Ururirimbo rwa 138
Yewe, gendana n’Imana!
(Mika 6:8, NW)
1. Yewe, gendana n’Imana,
Ugir’imbabazi.
Ku Man’eka ntudohoke;
Iguh’inkomezi.
Ntuh’amatwi ca kinyoma
Gifata nk’ingoyi.
Iman’izokuyobora,
Nk’umwana mutoyi.
2. Yewe, gendana n’Imana
Rek’igicumuro.
Unguruza, va mu bwana
Ya aguh’ingero.
Ku bintu bishimwa vyose,
Vyiza, bitanduye,
Gum’ari vyo wiyumvira,
Ya umwizigiye.
3. Yewe, gendana n’Imana
Gum’ur’umwizerwa.
Inyungu nyay’uzoronka
Ni kwa kunezerwa.
Yewe, gendana n’Imana
Wam’uyishemeza.
’Bwami bwayo buzozana
Akanyamuneza.