ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/05 rup. 1
  • Bandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • ‘Nuvuge Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba Wamamaza Ushize Amanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Niwumvirize inyishu z’ibi bibazo
    Programa y’iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu 2018-2019 ririmwo umucungezi w’umuzunguruko
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 10/05 rup. 1

Bandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga

1 Twebwe abasuku bakirisu turazi yuko atari abantu bose bazotwumviriza igihe twamamaza (Mat. 10:14). Ariko rero, ntitureka ngo ukutavyakira neza kwa bamwebamwe gutume tureka kumenyekanisha inkuru nziza (Imig. 29:25). Ni ibiki none bidufasha kubandanya tuvuga ijambo ry’Imana dushize amanga?

2 Intumwa Paulo yarashima ‘agaciro karengeye k’ukumenya Kirisitu Yezu’. Ivyo vyatumye avuga ‘ashize amazinda’ (Flp. 3:8; 1 Tes. 1:5). Naho bamwe babona ubutumwa yamamaza nk’ubutagira inkomezi be n’ubw’ubupfu, yari azi yuko ari bwo ‘bushobozi bw’Imana, buzanira uwizera wese agakiza’ (Rom. 1:16). Ni co gituma n’igihe nyene bamurwanya, yabandanya ‘kuvuga ashize amanga ku bw’ububasha bwa Yehova’.—Ivyak. 14:1-7, gereranya na NW; 20:18-21, 24.

3 Aho dukura inkomezi: Inkomezi Paulo yari afise si zo zatumye ashobora gushinga intahe ashize amanga. Mu kuvuga ibimwerekeye n’ivyerekeye Sila, Paulo yanditse ati: “Tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, . . . [twashize] amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi” (1 Tes. 2:2, ni twe dushimitse; Ivyak. 16:12, 37). Si ivyo gusa, igihe Paulo yari apfungiwe i Roma, yarasavye abandi ko bomusengera kugira ngo ashobore kubandanya amenyekanisha inkuru nziza ‘ashize amanga, nk’uko bimubereye kuvuga’ (Ef. 6:18-20). Paulo yarizigiye Yehova aho kwiyizigira, abona gushobora kubandanya avuga ijambo ry’Imana ashize amanga.—2 Kor. 4:7; Flp. 4:13.

4 No muri iki gihe ni ko biri. Umuvukanyi umwe yasanze bigoye cane kuvuga ku kazi yuko ari Icabona ca Yehova no gushinga intahe akaryo kizanye, ni ho yabishira mw’isengesho hanyuma aratangura gushinga intahe. Mu ntango umukozi bakorana yabanje kwanka kumutega ugutwi, mugabo aho avugiye ivy’icizigiro c’izuka vyatumye uwo mukozi yemera ko bigana Bibiliya. Kuva ico gihe, uwo muvukanyi nta karyo na kamwe ko gushinga intahe kigeze kamucika. Ahandi hantu yahavuye aja gukorera, yahafashirije abantu 34 barashika ku kubatizwa, ivyo akaba yabigize mu kiringo c’imyaka 14. Turashobora kwizigira tudakeka yuko na twebwe nyene Yehova azodukomeza kugira ngo ‘tubandanye kuvuga ijambo ryiwe dushize amanga rwose’.—Ivyak. 4:29.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika