Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
7-13 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MARIKO 7-8
“Tora igiti cawe co kubabarizwako hanyuma ugume unkurikira”
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 8:34
niyiyanke: Canke “nahebe uburenganzira bwiwe bwose.” Ivyo vyerekana umutima ukunze umuntu aba afise wo kwiyima rwose canke wo kwihebera Imana. Mu kigiriki, iryo ryungane rishobora guhindurwa ngo “ategerezwa kuvuga ngo oya ku bimwerekeye.” Iyo mvugo irabereye kuko ishobora kujamwo n’iciyumviro co kuvuga ngo oya ku vyipfuzo vyawe, ivyo uhahamiye, canke ibiguhimbara. (2Kr 5:14, 15) Mu kigiriki co mu ntango, Mariko akoresha iryo rivuga nyene igihe avuga ibijanye n’ingene Petero yihakanye Yezu.—Mr 14:30, 31, 72.
wRU 8/92 10 ing. 14
Wiruka gute mu vy’ugusiganirwa ubuzima?
14 “Umuntu ni yagomba kunkurikira,” uyo ni Yezu Kristu yabwira abayoboke biwe hamwe n’abandi bantu bakoraniye hamwe, “niyiyanke (canke, “ategerezwa kwiyima,” Charles B. Williams) yikorere [igiti co kubabarizwako ciwe hanyuma agume ankurikira].” (Mariko 8:34) Igihe ivyo bintu badusavye kugira twemeye kubishitsa, dukwiye kuba twariteguriye ‘kuzoguma’ tubishitsa, atari kubera yuko kwibabaza ari agateka, ahubwo kubera yuko igihe twotirimuka n’akanya na gatoyi, tukihenda na buhorobuhoro, bishobora kwonona ivyo twakoze vyose, mbere ivyiza bitazoshira tugahakwa no kutabironka. Mu bisanzwe, iterambere mu vy’umutima riza bukebuke, mugabo ntiworaba ukuntu rihera vuba na vuba iyo tutagumye turi maso!
Wotanga iki ngo ubandanye kubaho?
3 Ico gihe nyene, Yezu yarabajije ibibazo bibiri bituma umuntu azirikana ati: “Umuntu vyomumarira iki kwunguka isi yose agaheba ubuzima bwiwe?” hamwe na, “Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe?” (Mrk. 8:36, 37) Inyishu y’ico kibazo ca mbere iratomoye uravye ukuntu abantu babona ibintu. Nta co vyomarira umuntu kuronka isi yose mugabo akabura ubuzima bwiwe. Ivyo umuntu atunze biba ngirakamaro igihe gusa ari muzima kugira ngo abinezerererwe. Ikibazo ca kabiri Yezu yabajije ngo “Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe?” gishobora kuba caribukije abariko baramwumviriza ikirego Shetani yavyuye mu gihe ca Yobu igihe yavuga ati: “Ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” (Yobu 2:4) Abantu bamwebamwe badasenga Yehova, boshobora kubona ko ayo majambo Shetani yavuze ari ay’ukuri. Abenshi bokora ikintu ico ari co cose, bakarenga ku ngingo ngenderwako iyo ari yo yose, kugira gusa ngo bagume ari bazima. Abakirisu bobo babona ibintu mu buryo butandukanye n’ubwo.
4 Turazi yuko Yezu ataje kw’isi kugira ngo aduhe amagara meza, ubutunzi be no kubaho imyaka myinshi muri ino si. Yaje kugira ngo aturonse akaryo ko kuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha, kandi icizigiro co kuronka ubwo buzima ni co duha agaciro cane. (Yoh. 3:16) Umukirisu akwiye gutahura yuko mu kibazo ca mbere Yezu yabajije yashatse kuvuga ati: “Umuntu vyomumarira iki kwunguka isi yose agaheba icizigiro ciwe co kuzobaho ibihe bidahera?” Inyishu ni uko ata na kimwe vyomumarira. (1 Yoh. 2:15-17) Kugira ngo dushobore kwishura ikibazo kigira kabiri Yezu yabajije, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba mfise umutima ukunze wo guheba ibingana iki muri iki gihe kugira ngo icizigiro mfise co kubaho mw’isi nshasha kigume ari ntakekeranywa?’ Inyishu dutanga kuri ico kibazo, iyibonekera mu kuntu tubayeho, irahishura ukuntu ico cizigiro gikomeye mu mitima yacu.—Gereranya na Yohani 12:25.
Umwana w’umuntu ni nde?
Ego cane, abayoboke ba Yezu babwirizwa kugira umutima rugabo no kwitanga kugira abatoneshe. Yezu avuga ati: “Uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri iri yaruka ry’irisambanyi kandi ry’iricumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni na we niyashika mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda.” (Mariko 8:38) Emwe, Yezu niyaza “azohemba umwe wese ibihuye n’inyifato yiwe.”—Matayo 16:27.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki abansi ba Yezu barazwa ishinga n’ibijanye no gukaraba?
▪ Ico ni kimwe gusa mu bintu vyinshi abansi ba Yezu bamutoyemwo amahinyu hamwe n’abigishwa biwe. Rya Tegeko rya Musa ryaravuga ibintu vyashobora guhumanya umuntu, nk’igihe hagize ivyisuka biva mu mubiri wiwe, igihe arwaye imibembe be n’igihe akoze ku kiziga c’umuntu canke c’igikoko. Vyongeye, ryarerekana ingene umuntu yashobora guhumanuka. Ivyo vyagirwa biciye ku mashikanwa, ukwiyuhagira canke ukumijagira amazi.—Lew., ikig. 11-15; Guh., ikig. 19.
Abigisha b’Abayuda, ari bo barabi, barongera kuri ayo mategeko utuntu tw’ido n’ido. Igitabu kimwe kivuga ko ikintu cose cashobora guhumanya umuntu “bategerezwa kugiharirako, bagashinga imvo zotuma umuntu yandura ubwo buhumane, ingene yobwanduza abandi be n’urugero vyoshikako, ivyombo n’ibikoresho vyoshobora canke bitoshobora guhumana, hamwe rero n’imigirwa nya muntu yategerezwa kwisunga kugira ahumanurwe.”
Abansi ba Yezu bamubajije bati: “Kubera iki abigishwa bawe batigenza nk’uko umugenzo w’aba kera uri, mugabo bagafungura n’iminwe ihumanye?” (Mrk. 7:5) Abo bansi b’ugusenga gutyoroye ntibashaka kuvuga ivyo kugira isuku imbere yo gufungura. Abarabi bari bafise umugirwa wo gusukīra umuntu amazi ku maboko imbere yo gufungura. Ico gitabu duhejeje kuvuga congerako giti: “Baraharira kandi ku bijanye n’ivyombo vyategerezwa gukoreshwa mu gusukīra ayo mazi, ubwoko bw’amazi yari abereye, uwari akwiye kuyasukīra be n’aho bari bakwiye gushikana amazi ku maboko.”
Ku bijanye n’ayo mategeko abantu bishiriyeho, Yezu ntiyiriwe araja kure. Yabwiye izo ndongozi z’idini ry’Abayuda zo mu kinjana ca mbere ati: “Yesaya ntiyihenze igihe yavuga mu buhanuzi ibiberekeye, mwa biyorobetsi, nk’uko vyanditswe ngo: ‘Aba bantu bantera iteka n’iminwa yabo, mugabo imitima yabo yigijwe kure yanje cane [jewe Yehova]. Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari amabwirizwa y’abantu.’ Mureka ibwirizwa ry’Imana, mukagumya umugenzo w’abantu.”—Mrk. 7:6-8.
w00 1/3 10 ing. 9-11
Woba Ufise “Ivyiyumviro vya Kristo?”
9 Uwo mugabo cari igipfamatwi kandi ntiyari ashoboye kuvuga neza. Yezu ashobora kuba yarabonye ukuntu yari yagize umutima uhagaze hamwe n’ukubura ico afata n’ico areka. Yezu maze yaciye akora ikintu casa n’ikidasanzwe. Yatwaye uwo mugabo ku ruhande, kure y’iryo shengero, aramwihereranya. Maze Yezu akoresha ibimenyetso bimwebimwe kugira amenyeshe uwo muntu ico yagira akore. “Agishira intoke mu matwi, acira amate, agikora ku rurimi.” (Mariko 7:33) Ubukurikira, Yezu araba mw’ijuru hanyuma yitsa umutima mu gusenga. Ivyo bikorwa vyibonekeje vyobwiye uwo muntu biti: ‘Ivyo ngiye kugukorera ni kubw’ububasha buvuye ku Mana.’ Amaherezo, Yezu yavuze ati: “Zibūka.” (Mariko 7:34) Avuze iryo, uwo muntu arazibuka amatwi, kandi aca arashobora kuvuga nk’uko bisanzwe.
10 Ese ukuntu Yezu yubahiriza abandi! Yaritwararika inyiyumvo zabo kandi ukwo kuntu yabasonera ashizemwo n’impuhwe kwatumye akora mu buryo bwubahiriza inyiyumvo zabo. Kubera turi Abakirisu, twoba tugize neza dutsimbataje kandi tukagaragaza ivyiyumviro vya Kirisitu muri ivyo. Bibiliya iradukebura iti: “Mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima.” (1 Petero 3:8) Ivyo mu vy’ukuri bidusaba kuvuga no gukora twubahiriza inyiyumvo z’abandi.
11 Mw’ishengero, turashobora kwerekana ko twubahiriza inyiyumvo z’abandi mu kububaha, mu kubafata nk’uko natwe twoshima ko badufata. (Matayo 7:12) Muri ivyo harimwo no kuba maso ku vyo tuvuga hamwe no ku kuntu tubivuga. (Ab’i Kolosayi 4:6) Niwibuke yuko ‘amajambo asunitswe n’impwemu ameze nk’ugucumita kw’inkota.’ (Imigani 12:18) Mu muryango hoho bite? Umugabo n’umugore bakundana vy’ukuri baritwararika umwe wese inyiyumvo z’uwundi. (Abanyefeso 5:33) Baririnda amajambo aryagagurana, ukunegurana kw’urudacika, hamwe n’ukunebagurana kuvuna umutima, ivyo vyose bikaba bishobora gukomeretsa inyiyumvo zitoroha kuvura. N’abana barafise inyiyumvo, kandi abavyeyi b’abanyarukundo ivyo ntibavyirengagiza. Igihe bikenewe ko bahanwa, mwene abo bavyeyi babigira mu buryo bubahiriza agateka k’abana babo kandi bakabarinda icotuma bamaramara bidakenewe. (Ab’i Kolosayi 3:21) Igihe twubahiriza abandi gutyo, tuba tugaragaje yuko dufise ivyiyumviro vya Kirisitu.
14-20 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MARIKO 9-10
“Iyerekwa rikomeza ukwizera”
Kirisitu ni we ubuhanuzi bushimikirako
9 Haraciye umwaka urenga Yezu atanze ico kimenyamenya duhejeje kuvuga cerekana ko ari we Mesiya. Pasika yo mu mwaka wa 32 G.C. yamaze kurengana. Benshi mu bari bizeye Yezu baretse kumukurikira, kumbure bitewe n’uruhamo, uguhahamira amaronko, canke bivuye ku myitwarariko yo mu buzima. Abandi na bo bashobora kuba babuze ico bafata n’ico bareka canke bavunywe umutima n’uko Yezu yamiriye kure utwigoro abantu bagize two kumugira umwami. Igihe yageragezwa n’abakuru b’idini ry’Abayuda, yaranse kubaha ikimenyetso kivuye mw’ijuru kimuninahaza ubwiwe (Matayo 12:38, 39). Ivyo bishobora kuba vyarazazaniye bamwebamwe. Vyongeye, Yezu yatanguye guhishurira abigishwa biwe ikintu cabagora rwose gutahura, kikaba cari ic’uko “akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa”.—Matayo 16:21-23.
10 Mu mezi nk’icenda canke icumi ari imbere, “igihe [ca Yezu] co kuva mw isi ngw aje kwa Se” cobaye gishitse (Yohana 13:1). Kubera yuko Yezu arajwe ishinga cane n’abigishwa biwe b’abagumyabanga, asezeranira bamwe muri bo ca kintu nyene yankira Abayuda batagira ukwizera, na co kikaba ari ikimenyetso kivuye mw’ijuru. Yezu avuga ati: “Ndababgire ukuri: Mur’aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe” (Matayo 16:28). Birumvikana yuko Yezu atariko avuga ko bamwebamwe mu bigishwa biwe bazoramba gushika Ubwami burongowe na Mesiya bushinzwe mu 1914. Yezu ashaka kuba arereka gatoyi batatu mu bigishwa biwe somambike ubuninahazwa yogize ari mu bubasha bw’Ubwami, akabibereka mu buryo bw’agatangaza. Ico kintu abereka nko mu ndoto citwa uguhinduka ukundi.
Kirisitu ni we ubuhanuzi bushimikirako
11 Hashize imisi itandatu, Yezu ajana Petero, Yakobo na Yohani, abadugana ku musozi muremure, bigasa n’uko ari ku mpinga y’Umusozi Herumoni. Ngaho, Yezu “ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco”. Umuhanuzi Musa na Eliya na bo nyene barababonekera, bariko bavugana na Yezu. Bishoboka ko ico kintu giteye akoba kiba mw’ijoro, bigatuma kiboneka mu buryo budasanzwe. Nkako, ivyo bintu biraboneka nk’ibibaye koko ku buryo Petero asaba guca insago zitatu, rumwe rukaba urwa Yezu, urundi rukaba urwa Musa, urundi na rwo rukaba urwa Eliya. Petero akiriko aravuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu, maze ijwi riva muri nya gicu riti: “Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve”.—Matayo 17:1-6.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 9:7
ijwi: Iyi ni incuro ya kabiri muri zitatu zivugwa mu Njili, aho Yehova ubwiwe yavugishije abantu.—Raba amakuru adufasha kwiga Mr 1:11; Yoh 12:28.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Mariko
10:6-9. Imana igomba ko abubakanye babana akaramata. Ku bw’ivyo, abagabo n’abagore bakwiye kwihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira batorera umuti ingorane izo ari zo zose zoshika mu mubano, aho kurondera guca bahukana.—Mat. 19:4-6.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 10:17, 18
Mwigisha mwiza: Biboneka ko uwo mugabo yakoresheje iyo mvugo ngo “Mwigisha mwiza” nk’izina ry’icubahiro ariko ashizemwo agahemo, narirya indongozi z’amadini zakunda kwitwa amazina nk’ayo y’icubahiro. Naho ata cari kubuza ko Yezu yitwa “Umwigisha” be n’“Umukama” (Yoh 13:13), wewe yashaka ko icubahiro cose gihabwa Se wiwe.
Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana: Ng’aha Yezu aremeje ko Yehova ari we ruheta mu bijanye no kumenya iciza, ni ukuvuga ko ari we wenyene afise uburenganzira bwo gushinga iciza n’ikibi ico ari co. Igihe Adamu na Eva bagarariza bakarya ku giti kimenyekanisha ikibi n’iciza, barondera kwiha ubwo burenganzira. Yezu wewe, ubwo burenganzira aburekera Se wiwe abigiranye ukwicisha bugufi. Imana yaradusiguriye ikibereye biciye ku mabwirizwa dusanga mw’Ijambo ryayo.—Mr 10:19.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 10:4
icete co gusezerera: Canke “icete co kwahukana.” Itegeko ryasaba ko umugabo agomba kwahukana abanza kwandika icete cemewe n’amategeko, kumbure akanahanuza abagabo b’inararibonye. Ivyo vyatuma aronka umwanya wo kwiyumvira neza ibijanye n’iyo ngingo ikomeye agomba gufata. Biboneka ko Itegeko ryari rifise intumbero yo gukinga ivyo kwahukana gihutihuti be no gukingira abakenyezi ku rugero kanaka. (Gus 24:1) Ariko mu gihe ca Yezu, abakuru b’amadini bari baroroheje ibijanye no kwahukana. Umuhinga mu vya kahise wo mu kinjana ca mbere yitwa Josèphe, ubwiwe akaba yari Umufarizayo yahukanye, yavuze ko vyari vyemewe kwahukana “ku mvo iyo ari yo yose (kandi nyinshi zatangwa n’abagabo).”
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 10:11
yirukana umugore wiwe: Canke “arungika umugore wiwe.” Ayo majambo ya Yezu Mariko yanditse, dukwiye kuyatahura twisunze ibivugwa muri Mt 19:9, ahongerako amajambo avuga ngo “atamuhoye ubusambanyi.” Ivyo Mariko yanditse mu gusubiramwo amajambo Yezu yavuze ku bijanye n’ukwahukana, bikora gusa igihe umwe mu bubakanye ahemutse agakora “ubusambanyi” (por·neiʹa mu kigiriki).
aba arenze ibigo ku vyerekeye nya mugore: Ng’aha Yezu ariyamiriza inyigisho y’abarabi yari ikwiragiye ico gihe, yarekurira abagabo kwahukana n’abagore babo “ku mvo iyo ari yose.” (Mt 19:3, 9) Iciyumviro c’uko umugabo yashobora kurenga ibigo cabaye gishasha ku Bayuda benshi. Abarabi bigisha yuko umugabo atigera arenga ibigo, bakavuga ko umugore ari we gusa yashobora guhemukira umugabo. Yezu yarateye iteka abakenyezi yongera arabaha icubahiro mu kwerekana ko mu bijanye n’ukwigenza runtu, umugabo n’umugore bagengwa n’ingingo zimwe.
21-27 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MARIKO 11-12
“Yatiburiyeyo vyinshi gusumvya abo bose”
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 12:41, 42
udusandugu two mw’ishikaniro: Ivyandikano vya kera vy’Abayuda bivuga ko utwo dusandugu tw’intererano twari tumeze nk’inzumbete canke amahembe, tukaba twari dufise intoboro hejuru. Twashirwamwo amahera agenewe ibintu bitandukanye. Ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa ng’aha, ni ryo ryakoreshejwe no muri Yoh 8:20 aho rihindurwa ngo “ishikaniro.” Iyo mvugo biboneka ko yerekeza ku kibanza cari mu Kigo c’abagore. (Raba igihimba ca 15 c’Agatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana.) Ivyandikano vy’abarabi bivuga ko mw’ishikaniro hari udusandugu 13 twari dukikuje impome z’ico kigo. Bivugwa ko n’urusengero rwarimwo icumba nyamukuru c’ishikaniro cashirwamwo amahera yakurwa muri utwo dusandugu two mw’ishikaniro.
uduceri tubiri: Ijambo ku rindi ni “leputoni zibiri.” Ijambo ry’ikigiriki le·ptonʹ risobanura akantu gatoyi kandi k’intimba ntoyi. Biboneka ko leputoni cari co giceri gito cane c’umujumpu cakoreshwa muri Isirayeli. Leputoni 128 zangana n’idenariyo 1.—Raba igihimba ca 18 c’Agatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana.
dufise agaciro gatoyi cane: Ijambo ku rindi ni “kwadarani.” Ijambo ry’ikigiriki ko·dranʹtes (ryakuwe mw’ijambo ry’ikilatini quadrans) ryerekeza ku giceri c’Abaroma cari gikozwe mu mujumpu. Kwadarani 64 zangana n’idenariyo 1. Muri uyu murongo Mariko akoresha amahera y’Abaroma kugira yerekane agaciro ibiceri Abayuda bakunda gukoresha vyari bifise.—Raba igihimba ca 18 c’Agatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana.
w97 1/11 12-13 ing. 16-17
Yehova Arashima Cane Ubusuku Ukorana Ubugingo Bwawe Bwose
16 Hashize imisi mikeyi, ku wa 11 Nisani, Yezu amara umusi muremure mu rusengero, aho ubukuru bwiwe bwaharirwa kandi akishura neza ibibazo bitoroshe vyerekeye amakori, izuka, n’ibindi bintu. Yarashize ku kabarore abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo kubera ko mu vyo bakora harimwo “[uku]rya ingo z’abapfakazi.” (Mariko 12:40) Maze Yezu afata icicaro, bikaboneka ko hari mu Kigo c’Abagore, ahari amasandugu 13, nk’uko bivugwa n’inkuru mpererekano z’Abayuda. Ahicara akanya, arereka yitonze uko abantu bakoraguriramwo intererano zabo. Abantu benshi batunze baraza, bamwe kumbure bakaba baboneka ko bibona ubugororotsi, bashaka mbere no kwiyerekana. (Gereranya na Matayo 6:2.) Ukwitegereza kwa Yezu kurahava gushingwa ku mugore munaka umwe. Amaso abayabaye kumbure ntiyari gushobora kwitegereza ikintu na kimwe cibonekeje kuri uwo mugore canke ishikanwa atanga. Ariko Yezu, uwari ashoboye kumenya imitima y’abandi, yaramenye ko uwo mugore yari “umupfakazi w’umworo.” Vyongeye yaramenye neza uko ishikanwa ryiwe ringana—‘uduceri tubiri, tw’agaciro katari kanini na buhorobuhoro.’—Mariko 12:41, 42.
17 Yezu ahamagara abigishwa biwe ngo baze kuri we, kuko yashaka ko bibonera icigwa yagomba abahe. Yezu aravuga, ati “ashikanye ibirengeye ivyo bose batereye mu masandugu.” Uko Yezu yabibonye, uwo mugore yashizeyo ibiruta ivyo abandi bose batanze bishizwe hamwe. Yatanze “ivyo yar’afise vyose”—uduhera dukeyi yari asigaranye. Mu kugira gutyo, yari yishize mu minwe rutunga ya Yehova. Umuntu rero yatunzwe urutoke bwa karorero mu vy’uguha Imana ni uwo ishikanwa ryiwe ryasa nk’iritaco rimaze mu vy’agaciro ubwayo ifise. Mu nyonga z’Imana ariko, yari iy’agaciro ntangere!—Mariko 12:43, 44; Yakobo 1:27.
w97 1/11 13 ing. 17
Yehova Arashima Cane Ubusuku Ukorana Ubugingo Bwawe Bwose
17 Yezu ahamagara abigishwa biwe ngo baze kuri we, kuko yashaka ko bibonera icigwa yagomba abahe. Yezu aravuga, ati “ashikanye ibirengeye ivyo bose batereye mu masandugu.” Uko Yezu yabibonye, uwo mugore yashizeyo ibiruta ivyo abandi bose batanze bishizwe hamwe. Yatanze “ivyo yar’afise vyose”—uduhera dukeyi yari asigaranye. Mu kugira gutyo, yari yishize mu minwe rutunga ya Yehova. Umuntu rero yatunzwe urutoke bwa karorero mu vy’uguha Imana ni uwo ishikanwa ryiwe ryasa nk’iritaco rimaze mu vy’agaciro ubwayo ifise. Mu nyonga z’Imana ariko, yari iy’agaciro ntangere!—Mariko 12:43, 44; Yakobo 1:27.
w87 1/12 30 ing. 1
Woba utanga ikintu kigusaba kugira ivyo uhevye?
Hari ivyigwa vyinshi bihambaye twokura muri iyi nkuru. Kumbure icigwa gihambaye kuruta ni iki: Twese turafise agateka ko gushigikira ugusenga kw’ukuri dukoresheje ivyo dutunze, ariko igihambaye ku Mana si ugupfa ico dutanze, ni ugutanga ikintu c’agaciro kuri twebwe. Mu yandi majambo, twoba dutanga ikintu tubona ko ata co kizodukenesha? Canke dutanga ikintu kidusaba kugira ivyo duhevye?
Ubukerebutsi mw’“Ijambo ry’Imana”
15 Mbega none ntibiri n’ico bivuze kubona mu bantu bose bari baje ku rusengero uwo musi, uwo mupfakazi ari we yacaguwe agashirwa muri Bibiliya? Biciye kuri ako karorero, Yehova atwigisha yuko ari Imana ishima. Aranezerezwa no kwakira amashikanwa dutangana ubugingo bwacu bwose, ataravye ukuntu yoba angana tugereranije n’ayo abandi bashoboye gutanga. Yehova ntivyari kumworohera kuronka uburyo bwiza kuruta ubwo bwo kutwigisha ukwo kuri kweza umutima!
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 11:17
inzu yo gusengeramwo ku mahanga yose: Mu banditsi batatu b’Injili basubiramwo ibiri muri Yes 56:7, Mariko ni we wenyene yongerako ngo “ku mahanga yose [canke abantu bose].” (Mt 21:13; Lk 19:46) Urusengero rw’i Yeruzalemu rwari rugenewe kuba ikibanza Abisirayeli n’abanyamahanga bubaha Imana bogiye barasengeramwo Yehova. (1Bm 8:41-43) Birabereye rero kubona Yezu yarahambariye Abayuda badandariza mu rusengero, bakarugira isenga ry’abambuzi. Ico kintu bakora catuma abantu bo mu mahanga yose bacika intege zo kuza gusengera mu nzu ya Yehova, gutyo bakabatesha akaryo ko kumumenya.
Icigwa kijanye n’ukwizera
Bidatevye, Yezu n’abigishwa biwe barinjira i Yeruzalemu. Nk’uko asanzwe abigira, araja ku rusengero agatangura kwigisha. Abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye, kumbure bibutse ivyo Yezu yaraye agiriye bamwe bavunja amahera, bamubaza bati: “Ni ububasha ki butuma ukora ivyo bintu? canke ni nde yaguhaye ubwo bubasha bwo kubikora?”—Mariko 11:28.
28 RUSAMA–3 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MARIKO 13-14
“Niwirinde kugwa mu mutego wo gutinya abantu”
Yarigiye kuri shebuja ibijanye n’uguharira abandi
14 Petero yaramukurikiye yiyubara cane, amaherezo ashika kw’irembo ry’imwe mu nyubakwa zari zikomakomeye kuruta izindi z’i Yeruzalemu. Hari kwa Kayifa, wa muherezi mukuru yari atunze cane kandi akomeye. Inyubakwa nk’izo akenshi wasanga zifise imbuga hagati be n’irembo imbere yazo. Petero yarashitse kw’irembo, baramwankira kwinjira. Yohani, uwari azinanye n’umuherezi mukuru kandi akaba yari amaze gushika indani, yaciye aza asaba umurinzi w’umuryango ngo areke Petero yinjire. Bisa n’uko Petero atagumye hafi ya Yohani; eka kandi ntiyagerageje kwinjira mu nzu kugira ngo ahagarare iruhande ya Shebuja. Yagumye kuri iyo mbuga, aho abashumba be n’abasuku bamwebamwe bari bateramiye muri ayo masaha y’ijoro arangwa n’imbeho bariko barota agacanwa kabengagira, bitegereza ingene vya vyabona vy’ibinyoma vyagiriza Yezu vyaguma vyinjira vyongera bisohoka mu nzu urubanza rwariko ruracirirwamwo.—Mrk. 14:54-57; Yoh. 18:15, 16, 18.
it-2-F 585 ing. 3
Petero
Petero yarashoboye kwinjira mu rugo rw’umuherezi mukuru abifashijwemwo n’uwundi mwigishwa, bikaba biboneka ko uwo mwigishwa yari amukurikiye canke amuherekeje. (Yoh 18:15, 16) Petero ntiyarondeye kwigumira ahantu mu mwiza ata n’umwe yomubona, ahubwo yaregereye umuriro mbere n’ukwota arota. Urubeya rw’umuriro rwaratumye abantu bamubona, baramenya ko yagendana na Yezu. Imvugo yiwe y’Abanyagalilaya na yo nyene yaratumye barushiriza kumwikeka. Igihe bamusagiriza ko yari kumwe na Yezu, Petero yarabihakanye incuro zitatu avuga ko no kumumenya atamuzi, arashika n’aho arahira arisiba. Mu micungararo hari isake yabitse ubugira kabiri, Yezu aca “arahindukira, araba Petero.” Petero yaciye asohoka, biramwankira, araturikisha ararira arabogoza. (Mt 26:69-75; Mr 14:66-72; Lk 22:54-62; Yoh 18:17, 18) Ariko rero isengesho Yezu yatuye imbere y’aho asabira Petero ryarishuwe, kuko ukwizera kwa Petero kutigeze kudegera.—Lk 22:31, 32.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Mariko
14:51, 52—Uwo musore ‘yahunze ari gusa’ yari nde? Mariko ni we wenyene avuga ivy’ico kintu cabaye, ku bw’ivyo turashobora ata kwihenda gushika ku ciyumviro c’uko yariko arivuga.
Yezu ajanwa kwa Anasi, hama kwa Kayifa
Kayifa arazi ko Abayuda baterekwa umuntu wese avuga ko ari Umwana w’Imana. Imbere y’aho, igihe Yezu yavuga ko Imana ari Se wiwe, Abayuda baciye barondera kumwica bamwagiriza ngo “[y]igira uwungana n’Imana.” (Yohani 5:17, 18; 10:31-39) Kubera yuko Kayifa azi ico kintu, abaza Yezu ku rwenge ati: “Ndakurahije Imana nzima utubwire ko woba uri Kristu Umwana w’Imana!” (Matayo 26:63) Yezu aramaze kwemera icese ko ari Umwana w’Imana. (Yohani 3:18; 5:25; 11:4) Hamwe yokwihindukiza mw’ijambo, abantu bohava biyumvira ko ahakanye ko ari Umwana w’Imana be n’uko ari Kristu. Yezu rero yishura ati: “Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu yicaye iburyo bw’ububasha azanana n’ibicu vyo kw’ijuru.”—Mariko 14:62.