Ikigabane ca 42
Igituma dukeneye gukora
HAGATI yo gukora no gukina, ni igiki ukunda kuruta ikindi?— Mu vy’ukuri gukina si bibi. Bibiliya iravuga ivy’igihe i Yeruzalemu wasanga “huzuye abahungu n’abakobga bakinira ku bibuga [vyaho]”.—Zekariya 8:5.
Wa Mwigisha Ahambaye yarakunda kwirabira abana bariko barakina. Imbere y’uko aza ngaha kw’isi, yavuze ati: “Nari kumwe n’[Imana], nd’umukozi w’umuhanga . . . nama niginagura imbere yayo”. Urabona yuko Yezu yari umukozi akorana na Yehova mw’ijuru. Kandi igihe yari mw’ijuru, yavuze ati: ‘Nahimbarwa n’abana b’abantu’. Egome, nk’uko twamaze kuvyiga, wa Mwigisha Ahambaye yaritwararika vy’ukuri umuntu wese harimwo n’abakiri bato.—Imigani 8:30, 31.
None igihe Yezu yari akiri umwana wibaza ko yakina?— Birashoboka ko yakina. Mugabo kubera ko mw’ijuru yari “umukozi w’umuhanga”, yoba yarakora n’igihe yari ngaha kw’isi?— Urumva, Yezu bamwita “umwana w’umubāji”. Ariko kandi bamwita “umubāji”. Ivyo vyerekana iki?— Yozefu, uwareze Yezu nk’umwana wiwe, ategerezwa kuba yaramwigishije. Na Yezu rero yarabaye umubaji.—Matayo 13:55; Mariko 6:3.
Ni igiki cashimisha wa Mwigisha Ahambaye imbere y’uko aza ngaha kw’isi?
None Yezu yari umubaji ameze gute?— Kubera ko yari umukozi w’umuhanga mw’ijuru, ntiwumva none ko yabaye umubaji w’umuhanga kw’isi?— Rimbura ukuntu vyari bigoye gukora akazi k’ububaji muri ico gihe. Biboneka ko Yezu yategerezwa kuja kurondera igiti, akagica, akagisaturamwo imbaho hanyuma akazitwara muhira, maze akazibazamwo amameza, intebe n’ibindi bintu.
Wibaza ko ico gikorwa canezereza Yezu?— Vyokunezera uramutse ukoze amameza ameze neza, intebe nziza be n’ibindi bintu abantu bakoresha?— Bibiliya ivuga yuko ari vyiza ko umuntu ‘anezerererwa ibikorwa vyiwe’. Gukora biratanga umunezero udashobora kuronka mu gukina.—Umusiguzi 3:22.
Emwe, gukora bigirira neza ubwenge bwacu n’umubiri wacu. Mu bihugu bimwebimwe, abana benshi bariyicarira bakarorera televiziyo canke bagakina udukino two kuri orodinateri. Bararuha maze bagacika intege kandi ugasanga vy’ukuri ata munezero bafise. Ntibananezereza abandi. None dukeneye gukora iki kugira ngo tunezerwe?—
Mu Kigabane c’17 c’iki gitabu twize yuko gutanga no gukora ibintu ngo dufashe abandi bizana umunezero (Ivyakozwe 20:35). Bibiliya ivuga ko Yehova ari “Imana ihimbawe” (1 Timote 1:11, UB). Nk’uko tubisoma mu Migani, Yezu ‘imisi yose yarahimbarwa imbere y’Imana’. Ni kubera iki Yezu yanezerwa?— Urumva, yaravuze ikintu kimwe mu vyatuma anezerwa igihe yavuga ati: “Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora”.—Yohana 5:17.
Igihe Yezu yari kw’isi, ntiyakoze ari umubaji ubuzima bwiwe bwose. Yehova Imana yari yaramugeneye igikorwa kidasanzwe yari gukorera ngaha kw’isi. None urazi ico gikorwa ico ari co?— Yezu yavuze ati: “Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’Ubgami bg’Imana . . . kukw ari co natumwe” (Luka 4:43). Rimwe na rimwe, igihe Yezu yaba ariko arigisha abantu, baramwizera hanyuma bakabwira abandi ivyo yaba yavuze, nk’uko uyu mugore w’Umusamariyakazi ubona ngaha yabigize.—Yohana 4:7-15, 27-30.
Igihe Yezu yari kw’isi ni ibikorwa bibiri ibihe yakoze?
Yezu yumva amerewe gute ku bijanye n’ugukora ico gikorwa? Wiyumvira yuko yashima kugikora?— Yezu yavuze ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe” (Yohana 4:34). None wewe indya ukunda wozirya kangahe?— Ivyo bica bigufasha gutahura ingene Yezu yakunda igikorwa Imana yari yaramuhaye gukora.
Imana yaturemye ku buryo kwiga gukora bidufasha kugira umunezero. Ivuga yuko ingabirano iha umuntu ari uko akwiye “kunezererwa ibivuye mu butame bgiwe.” Rero, niwiga gukora ukiri muto, uzorushiriza kugira umunezero mu buzima bwawe bwose.—Umusiguzi 5:19.
Ivyo ntibishaka kuvuga yuko umwana akiri muto ashobora gukora igikorwa nk’ic’umuntu akuze, ariko twese turashobora gukora igikorwa kanaka. Abavyeyi bawe bashobora kuba baja ku kazi ku musi ku musi kurondera amahera kugira ngo umuryango wanyu uronke imfungurwa be n’ahantu ho kuba. Nk’uko ubizi, hariho ibikorwa vyinshi bikeneye gukorwa i muhira kugira ngo hagume hasa neza.
Ni igikorwa ikihe ushobora gukora kikagirira akamaro umuryango wanyu wose?— Urashobora gutegura ku meza, kwoza amasahani, kuja guta umwavu, gusukura icumba cawe be n’ukutandagaza ibikinisho vyawe. Kumbure bimwebimwe muri ivyo bikorwa usanzwe ubikora. Mu vy’ukuri, ivyo bikorwa biragirira akamaro umuryango.
Ni kubera iki bihambaye kutandagaza ibikinisho vyawe uhejeje kubikinisha?
Reka turabe ukuntu ibikorwa nk’ivyo bifise akamaro. Ibikinisho bikwiye kubikwa uhejeje gukina. Ni kubera iki wovuga ko ivyo bihambaye?— Bituma inzu iguma isa neza, kandi birashobora gukinga impanuka. Wandagaje ibikinisho vyawe, nyoko wawe yoshobora kuza afise ibintu agatsitara kuri kimwe muri ivyo bikinisho. Yoshobora kunyerera akagwa maze agakomereka. Hari aho mbere vyoba ngombwa ko aja kwa muganga. None ivyo ntivyoba bibabaje?— Igihe rero ubitse ibikinisho vyawe uhejeje gukina, biragirira akamaro bose.
Hariho n’ikindi gikorwa abana bakwiye gukora. Nk’akarorero, agakorwa babaha kw’ishure ko gukorera i muhira. Kw’ishure uriga gusoma. Abana bamwe babona ko gusoma biryoshe, ariko abandi bakabona ko bigoye. Naho bisa n’ibigoye mu ntango, uzonezerwa niwamenya gusoma neza. Umenye gusoma, hariho ibintu vyinshi bishimishije ushobora kwiga. Uzoshobora mbere kwisomera igitabu c’Imana, ari co Bibiliya. Igihe rero ukoze neza agakorwa babaha kw’ishure ko gukorera muhira, mu vy’ukuri ni ikintu c’ingirakamaro, si vyo none?—
Hariho abantu bamwebamwe usanga batinya gukora. Kumbure urazi umuntu abitinya. Ariko kubera yuko Imana yaturemye kugira ngo dukore, turakeneye kwiga ukuntu twoshimishwa no gukora. Wa Mwigisha Ahambaye, gukora vyamushimisha ku rugero rungana iki?— Vyari co kimwe no gufungura ibifungurwa akunda cane. None yariko avuga igikorwa ikihe?— Yariko avuga igikorwa co kubwira abandi ivyerekeye Yehova Imana be n’ukuntu boronka ubuzima budahera.
Ehe raba ikintu gishobora kudufasha tugashimishwa no gukora. Niwibaze uti: “Kubera iki iki gikorwa gikwiye gukorwa”? Umaze kumenya igituma ikintu kanaka gihambaye, bica bikworohera kugikora. Kandi ico gikorwa caba ari kinini canke ari gitoyi, nugikorane umwete. Ivyo ubigize, urashobora kunezerezwa n’igikorwa c’amaboko yawe, nk’uko nyene na wa Mwigisha Ahambaye vyamunezereza.
Bibiliya irashobora gufasha umuntu kuba umukozi mwiza. Soma ivyo ivuga mu Migani 10:4; 22:29; Umusiguzi 3:12, 13; no mu B’i Kolosayi 3:23.