Ururirimbo 129
Tugumye icizigiro cacu
Integuro icapuwe
1. Abantu barakabakaba mu mwiza.
Ivyo bahahamira n’umuyaga.
Oya nta we bashobora gukiza.
Na b’ubwabo bari mu kaga.
(ICITABIRIZO)
Nezerwa wizigir’ibizoba!
Bwa Bwami buzodutabar’ubwoba.
Ikibi cose kizorangira;
Ivyo nitugume tuvyizigira.
2. Eh’uko twamamaza tubaburira:
“Umusi wa Yehova uri hafi.”
Iman’igiye kuturuhurira.
Shemez’Imana ntute hasi.
(ICITABIRIZO)
Nezerwa wizigir’ibizoba!
Bwa Bwami buzodutabar’ubwoba.
Ikibi cose kizorangira;
Ivyo nitugume tuvyizigira.
(Raba kandi Hab. 1:2, 3; Zab. 27:14; Yow. 2:1; Rom. 8:22.)