Gasupari: Ariko rero, mu ntango wakoresheje ijambo ngo “umufasha.” Muri Yohani 14:26, Yezu yaravuze ko impwemu nyeranda ari “umufasha.” Reka tuhasomere hamwe. Hagira hati: “Wa mufasha, ya mpwemu nyeranda, iyo Data azorungika mw’izina ryanje, uwo ni we azobigisha vyose yongere abibutse ibintu vyose nababwiye.” Hari abibaza ko ico canditswe gisa n’igishigikira iciyumviro c’uko ngo impwemu nyeranda ari umuntu, ni ukuvuga umuntu yofashije akongera akigisha.
Matiyasi: Ni vyo. Na je ni ko namye ndabibona kuva kera.
Gasupari: Ariko none, ntivyoba bishoboka ko Yezu yariko akoresha imvugo ngereranyo? Raba ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’ubukerebutsi, nk’uko vyanditswe muri Luka 7:35. Hagira hati: “Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’abana babwo bose.” Ubwo wovuga ko ubukerebutsi ari umuntu, ko vy’ukuri bufise abana?
Matiyasi: Oya ni ukuri. Biragaragara ko iyo ari imvugo ngereranyo.
Gasupari: Ni ivy’ukuri. Yezu yashaka kuvuga ko ubukerebutsi bugaragarira ku co buvyara. Bibiliya akenshi irakoresha imvugo ngereranyo yitwa inyitiriro, ni ukuvuga uburyo bwo kuvuga ikintu kitagira ubuzima nk’aho ari umuntu. No mu biyago vyacu vya misi yose twama twakoresheje mwene izo mvugo ngereranyo. Nk’akarorero, igihe akazuba karashe mu gitondo nk’uku, vyogutangaza none umuntu avuze ngo “ugurura amadirisha, ureke akazuba kinjire?”
Matiyasi: Emwe, ivyo na jewe nobivuga.
Gasupari: Woba none uriko uvuga ko izuba ari umuntu yinjira mu nzu yawe nka kurya kw’umushitsi?
Matiyasi: Oya nawe nu. Iyo ni imvugo ngereranyo.
Gasupari: None igihe Yezu yavuga ko impwemu nyeranda yobaye umufasha canke umwigisha, ubwo ntiyoba yariko akoresha imvugo ngereranyo?
Matiyasi: Ndavyibaza. Ivyo bica bihuza na ca canditswe wasoma kivuga ivy’uko impwemu isukwa ku bantu be na ca kindi kivuga ivy’abantu babatirishwa impwemu. Nimba rero impwemu nyeranda atari umuntu, none ni iki?
Impwemu nyeranda ni iki?
Gasupari: Mu Vyakozwe 1:8, Yezu aratubwira ico ari co impwemu nyeranda. Wonkundira ukahasoma?
Matiyasi: “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”
Gasupari: Urabona ko Yezu asanisha impwemu nyeranda n’ububasha. None twisunze ya mirongo twamara gusoma, wibaza ko ubwo bubasha buturuka hehe?
Matiyasi: Buva ku Mana ari yo Data.
Gasupari: Wishuye neza. Impwemu nyeranda ni za nguvu nyene Imana yakoresha mu kurema isi n’ijuru. Umurongo ugira kabiri muri Bibiliya uravuga ibijanye n’izo nguvu. Mw’Itanguriro 1:2 hagira hati: “Inguvu zikora z’Imana zaguma zitembera irya n’ino ku buringanire bw’amazi.” Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ng’aho ngo “inguvu zikora” rirashobora kandi guhindurwa ngo “impwemu.” Ni inguvu zikora zitaboneka Imana ikoresha mu kurangura umugambi wayo no mu guhishura igomba ryayo. Reka ndakwereke ikindi canditswe kimwe gusa tworimbura. Ni ico muri Luka 11:13. Ndakwinginze usome uwo murongo.
Matiyasi: “Nimba rero mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!”
Gasupari: Nimba Data ari mw’ijuru agaba impwemu nyeranda akayiha abayimusaba, wumva none impwemu nyeranda yongana n’uwo Data?
Matiyasi: Oya. Emwe, ndabitahuye.
Gasupari: Matiya, sinogufatira cane, wavuze ko ufise akanya gatoyi. Ariko kugira tuvuge muri make ivyo twayaze, nkundira ndakwibarize ikibazo kimwe. Wisunze ivyanditswe twarimbuye, wovuga ko impwemu nyeranda ari iki?
Matiyasi: Ni inguvu zikora z’Imana.
Gasupari: Wishuye neza. Igihe na ho Yezu yavuga muri Yohani 14:26 yuko impwemu nyeranda ari umufasha canke umwigisha, yakoresheje imvugo ngereranyo avuga impwemu nyeranda nk’aho ari umuntu.
Matiyasi: Emwe, nta vyo nari nzi.
Gasupari: Hariho icigwa gihumuriza cane dukura mu majambo ya Yezu.
Matiyasi: Ico na co ni ikihe?
Gasupari: Turashobora gusaba Imana impwemu nyeranda yayo kugira ngo idufashe mu bihe bigoye. Turashobora kandi gusaba Imana impwemu yayo kugira ngo idufashe kwiga ukuri ku biyerekeye.
Matiyasi: Emwe, ni vyiza ntiworaba. Ndakwiye kuzirikana kuri ico kintu.
Gasupari: Imbere yo kugenda, nagira ndakubwire ikindi kintu wosigara urazirikanako. Ko impwemu nyeranda ari inguvu zikora z’Imana, bica vyumvikana ko Imana ishobora kuyikoresha kugira ngo irangure ikintu cose ishatse.
Matiyasi: Emwe, ntiwihenze na gato.
Gasupari: None ni kubera iki itarakoresha iyo nguvu itananirwa kugira ngo ikureho amarushwa yose n’ububisha bwose tubona hirya no hino mw’isi? Wari bwigere wibaza ico kibazo?a
Matiyasi: Ni ukuri nari maze kucibaza.
Gasupari: Ubona gute ngarutse mu ndwi iza ku mwanya nk’uwu nyene maze tukakiganirako?
Matiyasi: Emwe, vyompimbara cane rwose. Tuzosubira rero.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.