ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/7 rup. 15-19
  • Kugaburira benshi biciye kuri bake

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugaburira benshi biciye kuri bake
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEZU AHITAMWO BAKE
  • KUGABURIRA BENSHI KUVA KURI PENTEKOTI
  • IGIHE ICATSI KIBI CARI CINSHI INGANO NA ZO ZIKABA NKEYI
  • NI NDE YOGABURIYE ABANTU MU GIHE C’IYIMBURA?
  • Kugaburira benshi biciye kuri bake
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Yezu yarabakunze gushika kw’iherezo”
    “Ingo unkurikire”
  • Yezu agaburira abantu benshi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/7 rup. 15-19

Kugaburira benshi biciye kuri bake

“[Yezu] amaze kumanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa, abigishwa na bo bayigaburira nya masinzi.”—MAT. 14:19.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni icitegererezo ikihe Yezu yisunze igihe yagaburira amasinzi?

  • Yezu yakoresheje gute intumwa n’abagabo b’inararibonye i Yeruzalemu?

  • Ni ryari hari hageze ko Kristu ashiraho umuhora umwe utunganijwe neza wo gutanga ibifungurwa vyo mu vy’impwemu?

1-3. Niwigane ukuntu Yezu yagaburiye isinzi rinini mu micungararo ya Betsayida. (Raba ishusho itangura.)

NUSE n’uwubona ibi bintu. (Soma Matayo 14:14-21.) Ni imbere gato ya Pasika yo mu 32 G.C. Isinzi ry’abagabo nka 5.000, hatarimwo abagore n’abana batoya, riri kumwe na Yezu be n’abigishwa biwe mu gahinga ka nyaganande mu micungararo ya Betsayida, ikigwati kiri ku nkengera yo mu buraruko y’Ikiyaga ca Galilaya.

2 Yezu akubise amaso iryo sinzi ry’abantu, baramutera ikigongwe agaca akiza abarwaye bari muri bo akongera akabigisha ibintu vyinshi vyerekeye Ubwami bw’Imana. Bugorovye, abigishwa barahimiriza Yezu ngo arungike abantu kugira ngo bagende mu bigwati vyo muri iyo micungararo, bigurire ibifungurwa. Mugabo Yezu aca abwira abo bigishwa biwe ati: “Be ari mwebwe mubaha ico barya.” Ico kintu avuze gitegerezwa kuba gituma bazazanirwa, kuko bafise udufungurwa dukeyi cane, utwo na two tukaba ari imikate itanu n’udufi tubiri.

3 Yezu abitumwe n’impuhwe arakora igitangaro, kikaba ari co gitangaro conyene kivugwa n’abanditsi b’Injili bose uko ari bane. (Mrk. 6:35-44; Luka 9:10-17; Yoh. 6:1-13) Yezu arasaba abigishwa biwe kubwira iryo sinzi ngo rigandagaze ku vyatsi mu migwi y’abantu mirongwitanitanu n’ijanijana. Amaze kubihezagira, aca atangura kumanyagura iyo mikate no kugabanganya ayo mafi. Hanyuma, aho kuba ari Yezu ubwiwe yihera abo bantu ibifungurwa, arabigaburira “abigishwa, abigishwa na bo ba[kabi]gaburira nya masinzi.” Igitangaje, bose bararonka ivyo bafungura kandi bigasigara! Iyumvire iki kintu: Yezu yaragaburiye abantu ibihumbi biciye ku bantu bake, ni ukuvuga abigishwa biwe.a

4. (a) Yezu yarazwa ishinga cane mbere no gutanga ibifungurwa nyabaki, kandi kubera iki? (b) Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro no mu gikurikira?

4 Yezu yararazwa ishinga cane mbere no kuronsa abayoboke biwe ibifungurwa vyo mu vy’impwemu. Yari azi ko kwihereza ibifungurwa vyo mu vy’impwemu, ni ukuvuga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, bishikana ku buzima budahera. (Yoh. 6:26, 27; 17:3) Yezu abitumwe na za mpuhwe nyene zamuvyurira umutima wo kugaburira amasinzi imikate n’amafi, yaramara amasaha menshi ariko arigisha we ubwiwe abayoboke biwe. (Mrk. 6:34) Mugabo yari azi ko yomaze kw’isi igihe gito be n’uko yosubiye mw’ijuru. (Mat. 16:21; Yoh. 14:12) None igihe yobaye ari mw’ijuru, yotumye gute abayoboke biwe baguma bagaburirwa neza mu vy’impwemu? Yokurikije ico citegererezo nyene: Yogaburiye benshi biciye kuri bake. None abo bake bobaye bande? Nimuze turabe ukuntu Yezu yakoresheje abantu bake mu kugaburira abayoboke biwe benshi barobanuwe bo mu kinjana ca mbere. Mu kiganiro gikurikira, tuzoca twihweza iki kibazo gihambaye cane kuri umwe wese muri twebwe: Dushobora gute kumenya abo bake Kristu acishako mu kutugaburira muri iki gihe?

Abantu ibihumbi baragaburiwe biciye kuri bake(Raba ingingo ya 4)

YEZU AHITAMWO BAKE

5, 6. (a) Ni ingingo ihambaye cane iyihe Yezu yafashe kugira ngo yiyemeze neza ko abayoboke biwe bogaburiwe neza mu buryo bw’impwemu amaze gupfa? (b) Yezu yateguye gute intumwa ziwe ku bw’uruhara ruhambaye zoranguye amaze gupfa?

5 Serugo yitwararika ibintu aragira ivyo atunganije kugira ngo umuryango wiwe uzokwitwararikwe niyapfa. Muri ubwo buryo nyene, Yezu uwobaye Umutwe w’ishengero rya gikirisu, yaragize ivyo atunganije kugira ngo yiyemeze neza ko abayoboke biwe bokwitwararitswe mu buryo bw’impwemu amaze gupfa. (Ef. 1:22) Nk’akarorero, hasigaye imyaka nk’ibiri ngo apfe, yarafashe ingingo ihambaye cane. Yaracaguye aba mbere muri bamwe bake yocishijeko mu kugaburira benshi mu nyuma. Rimbura ivyabaye.

6 Yezu amaze ijoro ryose asenga, yarakoranije abigishwa biwe maze acagura muri bo intumwa 12. (Luka 6:12-16) Mu myaka ibiri yakurikiye, yariyegereje canecane abo 12, arabigisha biciye ku vyo avuga no ku karorero kiwe. Yari azi ko bari bafise ibintu vyinshi vyo kwiga; nkako, babandanije kwitwa “abigishwa.” (Mat. 11:1; 20:17) Yarabahaye impanuro ngirakamaro yongera arabamenyereza cane mu busuku. (Mat. 10:1-42; 20:20-23; Luka 8:1; 9:52-55) Biboneka ko yariko arabategura ku bw’uruhara ruhambaye boranguye amaze gupfa no gusubira mw’ijuru.

7. Yezu yerekanye gute ico ahanini intumwa ziwe zokwitwararitse?

7 Intumwa zoranguye uruhara uruhe? Uko Pentekoti yo mu 33 G.C. yegereza, vyaragaragara ko intumwa zoranguye “ibanga . . . ry’ubucungezi.” (Ivyak. 1:20) Ariko none ni igiki ahanini zokwitwararitse? Yezu amaze kuzuka yarerekanye ico kintu mu kiyago yagiraniye n’intumwa Petero. (Soma Yohani 21:1, 2, 15-17.) Yezu yabwiye Petero n’izindi ntumwa zimwezimwe zumva ati: “Gaburira intama zanje ntonto.” Yarerekanye rero ko intumwa ziwe zobaye muri bamwe bake yocishijeko mu kugaburira abantu benshi ibifungurwa vyo mu vy’impwemu. Mbega ikintu gikora ku mutima kandi kiri n’ico gihishura cerekana ukuntu Yezu abona “intama [ziwe] ntonto”!b

KUGABURIRA BENSHI KUVA KURI PENTEKOTI

8. Abacitse abemera kuri Pentekoti berekanye gute ko batahura neza umuhora Kristu yariko arakoresha?

8 Guhera kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., Kristu uwari yazutse yarakoresheje intumwa ziwe bwa muhora acishako mu kugaburira abandi bigishwa biwe barobanuwe. (Soma Ivyakozwe 2:41, 42.) Abayuda n’abahindukiriye idini ryabo bacitse abakirisu barobanujwe impwemu ico gihe, baratahura neza uwo muhora. “Babandanya kwihebera inyigisho y’intumwa” badakekeranya. Nk’uko incabwenge imwe ibivuga, irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “babandanya kwihebera” rishobora gusobanura “gushikama mu ngendo kanaka.” Abo bari baherutse gucika abemera bari banyotewe cane ivy’impwemu, kandi bari bazi neza aho bobikura. Barahanga amaso intumwa badahemuka kugira ngo zibasigurire amajambo n’ibikorwa vya Yezu zongere zibafashe gutahura insobanuro y’ivyanditswe bimwerekeye.c—Ivyak. 2:22-36.

9. Intumwa zerekanye gute ko zaguma zitwararika ibanga ryazo ryo kugaburira intama za Yezu?

9 Intumwa zagumye zitwararika ibanga ryazo ryo kugaburira intama za Yezu. Nk’akarorero, raba ukuntu zatoreye umuti ikibazo c’inkoramutima kandi cari gushobora gutuma haba ukwicamwo ibice, cavyutse muri iryo shengero ryari riherutse gushingwa. Igitwengeje, ico kibazo cari cerekeye ibifungurwa, ni ukuvuga ibifungurwa vy’umubiri. Abapfakazi bavuga ikigiriki bariko barirengagizwa mw’igaburwa ry’ibifungurwa ryo ku musi ku musi, mugabo abapfakazi bavuga igiheburayo ntibariko barirengagizwa. None intumwa zatoreye gute umuti ico kibazo c’inkoramutima? “Bamwe cumi na babiri” baragenye abavukanyi indwi bakwije ibisabwa kugira ngo bacungere ico “gikorwa ca nkenerwa,” ni ukuvuga iryo gaburwa ry’ibifungurwa. Intumwa, benshi muri bo bakaba bari baragize uruhara muri kwa kugaburira ibifungurwa amasinzi Yezu yari yagaburiye ku gitangaro, zabonye ko vyari bihambaye cane ko zitunira ku gutanga ibifungurwa vyo mu vy’impwemu. Ni co gituma zihebeye “ubusuku bwerekeye ijambo ry’Imana.”—Ivyak. 6:1-6.

10. Kristu yakoresha gute intumwa n’abagabo b’inararibonye i Yeruzalemu?

10 Mu 49 G.C., intumwa zari zisigaye zakorana n’abandi bagabo b’inararibonye. (Soma Ivyakozwe 15:1, 2.) “Intumwa n’abagabo b’inararibonye i Yeruzalemu” bari bagize inama nyobozi. Kristu we Mutwe w’ishengero, yarakoresha uwo mugwi mutoyi w’abagabo bazi utuntu n’utundi mu gutorera umuti ibibazo bijanye n’inyigisho, mu guhagarikira no mu kuyobora igikorwa co kwamamaza no kwigisha inkuru nziza y’Ubwami.—Ivyak. 15:6-29; 21:17-19; Kol. 1:18.

11, 12. (a) Ni igiki cerekana ko Yehova yahezagiye intunganyo Umwana wiwe yakoresha mu kugaburira amashengero yo mu kinjana ca mbere? (b) Umuhora Kristu yakoresha mu kugaburira abantu mu vy’impwemu wibonekeza gute?

11 Yehova yoba yarahezagiye iyo ntunganyo Umwana wiwe yakoresha mu kugaburira amashengero yo mu kinjana ca mbere? Cane nyene. Tuvyemezwa n’iki? Igitabu c’Ivyakozwe kitubwira giti: “[Intumwa Paulo n’abo bari bafatanije urugendo] bariko baragenda baca mu bisagara, bagenda bashikiriza abaho ingingo zashinzwe zari zapfunditswe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye bari i Yeruzalemu, ngo bazubahirize. Mu vy’ukuri rero, amashengero abandanya gukomezwa mu kwizera no kwongerekana mu gitigiri ku musi ku musi.” (Ivyak. 16:4, 5) Urabona ko ayo mashengero yasagamvye bitumwe n’uko yasenyera ku mugozi umwe n’inama nyobozi y’i Yeruzalemu adahemuka. Ico none si ikimenyamenya c’uko Yehova yahezagiye iyo ntunganyo Umwana wiwe yakoresha mu kugaburira amashengero? Twibuke ko ugusagamba mu vy’impwemu gushoboka mu gihe gusa Yehova aduhezagiye cane.—Imig. 10:22; 1 Kor. 3:6, 7.

12 Gushika ubu turamaze kubona ko Yezu yakurikije icitegererezo kinaka igihe yagaburira abayoboke biwe: Yagaburiye benshi biciye kuri bake. Umuhora yakoresheje mu kugaburira abantu mu vy’impwemu waribonekeza. Nakare, intumwa, ari na zo zari zigize inama nyobozi mu ntango, zaratanga ikimenyamenya kiboneka c’uko zishigikiwe n’Imana. Mu Vyakozwe 5:12 hagira hati: “Biciye ku maboko y’intumwa ibimenyetso vyinshi n’ibitangaza vyinshi bibandanya kuba mu bantu.”d Ku bw’ivyo, abacitse abakirisu nta mvo n’imwe bari bafise yo kwibaza bati: ‘Ni bande vy’ukuri Kristu akoresha mu kugaburira intama ziwe?’ Mugabo mu mpera z’ikinjana ca mbere, ibintu vyarahindutse.

Mu kinjana ca mbere, hari ikimenyamenya gitomoye cerekana abo Yezu yakoresha mu kugaburira ishengero(Raba ingingo ya 12)

IGIHE ICATSI KIBI CARI CINSHI INGANO NA ZO ZIKABA NKEYI

13, 14. (a) Ni ingabisho iyihe Yezu yatanze ku bijanye n’ingorane yobaye mw’ishengero, kandi ayo majambo yiwe yatanguye kuranguka ryari? (b) Iyo ngorane yoturutse ahantu habiri ahahe? (Raba akajambo ko ku mpera.)

13 Yezu yari yaravuze ko ishengero rya gikirisu ryogize ingorane. Uribuka ko muri ca kigereranyo ca Yezu kirimwo ubuhanuzi c’ingano n’icatsi kibi, yagabishije ko umurima wari uherutse kubibwamwo ingano (abakirisu barobanuwe) wobibwemwo icatsi kibi (abiyita abakirisu). Yavuze ko iyo migwi yokwemerewe gukurana ata kiyikoma gushika kw’iyimbura, rino rikaba ryobaye ku “nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 13:24-30, 36-43) Budakeye na kabiri, ayo majambo ya Yezu yaratanguye kuranguka.e

14 Ubwo buhuni bwatanguye kwibonekeza mu kinjana ca mbere, mugabo intumwa za Yezu z’intahemuka zarabubereye “intambamyi,” zirakingira ishengero kugira ngo inyigisho z’ikinyoma ntiziryanduze canke ngo zirigireko akosho. (2 Tes. 2:3, 6, 7) Ariko rero, uwa nyuma mu ntumwa amaze gupfa, ubwo buhuni bwarashinze imizi bwongera burasagamba mu kiringo kirekire c’ikura camaze imyaka amajana n’amajana. Vyongeye, muri ico kiringo icatsi kibi carabaye cinshi, ingano na zo ziba nkeyi. Ntihariho umuhora wamaho kandi utunganijwe neza wo gutanga ibifungurwa vyo mu vy’impwemu. Amaherezo, ivyo vyohindutse. Mugabo ikibazo ni iki: Vyohindutse ryari?

NI NDE YOGABURIYE ABANTU MU GIHE C’IYIMBURA?

15, 16. Kuba Abatohoji ba Bibiliya barasuzumye Ivyanditswe babigiranye umwete vyavuyemwo iki, kandi ni ikibazo ikihe gica kivyuka?

15 Uko iherezo ry’ikiringo c’ikura ryegereza, ni ko abantu barushiriza gushimishwa n’ukuri kwo muri Bibiliya. Uribuka ko mu myaka ya 1870, umugwi mutoyi w’abantu barondera ukuri n’umutima nziraburyarya bagiye hamwe bagashinga imigwi yo kwiga Bibiliya batari kumwe na ca catsi kibi, ni ukuvuga abayoboke b’amadini n’utudumbi tw’amadini vy’abiyita abakirisu. Babigiranye ukwicisha bugufi n’umutima ukunze wo kwemera ivyiyumviro bishasha, abo Batohoji ba Bibiliya b’umutima nziraburyarya, ukwo kukaba ari ko biyita, baragize ubushakashatsi mu Vyanditswe bavyitondeye kandi babijanisha n’isengesho.—Mat. 11:25.

16 Kuba Abatohoji ba Bibiliya barasuzumye Ivyanditswe babigiranye umwete vyaravuyemwo ivyiza vyinshi. Abo bagabo n’abagore b’intahemuka barashize ahabona inyigisho z’ikinyoma bongera barakwiragiza ukuri kwo mu vy’impwemu, barasohora bongera baratanga hirya no hino kw’isi ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Igikorwa cabo carakoze ku mutima congera kirajijura abantu benshi bari bashonje kandi banyotewe ukuri kwo mu vy’impwemu. Ikibazo gishimishije gica kivyuka rero ni iki: Abatohoji ba Bibiliya bo mu myaka y’imbere ya 1914 boba bari bagize umuhora wagenywe Kristu yokoresheje mu kugaburira intama ziwe? Oya. Bari bakiri muri ca kiringo c’ikura, kandi intunganyo yo gushiraho umuhora wo gutanga ibifungurwa vyo mu vy’impwemu wari ukiriko urategurwa. Ntihari bwagere ko abiyita abakirisu bagereranywa n’icatsi kibi batandukanywa n’abakirisu b’ukuri bagereranywa n’ingano.

17. Ni ibintu bihambaye ibihe vyatanguye kuba mu 1914?

17 Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, igihe c’iyimbura catanguye mu 1914. Muri uwo mwaka, haratanguye kuba ibintu bihambaye bitari bike. Yezu yarimitswe, maze imisi ya nyuma iratangura. (Ivyah. 11:15) Kuva mu 1914 gushika mu ntango z’umwaka wa 1919, Yezu yaraherekeje Se ku rusengero rwo mu buryo bw’impwemu gukora igikorwa co gusuzuma no gutyorora cari gikenewe cane.f (Mal. 3:1-4) Ico gihe, ni ukuvuga guhera mu 1919, igihe co gutangura kwegeranya ingano cari kigeze. Hoba noneho hari hageze ko Kristu ashiraho umuhora umwe utunganijwe neza wo gutanga ibifungurwa vyo mu vy’impwemu? Cane nyene.

18. Yezu yavuze ko yoshizeho iki, kandi ni ikibazo gihambaye ikihe cariho igihe imisi ya nyuma yatangura?

18 Muri bwa buhanuzi bwa Yezu bwerekeye igihe c’iherezo, yavuze ko yoshizeho umuhora wo gutanga “ibifungurwa [vyo mu vy’impwemu] ku gihe kibereye.” (Mat. 24:45-47) Ni umuhora uwuhe none yokoresheje? Mu buryo buhuye na ca citegererezo yashiraho mu kinjana ca mbere, Yezu yosubiriye kugaburira benshi biciye kuri bake. Mugabo igihe imisi ya nyuma yatangura, hariho ikibazo gihambaye: Abo bake bazoba bande? Ico kibazo hamwe n’ibindi bijanye n’ubuhanuzi bwa Yezu bizokwihwezwa mu kiganiro gikurikira.

a Ingingo ya 3: Ikindi gihe, igihe Yezu yagaburira ku gitangaro abagabo 4.000, hatarimwo abagore n’abana, yarongeye guhereza ibifungurwa “abigishwa, abigishwa na bo babiha nya masinzi.”—Mat. 15:32-38.

b Ingingo ya 7: Petero akiriho, izo “ntama ntonto” zogaburiwe, zose zari zifise icizigiro co kuba mw’ijuru.

c Ingingo ya 8: Kuba abo bari baherutse gucika abemera “ba[ra]bandanya kwihebera inyigisho y’intumwa” vyerekana ko intumwa zigisha zidahorereza. Zimwezimwe mu nyigisho z’intumwa zaranditswe mu bitabu vyahumetswe biri mu bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, kandi zaragumyemwo.

d Ingingo ya 12: Naho abandi bantu batari intumwa baronka ingabirano z’impwemu zo gukora ibitangaro, biboneka ko akenshi bazironka biciye ku ntumwa canke bakazironka hari intumwa iri ng’aho.—Ivyak. 8:14-18; 10:44, 45.

e Ingingo ya 13: Amajambo y’intumwa Paulo ari mu Vyakozwe 20:29, 30 yerekana ko ishengero ryoshikiwe n’ingorane ziturutse ahantu habiri. Ubwa mbere, abiyita abakirisu (“icatsi kibi”) ‘bokwinjiye mu’ bakirisu b’ukuri. Ubwa kabiri, ‘mu’ bakirisu b’ukuri, bamwebamwe bocitse abahuni, bakavuga “ibigoramanze.”

f Ingingo ya 17: Raba ikiganiro kivuga ngo “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose,” kiri muri iki kinyamakuru, ku rupapuro rwa 11, ingingo ya 6.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika