Uwo twovuga muri kino gihe ko ari ka kigeme k’Akisirayelikazi
HAGISIGAYE indwi zibiri ngo habe Icibutso c’urupfu rwa Yezu, umwe wese mu bagize umuryango w’uwitwa Sales, bano bakaba baba ahitwa Praia Grande, muri Berezile, yaragize urutonde rw’abantu yari gutumira. Akigeme gafise imyaka itandatu kitwa Abigayl baragahaye agapapuro kamwe k’ubutumire maze baca bakabaza uwo kipfuza kuzobuha.
Kishuye gati: “Wa mugabo yama imisi yose amwenyurira.”
Abavyeyi bako barakabajije bati: “Uwo mugabo ni uwuhe?”
Na ko gati: “Umwe yicara mu gakinga k’ibimuga.”
Haheze imisi ine Abigayl yareretse abavyeyi biwe uwo mugabo. Uwo mugabo, uwitwa Walter, yaba mu gace ko hakurya y’ibarabara uvuye ku Ngoro y’Ubwami. Hari haciye imyaka irenga 15 agize isanganya ry’umuduga ryatumye amugara guhera mu kiyunguyungu kumanuka, ico gihe yarigira akaba yari afise imyaka 28. Kubera yuko yari umutunzi, yari afise abantu babiri bamucungerera ubuzima. Abigayl amaze kuronka uruhusha rwo kuganira na Walter, abavyeyi biwe baramusiguriye ko ako kigeme kabo kari gafise icipfuzo co kumuha ubutumire.
Mu gusozera ico kiyago co kumushikiriza ubwo butumire, Abigayl yavuze ati: “Abandi bose bo mu Ngoro y’Ubwami yacu bafise udupapuro tw’ubutumire twinshi, ariko jewe mfise kamwe gusa. Ku bw’ivyo rero, ni wewe wenyene ntumiye. Nutaza, nta mutumire n’umwe nzoba mfise. Ariko niwaza, nzohimbarwa cane kandi Yehova azohimbarwa cane mbere kundusha.”
Ku musi w’Icibutso, Ivyabona, na Abigayl arimwo, bariko barasukura Ingoro y’Ubwami mu kwitegurira ico Cibutso cari kuba ku mugoroba. Kuri uwo muhingamo Walter yaraciye aho ku Ngoro, maze abonye Abigayl, yaciye abwira umushoferi wiwe ngo ahagarike umuduga. Yaciye amanura ikiyo maze aca abaza Abigayl ico yariko arakora. Abigayl yamubwiye yuko bariko barasukura iyo Ngoro kugira ngo aze gusanga isa neza.
Kuri uwo mugoroba Abigayl yari ahagaritse umutima cane. Insiguro yaratanguye, ariko Abigayl yaguma yeraguza araba ko Walter yamaze gushika. Bukwi na bukwi, Walter be na ba bantu bamucungerera ubuzima barashitse. Abigayl yaramwenyuye n’akamwemwe kenshi. Insiguro irangiye, Walter yariyemereye ko imbere y’uko aza yari yamaze gutangura urugendo aja mu kindi gisagara mugabo ko yaciye ahindura ivyiyumviro maze akaza ku Cibutso, ivyo akaba yabigize gusa kubera Abigayl. Yaciye yongerako ati: “Nari nkeneye koko iyo nsiguro.” Yaciye asaba ko bomuronsa Bibiliya maze aca atangura kwiga Bibiliya be no kwitaba amakoraniro.
Muri ico gihe nyene, mushiki wa Walter yaravuze yuko yari afise icipfuzo co kubona ako kigeme kitwa Abigayl, ako musazawe yakunda kuvuga kenshi cane. Igihe yabona ako kigeme, yarahimbawe cane no kubona ingene kari akigeme kameze neza. Yavuze ati: “Ubu ndamenye igituma musazanje ahimbawe cane.”
Walter arabandanya kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro. Mbere aratanga inyishu ku makoraniro kandi akabwira abandi ivyo amaze kwiga. Nta nkeka ko ako kigeme kitwa Abigayl katwibutsa ka kigeme k’Akisirayelikazi kafasha Namani kumenya Imana y’ukuri Yehova.—2 Abami 5:2-14.