ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/7 rup. 20-25
  • Barabandanya Kugendera mu Kuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barabandanya Kugendera mu Kuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuri n’Ugusenga kwa Gikirisu
  • Barahamwe Bahorwa Kwamamaza Ukuri
  • Ukuri n’Imisi Mikuru y’Amadini
  • Ukuri Kuravugwa kw’Isi Hose
  • Ukuri n’Ukuntu Umuntu Yigenza
  • Ukuri n’“Abakuru ba Rutura”
  • Ukuri​—Umugozi Wunga Ubumwe
  • Barahezagiwe Kubera Ukwigisha Ukuri
  • Abakirisu Basenga mu Mpwemu no mu Kuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Nuhere amazinda ko uri mu kuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • “Nzogendera mu kuri kwawe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • “S’Ab’Isi”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/7 rup. 20-25

Barabandanya Kugendera mu Kuri

“Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.”​—3 YOHANA 4.

1. “Ukuri kw’ubutumwa bgiza” gushimika ku biki?

YEHOVA yemera gusa abamusenga “mu mpwemu no mu kuri.” (Yohana 4:24) Barubahiriza ukuri, bakemera inyigisho za gikirisu zose ukwo zingana zishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Ukwo “kuri kw’ubutumwa bgiza” gushimika kuri Yezu Kirisitu be no kw’iyemezwa ry’ubusegaba bwa Yehova biciye ku Bwami. (Ab’i Galatiya 2:14) Imana irareka “ubuzimire” bugakorera mu bantu bahitamwo ikinyoma, ariko ubukiriro buhagaze ku kwizera inkuru nziza no ku kugendera mu kuri.​—2 Ab’i Tesalonike 2:9-12; Abanyefeso 1:13, 14.

2. Intumwa Yohani yakenguruka canecane ku biki, kandi yari afitaniye ubucuti bumeze gute na Gayo?

2 Abamamaji b’Ubwami ‘barafatanije gukora mu kuri.’ Nka kumwe kw’intumwa Yohani na mugenzi we Gayo, barumira bashikamye ku kuri kandi bakakugenderamwo. Afise Gayo mu muzirikanyi, Yohani yanditse ati: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.” (3 Yohana 3-8) Naho Yohani, uwari ageze mu zabukuru atari we yatumye Gayo amenya ukuri, kuba iyo ntumwa yari yitereye mu myaka, yari Umukirisu ahumuye, kandi ikaba yari ifise igishika ca kivyeyi, vyatumye biba ibikwiriye ko uno asa n’uwari akiri umusore abonwa nk’umwe mu bana bo mu vy’impwemu ba Yohani.

Ukuri n’Ugusenga kwa Gikirisu

3. Amakoraniro yagirwa n’Abakirisu bo mu ntango yari afise intumbero iyihe n’akunguko akahe?

3 Kugira ngo bige ukuri, Abakirisu bo mu ntango barakoranira hamwe bagize amashengero, akenshi bakikoraniriza mu nzu z’abantu. (Abaroma 16:3-5) Gutyo, bararonka indemesho kandi bakavyuriranira umutima wo kugira urukundo n’ibikorwa vyiza. (Abaheburayo 10:24, 25) Ku biraba abirarira ko ari Abakirisu bo mu bihe vyo hanyuma, uwitwa Tertullien (yabayeho nko kuva mu 155 gushika inyuma yo mu 220 G.C.) yanditse ati: “Turakoranira hamwe kugira dusome ibitabu vy’Imana . . . Dukoresheje ayo majambo meranda turabungabunga ukwizera kwacu, turashira hejuru icizigiro cacu, turakomeza ukwizigira kwacu.”​—Apologétique, ikigabane ca 39.

4. Kuririmba kwagira uruhara uruhe mu makoraniro y’Abakirisu?

4 Kuririmba gushobora kuba kwari mu bigize amakoraniro y’Abakirisu bo mu ntango. (Abanyefeso 5:19; Ab’i Kolosayi 3:16) Porofeseri Henry Chadwick yandika avuga ko umusesanguzi Celsus wo mu kinjana ca kabiri yatoye indirimbo biboneka ko zakoreshwa n’abavuga ko ari Abakirisu “zari nziza birenze ku buryo bw’uko atashimye akosho zigira ku mutima.” Chadwick yongerako ati: “Uwitwa Kelementi w’i Alegizandiriya ni we mwanditsi w’Umukirisu yatanguriye abandi kuvuga ubwoko bw’umuziki ubereye gukoreshwa n’Abakirisu. Avuga yuko udakwiye kuba umuziki wokwitiranywa n’umuziki wo gutamba wononekaye.” (L’Eglise Primitive, urupapuro 274-275) Nka kumwe kw’Abakirisu ba mbere bigaragara ko baririmba igihe bakoraniye hamwe, ni ko n’Ivyabona vya Yehova akenshi baririmba indirimbo zishingiye kuri Bibiliya zirimwo amajambo yo gushemeza Imana n’Ubwami.

5. (a) Ubuyobozi bwo mu vy’impwemu bwatangwa gute mu mashengero y’Abakirisu bo mu ntango? (b) Abakirisu b’ukuri bashize mu ngiro gute amajambo ya Yezu yanditswe muri Matayo 23:8, 9?

5 Mu mashengero y’Abakirisu bo mu ntango, abacungezi barigisha ukuri, abakozi b’ishengero na bo bagasahiriza abo basangiye ukwizera mu buryo butandukanye. (Ab’i Filipi 1:1) Inama nyobozi yiheka kw’Ijambo ry’Imana no ku mpwemu yera yaratanga ubuyobozi bwo mu vy’impwemu. (Ivyakozwe 15:6, 23-31) Nta mazina y’icubahiro yo mu vy’idini yakoreshwa, kubera ko Yezu yari yarategetse abigishwa biwe ati: “Ntimukitwe Rabi, kuk’umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese mur’abavukana. Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’umwe, ar’uwo mw ijuru.” (Matayo 23:8, 9) Muri ivyo hamwe no mu bindi, hariho ibintu Abakirisu bo mu ntango n’Ivyabona vya Yehova bahurijeko.

Barahamwe Bahorwa Kwamamaza Ukuri

6, 7. Naho bamamaza ubutumwa bw’amahoro, Abakirisu b’ukuri bamye bafatwa gute?

6 Naho bamamaza ubutumwa bw’Ubwami bw’amahoro, Abakirisu bo mu ntango barahamwe nk’uko na Yezu yari yarahamwe. (Yohana 15:20; 17:14) Umutohozakahise umwe John L. von Mosheim Abakirisu bo mu kinjana ca mbere yabise “umugwi w’abagabo badafise kamere y’ubugizi bwa nabi, batigeze babika mu mizirikanyi yabo icipfuzo canke iciyumviro co kubangamira leta.” Dogoteri Mosheim yavuze ko “icatumye Abaroma bashavurira Abakirisu ari uko ugusenga kwabo kwari ugusanzwe, kwaboneka ko ata ho kwari guhuriye n’imigenzo myeranda y’abandi bantu abo ari bo bose.” Yongeyeko ati: “Ntibari bafise ibimazi, insengero, ibishushanyo, bakamenyi, canke imiryango y’abasaseredoti; kandi ivyo vyari bihagije kugira babavuge nabi ko ari amasinzi y’abantu ataco azi, yibaza ko ata dini ryobaho ridafise ivyo bintu. Kubera ico, Abakirisu babonwa ko ari abahakanamana; hishimikijwe amategeko y’Abaroma na ho, abagirizwa ko ari abahakanamana bavugwa ko ari ikiza gihanamiye ikibano c’abantu.”

7 Abaherezi, abanyamyuga, be n’abandi bari babeshejweho n’ugusenga ibigirwamana, baragumuye abantu kugira barwanye Abakirisu, bo batisutse mu ngeso z’ugusenga ibigirwamana. (Ivyakozwe 19:23-40; 1 Ab’i Korinto 10:14) Tertullien yanditse ati: “Abakirisu babafata ko ari bo nkwezi y’icago cose cashikira Igihugu, ikintu kibi cose cashikira abanyagihugu. Niba uruzi Tiber rwuzuye rukagarukira hejuru ku ruhome, niba uruzi Nili rutuzuye ngo ruvomere imirima, niba ikirere canke isi bidakoze nk’uko vyari bisanzwe, niba hateye inzara, niba hateye icago, baca bakoma induru bavuga ngo: ‘Abakirisu ni batererwe mu ntambwe!’” Abakirisu b’ukuri ‘baririnda ibigirwamana’ batarinze kuraba inkurikizi zohaba.​—1 Yohana 5:21.

Ukuri n’Imisi Mikuru y’Amadini

8. Ni kuki abagendera mu kuri badahimbaza Noweli?

8 Abagendera mu kuri baririnda imisi mikuru idashingiye ku Vyanditswe kubera ko ‘umuco n’umwiza ataho bihuriye.’ (2 Ab’i Korinto 6:14-18) Nk’akarorero, ntibahimbaza Noweli igirwa ku wa 25 Kigarama. Inkoranyabumenyi imwe (The World Book Encyclopedia) yiyemerera ibi: “Nta muntu n’umwe azi itariki nyezina y’ivuka rya Kirisitu.” Hari inkoranyabumenyi (The Encyclopedia Americana, yasohowe mu 1956) ivuga iti: “Saturunaliya, umusi mukuru wahimbazwa n’Abaroma ukwezi kwa Kigarama kugeze hagati, ni wo abantu benshi bafatiyeko mu kugira imigenzo y’ivyo kuryoherwa ijana na Noweli.” Inkoranyabumenyi imwe (M’Clintock and Strong’s Cyclopædia) ivuga ibi: “Uguhimbaza Noweli ntikwashinzwe n’Imana, eka mbere ntigukomoka no mw’I[sezerano] R[ishasha].” Igitabu kimwe na co (Daily Life in the Time of Jesus) kivuga ibi: “Imikuku . . . yamara urushana iri mu mararo; kandi ufatiye no kuri ico kintu conyene, umuntu arashobora kubona yuko iyo tariki yo mu rushana bishiriyeho yo guhimbarizako Noweli ishobora kuba atari iy’ukuri kubera ko Injili zivuga yuko abungere bari mu gahinga.”​—Luka 2:8-11.

9. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova bo mu bihe vyaheze n’abo muri iki gihe birinze ivyo guhimbaza Pasika y’amadini?

9 Pasika y’amadini ifatwa ko ari ukwibuka izuka rya Kirisitu, ariko amasoko yo kwizigirwa avuga ko iyo Pasika ikomoka ku gusenga kw’ikinyoma. Igitabu kimwe (The Westminster Dictionary of the Bible) kivuga ko iyo Pasika “mu ntango wari umusi mukuru wagirwa ku mpeshi ku bw’ikimanakazi teutone c’umuco n’impeshi cari kizwi mu ba Anglo-Saxons ko ari Eastre,” canke Eostre. Ukwo biri kwose, inkoranyabumenyi imwe (Encyclopædia Britannica, igira 11 mu zasohowe) ivuga iti: “Nta kintu na kimwe mw’Isezerano Risha cerekana ko umusi mukuru wa Pasika y’amadini wahimbazwa.” Pasika y’amadini ntiyahimbazwa n’Abakirisu bo mu ntango, n’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe ntibayihimbaza.

10. Ni icibutso ikihe Yezu yatanguje, kandi ni bande bagihimbaje nk’uko bikwiriye?

10 Yezu ntiyategetse abayoboke biwe guhimbaza ivuka ryiwe canke izuka ryiwe, ariko yatanguje Icibutso c’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka. (Abaroma 5:8) Gutyo rero, ico ni co kintu conyene yategetse abigishwa biwe guhimbaza. (Luka 22:19, 20) Ico kintu kigirwa uko umwaka utashe citwa kandi Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba kiracahimbazwa n’Ivyabona vya Yehova.​—1 Ab’i Korinto 11:20-26.

Ukuri Kuravugwa kw’Isi Hose

11, 12. Ni mu buhe buryo abagendera mu kuri bamye nantaryo bashigikira igikorwa cabo c’ukwamamaza?

11 Abazi ukuri babona ko ari agateka guhebera umwanya wabo, inguvu zabo be n’ubundi butunzi bafise igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza. (Mariko 13:10) Igikorwa c’ukwamamaza c’Abakirisu bo mu ntango cashigikirwa n’ingabirano zitangwa n’abavyishakiye. (2 Ab’i Korinto 8:12; 9:7) Tertullien yanditse ati: “Naho hariho agasandugu k’intererano, ntigakorerwa ugukorakoranya amahera atangwa imbere yo kwinjira, nk’aho idini ryoba ari ikintu c’ubucuruzi. Umuntu wese arazana igitigiri kinaka c’amahera giciye bugufi rimwe mu kwezi canke igihe cose avyipfurijeko na ho nyene niba abishoboye; kuko ata n’umwe agoberwa; ni intererano umuntu atanga avyishakiye.”​—Apologétique, ikigabane ca 39.

12 Igikorwa c’ukwamamaza Ubwami kigirwa n’Ivyabona vya Yehova ku mubumbe wose na co nyene gishigikirwa n’ingabirano zitangwa n’abavyishakiye. Uretse Ivyabona, abantu bashimishijwe bakenguruka babona ko ari agateka gushigikira ico gikorwa n’intererano zabo. Na hano hariho isano hagati y’Abakirisu bo mu ntango n’Ivyabona vya Yehova.

Ukuri n’Ukuntu Umuntu Yigenza

13. Mu bijanye n’ukuntu bigenza, ni iyihe mpanuro ya Petero Ivyabona vya Yehova bakurikiza?

13 Kubera ko bari abantu bagendera mu kuri, Abakirisu bo mu ntango baragamburutse impanuro y’intumwa Petero igira iti: “Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.” (1 Petero 2:12) Ivyabona vya Yehova bagumiza ayo majambo ku mutima.

14. Abakirisu babona gute ivy’ukwinezereza birimwo ubushegabo?

14 Mbere n’igihe ubuhakanyi bwari bumaze kugwira, Abitwa Abakirisu baririnze ibikorwa vy’ubushegabo. Porofeseri W. D. Killen, umutohozakahise wo mu vy’idini yanditse ati: “Mu kinjana ca kabiri n’ica gatatu, inzu ziberamwo ibikino zari mu gisagara kinini cose zarakwegera abantu cane; kandi naho abakinyi bari abantu muri rusangi bataye akaranga k’inyifato runtu, ibintu vy’igitangaza bakora vyaguma bikwegakwegera abantu mu vyipfuzo vyononekaye vyariho muri ico gihe. . . . Abakirisu b’ukuri bose babona nya bikino nk’igisesema. . . . Bariyonjoroye mu buhumbu bwavyo; kandi akosho kavyo kama gakwegera umuntu ku bimana no ku bimanakazi vyo mw’idini y’abahakanyi kari gateye kubiri n’ukwemera kwo mw’idini ryabo.” (L’Eglise Primitive, urupapuro 318-319) Abayoboke nyakuri ba Yezu muri kino gihe baririnda ubuhumbu be n’uburyo bwose bw’ukwinezereza bititura inyifato runtu.​—Abanyefeso 5:3-5.

Ukuri n’“Abakuru ba Rutura”

15, 16. “Abakuru ba rutura“ ni bande, kandi abagendera mu kuri bamye babona gute abo bakuru?

15 Naho Abakirisu bo mu ntango bigenza neza, abami b’abami b’Abaroma nka bose barabarenganya. Umutohozakahise umwe E. G. Hardy avuga ko abami b’abami babona Abakirisu nk’“abantu b’abanyeshaka bagayitse.” Mu makete Buramatari w’i Bitiniya ari we Pline le jeune yandikiranira n’Umwami w’Abami Trajan arerekana yuko abatware batwara batari bazi muri rusangi uko Ubukirisu nyakuri bumeze. Abakirisu babona Leta gute?

16 Nka kumwe kw’abayoboke ba Yezu bo mu ntango, Ivyabona vya Yehova baragamburukira bimwe bifise aho bigarukira “abakuru ba rutura” bajejwe ivy’intwaro. (Abaroma 13:1-7, NW) Niba habaye ukudahuza hagati y’ivyo abantu basaba n’ivyo Imana igomba, bafata iyi mpagararo: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.” (Ivyakozwe 5:29) Igitabu kimwe (After Jesus​—The Triumph of Christianity) kivuga giti: “Naho Abakirisu bataja mu vy’ugusenga umwami w’abami, ntibari abantu bagumura abandi, kandi idini yabo naho yari imeze ukwayo kandi rimwe na rimwe abapagani bakaba bayibona nk’iyo kwanka urunuka, ntibigeze babangamira inganji nganzabami.”

17. (a) Abakirisu bo mu ntango bashigikira iyihe ntwaro? (b) Ni mu buhe buryo abayoboke nyakuri ba Kirisitu bashize mu ngiro amajambo yo muri Yesaya 2:4 mu buzima bwabo?

17 Abakirisu bo mu ntango barashigikira Ubwami bw’Imana, nk’uko na basogokuruza Aburahamu, Isaka na Yakobo bagaragaje ukwizera muri ca ‘gisagara cubatswe n’Imana’ yabasezeranira. (Abaheburayo 11:8-10) Nka kumwe kwa Shebuja wabo, abigishwa ba Yezu ‘ntibari ab’isi.’ (Yohana 17:14-16) Ku biraba intambara n’amahane vyari mu bantu, barakurikiranye amahoro mu gufata ‘inkota zabo bakazivunjamwo inkero.’ (Yesaya 2:4) Mu kwerekana isano rishimishije, umwigisha mu bijanye na kahise k’ivy’idini Geoffrey F. Nuttall yavuze ati: “Inyifato Abakirisu bo mu ntango bagize mu bijanye n’intambara yari isa cane n’iyo abantu biyita Ivyabona vya Yehova bafise akaba ari ikintu twumva ko kigoye kwemera.”

18. Ni kuki ata ntwaro n’imwe ifise imvo n’imwe yogutinya Ivyabona vya Yehova?

18 Kubera yuko Abakirisu bo mu ntango bari abantu batagira aho bahengamiye bagamburukira “abakuru ba rutura,” ntibabangamira ububasha na bumwe bwo mu vya politike, eka mbere n’Ivyabona vya Yehova ntibabigira. Umwanditsi umwe wo muri Amerika yo mu Buraruko yanditse ati: “Kugira ngo umuntu yemere ko Ivyabona vya Yehova batabangamira mu buryo na bumwe intwaro n’imwe yo mu vya politike, bisaba ko uwo muntu aba atagira aho ahengamiye kandi akaba ata muntu n’umwe yizigira. Ni abantu atawe bahanamira kandi bakunda amahoro uko bashobora kuba bagize umugwi w’ivy’idini.” Abakuru bazi neza ivyabo barazi ko ataco bashobora gutinyira Ivyabona vya Yehova.

19. Mu bijanye n’amakori, ni igiki gishobora kuvugwa ku vyerekeye Abakirisu bo mu ntango be n’Ivyabona vya Yehova?

19 Uburyo bumwe Abakirisu bo mu ntango berekanye ko bubaha “abakuru ba rutura” ni mu kuriha amakori. Mu kwandikira Umwami w’Abami w’Umuroma Antonin le Pieux (138-161 G.C.), Justin Martyr yamenyesheje yuko Abakirisu bariha amakori “batagoranye, kurusha abandi bantu bose.” (Premier Apologétique, ikigabane ca 17) Tertullien na we yabwiye abategetsi b’Abaroma yuko abatozakori babo bari n’“umwenda wo gukengurukira Abakirisu” kubera uburyo bariha neza amakori batarinze kugoberwa. (Apologétique, ikigabane ca 42) Abakirisu barungukiye kuri ya Pax Romana, ni ukuvuga Amahoro y’Abaroma kubera amategeko yayo n’urutonde rwayigenga, amabarabara meza, be n’ingendo zo mu mazi zasa n’izitarimwo impanuka. Kubera bemera icese umwenda bafitiye ikibano, barumviye amajambo ya Yezu agira ati: “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” (Mariko 12:17) Abasavyi ba Yehova muri iki gihe barakurikira iyo mpanuro kandi baravuzwe neza kubera ari inzirabugunge mu vyo kuriha amakori.​—Abaheburayo 13:18.

Ukuri​—Umugozi Wunga Ubumwe

20, 21. Mu vyerekeye ikivukano kirangwa amahoro, ni igiki cagaragaye ko ari ic’ukuri ku Bakirisu bo mu ntango no ku basavyi ba Yehova bo muri kino gihe?

20 Kubera ko bagendera mu kuri, Abakirisu bo mu ntango bari bunze ubumwe mu kivukano kirangwa amahoro, nk’uko biri no ku Vyabona vya Yehova muri kino gihe. (Ivyakozwe 10:34, 35) Ikete ryacapuwe mu kinyamakuru kimwe (The Moscow Times) ryavuze riti: “[Ivyabona vya Yehova] bazwi neza ko ari abantu beza, abanyabuntu, kandi ko ari abantu b’abagwaneza boroshe kuganira, batigera bashira umukazo ku bandi bantu kandi bama nantaryo barondera amahoro mu bucuti bagiranira n’abandi . . . Ntibarya igiturire, ntibaborerwa canke ngo hagire uwo muri bo afata ibiyayura umutwe, kandi imvo ibibatuma ni imvo isanzwe cane: Ni uko gusa bagerageza kuyoborwa n’ivyo bemera bishingiye kuri Bibiliya mu kintu cose bakora canke bavuga. Iyaba abantu bose bo mw’isi n’imiburiburi bagerageza kubaho bisunga Bibiliya nk’uko Ivyabona vya Yehova babayeho, isi yacu yuzuye ubukazi nta kabuza ko yohindutse.”

21 Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopedia of Early Christianity) ivuga ibi: “Ishengero ryo mu ntango ryifata ko ari ryo rigize umuryango mushasha w’abantu aho imigwi yahora idacana uwaka, Abayuda be n’Abanyamahanga, boshoboye kubana bunze ubumwe.” Ivyabona vya Yehova na bo nyene bagize ikivukano mpuzamakungu gikunda amahoro, vy’ukuri ni ikibano kigize isi nshasha. (Abanyefeso 2:11-18; 1 Petero 5:9; 2 Petero 3:13) Igihe intwazangabo ijejwe umutekano mu Kibuga c’Inkino c’i Pretoriya muri Afirika y’Epfo yabona ukuntu Ivyabona b’amoko yose bahurira muri ico kibuga mu mahoro baje kw’ihwaniro, yavuze ati: “Umwe wese yaragaragaza urupfasoni kandi ni ko biri, umuntu akavugana neza na mugenzi we, inyifato yagaragajwe muri iyo misi mikeyi ni icemeza ko abagize ikibano canyu bafise inyifato runtu nziza bihebuje, kandi ko bose babana nk’abagize umuryango umwe unezerewe.”

Barahezagiwe Kubera Ukwigisha Ukuri

22. Ni ibiki vyagiye birashika kubera ko Abakirisu batumye ukuri kuboneka?

22 Biciye ku kuntu bigenza be no ku gikorwa cabo c’ukwamamaza, Paulo be n’abandi Bakirisu ‘barerekanye ukuri.’ (2 Ab’i Korinto 4:2) None ntiwemera ko Ivyabona vya Yehova bariko bagira nk’ukwo kandi ko bariko bigisha amahanga yose ukuri? Abantu bo kw’isi yose bariko bakira ugusenga kw’ukuri kandi bariko basegenyuka baja ku ‘murwa wubatsweko ingoro ya Yehova’ barushiriza kwiyongera. (Yesaya 2:2, 3) Uko umwaka utashe, abantu ibihumbi n’ibihumbi barabatizwa bwa kigereranyo c’uko biyeguriye Imana, bigatuma hashingwa ayandi mashengero menshi mashasha.

23. Wewe ubona gute abariko bigisha ukuri amahanga yose?

23 Naho bakuriye mu bintu bitandukanye, abasavyi ba Yehova barunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri. Urukundo bagaragaza rurabaranga ko ari abigishwa ba Yezu. (Yohana 13:35) Woba ushobora kubona ko ‘Imana iri muri bo vy’ukuri’? (1 Ab’i Korinto 14:25) Woba waragiye ku ruhande rw’abigisha ukuri amahanga yose? Niba warabigize, ese woguma igihe cose ugaragaza ko ukenguruka ukuri maze ugaterwa agateka ko kukugenderamwo ibihe bidahera.

Wokwishura Gute?

• Mu bijanye n’uburyo bwo gusenga, ni isano irihe riri hagati y’Abakirisu bo mu ntango n’Ivyabona vya Yehova?

• Ni umusi mukuru wonyene wo mu vy’idini uwuhe ugirwa n’abagendera mu kuri?

• “Abakuru ba rutura” ni bande, kandi Abakirisu bababona gute?

• Ni mu buhe buryo ukuri ari umugozi wunga ubumwe?

[Ifoto ku rup. 21]

Amakoraniro y’Abakirisu yamye ari umuhezagiro ku bantu bagendera mu kuri

[Amafoto ku rup. 23]

Yezu yategetse abayoboke biwe guhimbaza Icibutso c’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka

[Ifoto ku rup. 24]

Nka kumwe kw’Abakirisu bo mu ntango, Ivyabona vya Yehova baragaragaza ko bubaha “abakuru ba rutura”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika