ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • sn ururirimbo 97
  • Tuje imbere, yemwe basuku ba bwa Bwami!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje imbere, yemwe basuku ba bwa Bwami!
  • Turirimbire Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Ramirize mwamamaze bwa Bwami!
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Je imbere yemwe basuku ba bwa Bwami!
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Tera muja imbere, yemwe Vyabona!
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Tere muja imbere, yemwe Vyabona!
    Turirimbire Yehova
Ibindi
Turirimbire Yehova
sn ururirimbo 97

Ururirimbo 97

Tuje imbere, yemwe basuku ba bwa Bwami!

Integuro icapuwe

(2 Timoteyo 4:5)

1. Tuj’imbere mu kwamamaza

Bwa Bwami kuri bose.

Ko dukunda abantu nkatwe

Ukuri tubaronse.

Kuba dukorera Yehova

Ni ko gateka ntangere.

Ja mu ndimiro wamamaze

Rya zina maze bemere.

(ICITABIRIZO)

Tuj’imbere tuvuge bwa Bwami

Twivuy’inyuma.

Tuj’imbere; kuri Yehova

Ni ho tuzoguma.

2. Yemwe basuku tuj’imbere,

Twiteze bwa buzima.

Twisunge umwe Databuja,

Dutyoroy’imitima.

Ya nkuru nziza ya bwa Bwami

Bose bakwiye kuyumva.

Yehova ni w’aduh’inguvu,

Tukavuga twiv’inyuma.

(ICITABIRIZO)

Tuj’imbere tuvuge bwa Bwami

Twivuy’inyuma.

Tuj’imbere; kuri Yehova

Ni ho tuzoguma.

3. Twese tugume tuj’imbere,

Na ya masigarira.

Mwebwe mukuze namwe bato,

Ukuri kurikira.

N’iteka gukorer’Imana,

Ntidusenge twikurayo.

Mu nyifato twerek’Imana

Yuko tur’abantu bayo.

(ICITABIRIZO)

Tuj’imbere tuvuge bwa Bwami

Twivuy’inyuma.

Tuj’imbere; kuri Yehova

Ni ho tuzoguma.

(Raba kandi Zab. 23:4; Ivyak. 4:29, 31; 1 Pet. 2:21.)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika