Nitwerekane ko twubaha imitororokano yacu myeranda
“Abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo”.—YESAYA 56:7.
1. Ni imvo izihe zo mu Vyanditswe zotuma twubaha amakoraniro yacu nk’uko bibereye?
YEHOVA yarakoranije abasavyi biwe, ni ukuvuga abakirisu basizwe be na bagenzi babo, kugira ngo bamusengere ku “musozi [wiwe] wera”. Muri iki gihe, ariko arabanezereza mu “ngoro [yiwe] yo gusengeramwo”, ari rwo rwa rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu, urwitwa “inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose” (Yesaya 56:7; Mariko 11:17). Ivyo vyose birerekana yuko ugusenga Yehova ari kweranda, ko gutyoroye kandi ko kuri hejuru. Mu kwubaha nk’uko bibereye amakoraniro tugira kugira ngo twige kandi dusenge, tuba twerekanye ko tubona ibintu vyeranda nk’uko Yehova abibona.
2. Ni igiki cerekana yuko Yehova yabona ikibanza yahisemwo ngo asengerwemwo ko cari ceranda, kandi Yezu na we nyene yerekanye gute yuko ari uko yakibona?
2 Muri Isirayeli ya kera, ikibanza Yehova yahisemwo ngo asengerwemwo categerezwa kubonwa ko ari ceranda. Ihema be n’ivyari birigize hamwe n’ibikoresho vyaryo, vyarasutsweko amavuta kandi birezwa “kugira ngo . . . bibe ivyera cane” (Kuvayo 30:26-29). Kimwe mu vyumba bibiri vyaryo citwa “Ahēra”, ikindi na co kikitwa “Ahēra Cane” (Abaheburayo 9:2, 3). Ihema ryahavuye risubirirwa n’urusengero rw’i Yeruzalemu. Kubera ko i Yeruzalemu hari ho hantu nyamukuru ho gusengera Yehova, hitwa “umurwa wera” (Nehemiya 11:1; Matayo 27:53). Yezu ubwiwe yarerekanye ko yubaha urusengero nk’uko bikwiriye mu gihe c’ubusuku bwiwe ngaha kw’isi. Yarashavuriye cane abantu batubaha ikigo c’urusengero bakahakorera ivy’urudandaza bakongera bakahagira inzira ya hafi biciramwo.—Mariko 11:15, 16.
3. Ni igiki cerekana ko amakoraniro y’Abisirayeli yari meranda?
3 Abisirayeli barakunda gukoranira hamwe uko haciye igihe kugira ngo basenge Yehova bongere bumvirize Ivyagezwe vyiwe vyahasomerwa. Mu kiringo c’imisi mikuru bahimbaza, harimwo imisi imwimwe yitwa amakoraniro meranda canke amakoraniro y’agahebuza, ivyo bikaba vyerekana ko iyo mitororokano yari myeranda (Abalewi 23:2, 3, 36, 37). Kw’ikoraniro rimwe ryahuje abantu bose mu gihe ca Ezira na Nehemiya, Abalewi ‘barasobanuriye abantu ivy’ivyagezwe’. Kubera yuko “abantu bose bariko bararira, aho bumviye amajambo y’ivyagezwe”, abo Balewi “[barahojeje] abantu bose”, bababwira “bati Ni mwihorere, kuk’uyu musi ar’uwera”. Ico gihe Abisirayeli barahimbaje Umusi mukuru w’Insago wamara ikiringo c’imisi indwi bafise “umunezero mwinshi cane”. Vyongeye, “[barasomewe] igitabo c’ivyagezwe vy’Imana umusi n’umusi, uhereye ku musi wa mbere ukageza ku wuheruka. Bāmaze imisi indwi bagira imisi mikuru; ku musi ugira umunani haba ikoraniro ry’agahebuza nk’ukw ivyagezwe bivuga” (Nehemiya 8:7-11, 17, 18). Ayo makoraniro yari ibiringo vyeranda koko vyasaba ko abavyitavye bavyitwararikana icubahiro.
Amakoraniro yacu ni meranda
4, 5. Ni ibintu ibihe bigirwa mu makoraniro yacu vyerekana ko ari meranda?
4 Ego ni ko, muri iki gihe Yehova nta murwa wera afise kw’isi urimwo urusengero rudasanzwe rwo kumusengeramwo. Naho ari ukwo, turakwiye kutibagira yuko amakoraniro tugira ku bwo kumusenga ari meranda. Turakoranira hamwe gatatu mu ndwi kugira dusome twongere twige Ivyanditswe. ‘Turasobanurirwa’ Ijambo rya Yehova kandi, nk’uko vyagenda mu gihe ca Nehemiya, tukerekwa ukuntu tworishira mu ngiro (Nehemiya 8:8). Amakoraniro yacu yose atanguzwa n’isengesho agasozerwa n’irindi, kandi kuri menshi muri yo usanga turirimba indirimbo zishemeza Yehova (Zaburi 26:12). Amakoraniro y’ishengero vy’ukuri ni umuce umwe w’ugusenga kwacu, akaba ari co gituma bisaba ko igihe tuyarimwo tugira inyifato yerekana ko twitaho ivy’ugusenga, bikanasaba ko tuyitwararikana icubahiro.
5 Yehova arahezagira abasavyi biwe igihe bakoranira hamwe kugira ngo bamusenge, bige Ijambo ryiwe bongere bahimbarwe no kwifatanya n’abakirisu bagenzi babo. Hageze ko twitaba ikoraniro rinaka, turizera tudakeka yuko aho ‘ari ho Uhoraho agera [ko] umugisha’ canke umuhezagiro uba (Zaburi 133:1, 3). Turaheza tukaronka uwo muhezagiro mu gihe tuba turi kuri iryo koraniro kandi tugakurikira twitonze inyigisho zo mu vy’impwemu ziba ziriko zirashikirizwa. Vyongeye, Yezu yavuze ati: “Aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo”. Uravye ivyo Yezu yariko aravuga, ayo majambo yerekeza ku bakurambere bakirisu igihe bahuriye hamwe kugira ngo batorere umuti ingorane zikomeye ziba ziri hagati y’abavukanyi banaka, ariko ku bwa ngingo akaba kandi ajanye n’amakoraniro yacu (Matayo 18:20). Niba Kirisitu ari ho aba ari biciye ku mpwemu yera igihe abakirisu baba bakoraniye hamwe mw’izina ryiwe, ntiwumva none ko dukwiye kubona yuko ayo makoraniro ari meranda?
6. Ni igiki dushobora kuvuga ku bijanye n’ibibanza dukoraniramwo, zaba ari inyubakwa nininini canke ntonto?
6 Ni ivy’ukuri yuko Yehova ataba mu nsengero zubatswe n’abantu. Ariko rero, Ingoro zacu z’Ubwami ni ahantu habera ibijanye n’ugusenga kw’ukuri (Ivyakozwe n’intumwa 7:48; 17:24). Turahakoranira kugira ngo twige Ijambo rya Yehova, tumusenge twongere tumuririmbire amashemezo. Ukwo ni ko bimeze no ku bijanye n’Ingoro zacu z’amateraniro. Inyubakwa nininini dukotesha kugira ngo tuzigiriremwo amahwaniro, nk’iziberamwo ibiteramo, izo berekaniramwo ibintu bimwebimwe nk’utugenegene canke ibibuga vy’inkino, ziraba ibibanza vyo gusengeramwo igihe tuba turiko turazikoresha ku bw’iyo mitororokano yacu myeranda. Iyo mitororokano ijanye n’ivyo gusenga, yaba ari mininiminini canke mitomito, turakwiye kuyubaha, kandi ico cubahiro gikwiye kugaragarira ku gatima tugaragaza be no ku kuntu twifata.
Uburyo butandukanye twerekana ko twubaha imitororokano yacu
7. Ni uburyo bumwe buboneka ubuhe dushobora kwerekana ko twubaha amakoraniro yacu?
7 Hariho uburyo butandukanye buboneka dushobora kwerekana ko twubaha amakoraniro yacu. Uburyo bumwe ni ukuba tuhari mu gihe c’ukuririmba indirimbo z’Ubwami. Nyinshi muri izo ndirimbo zitunganijwe mu buryo bw’amasengesho, akaba ari co gituma dukwiye kuziririmbana icubahiro. Mu gusubiramwo amajambo yo muri Zaburi ya 22, intumwa Paulo yanditse yuko Yezu yavuze ati: “Nzobarira bene Data izina ryawe, nzoririmba ngutazira hagati y’ishengero” (Abaheburayo 2:12). Ku bw’ivyo, turakwiye kuza turagira akigoro ko kuba turi mu vyicaro vyacu imbere y’uko umuhagarikizi atanguza ururirimbo, maze igihe turiko turaririmba na ho tugashira umutima ku nsobanuro y’amajambo yo muri urwo ruririmbo. Igihe turirimba, nimuze tugaragaze ko twiyumva nk’uko umwanditsi wa Zaburi yiyumva, we yanditse ati: “Nzoshimisha Uhoraho umutima wanje wose mw ikoraniro ry’abatunganye no mw ishengero ryabo” (Zaburi 111:1). Vy’ukuri, kuririmbira Yehova amashemezo ni imvo imwe yumvikana yotuma dushika ku makoraniro yacu hakiri kare kandi tukayagumamwo gushika arangiye.
8. Ni akarorero akahe ko muri Bibiliya kerekana yuko bibereye ko twitwararikana icubahiro amasengesho aturwa ku makoraniro yacu?
8 Uwundi muce utuma amakoraniro yacu arushiriza cane kugira agaciro mu vy’impwemu ni amasengesho avuye ku mutima aturwa n’umuntu aba aserukiye ababa bayitavye bose. Igihe kimwe, abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Yeruzalemu barahuriye hamwe baratura isengesho rivuye ku mutima, “bavuga n’ijwi rirenga, babgira Imana n’umutima uhūye”, ni ukuvuga bahuje inama. Ivyo vyatumye babandanya “bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga”, naho bari mu ruhamo (Ivyakozwe n’intumwa 4:24-31). Wumva abari bahari igihe iryo sengesho ryariko riraturwa bari gushobora kwangaza imizirikanyi yabo? Oya nawe! Basenze bahuje inama. Amasengesho aturwa mu gihe c’amakoraniro yacu araserura inyiyumvo zigera kure z’ababa bayitavye bose. Birabereye rero ko tuyitwararikana icubahiro.
9. Dushobora gute kwerekana ko twubaha imitororokano yacu myeranda biciye ku kuntu twambara be no ku kuntu twigenza?
9 Turashobora kandi kwerekana ko twubaha bimwe bigera kure amakoraniro yacu meranda biciye ku kuntu twambara. Uburyo tuboneka biciye ku kuntu twambara be n’ukuntu dutunganya imishatsi, birashobora gutuma amakoraniro yacu arushiriza kuba ayateye iteka. Intumwa Paulo yahanuye ati: “Ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri. Kandi n’abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badahugumba kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’izahabu, cank’imaragarita, cank’impuzu z’igiciro kinini, ariko basha[ze] . . . nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana” (1 Timoteyo 2:8-10). Igihe twitavye amahwaniro abera mu bibuga vy’inkino, turashobora kwambara mu buryo buhuje n’uko ikirere kimeze, yamara ukwo kuntu twambara kukaguma ari ukuranga urupfasoni. N’ikindi kandi, kuba twubaha ayo mahwaniro biratuma twirinda kurya utuntu canke guhekenya amabazoka mu gihe ca porogarama. Kwambara no kwigenza mu buryo bubereye igihe c’iyo mitororokano yacu biratera iteka Yehova Imana, insengo yiwe be n’abo dusangiye ugusenga.
Inyifato ibereye ku nzu y’Imana
10. Intumwa Paulo yerekanye gute yuko bisaba ko tugira inyifato ibereye yo ku rugero rwo hejuru igihe twitaba amakoraniro yacu ya gikirisu?
10 Mu B’i Korinto ba mbere, ikigabane ca 14, turahasanga impanuro nziza intumwa Paulo yatanze zijanye n’ukuntu amakoraniro ya gikirisu akwiye kugenda. Yasozereye ati: “Vyose bitungane neza, birorane” (1 Ab’i Korinto 14:40). Amakoraniro yacu ni kimwe mu bintu bihambaye ishengero rya gikirisu rirangura, akaba asaba ko tugira inyifato ibereye ku nzu ya Yehova igihe tuyitaba.
11, 12. (a) Ni ibiki abana bitaba amakoraniro yacu bakwiye gufashwa gutahura? (b) Ni mu buryo bubereye ubuhe abana bashobora guserura ukwizera kwabo ku makoraniro yacu?
11 Abana canecane barakeneye kwigishwa ukuntu bokwigenza bari ku makoraniro. Abavyeyi bakirisu barakwiye gusigurira abana babo yuko ku Ngoro y’Ubwami be n’ahagirirwa Inyigisho y’igitabu y’ishengero atari ahantu ho gukinira. Ni ahantu dusengera Yehova tukongera tukahigira Ijambo ryiwe. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Urinde ikirenge cawe iy’uja mu ngoro y’Imana; [“kandi umuntu yegere”, NW] ngo [y]umve” (Umusiguzi 5:1). Musa yigishije Abisirayeli ko boza barakoranya bose, abakuze n’“abana” bakiri bato cane. Yavuze ati: “Muze mukoranye abantu . . . kugira ngo bavyumve, bavyige, bubahe Uhoraho Imana yanyu, bitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe, babishitse; no kugira ngw abana babo bataribgabimenye, bavyumve, bige kwubaha Uhoraho”.—Gusubira mu vyagezwe 31:12, 13, ni twe dushimitse.
12 No muri iki gihe, abana bakiri bato baritaba amakoraniro bari kumwe n’abavyeyi babo canecane kugira ngo bumvirize kandi bige. Igihe abo bana bamaze kugera aho bashobora gukurikira no gutahura n’imiburiburi inyigisho z’ukuri z’ishimikiro zo muri Bibiliya, barashobora no ‘kwatura’ icese ukwizera kwabo mu gutanga inyishu ngufingufi (Abaroma 10:10). Umwana akiri muto yoshobora gutangurira ku kuvuga amajambo makeyi igihe yishura ikibazo atahura. Hari aho mu ntango yoza arasoma inyishu, hanyuma uko igihe kigenda kirahaca, agateba akagerageza kwishura mu majambo yiwe bwite. Ivyo biraheza bikagirira akamaro uwo mwana bikongera bikamunezereza, kandi mwene ayo majambo yizana aserura ukwizera aranezereza imitima y’abamukurira baba bahari. Mu bisanzwe, abavyeyi barabera akarorero abana babo igihe na bo nyene batanga insasanuro ku makoraniro. Aho bishoboka, biraba vyiza abana babaye bafise Bibiliya zabo, igitabu c’indirimbo be n’igitabu canke ikinyamakuru kiba kiriko kirigwa. Barakwiye kwiga ingene bofatana agaciro mwene ivyo bisohokayandikiro. Ivyo vyose biraheza bikabafasha kubona yuko amakoraniro yacu ari meranda.
13. Ni igiki twipfuza ku bijanye n’abitaba ari bwo bwa mbere amakoraniro yacu?
13 Ariko ntiwumve, ntitwipfuza yuko amakoraniro yacu amera nk’imisa canke ugusenga kwo mu madini y’abiyita abakirisu. Mwene ukwo gusenga ushobora gusanga kutarimwo igishika kandi kurangwamwo ukwerekana ubweranda bimwe birenze, canke na ho ugasanga kwuzuyemwo urwamo rwinshi nka kurya kw’ibiteramo vy’imiziki imena amatwi. Twipfuza yuko amakoraniro tugirira ku Ngoro zacu z’Ubwami arangwamwo igishika n’ubwakiranyi, ariko atari mu buryo burenze urugero nk’aho womengo ni mu kirabo. Dukoranira hamwe kugira ngo dusenge Yehova, akaba ari co gituma amakoraniro yacu akwiye igihe cose kuba ateye iteka. Twipfuza ko abitavye ari bwo bwa mbere amakoraniro yacu, igihe bamaze kwumva ivyashikirijwe no kwibonera ukuntu twe n’abana bacu twigenza, baheza bakavuga bati: “Imana iri muri mwebge vy’ukuri”.—1 Ab’i Korinto 14:25.
Umuce w’ugusenga kwacu uzokwamaho
14, 15. (a) Twokwirinda gute ‘gufata minenegwe ingoro yo gusengeramwo Imana’? (b) Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 66:23 buriko buranguka gute?
14 Nk’uko twamaze kubivuga, Yehova ariko arakoraniriza hamwe abasavyi biwe yongera abanezereza mu “ngoro [yiwe] yo gusengeramwo”, ari rwo rwa rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu (Yesaya 56:7). Wa mugabo w’intahemuka Nehemiya yaribukije Abayuda bagenziwe yuko bari bakwiye kwubaha urusengero mu buryo bubereye mu kurushigikira mu buryo bw’umubiri. Yavuze ati: “Ntidukwiye gufata minenegwe inzu y’Imana yacu” (Nehemiya 10:39, NW). Na twebwe nyene ntidukwiye gufata minenegwe ubutumire Yehova aduha bwo kumusengera muri iyo “ngoro [yiwe] yo gusengeramwo”.
15 Mu kwerekana yuko bikenewe ko twama dukoranira hamwe kugira ngo dusenge, umuhanuzi Yesaya yavuze ati: “Igihe kizoza uhereye mu mboneko z’ukwezi ukageza mu mboneko z’ukundi, no guhēra kw isabato ukageza ku yindi, abantu bose bazohora baza gusenga imbere yanje, ni k’Uhoraho agize” (Yesaya 66:23). Ivyo biriko biraba muri iki gihe. Indwi ku ndwi, ukwezi ku kwezi, abakirisu biyeguye baraja hamwe ubudahorereza kugira ngo basenge Yehova. Uburyo bumwe babigira, ni mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu no mu kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Woba uri muri abo bantu bama nantaryo “baza gusenga imbere ya” Yehova?
16. Ni kubera iki kwitaba amakoraniro tudahorereza bikwiye kuba ikintu kiguma kiranga ubuzima bwacu muri iki gihe?
16 Ubwo buhanuzi bwo muri Yesaya 66:23 buzoranguka bimwe vyuzuye igihe abantu bazoba baba mw’isi nshasha Yehova yasezeranye. Ico gihe, “abantu bose” ata n’umwe avuyemwo, indwi ku ndwi, ukwezi ku kwezi, “bazohora baza gusenga imbere ya” Yehova ibihe bidahera. Kubera yuko ugukoranira hamwe kugira ngo dusenge Yehova ari ikintu kizokwama kiranga ubuzima bwacu bwo mu vy’impwemu mw’isi nshasha, wumva none kwitaba imitororokano yacu myeranda tudahorereza bidakwiye kuba ikintu kiguma kiranga ubuzima bwacu muri iki gihe?
17. Ni kubera iki dukeneye kurushiriza kwitaba amakoraniro yacu ‘uko tubona wa musi wegereza’?
17 Uko iherezo ritera ryegereza, turakwiye kurushiriza kwiyemeza kwitaba amakoraniro yacu ya gikirisu agirwa ku bwo gusenga. Kubera yuko duha icubahiro ayo makoraniro yacu meranda, ntitureka akazi, udukorwa two kw’ishure duhabwa gukorera i muhira canke mwene vya vyigwa vyiyongereye bigirwa ku mugoroba, ngo bitume tutama dukoranira hamwe n’abakirisu bagenzi bacu. Turakeneye ugukomezwa turonkera kuri ukwo kwifatanya n’abandi. Amakoraniro yacu y’ishengero araduha akaryo ko gushobora kumenyana, gukomezanya no kuremeshanya “gukundana [no gukora] ibikorwa vyiza”. Turakeneye kurushiriza kubigenza gutyo ‘uko tubona wa musi wegereza’ (Abaheburayo 10:24, 25). Ku bw’ivyo rero, nimuze twame nantaryo twubaha nk’uko bibereye imitororokano yacu myeranda mu kuyitaba tudahorereza, mu kwambara mu buryo bubereye no mu kugira inyifato ibereye igihe tuyitaba. Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye yuko tubona ibintu vyeranda nk’uko Yehova abibona.
Isubiramwo
• Ni igiki cerekana ko amakoraniro abasavyi ba Yehova bagira bakwiye kubona ko ari meranda?
• Ni ibintu ibihe bigirwa mu makoraniro yacu vyerekana yuko ari meranda?
• Abana bashobora gute kwerekana ko bubaha amakoraniro yacu meranda?
• Ni kubera iki kwitaba amakoraniro tudahorereza bikwiye kuba ikintu kiguma kiranga ubuzima bwacu?
[Ifoto ku rup. 28]
Amakoraniro tugira ku bwo gusenga Yehova aguma ari meranda naho twoyagirira he
[Ifoto ku rup. 31]
Abana bacu bakiri bato bitaba amakoraniro kugira ngo bumvirize bongere bige