ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • cl ikig. 15 rup. 148-157
  • Yezu “ashiraho ubutungane mw’isi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu “ashiraho ubutungane mw’isi”
  • Niwiyegereze Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Impfizi y’intama itendera nka se
  • Yezu atomora «ubutungane ico ari co»
  • Akarorero kazima k’ubutungane
  • Umwami Mesiya “ashiraho ubutungane mw’isi”
  • Yehova—Soko ry’Ubutungane n’Ubugororotsi Nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • “Inzira ziwe zose ziragororotse”
    Niwiyegereze Yehova
  • Igana Yehova—Ukoreshe Ubutungane n’Ubugororotsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Akarenganyo koba kazokwigera kavaho kw’isi?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Niwiyegereze Yehova
cl ikig. 15 rup. 148-157
Yezu ariko ahenurira hasi imeza y’abavunjayi yongera abategeka kuva mu rusengero.

IKIGABANE CA 15

Yezu “ashiraho ubutungane mw’isi”

1, 2. Yezu yashavuye ryari, kandi kubera iki?

YEZU yari yashavuye bimwe biboneka, kandi hari imvo yumvikana yari yabitumye. Ushobora gusanga bitoroshe kumwiyumvira gutyo, kubera yuko yari umuntu yitonda cane. (Matayo 21:5) Birumvikana ko yaguma yigumije bimwe bishitse, kubera yuko ishavu ryiwe ryari rigororotse.a Ariko none ni igiki cari casomborokeje gutyo uwo mugabo yikundira amahoro? Ni ikintu c’akarenganyo karenze urugero cari cabaye.

2 Urusengero rw’i Yeruzalemu Yezu yararukunda bimwe bivuye ku mutima. Mw’isi yose, ni rwo rwari ikibanza conyene ceranda cari carahebewe ibijanye no gusenga Se wiwe wo mw’ijuru. Abayuda bava mu bihugu vyinshi baragira ingendo ndende kugira ngo baje gusengerayo. Mbere n’abanyamahanga batinya Imana barahaza, bakinjira mu kigo c’urwo rusengero cari carabategekanirijwe. Mugabo mu ntango z’ubusuku bwiwe, Yezu yarinjiye muri urwo rusengero maze abona ibintu vy’agacamutima. Erega ico kibanza cari cabaye nk’akaguriro kuruta inzu yo gusengeramwo! Cari cuzuyemwo abadandaza be n’abavunja amahera. None kubera iki ivyo bitari bibereye? Kuri abo bantu, inzu y’Imana yari ikibanza gusa co guca abantu amaboko, no kwiba bakabiba. Uti gute?​—Yohani 2:14.

3, 4. Ni ibintu ibihe vy’uguca abantu amaboko vyariko birabera ku rusengero rwa Yehova, Yezu na we yaciye akora iki kugira ngo akosore ivyo bintu?

3 Indongozi z’idini ry’Abayuda bari barashinze itegeko ry’uko hakoreshwa ubwoko bumwe gusa buzwi bw’ikingorongoro, mu kuriha ikori ry’urusengero. Abashitsi bategerezwa kuvunjisha amahera yabo kugira ngo baronke mwene ivyo bingorongoro. Ku bw’ivyo, abavunja amahera bari baterekanze amameza yabo mu rusengero hagati, bakaza bararihisha abantu ku mahera yose avunjijwe. Urudandaza rw’ibitungwa na rwo nyene rwarunguka cane. Abashitsi baba bashaka gutanga ibimazi barashobora kubigurira ku mudandaza uwo ari we wese wo mu gisagara, mugabo abakuru b’urusengero barashobora kwanka neza na neza amashikanwa yabo bavuga yuko atameze neza. Ariko rero, amashikanwa yazanwa ng’aho mu rusengero yategerezwa kuba ari ayemerwa. Kubera rero yuko ata kundi abo bantu bari kubigira, abo badandaza baracishamwo bagasaba amahera y’umurengera.b Ivyo vyari bibi kuruta urudandaza rugayitse. Vyari cokimwe n’ubwambuzi!

4 Yezu ntiyashobora kurenza uruho rw’amazi kuri mwene ako karenganyo. Iyo ni yo yari inzu ya Se bwite! Yaratsivye imigozi ayigira nk’ikimoko, maze yirukana imikuku y’inka n’intama ngo bive mu rusengero. Yaciye asimbira ahari abavunjayi ahenagura amameza yabo. Niwihe ishusho y’ivyo bingorongoro vyose biriko birandagara hasi kw’isima y’utubuyenge twa marimari! N’ishavu n’akantu, yaciye ategeka abo bantu bariko baradandaza inuma ati: «Kura ivyo bintu ng’aha!» (Yohani 2:15, 16) Biboneka yuko ata n’umwe yubahutse kurwanya uwo mugabo w’umurindutsi.

«Kura ivyo bintu ng’aha!»

Impfizi y’intama itendera nka se

5-7. (a) Ubuzima Yezu yagize imbere y’uko aba umuntu nkatwe bwagize ico bukoze gute ku mutima afise w’ubutungane, kandi dushobora kumenya iki twihweje akarorero kiwe? (b) Kristu yarwanije gute ibintu vy’akarenganyo Shetani yateje, kandi ni gute azobigenza gutyo muri kazoza?

5 Biboneka yuko abo badandaza bagarutse. Haciye nk’imyaka itatu, Yezu yarahagurukiye akarenganyo nk’ako nyene, ubu hoho asubiramwo amajambo Yehova ubwiwe yavuze atera ivyatsi abari bahinduye inzu yiwe «isenga ry’abambuzi.» (Yeremiya 7:11; Matayo 21:13) Egome, aho Yezu aboneye ingene abo badandaza bariko baraca abantu amaboko babigiranye umwina be n’ingene bariko bahumanya urusengero rw’Imana, yamerewe nk’uko Se na we nyene yamerewe. Kandi ivyo ntibitangaje! Yezu yari yaramaze imyaka amamiliyoni n’amamiliyoni yigishwa na Se wo mw’ijuru. Ivyo vyatumye agira umutima w’ubutungane nk’uwa Yehova. Yabaye ikigereranirizo kizima ca wa mwibutsa uvuga ngo: «Impfizi y’intama itendera nka se.» Nimba rero dushaka kumenya neza kamere ya Yehova y’ubutungane, uburyo bwo kubishikako buruta ubundi bwose, ni ukurimbura akarorero ka Yezu Kristu.​—Yohani 14:9, 10.

6 Umwana w’ikinege wa Yehova ni ho yari igihe Shetani yavuga ko Yehova Imana ari umubeshi kandi atari vyo, akongera akavyura inkeka ku kuntu Imana itegeka. Umve iryo bara yemwe! Uwo Mwana kandi yarumvise ukuntu mu nyuma Shetani yahaririye ngo nta muntu n’umwe yokorera Yehova abitumwe n’urukundo, atabitumwe n’ubwikunzi. Ivyo birego vy’ibinyoma ntivyabuze kubabaza umutima ugororotse w’uwo Mwana. Ese ukuntu ategerezwa kuba yaranezerejwe cane no kumenya yuko yogize uruhara nyamukuru mu kubeshuza ivyo binyoma! (2 Abakorinto 1:20) Ivyo yobikoze gute?

7 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 14, Yezu Kristu yaratanze inyishu ntabanduka kandi idasubirwamwo ku vyo Shetani yagiriza abasavyi ba Yehova. Gutyo, Yezu yari ashizeho umushinge w’ukweza izina ryeranda ry’Imana, Yehova, arikurako iceyi cose ushizemwo ikinyoma c’uko ategeka mu buryo bubi. Kubera Yezu ari Imboneza ya Yehova, azoshinga ubutungane bw’Imana kw’isi no mw’ijuru hose. (Ivyakozwe 5:31) Ubuzima yagize kw’isi na bwo nyene bwaragaragaje ubutungane bw’Imana. Yehova yavuze ku vyerekeye Yezu ati: «Nzomushirako impwemu yanje, kandi azotomorera amahanga ubutungane ico ari co.» (Matayo 12:18) None Yezu yashikije gute ayo majambo?

Yezu atomora «ubutungane ico ari co»

8-10. (a) Imigenzo yo ku munwa y’indongozi z’idini z’Abayuda yaremesha gute ivyo kwanka abatari Abayuda be n’abagore? (b) Ni mu buryo ubuhe amategeko yashinzwe n’abantu yatumye ibwirizwa Yehova yashizeho ryerekeye isabato riba umuzigo?

8 Yezu yarakunda amategeko ya Yehova kandi akabaho ayisunga. Mugabo indongozi z’amadini zo mu gihe ciwe zarayagoreka kandi zikayakoresha nabi. Yezu yababwiye ati: «Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! . . . [Mwirengagije] ibihambaye kuruta vyo mu mategeko, ari vyo vy’ibi: ubutungane, imbabazi n’ubwizigirwa.» (Matayo 23:23) Abo bigisha b’amategeko y’Imana bari bahisemwo kudatomora «ubutungane ico ari co.» Ahubwo bariko bagoreka ubutungane bw’Imana ngo ntibutahurike. Uti gute? Rimbura uturorero dukeyi.

9 Yehova yabwiye abasavyi biwe kuguma bitandukanije n’amahanga y’abapagani yari abakikuje. (1 Abami 11:1, 2) Ariko rero, indongozi z’idini zimwezimwe z’ishaka ry’umurengera zaremesheje abantu kwanka abantu bose batari Abayuda. Mbere muri Mishnah harimwo iri tegeko: «Inka ntizishobora gusigwa mu ndaro y’abanyamahanga kubera ko bicurwa yuko bimarira inambu ku bikoko.» Mwene ukwo kwinuba abatari Abayuda muri rusangi, kari akarenganyo kandi vyari biteye kubiri cane n’amategeko ya Musa. (Abalewi 19:34) Ayandi mategeko yashinzwe n’abantu yarashira hasi abagore. Ya mategeko yo ku munwa yavuga yuko umugore akwiye kugendera inyuma y’umugabo wiwe, ntagendere hambavu yiwe. Umugabo yarabuzwa kuganira n’umugore mu bantu, mbere naho yaba ari umugore wiwe bwite. Nk’uko vyari bimeze ku bashumba, abagore ntibemererwa gushinga intahe muri sentare. Mbere hariho n’igisabisho cemewe caturwa n’abagabo, aho bashimira Imana kuba batari abagore.

10 Indongozi z’amadini zarapfukiranya amategeko y’Imana zikoresheje ivyagezwe n’amabwirizwa menshi yashinzwe n’abantu. Nk’akarorero, ibwirizwa ry’isabato ryabuza gusa gukora kw’isabato, uwo musi ukabikirwa ugusenga no kuruhurirwa mu vy’impwemu, be no kugira ngo baruhuke. Mugabo iryo tegeko Abafarizayo barigize umuzigo. Barihaye uburenganzira bwo gushinga ico «gukora» vyasigura. Hariho ibintu 39 bitandukanye bise ibikorwa, nk’akarorero kwimbura canke guhiga. Iyo migwi y’ibikorwa yaravyuye ibibazo bidahera. Mbega none nk’igihe umuntu yishe imbaragasa kw’isabato, yaba ahize? Igihe umuntu atumye ukuboko agahurutura intete zo kurya ariko aragenda, yaba yimbuye? Igihe avuye umuntu yari arwaye, yaba akoze igikorwa? Mwene ivyo bibazo vyarabwa hakoreshejwe amategeko akaze kandi arimwo utuntu twinshi.

11, 12. Yezu yaseruye gute ko arwanya imigenzo y’Abafarizayo iteye kubiri n’Ivyanditswe?

11 None muri mwene ivyo bintu, Yezu yari gufasha gute abantu gutahura ubutungane ico ari co? Mu nyigisho ziwe be no mu kuntu yabayeho, yararwanije izo ndongozi z’idini abigiranye uburindutsi. Banza urimbure zimwezimwe mu nyigisho ziwe. Yaranebaguye atarya umunwa amategeko yabo y’umurengera yashinzwe n’abantu, mu kuvuga ati: «Mwatituye ijambo ry’Imana kubera imigenzo yanyu mwagiye murahererekana.»​—Mariko 7:13.

12 Yezu abigiranye ububasha bwinshi, yarigishije yuko Abafarizayo babona ivyerekeye ibwirizwa ry’isabato ukutari kwo, yuko mu vy’ukuri batari baratahuye ico iryo bwirizwa ryashaka kuvuga. Yasiguye yuko Mesiya yari «afise ububasha kw’isabato», be n’uko ku bw’ivyo yari afise uburenganzira bwo gukiza abantu kw’isabato. (Matayo 12:8) Kugira ngo ashimike kuri ico ciyumviro, yarakijije abantu ku gitangaro kw’isabato. (Luka 6:7-10) Aho yari yerekanye ukuntu azokiza abantu kw’isi yose mu kiringo c’ingoma yiwe y’imyaka igihumbi. Iyo ngoma y’imyaka igihumbi ubwayo izoba yo sabato nkuru, igihe abantu bose b’abizigirwa bazoruhuka nya kuruhuka ibinjana n’ibindi bamaze bari mu buja bw’icaha n’urupfu.

13. Ni ibwirizwa irihe ryabonetse bivuye ku busuku Yezu yaranguye bwo kw’isi, kandi ryari ritandukanye gute n’amategeko ya Musa?

13 Yezu kandi yaratomoye ico ari co ubutungane mu buryo bw’uko ibwirizwa rishasha, ni ukuvuga «itegeko rya Kristu», ryabonetse amaze kunonosora ubusuku bwiwe bwo kw’isi. (Abagalatiya 6:2) Ivyo tegeko rishasha ntiryari rimeze nk’irya mbere ari ryo tegeko rya Musa, kubera ko ahanini ritari rishingiye ku rukurikirane rurerure rw’amabwirizwa, ahubwo ryari rishingiye ku ngingo ngenderwako. Mugabo ryarimwo amabwirizwa amwamwe arashe. Rimwe muri ayo mabwirizwa Yezu yaryise «ibwirizwa rishasha.» Yezu yigishije abigishwa biwe gukundana nk’uko yari yarabakunze. (Yohani 13:34, 35) Egome, urukundo rurangwa no kwitangira abandi ni rwo rwategerezwa kuba rwo kimenyetso kiranga abo bose babaho bisunga «itegeko rya Kristu.»

Akarorero kazima k’ubutungane

14, 15. Yezu yerekanye gute yuko yemera icese aho ubukuru bwiwe bwite bugarukira, kandi ni kubera iki ivyo biduhumuriza?

14 Yezu ntiyigishije gusa ivyerekeye urukundo. Yabayeho yisunga «itegeko rya Kristu.» Ivyo vyaragaragarira neza mu kuntu yabaho. Rimbura uburyo butatu tuboneramwo ingene akarorero Yezu yatanze katomoye neza ubutungane ico ari co.

15 Ubwa mbere, Yezu abigiranye ubwitonzi yaririnze gukora ikintu na kimwe kirimwo akarenganyo. Kumbure warabonye yuko ibintu vyinshi vy’akarenganyo biba igihe abantu badatunganye bagize ubwishime maze bagakora ibintu badafitiye uburenganzira. Yezu ivyo ntiyabigize. Igihe kimwe, hari umuntu yegereye Yezu maze amubwira ati: «Mwigisha, bwira mwenewacu tugabure intoranwa.» Mbega Yezu yishuye iki? «Wa mugabo we, ni nde yangize umucamanza wanyu canke umuhuza wanyu?» (Luka 12:13, 14) Ivyo none ntibitangaje? Ubwenge bwa Yezu, ugutahura kwiwe be n’urugero rw’ubukuru yari yarahawe n’Imana, vyari birengeye ivy’umuntu wese wo kw’isi; yamara, yaranse kwivanga muri ico kibazo, kubera yuko atari yarahawe ubukuru bwo gukora ivyo. Yezu yamye nantaryo yifata ruto muri ubwo buryo, no mu myaka ibihumbi n’ibihumbi yamaze imbere y’uko aba umuntu nkatwe. (Yuda 9) Birahishura vyinshi kuri Yezu kuba yarizigiye Yehova yicishije bugufi kugira ngo abe ari we ashinga ibitunganye ivyo ari vyo.

16, 17. (a) Yezu yagaragaje gute ubutungane mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana? (b) Yezu yerekanye gute yuko umutima w’ubutungane yari afise wari wuzuye ikigongwe?

16 Ubugira kabiri, Yezu yaragaragaje ubutungane mu kuntu yamamaje inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ntiyigeze arobanura abantu ku butoni. Ahubwo riho, abigiranye umwete yaragize akigoro ko gushikira abantu bose, baba abatunzi canke aboro. Abafarizayo bobo barakumira abakene na banyarucari, bakoresheje imvugo yo kubakengera bise ngo ʽam-ha·ʼaʹrets, canke «abantu b’ivu.» Yezu abigiranye uburindutsi yarakosoye ako karenganyo. Igihe yigisha abantu inkuru nziza, canke kandi igihe yasangira ibifungurwa na bo, igihe yabagaburira, igihe yabakiza canke akabazura, yama ashigikira ubutungane bw’Imana, yo ishaka gukiza «abantu b’uburyo bwose.»c​—1 Timoteyo 2:4.

17 Ubugira gatatu, umutima w’ubutungane Yezu yari afise wari wuzuye imbabazi zigera kure. Yaragira akigoro kanini kugira ngo afashe abanyavyaha. (Matayo 9:11-13) Yama yiteguriye gufasha abantu batari bashoboye kwikingira. Nk’akarorero, Yezu ntiyifatanije n’indongozi z’idini mu kuremesha ivyo guharira ivomo abanyamahanga bose. Yarafashije arongera arigisha bamwebamwe muri abo banyamahanga n’ikigongwe cinshi, naho nyene ahanini yari yatumwe ku bantu b’Abayuda. Yaremeye gukorera igitangaro intwazangabo y’Umuroma co kumukiriza umuntu, avuga ati: «Nta muntu afise ukwizera kungana gutya nari bwabone muri Isirayeli.»​—Matayo 8:5-13.

18, 19. (a) Ni mu buryo ubuhe Yezu yaremesheje ivyo kwubahiriza abagore? (b) Akarorero ka Yezu kadufasha gute kubona isano riri hagati y’umutima rugabo n’ubutungane?

18 Cokimwe n’ivyo, Yezu ntiyigeze ashigikira ivyiyumviro vyari vyiganje ku vyerekeye abagore. Aho kubishigikira, yarakoze ibigororotse abigiranye umutima rugabo. Abagore b’Abasamariyakazi babonwa ko bahumanye nk’abanyamahanga. Yamara, Yezu ntiyigeze yijijanya imitima ngo areke kwigisha wa mugore w’Umusamariyakazi kw’iriba ry’i Sukara. Kukaba nkako, uwo mugore ni we muntu wa mbere Yezu yimenyekanishijeko bimwe bihagije yuko yari Mesiya yasezeranywe. (Yohani 4:6, 25, 26) Abafarizayo bavuga yuko abagore badakwiye kwigishwa amategeko y’Imana, mugabo Yezu yarakoresheje umwanya munini n’inguvu nyinshi mu kwigisha abagore. (Luka 10:38-42) Kandi mu gihe imico kama yavuga yuko abagore batashobora kwizigirwa ngo bashinge intahe yizigirwa, Yezu yarateye iteka abagore batari bake ryo kuba aba mbere mu kumubona aho amariye kuzuka. Mbere yarababwiye kugenda kubwira abigishwa biwe b’abagabo ivyerekeye ico kintu gihambaye kuruta ibindi vyose!​—Matayo 28:1-10.

19 Egome, Yezu yaratomoreye neza amahanga ubutungane ico ari co. Kenshi ivyo yarabigira agahakwa no kuhasiga agatwe. Akarorero ka Yezu karadufasha kubona yuko ugushigikira ubutungane nyakuri bisaba umutima rugabo. Birabereye kuba yiswe «ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda.» (Ivyahishuwe 5:5) Ibuka yuko akenshi intambwe y’umutima rugabo igereranya ubutungane. Ariko rero muri kazoza ka hafi, Yezu azoshiraho ubutungane mbere buhambaye kuruta. Azoshiraho «ubutungane mw’isi» bimwe bishitse koko.​—Yesaya 42:4.

Umwami Mesiya “ashiraho ubutungane mw’isi”

20, 21. Muri iki gihe turimwo, Umwami Mesiya yaremesheje gute ubutungane mw’isi hose no mw’ishengero rya gikirisu?

20 Kuva aho Yezu abereye Umwami Mesiya mu 1914, yararemesheje ubutungane mw’isi. Uti gute? Yaritwararitse ko ivyo yavuze muri Matayo 24:14 biranguka. Abayoboke ba Yezu bo kw’isi barigishije abantu bo mu bihugu vyose ukuri kwerekeye Ubwami bwa Yehova. Nka kumwe Yezu yabigira, baramamaje inkuru nziza kuri bose ata mwana n’ikinono, barondera guha abantu bose, abakiri bato n’abakuze, abatunzi n’abakene, abagabo n’abagore, akaryo ko kumenya Yehova, we Mana y’ubutungane.

21 Yezu kandi ariko araremesha ubutungane mw’ishengero rya gikirisu, iryo abereye Umutwe. Nk’uko vyavuzwe kera, aratanga «ingabire zigizwe n’abagabo», ari bo bakurambere bakirisu b’abizigirwa baja imbere ishengero. (Abanyefeso 4:8-12) Mu kuragira umukuku w’agaciro w’Imana, mwene abo bagabo barakurikira akarorero ka Yezu Kristu mu kuremesha ubutungane. Bamiza nantaryo mu muzirikanyi yuko Yezu ashaka ko intama ziwe zifatwa mu buryo bw’ubutungane, ata kuraba ikibanza barimwo, ukuntu boba ari abantu bahambaye, canke uko ubutunzi bwabo bwifashe.

22. Yehova amererwa gute abonye akarenganyo kimonogoje mw’isi muri iki gihe, kandi yagenye Umwana wiwe ngo azokore iki?

22 Ariko rero muri kazoza ka hafi, Yezu azoshiraho ubutungane mw’isi mu buryo bw’akataraboneka. Akarenganyo karimonogoje muri iyi si yononekaye. Umwana wese yicwa n’ukubura ivyo afungura aba azize akarenganyo kadashobora gusigurwa, na canecane iyo twiyumviriye amahera n’umwanya vyononekarira mu guhingura ibirwanisho vy’intambara no mu guhaza ivyipfuzo birangwa n’ubwikunzi vy’abarondera ibibanezereza. Abantu amamiliyoni bapfa ku mwaka ku mwaka kandi batopfuye, ni bumwe gusa mu bwoko bwinshi bw’akarenganyo, ubwo bwose bukaba busomborotsa uburake bwa Yehova. Yaragenye Umwana wiwe ngo azorwane intambara igororotse yo gukuraho iyi si mbi iyo iva ikagera, kugira ngo ahagarike akarenganyo ubutagisubira.​—Ivyahishuwe 16:14, 16; 19:11-15.

23. Inyuma ya Harumagedoni, Kristu azoremesha gute ubutungane ibihe bidahera?

23 Ariko rero, ubutungane bwa Yehova ntibusaba gusa ko abanyakibi basangangurwa. Yagenye kandi Umwana wiwe ngo azobe «Umutware w’amahoro.» Inyuma y’intambara ya Harumagedoni, ingoma ya Yezu izosasagaza amahoro kw’isi hose, kandi Yezu azotwara «biciye ku butungane.» (Yesaya 9:6, 7) Yezu azoheza ahimbarwe no gukuraho ibintu vyose vy’akarenganyo vyatumye mw’isi haba amarushwa n’imibabaro. Azoshigikira ubutungane butagira agahonzi bwa Yehova ibihe bidahera. Birahambaye rero ko turondera kwigana ubutungane bwa Yehova ubu. Reka turabe ingene dushobora kubigira.

a Mu kugaragaza ishavu rigororotse, Yezu yari ameze nka Yehova, we «agiye kwerekana ishavu ryiwe» kubera ububi bwose. (Nahumu 1:2) Nk’akarorero, aho Yehova amariye kubwira abantu biwe bigira ibiro biteze yuko inzu yiwe bari bayigize «isenga ry’abambuzi», yavuze ati: «Ishavu ryanje n’uburake bwanje nzobisuka aha hantu.»​—Yeremiya 7:11, 20.

b Dukurikije icegeranyo c’inyigisho z’Abayuda (Mishnah), inyuma y’imyaka mikeyi haravyutse ivy’ukwiyamiriza igiciro kinini c’inuma zagurishirizwa mu rusengero. Ico giciro caciye ubwo nyene kigabanywa ibice 99 kw’ijana! Ni bande canecane bungukira kuri urwo rudandaza rwaharanira inyungu? Hari abatohozakahise batanga ivyiyumviro vy’uko utuguriro two muri urwo rusengero twegukira inzu y’umuherezi mukuru Anasi, tukaba ari two twinjiriza uwo muryango w’umuherezi ubutunzi bwinshi.​—Yohani 18:13.

c Abafarizayo babona ko banyarucari, abatari barize amategeko, bari «ibivume.» (Yohani 7:49) Bavuga yuko ata muntu n’umwe yari akwiye kwigisha mwene abo bantu, kudandariza hamwe na bo, gusangira na bo canke gusengera hamwe na bo. Kwemerera umukobwa wawe kwabirwa n’umwe muri abo banyarucari ngo vyobaye ari bibi rwose kuruta kumuha ibikoko vyo mw’ishamba. Babona yuko icizigiro c’izuka kidashoboka kuri mwene abo bantu banyarucari.

Ibibazo vy’ukuzirikanako

  • Zaburi 45:1-7 Ni kubera iki dushobora kwizigira yuko Umwami Mesiya azoremesha ubutungane butagira agahaze?

  • Matayo 12:19-21 Dukurikije ubuhanuzi, Mesiya yofashe gute banyarucari?

  • Matayo 18:21-35 Yezu yigishije gute yuko ubutungane nyakuri burimwo ikigongwe?

  • Mariko 5:25-34 Yezu yerekanye gute yuko ubutungane bw’Imana butirengagiza uko ivy’umuntu vyifashe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika