Ururirimbo rwa 178
“Amahoro y’Imana” y’agahebuza
1. ’Mahoro y’Imana
Ntateba kwirukana
Ugutinya n’ukuganya,
Ntac’ubu twokwinona.
Bitum’umutima
Kuri we uhaguma.
Dushikame, tuzokwame
Ku Bwami, tuzorama.
2. Amaganya ntuze
Abantu yabazinze.
Aba menshi kuri benshi
Ni ’ntuntu bo bagize.
Nta ntege zicika;
Iman’izotwibuka
Kudukunda, kuturinda,
Ni vyo yo yam’ishaka.
3. Ku vyo dukenera
’Mana twoyizigira
Iratanga, nta makenga
Izotwizigamira.
Amahoro yayo
N’ay’imigisha nyayo.
Ntitwoguma tuj’inyuma;
Dukor’igomba ryayo.