Ururirimbo 112
Mana ihambaye Yehova!
Integuro icapuwe
1. Mana Yehova, wew’uhambaye,
Urakwiye gukezwa,
Mbere ugashemezwa.
Inzira zawe ziratunganye.
Ni w’uzokwam’usengwa.
2. Uraharira igicumuro.
Urangwa n’imbabazi,
Ntugir’umururazi.
Waman’ubuntu n’ubutungane.
Ni wewe Mutabazi.
3. Twebw’abo kw’isi n’abo mw’ijuru
Reka tugushemeze,
Izina ryawe tweze.
Igomba ryawe rikorwe kw’isi
Maze wuzur’urweze.
(Raba kandi Gus. 32:4; Imig. 16:12; Mat. 6:10; Ivyah. 4:11.)