Ibibazo vy’abasomyi
Kugira ‘ubuzima muri we’ bisobanura iki?
Bibiliya ivuga ko Yezu Kirisitu yari afise “ubu[zima] muri we” kandi ko n’abayoboke biwe bari bafise ‘ubuzima muri bo’ (Yohana 5:26; 6:53). Ariko rero, ivyo vyanditswe uko ari bibiri, ntibifise insobanuro imwe.
Yezu yavuze ati: “Nk’uko Se ari n’ubu[zima] muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubu[zima] muri we na we”. Imbere y’uko Yezu avuga ayo majambo adasanzwe, yagize ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubu[zima] budashira, . . . Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’abazoryumva bazoba bazima”. Hano Yezu yariko avuga ububasha budasanzwe yahawe na Se, ni ukuvuga ubushobozi bwo gutuma abantu bagira impagararo nziza imbere y’Imana. Vyongeye, Yezu arashoboye kuzura abasinziriye mu rupfu no kubaha ubuzima. Kuri Yezu, kugira “ubu[zima] muri we” bishaka kuvuga yuko yahawe ubwo bubasha. Nka kurya kwa Se, Umwana na we nyene arafise ‘muri we ingabirano y’ubuzima’, ubwo bukaba ari ubundi buryo ayo majambo yoshobora guhindurwa (Yohana 5:24-26). Tuvuge iki none ku bayoboke biwe?
Haheze nk’umwaka, Yezu yabwiye abamwumviriza ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bu[zima] mwogira muri mwebge. Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubu[zima] budashira, nanje nzomuzura ku musi w’iherezo” (Yohana 6:53, 54). Hano Yezu asanisha kugira “ubu[zima] muri mwebge” be no kuronka “ubu[zima] budashira”. Imvugo zubatswe nk’iyi ivuga ivy’ukugira “ubu[zima] muri mwebge” ziraboneka n’ahandi hose mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Uburorero bubiri ni ubu: “Ni muhorane umunyu muri mwebwe” be na “baronka . . . muri bo impera ikwiye” (Marko 9:50; Abaromani 1:27; UB). Muri ubwo burorero, izo mvugo ntizisobanura ububasha bwo guha umunyu abandi canke kuronsa impera uwo ari we wese. Ahubwo zerekana ikintu gikwiye canke cuzuye imbere muri co. Gutyo imvugo ngo “ubu[zima] muri mwebge” ikoreshwa muri Yohana 6:53 ishaka gusa kuvuga kuronka ubuzima bwuzuye nya kwuzura.
Yezu ariko avuga yuko abayoboke biwe bafise ubuzima muri bo, yaracishijemwo umubiri wiwe n’amaraso yiwe. Mu nyuma, igihe Yezu yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, yarongeye kuvuga ivy’umubiri wiwe n’amaraso yiwe hanyuma ategeka abayoboke biwe boshizwe mw’isezerano rishasha kwihereza ku bimenyetso vy’umukate utambiwe n’umuvinyu. Ivyo vyoba bisobanura yuko abakirisu basizwe, abari mw’isezerano rishasha bagiranye na Yehova Imana, ari bo bonyene bagira mwene ubwo buzima bwuzuye? Eka da! Ivyo bihe bibiri ntivyabaye mu mwaka umwe. Abumvise amajambo ya Yezu ari muri Yohana 6:53, 54 ntibari bazi ivy’umusi uhimbazwa uko umwaka utashe hakoreshejwe ibimenyetso bigereranya umubiri wa Kirisitu n’amaraso yiwe.
Nk’uko muri Yohana ikigabane ca 6 habivuga, Yezu abanza kugereranya umubiri wiwe na manu, mu kuvuga ati: “Ba sogokuruza banyu bārīra manu mu bugaragwa, barapfa: uyu ni wo mutsima umanuka uva mw ijuru, ng’umuntu awuryako ntapfe. Ni jewe mutsima w’ubu[zima] wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’uwo mutsima azohorah’ibihe bidashira”. Umubiri wa Yezu n’amaraso yiwe vyararuta manu nya manu. Gute? Mu buryo bw’uko umubiri wiwe watanzwe kugira ngo “abari mw isi . . . bagire ubu[zima]”, biba bitumye ubuzima budahera bushobokaa. Ku bw’ivyo, amajambo avuga ivy’ukugira “ubu[zima] muri mwebge” aboneka muri Yohana 6:53 yerekeye abaronka ubuzima budahera bose, haba mw’ijuru canke kw’isi.—Yohana 6:48-51.
Ni ryari none abayoboke ba Kirisitu baronka ubuzima muri bo canke baronka ubuzima bwuzuye? Ku baragwa b’Ubwami basizwe, ivyo bishika igihe bazukira ubuzima bwo mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu bidahwera (1 Ab’i Korinto 15:52, 53; 1 Yohana 3:2). “Izindi ntama” za Yezu na bo, baronka ubuzima bwuzuye inyuma ya ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi. Ico gihe bazoba barageragejwe, bagasanga ari abizerwa, maze bakitwa abagororotsi babereye ubuzima budahera mw’isi izoba yahindutse Iparadizo.—Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 20:5, 7-10.
[Akajambo k’epfo]
a Muri bwa bugaragwa, Abisirayeli be n’“igugu ry’ikivange” bari bakeneye manu kugira babandanye kubaho (Kuvayo 12:37, 38; 16:13-18). Mu buryo nk’ubwo nyene, kugira ngo bazobeho ibihe bidahera, abakirisu bose, baba ari abasizwe canke atari bo, bategerezwa kwungukira kuri manu yo mw’ijuru mu kwizera ububasha bwo gucungura bw’umubiri wa Yezu n’amaraso yiwe vyatanzweko inkuka.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruhuhuma 1988, urupapuro rwa 30-31.
[Amafoto ku rup. 31]
Abakirisu b’ukuri bose barashobora kugira ‘ubuzima muri bo’