ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 19 rup. 48-rup. 51 ing. 4
  • Yezu yigisha Umusamariyakazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yigisha Umusamariyakazi
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABASAMARIYA BENSHI BARIZERA
  • Yezu Yigisha Umusamariyakazi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu n’Umusamariyakazi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yezu n’Umugore kw Iriba
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Imana Yemera Ugusenga kwa Nde?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 19 rup. 48-rup. 51 ing. 4
Yezu ariko avugana n’Umusamariyakazi kw’iriba

IKIGABANE CA 19

Yezu yigisha umusamariyakazi

YOHANI 4:3-43

  • YEZU YIGISHA UMUSAMARIYAKAZI HAMWE N’ABANDI

  • UGUSENGA GUSHIMWA N’IMANA

Mu kuva i Yudaya baja i Galilaya, Yezu n’abigishwa biwe baca mu buraruko mu ntara ya Samariya. Bararushe kubera urugendo. Nko ku mutaga, bahagarara hafi y’igisagara citwa Sikara kugira baruhuke, iruhande y’iriba rishobora kuba ryimbwe na Yakobo canke akaba ari we yaryimbishije kera. Gushika n’ubu, iryo riba riraboneka hafi y’igisagara ca Naplouse.

Yezu akiriko araruhuka iruhande y’iryo riba, abigishwa biwe basimbira mu gisagara kiri hafi yo ng’aho kugura ibifungurwa. Bakiri mu gisagara, umugore w’Umusamariyakazi araza kuvoma amazi. Yezu amubwira ati: “Mpa ico nywa.”​—Yohani 4:7.

Yezu aruhukira kw’iriba, abigishwa biwe bagiye, Umusamariyakazi aje kuvoma

Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya ntibacana uwaka kubera ukwinubana gukomeye kumaze igihe hagati yabo. Nya mugore rero aratangara, akabaza Yezu ati: “Bishoboka bite ngo wewe, uri Umuyuda, unsabe ico kunywa, kandi jewe ndi Umusamariyakazi?” Yezu amwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabirano ya gusa y’Imana be n’uwukubwiye ati: ‘Mpa ico kunywa,’ wari kumusaba, na we akaguha amazi mazima.” Asubizayo ati: “Mutungwa, nta n’indobo ufise yo kuvoma amazi, kandi iriba ni rirerire. None ayo mazi mazima uyakura hehe? None uruta sogokuruza wacu Yakobo, we yaduhaye iri riba kandi we ubwiwe n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe bakaba bararinywako?”​—Yohani 4:9-12.

Yezu avuga ati: “Uwunywa kuri aya mazi wese azokwongera kunyoterwa. Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera.” (Yohani 4:13, 14) Ego cane, naho Yezu arushe, ntareka kuyagira uwo Musamariyakazi amajambo y’ukuri gutanga ubuzima.

Nuko nya mugore amubwira ati: “Mutungwa, numpe ayo mazi, kugira sinze nyoterwe canke ngo ngume nza aha hantu kuvoma amazi.” Yezu asa n’uwuhindura ikiyago, akamubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe hanyuma uze ng’aha.” Nya mugore yishura ati: “Nta mugabo ngira.” Ategerezwa kuba atangara igihe Yezu amubwira ati: “Uvuze neza uti: ‘Singira umugabo.’ Kuko wagize abagabo batanu, kandi uwo ufise ubu si umugabo wawe.”​—Yohani 4:15-18.

Nya mugore aratahura neza ayo majambo amubwiye, akavuga ajorewe ati: “Mutungwa, ndabona ko uri umuhanuzi.” Aca yerekana ko yitwararika ibintu vy’Imana. Uti gute? Arabandanya ati: “Ba sogokuruza bacu [ni ukuvuga Abasamariya] basengera kuri uyu musozi [ni ukuvuga Umusozi Gerizimu uri hafi y’aho]; mugabo mwebwe [Abayuda] muvuga yuko i Yeruzalemu ari ho abantu babwirizwa gusengera.”​—Yohani 4:19, 20.

Ariko rero, Yezu asigura yuko ikibanza co gusengeramwo atari co gihambaye. Avuga ati: “Isaha igira igere, aho mutazosengera Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu.” Aca abwira uwo mugore ati: “Isaha igira igere, kandi ni bu, aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko vy’ukuri mwene abo ari bo Data arondera ngo bamusenge.”​—Yohani 4:21, 23, 24.

Ico Imana iraba ku bantu bayisenga mu kuri si ikibanza basengeramwo ahubwo ni ukuntu bayisenga. Nya mugore arumirwa. Avuga ati: “Ndazi yuko Mesiya ariko araza, umwe yitwa Kristu. Aho uwo azoshikira hose, azotumenyesha ibintu vyose adahisha.”​—Yohani 4:25.

Yezu aca ahishura ukuri guhambaye, ati: “Jewe uwuriko arakuvugisha ndi we.” (Yohani 4:26) Ibaze nawe! Uwo mugore yari aje kuvoma amazi. Ariko Yezu amuteye agateka kadasanzwe. Aramutomoreye ko ari we Mesiya, ico kikaba ari ikintu ata muntu n’umwe yari bwakibwire ku mugaragaro.

ABASAMARIYA BENSHI BARIZERA

Abigishwa ba Yezu baragarutse bavuye mu gisagara ca Sikara bazanye ibifungurwa. Bamusanga aho bamusize kw’iriba rya Yakobo, mugabo akaba ariko aganira n’umugore w’Umusamariyakazi. Abigishwa bashitse, nya mugore aca asiga ng’aho umubindi wiwe akinjira mu gisagara.

Abigishwa ba Yezu baragaruka kw’iriba wa Musamariyakazi na we akagenda

Nya mugore ashitse mu gisagara, ariganira abantu ivyo Yezu yamubwiye. N’ubujijutsi bwinshi, ababwira ati: “Nimuze murabe umuntu yambwiye ibintu vyose nakoze.” Hanyuma, kumbure kugira abatere inyota yo kumenya n’ibindi, abaza ati: “Namba ari we Kristu?” (Yohani 4:29) Ico ni ikibazo c’inkoramutima abantu bamye bashaka kumenya kuva mu gihe ca Musa. (Gusubira mu vyagezwe 18:18) Ivyo bituma abantu bo mu gisagara baza kwirabira Yezu.

I Sikara, wa Musamariyakazi ariko arabwira abantu bo mu gisagara ivyo Yezu yamubwiye

Muri uwo mwanya, abigishwa baringinga Yezu ngo afungure vya bifungurwa bazanye. Mugabo abishura ati: “Jewe ndi n’ibifungurwa mwebwe mutazi.” Abigishwa baratangara, bakabazanya bati: “Hari uwamuzaniye ico kurya?” Abigiranye umutima mwiza, Yezu arasigura ico ashatse kuvuga akoresheje amajambo y’intibagirwa ku bayoboke biwe bose, ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.”​—Yohani 4:32-34.

Yezu ntariko avuga iyimbura rya sayiri ryimirije mu mezi nk’ane ari imbere. Ariko avuga iyimbura ry’ikigereranyo, kuko aca yongerako ati: “Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura. Ubu umushwabuzi ariko araronka impembo yongera yegeranya ivyamwa ku bw’ubuzima budahera, kugira umubivyi n’umushwabuzi banezeranwe.”​—Yohani 4:35, 36.

Yezu ashobora kuba abona ivyiza biriko birava mu kiyago yagiranye na wa Musamariyakazi. Abantu benshi b’i Sikara baramwizera bivuye ku vyo uwo mugore avuze, kuko abamenyesha ati: “Yambwiye ibintu vyose nakoze.” (Yohani 4:39) Igihe rero bashitse kw’iriba bavuye i Sikara, baringinga Yezu ngo agume ng’aho kugira abayagire n’ibindi. Yezu aremera maze akaguma aho i Samariya imisi ibiri.

Uko Abasamariya bumviriza Yezu, abandi benshi baramwizera. Babwira wa mugore bati: “Ntitucemeye kubera amajambo yawe; kuko twiyumviye ubwacu kandi tukamenya yuko uyu muntu vy’ukuri ari umukiza w’isi.” (Yohani 4:42) Emwe, uwo Musamariyakazi araduha akarorero keza ko gushingira intahe Kristu mu gutuma abantu bagira inyota yo kumenya amakuru yiyongereye.

Ibuka ko hasigaye amezi ane ngo iyimbura rigere, bikaboneka ko ari iyimbura rya sayiri, muri ako karere rikaba riba muri Ndamukiza. Hashobora rero kuba ari muri Munyonyo canke Kigarama. Ivyo bisobanura ko inyuma ya Pasika yo mu 30, Yezu n’abigishwa biwe bamara i Yudaya amezi ashika umunani, bigisha bongere babatiza. Ubu rero bafashe inzira bagana mu buraruko bagiye mu karere iwabo i Galilaya. None ni ibiki biza kubashikira?

ABASAMARIYA BARI BANDE?

Akarere ka Samariya gahagatiwe na Yudaya mu bumanuko hamwe na Galilaya mu buraruko. Umwami Salomo amaze gupfa, imiryango cumi y’Abisirayeli yaba mu buraruko yariyonkoye ku muryango wa Yuda n’uwa Benyamini.

Abantu bo muri iyo miryango cumi baciye batangura gusenga inyana. Mu 740 imbere ya Kristu, Yehova yararetse Abashuri barigarurira Samariya. Abashuri baromoye igice kinini c’abanyagihugu, baca babasubiriza abandi bavuye mu nganji yabo. Abo bantu basenga imana z’ikinyoma bahavuye bubakana n’Abisirayeli bari basigaye mu gihugu. Ugusenga kwabo kwahavuye kujamwo inyigisho n’imigenzo biri mu mategeko Imana yahaye Abisirayeli, nk’ibijanye n’ukugenyerwa. Ariko rero, nta wovuga ko ukwo gusenga kwari ukw’ukuri.​—2 Abami 17:9-33; Yesaya 9:9.

Mu gihe ca Yezu, Abasamariya baremera ibitabu vyanditswe na Musa ariko ntibaja gusengera i Yeruzalemu. Bari bamaze imyaka bakoresha urusengero rwari ku Musozi Gerizimu hafi y’i Sikara, kandi babandanije gusengera kuri uwo musozi n’inyuma y’aho urwo rusengero rusenyuriwe. Mu gihe c’igikorwa ca Yezu, vyaribonekeza ko Abasamariya n’Abayuda batacana uwaka.​—Yohani 8:48.

  • Kubera iki wa Musamariyakazi atangara Yezu amuvugishije?

  • Ni igiki Yezu yigisha uwo mugore ku bijanye n’amazi y’ubuzima be n’ikibanza co gusengeramwo Imana?

  • Ni gute Yezu yihishurira uwo Musamariyakazi, kandi avuga ko ari ugusenga ukuhe guhimbara Yehova?

  • Ni igiki uwo Musamariyakazi atahura ku bijanye na Yezu, kandi aca akora iki?

  • Yezu n’abigishwa biwe bakora iki inyuma ya Pasika yo mu 30?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika