Ego yanyu nibe Ego
“Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya.”—MAT. 5:37.
1. Yezu yavuze iki ku bijanye n’ukurahira, kandi kubera iki?
MU BISANZWE abakirisu b’ukuri ntibabwirizwa kurahira. Ivyo ni ko biri kubera ko bagamburukira Yezu, uwavuze ati: “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego.” Yashaka kuvuga yuko umuntu akwiye gushitsa ivyo avuze. Imbere y’uko Yezu atanga iryo tegeko, yavuze ati: “Ntukarahire na gato.” Ivyo yabivuze mu kurwanya akamenyero abantu benshi bafise ko kuza bararahira kuri ibi canke biriya mu biyago vyabo vya misi yose, ata n’umugambi bafise wo gushitsa ivyo bavuze. Mu kugira ico ‘barengeje’ kuri Ego canke Oya kugira ngo bavuge ivyo bipfuza gukora, bene abo bantu boshobora guhishura yuko mu vy’ukuri atari abizigirwa, gutyo bakaba bariko baroshwa na “wa mubi.”—Soma Matayo 5:33-37.
2. Sigura igituma bitama ari bibi kurahira.
2 Ayo majambo ya Yezu yoba asobanura yuko ukurahira kwose ari kubi? Kwoba kubi gute? Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yehova Imana n’umusavyi wiwe w’umugororotsi Aburahamu bararahiye mu bihe bihambaye. N’ikindi kandi, Itegeko ry’Imana ryasaba abantu kurahira kugira ngo batunganye amatati amwamwe. (Kuv. 22:10, 11; Guh. 5:21, 22) Vyoshobora rero gukenerwa ko umukirisu arahira ko avuga ukuri igihe ariko arasūra muri sentare. Canke, vyoshobora gushika umukirisu akabona yuko bikenewe ko arahira kugira ngo akure amazinda abandi ku bijanye n’ivyo yipfuza gukora canke kugira ngo afashe gutorera umuti ingorane yinaka. Nkako, igihe umuherezi mukuru yarahiza Yezu, ntiyanse kubigira mugabo yarishuye atabesha Inama Nkuru y’Abayuda. (Mat. 26:63, 64) Ariko rero, Yezu ntiyari akeneye kurahira umuntu n’umwe. Naho vyari ukwo, kugira ngo ashimike ku vy’uko ubutumwa bwiwe ari ubwo kwizigirwa, akenshi ivyo yavuga yabitangura muri ubu buryo budasanzwe ati: “Ni ukuri kwose [ijambo ku rindi: “Ni ukuri, ni ukuri”] ndabibabwiye.” (Yoh. 1:51; 13:16, 20, 21, 38) Nimuze turabe ikindi kintu twokwigira ku karorero ka Yezu, aka Paulo be n’ak’abandi bantu Ego yabo yabaye Ego.
YEZU NI WE KARORERO NTANGERE
3. Ni ibiki Yezu yasezeraniye Imana mw’isengesho, kandi Se wiwe wo mw’ijuru yavyakiriye gute?
3 “Ehe ndaje . . . nje gukora ukugomba kwawe, ewe Mana.” (Heb. 10:7) Yezu akoresheje ayo majambo ari n’ico avuze, yarishikanye ku Mana kugira ngo arangure ibintu vyose vyari vyaravuzwe ku bijanye na rwa Ruvyaro rwasezeranywe, harimwo n’ivy’uko Shetani ‘yomukomerekeje ku gitsintsiri.’ (Ita. 3:15) Nta wundi muntu arigera yitanga kugira yikorere ibanga riremereye nk’iryo. Yehova yaravuze ari mw’ijuru yuko yizigiye bimwe bishitse Umwana wiwe, naho bitabaye ngobwa ko Yezu arahira yuko ivyo avuze azobishitsa.—Luka 3:21, 22.
4. Ni ku rugero rungana iki Yezu yaretse Ego yiwe ikaba Ego?
4 Yezu yama ashira mu ngiro ivyo yamamaza mu kureka Ego yiwe ikaba Ego. Ntiyaretse ngo hagire ikintu na kimwe kimubuza kurangura igikorwa yari yarashinzwe na Se co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no guhindura abigishwa abantu bose Imana yakwegera kuri we. (Yoh. 6:44) Bibiliya idondora urugero Yezu yashikanyeko mu kuvuga ukuri muri aya majambo azwi cane agira ati: “Uko imihango y’Imana ingana kwose, yabaye Ego biciye kuri we.” (2 Kor. 1:20) Egome, Yezu ni we karorero ntangere k’umuntu yashikije ivyo yasezeraniye Se wiwe. Ubu na ho, reka twihweze uwakoze uko ashoboye kwose kugira ngo yigane Yezu.
PAULO YARI UMUNTU ATIHINDUKIZA MW’IJAMBO
5. Ni akarorero akahe intumwa Paulo yadusigiye?
5 “Nkore iki ga Mukama?” (Ivyak. 22:10) Paulo, uwitwa ico gihe Sauli, mu kuvuga ayo majambo avuye ku mutima, yarakiriye neza ubuyobozi bw’Umukama Yezu uwari yaninahajwe, akaba yari yamubonekeye mw’iyerekwa kugira ngo amubuze guhama abigishwa ba Kristu. Ico kintu cashikiye Sauli catumye yigaya yicishije bugufi ku bijanye n’ingendo yahorana, arabatizwa, maze aremera igikorwa kidasanzwe yari ashinzwe co gushingira intahe Yezu mu mahanga. Kuva ico gihe, Paulo yarabandanije kwita Yezu “Umukama” wiwe, arakora ahuza n’iyo mvugo gushika arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi. (Ivyak. 22:6-16; 2 Kor. 4:5; 2 Tim. 4:8) Paulo ntiyari ameze nk’abandi bantu Yezu yavuze ku biberekeye ati: “Kubera iki none mumpamagara ngo: ‘Mukama! Mukama!’ mugabo ntimukore ivyo mvuga?” (Luka 6:46) Egome, Yezu yiteze ko abo bose bemera yuko ari Umukama wabo batihindukiza mw’ijambo, nk’ukwo kw’intumwa Paulo.
6, 7. (a) Ni kubera iki Paulo yahinduye umugambi yari afise wo gusubira i Korinto, kandi ni kubera iki abamutora amahinyu ata mvo yumvikana bari bafise yo gukekeranya ku bwizigirwa bwiwe? (b) Dukwiye kubona gute abagenywe ngo batuje imbere?
6 Paulo yarakwiragije n’umwete ubutumwa bw’Ubwami muri Aziya Ntoyi no mu Buraya, arashinga amashengero menshi yongera arasubira kuyagendera. Igihe kimwe, yarabonye yuko bikenewe ko arahira kugira yerekane ko ivyo yanditse ari ukuri. (Gal. 1:20) Igihe abantu bamwebamwe b’i Korinto bamwagiriza ko atari umwizigirwa, yanditse yiburanira ati: “Imana irashobora kwizigirwa, yuko ijambo twababwiye atari Ego yamara ari Oya.” (2 Kor. 1:18) Igihe Paulo yandika ivyo, yari yaravuye i Efeso akaba yariko araca i Makedoniya aja i Korinto. Mu ntango, yari yategekanije gusubira i Korinto imbere y’uko aja i Makedoniya. (2 Kor. 1:15, 16) Mugabo, nk’uko bishikira abacungezi b’ingenzi muri iki gihe, rimwe na rimwe biraba ngombwa ko ingendo zihinduka. Amahinduka nk’ayo ntagirwa bitumwe n’imvo zidahambaye kandi z’ubwikunzi mugabo agirwa kubera ibintu bimwebimwe biba vyihutirwa. Ku vyerekeye Paulo, yabaye arareka kuja i Korinto ku bw’ineza y’iryo shengero. Uti gute?
7 Haciye igihe gito Paulo ategekanije kujayo, yararonse amakuru aca ivutu yuko ugucanamwo n’ubuhumbu vyariko birarenzwako uruho rw’amazi i Korinto. (1 Kor. 1:11; 5:1) Kugira ngo akosore ico kintu, yaranditse impanuro zikomeye mw’ikete rya mbere yandikiye Abakorinto. Maze, aho guca afata ubwato ava i Efeso aja i Korinto, Paulo yafashe ingingo yo guha abo bavukanyi biwe umwanya wo gushira mu ngiro izo mpanuro kugira ngo amaherezo niyajayo, urugendo rwiwe ruze rurushirize kuba ururemesha. Kugira ngo abakure amazinda yuko yari n’imvo yumvikana yo gusivya urwo rugendo, yabandikiye mw’ikete ryiwe rigira kabiri ati: “Ndasavye Imana imbere icabona kinyagiriza ubwanje, yuko kuba ntaraza i Korinto ari ukugira ngo muzigurizwe.” (2 Kor. 1:23) Ese tutokwigera tuba nk’abo bantu batora amahinyu Paulo! Ahubwo nyabuna, nimuze twubahe bimwe bigera kure abagenywe kugira ngo batuje imbere. Vyoba vyiza twiganye akarorero ka Paulo, nk’uko na we nyene yiganye Kristu.—1 Kor. 11:1; Heb. 13:7.
UBUNDI BURORERO BWIZA
8. Ni akarorero akahe Rebeka yadusigiye?
8 “Ndemeye kugenda.” (Ita. 24:58) Rebeka akoresheje ayo majambo asanzwe, yarishuye nyina na musazawe ko yemeye kuva i muhira kuri uwo musi nyene maze akagira urugendo rw’ibilometero 800 ari kumwe n’umuntu atazi kugira ngo abe umukenyezi wa Izahaki umuhungu wa Aburahamu. (Ita. 24:50-58) Ego ya Rebeka yabaye Ego, akaba yarabaye umugore wa Izahaki atinya Imana kandi w’umwizigirwa. Igihe cose yari asigaje kubaho, yakimaze aba mu mahema ari kavamahanga mu Gihugu c’isezerano. Yarahawe impera kubera ubwizigirwa bwiwe mu gucika umwe muri ba inakuruza ba rwa Ruvyaro rwasezeranywe, ari rwo Yezu Kristu.—Heb. 11:9, 13.
9. Ni gute Rusi atihindukije mw’ijambo?
9 “Oya, ahubwo turasubirana inyuma tujane mu bantu b’iwanyu.” (Rusi 1:10) Ba bapfakazi b’Abanyamowabukazi Rusi na Orupa baguma babwira ayo majambo inabukwe wabo w’umupfakazi Nawomi, uwariko asubira i Betelehemu avuye i Mowabu. Igihe Nawomi yabahimiriza gusubira mu gihugu cabo c’amavukiro, Orupa yahavuye asubirayo. Mugabo Oya ya Rusi yabaye Oya. (Soma Rusi 1:16, 17.) Yarumiye kuri Nawomi adahemuka, araheba rwose umuryango wiwe be n’idini ry’ikinyoma ry’i Mowabu. Yarihanganye ari umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa maze arahabwa impera mu kuba umwe mu bakenyezi batanu gusa Matayo avuga mu mamuko ya Kristu.—Mat. 1:1, 3, 5, 6, 16.
10. Ni kubera iki Yesaya yadusigiye akarorero keza?
10 “Ndi hano! Ntuma.” (Yes. 6:8) Imbere y’uko Yesaya avuga ayo majambo, yareretswe ibintu bininahaye aho Yehova yari yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami hejuru y’urusengero rwa Isirayeli. Igihe Yesaya yari ahanze amaso ivyo bintu bininahaye, yarumvise Yehova avuga ati: “Ntume nde, kandi ni nde atugira?” Hariko hararonderwa uwoba umuvugizi wa Yehova kugira ngo ashikirize ubutumwa bw’Imana igisata cayo cigira ibiro biteze. Yesaya ntiyihindukije mw’ijambo: Ego yiwe yabaye Ego. Yaramaze imyaka irenga 46 ari umuhanuzi w’umwizigirwa, ashikiriza ubutumwa bukomeye bwerekeye imisibo hamwe n’imihango myiza igitangaza ijanye no gusubizaho ugusenga kw’ukuri.
11. (a) Ni kubera iki bihambaye cane ko tutihindukiza mw’ijambo? (b) Ni uburorero bwo kutuburira ubuhe bw’abantu bamwebamwe batabaye imvugakuri?
11 Ni kubera iki Yehova yatwandikishirije ubwo burorero mw’Ijambo ryiwe? Kandi kureka Ego yacu ikaba Ego bihambaye ukungana iki? Bibiliya iragabisha mu buryo butomoye yuko umuntu “[ata] amasezerano” ari mu bantu “bakwiriye gupfa.” (Rom. 1:31, 32) Farawo wo mu Misiri, Umwami Zedekiya wa Yuda hamwe na Ananiya na Safira, ni bamwe mu bantu bavugwa muri Bibiliya babaye uburorero bubi, abo Ego yabo itabaye Ego. Bose bariboneyeko bakaba batubera uburorero bwo kutuburira.—Kuv. 9:27, 28, 34, 35; Ezk. 17:13-15, 19, 20; Ivyak. 5:1-10.
12. Ni igiki kizodufasha kutihindukiza mw’ijambo?
12 Kubera yuko tubayeho “mu misi ya nyuma,” dukikujwe n’abantu b’“ibihemu,” abantu “bafise ishusho y’ukwihebera Imana mugabo bakihakana ububasha bwakwo.” (2 Tim. 3:1-5) Dutegerezwa kwirinda kwifatanya n’abo bantu babi uko bishoboka kwose. Ahubwo nyabuna, dukwiye kwama dukoranira hamwe n’abama bihatira kureka Ego yabo ikaba Ego.—Heb. 10:24, 25.
EGO YAWE IHAMBAYE KURUTA IZINDI ZOSE
13. Ego ihambaye kuruta izindi zose ivugwa n’umuyoboke wa Yezu Kristu ni iyihe?
13 Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose umuntu ashobora gusezerana, kijanye n’ukwiyegurira Imana kwiwe. Mu biringo bitatu bitandukanye, abipfuza kwiyanka bakaba abigishwa ba Yezu bararonka akaryo ko kwishura Ego ku bibazo babazwa bijanye n’ivyo bipfuza gukora. (Mat. 16:24) Igihe abakurambere babiri baganira n’umuntu yipfuza kuba umwamamaji atarabatizwa, baramubaza bati: “Woba vy’ukuri wipfuza kuba Icabona ca Yehova?” Mu nyuma, igihe uwo muntu aba yarabandanije gutera imbere mu vy’impwemu maze akaba yipfuza kwemererwa kubatizwa, abakurambere barabonana na we maze bakamubaza bati: “Woba wariyeguriye Yehova mw’isengesho?” Amaherezo ku musi wo kubatizwa, umwe wese mu bagiye kubatizwa arabazwa ngo: “Wisunze inkuka ya Yezu Kristu, woba warigaye ivyaha vyawe utako uriyegurira Yehova kugira ngo ukore ivyo agomba?” Gutyo, abo bashasha baravugira imbere y’ivyabona ngo Ego ku bijanye n’isezerano bagize ryo gukorera Imana ibihe vyose.
14. Ni ukwisuzuma ukuhe dukwiye kuza turagira?
14 Waba uheruka kubatizwa canke umaze imyaka mirongo ukorera Imana, urakeneye kuza urisuzuma maze ukibaza ibibazo nk’ibi: ‘Mu kwigana Yezu Kristu, noba mbandanya gushitsa Ego yanje ihambaye kuruta izindi zose? Noba mbandanya kugamburukira Yezu mu gushira imbere mu buzima bwanje igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa?’—Soma 2 Abakorinto 13:5.
15. Ni mu mice y’ubuzima iyihe bihambaye ko Ego yacu iba Ego?
15 Gushitsa indagano yo kwiyegura twagize bisaba kandi yuko tuba abizigirwa mu bindi bintu bihambaye. Nk’akarorero: Woba wubatse? Nubandanye rero gushitsa indagano y’agaciro wagize yo gukunda no kwitwararika uwo mwubakanye. Woba waragize amasezerano y’ivy’urudandaza canke warujuje urukaratasi runaka urondera guterwa uduteka mu vya gitewokarasi? Nushitse rero ivyo wasezeranye. Umuntu aciye bugufi yoba yaragutumiye gusangira na we udufungurwa maze ukemera? Ntuce rero usivya ubwo butumire ngo ni uko hari uwundi muntu aguhaye ubutumire busa n’ubuhambaye kuruta. Canke woba warasezeraniye umuntu mwahuye uri mu busuku bw’inzu ku nzu yuko uzosubira kumugendera kugira ngo urushirize kumufasha mu vy’impwemu? Uko bishoboka kwose rero Ego yawe nibe Ego, Yehova na we azohezagira ubusuku urangura.—Soma Luka 16:10.
NITWUNGUKIRE KU MUHEREZI WACU MUKURU AKABA N’UMWAMI
16. Dukwiye gukora iki mu gihe tudashikije ivyo tuba twasezeranye?
16 Bibiliya ivuga yuko kubera ko turi abanyagasembwa “twese dutsitara kenshi,” na canecane mu bijanye n’ukuntu dukoresha ururimi rwacu. (Yak. 3:2) Dukwiye gukora iki tumaze kubona yuko tutashikije ivyo twasezeranye? Muri rya Tegeko Imana yaha Isirayeli, harimwo intunganyo iranga imbabazi yashiriweho umuntu yaba yagirwa n’uko “[yavugishije] iminwa yiwe atiyumviriye.” (Lew. 5:4-7, 11) No muri iki gihe hariho intunganyo iranga urukundo yashiriweho abakirisu bakora bene ico gicumuro. Nitwaturira Yehova igicumuro kanaka twakoze, azotugirira imbabazi biciye ku Muherezi wacu Mukuru Yezu Kristu. (1 Yoh. 2:1, 2) Ariko rero, kugira ngo tugume dutoneshwa n’Imana, dutegerezwa kwerekana ivyamwa bihuye n’ukwigaya mu kutaza turakora ivyo bicumuro no mu gukora uko dushoboye kwose kugira ngo dutunganye ikibi ico ari co cose catewe n’amajambo twavuze tutabanje kwiyumvira. (Imig. 6:2, 3) Ariko ntiwumve, biraba vyiza kuruta twiyumviriye twitonze imbere y’uko dusezerana ivyo tudashobora gushitsa.—Soma Umusiguzi 5:2.
17, 18. Ni kazoza keza igitangaza akahe karindiriye abo bose bihatira kureka Ego yabo ikaba Ego?
17 Mbega kazoza keza igitangaza karindiriye abasavyi ba Yehova baguma bihatira kureka Ego yabo ikaba Ego! Bamwe 144.000 barobanuwe bazogira ubuzima budapfa mw’ijuru, aho bazobadikanya na Yezu mu Bwami bwiwe ‘kandi bakazoganzanya na we imyaka igihumbi.’ (Ivyah. 20:6) Abandi bantu amamiliyoni adaharurika bazokwironkera ivyiza bivuye ku butegetsi bw’Ubwami bwa Kristu bari mw’Iparadizo kw’isi. Ng’aho, bazofashwa bashike ku kuba abatunganye ku mubiri no mu bwenge.—Ivyah. 21:3-5.
18 Nitwaguma turi abizigirwa muri ca kigeragezo ca nyuma kizoshika ya Ngoma ya Yezu y’imyaka igihumbi irangiye, ntituzokwigera dusubira kugira imvo yo gukekeranya ku vyo umuntu uwo ari we wese avuze. (Ivyah. 20:7-10) Ego yose izoba Ego, Oya yose ibe Oya. Kuko umuntu wese azoba ariho ico gihe azoba yigana ata gahaze Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru Yehova, we “Mana y’inyakuri.”—Zab. 31:5.