ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/01 rup. 1
  • Uri “Akābarore”!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uri “Akābarore”!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Niwigane abamarayika b’intahemuka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 8/01 rup. 1

Uri “Akābarore”!

1 Intumwa Paulo yanditse ati: “Twacitse akābarore mw isi, mu bamarayika no mu bantu.” (1 Kor. 4:9) Ivyo bisobanura iki, kandi bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe mu busuku bwacu muri iki gihe?

2 Ku Munyakorinto, imvugo ngo “akābarore” bisa n’uko yamwibutsa ikintu basozererako muri kwa kurwana n’ibikoko kwagirirwa mu Buroma, aho abantu baciriwe rubi bagirishwa defire imbere y’abarorerezi ibihumbi n’ibihumbi imbere yuko bicwa bunyamaswa. Muri ubwo buryo nyene, hari abarorerezi benshi, ni ukuvuga abantu n’abamarayika, bihweje ugucumukura kwashikiye Abakirisu bo mu kinjana ca mbere kubera ugushingira intahe Ubwami. (Heb. 10:32, 33) Ingendo yabo yo kuguma ari intadohoka yaragize ico ikoze ku bantu benshi babitegereza, nk’uko nyene ukwihangana kwacu kugira ico gukoze mu kibuga c’inkino co mu kiringo ca none. Turi akabarore kuri bande?

3 Mw’Isi no ku Bantu: Rimwe na rimwe ibimenyeshamakuru birasohora amaraporo yerekeye imirimo y’abasavyi ba Yehova. Naho dushima amaraporo mezameza ashingiye ku bintu vy’ukuri biba kandi atagira aho ahengamiye avuga ibijanye n’igikorwa cacu, turitega kandi ko rimwe na rimwe abantu batuvuga nabi bakwiragiza amaraporo mabi. Naho ari ukwo, dutegerezwa kubandanya kwishimagiza nk’abasuku b’Imana “mu mugayo no mw ishimwe.” (2 Kor. 6:4, 8) Ku bantu b’imitima nziraburyarya batwitegereza bica biboneka neza yuko turi abigishwa nyakuri ba Yezu Kirisitu.

4 Ku Bamarayika: Ibiremwa vy’impwemu na vyo nyene biratwitegereza. Shetani n’amadayimoni yiwe baritegereza, mugabo bafise “inzigo nyinshi,” barondera guhagarika ‘igikorwa co gushingira intahe Yezu.’ (Ivyah. 12:9, 12, 17) Abamarayika b’Imana b’intahemuka baritegereza kandi bakanezerwa igihe mbere n’umunyavyaha umwe yigaye. (Luka 15:10) Turakwiye gukomezwa no kumenya yuko abamarayika babona ko ubusuku bwacu ari igikorwa cihutirwa, kandi c’ingirakamaro kuruta ibindi vyose biriko bikorerwa kw’isi muri iki gihe!—Ivyah. 14:6, 7.

5 Igihe uhuye n’ukurwanywa canke ukwiyumvira yuko ubusuku bwawe ataco buriko buravamwo, niwibuke yuko ivyaremwe vyo kw’isi no mw’ijuru vyose biriko birakwitegereza. Ukwihangana kwawe kurahishura vyinshi ku vyerekeye ukudahemuka ufise. Amaherezo, ‘intambara nziza urwana yo kwizera’ izogushoboza ‘gucakira ubuzima budahera.’—1 Tim. 6:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika