ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 1 rup. 10-rup. 11 ing. 8
  • Ubutumwa bubiri buvuye ku Mana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubutumwa bubiri buvuye ku Mana
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Ubutumwa Buva mw’Ijuru
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Elizabeti aronka umwana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • «Bari abagororotsi imbere y’Imana»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Uwo gutegura inzira avuka
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 1 rup. 10-rup. 11 ing. 8
Gaburiyeli yiyeretse Zekariya; Elizabeti yibungenze

IKIGABANE CA 1

Ubutumwa bubiri buvuye ku Mana

LUKA 1:5-33

  • UMUMARAYIKA GABURIYELI AMENYESHA IVUKA RYA YOHANI UMUBATIZI

  • GABURIYELI ABWIRA MARIYA KO AZOKWIBARUKA YEZU

Twoshobora kuvuga ko Bibiliya yose ari ubutumwa bwavuye ku Mana. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yayiduhaye kugira ngo itwigishe. Ariko rero, reka turabe ubutumwa bubiri budasanzwe haciye imyaka irenga 2.000 butanzwe. Bwashikirijwe n’umumarayika yitwa Gaburiyeli, “uwuhagarara imbere y’Imana hafi yayo.” (Luka 1:​19) Vyagenze gute ngo uwo mumarayika ashikirize ubwo butumwa buhambaye?

Ni nko mu mwaka wa 3 imbere ya Kristu. None ubutumwa bwa mbere Gaburiyeli abushikiriza ari hehe? Hari umuherezi wa Yehova yitwa Zekariya aba mu misozi y’i Yudaya, kumbure mu micungarararo ya Yeruzalemu. We n’umukenyezi wiwe Elizabeti baritereye mu myaka kandi nta kana bafise. Zekariya ni we aramukiwe gukorera mu rusengero rw’Imana i Yeruzalemu. Igihe Zekariya ari mu rusengero, aza abona Gaburiyeli iruhande y’igicaniro c’imibavu.

Zekariya aragira ubwoba, kandi ivyo birumvikana. Ariko uwo mumarayika aramuhumuriza ati: “Ntutinye, Zekariya, kubera ko ugutakamba kwawe kwumviswe, kandi umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yohani.” Gaburiyeli avuga kandi ko Yohani “azoba mukuru imbere ya Yehova” be n’uko ‘azotunganiriza Yehova igisata giteguye.’​—Luka 1:​13-17.

Zekariya ariko aragira ibimenyetso n’intoke

Zekariya biramugora kwemera. Uti kubera iki? Kubera ko we na Elizabeti bashaje. Gaburiyeli aca amubwira rero ati: “Ugira ucereze ntushobore kuvuga gushika umusi ivyo bintu bizobera, kubera ko utemeye amajambo yanje.”​—Luka 1:20.

Abantu bari hanze bariko baribaza igituma Zekariya atevye gusohoka. Vyakabaye kera arasohoka, ariko adashobora kuvuga. Mu kuvuga akoresha ibimenyetso gusa. Biragaragara ko yabonye ikintu kidasanzwe igihe yari mu rusengero.

Zekariya arangije igikorwa ciwe ku rusengero aca ataha. Bidatevye, Elizabeti arasama inda! Elizabeti amara amezi atanu atava i muhira, arindiriye ko yibaruka.

Gaburiyeli yiyeretse Mariya

Gaburiyeli arasubira kuboneka. None ubu ho yiyereka nde? Yiyereka umwigeme yitwa Mariya aba mu buraruko mu karere kitwa Galilaya, mu gisagara ca Nazareti. None uwo mumarayika amubwira iki? Agira ati: “Wa[ra]gize ubutoni ku Mana.” Gaburiyeli abandanya kubwira Mariya ati: “Ehe uzosama inda uvyare umuhungu, kandi uze umwite Yezu.” Yongerako ati: “Uyo azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose; . . . kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”​—Luka 1:​30-33.

Birumvikana ko Gaburiyeli abona ko gushikiriza ubwo butumwa bubiri ari agateka. Uko dusoma ayandi makuru yerekeye Yohani na Yezu, turaza kubona neza igituma ubwo butumwa bwavuye mw’ijuru bwari buhambaye cane.

  • Ni nde ashikiriza ubutumwa bubiri buhambaye buvuye mw’ijuru?

  • Ubwo butumwa bubiri bushikirizwa bande?

  • Wibaza ko ari kubera iki ubwo butumwa bwari bugoye kwemera?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika