Wotanga iki ngo ubandanye kubaho?
“Umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe?”—MAT. 16:26.
1. Ni kubera iki Yezu yamiriye kure amajambo Petero yavuze amuhambarira?
INTUMWA PETERO yaratangajwe cane n’ivyo yumvise. Indongozi yiwe yikundira ari yo Yezu Kristu, yariko avuga “atarya umunwa” yuko yari agiye kubabazwa hanyuma agapfa. Petero mu kwishura, uno akaba ata gukeka ko yari abigiranye imvo nziza gusumba izindi zose, yarahambariye Yezu amubwira ati: “Ibabarire, Mukama; oya ntuzoshikirwa n’ivyo bintu namba.” Yezu yaciye aha umugongo Petero maze araba abandi bigishwa. Birashoboka ko na bo nyene babona ibintu muri ubwo buryo butari bwo. Yaciye abwira Petero ati: “Herera inyuma yanje, Shetani! Uri igitsitaza kuri jewe, kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ariko wiyumvira ivy’abantu.”—Mrk. 8:32, 33; Mat. 16:21-23.
2. Yezu yerekanye gute ivyo umwigishwa w’ukuri asabwa?
2 Amajambo Yezu yaciye avuga ashobora kuba yarafashije Petero kubona igituma Yezu yamukariye kubera ivyo yari ahejeje kuvuga amuhambarira. Yezu “[yarahamagaye] isinzi ngo rize kuri we hamwe n’abigishwa biwe” maze aca avuga ati: “Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co gusinzikarizwako ciwe hanyuma ankurikire ubudahengeshanya. Kuko uwo wese ashaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwo wese aheba ubuzima bwiwe kubera jewe no kubera inkuru nziza azobukiza.” (Mrk. 8:34, 35) Biragaragara ko Yezu atari agira atange gusa ubuzima bwiwe ariko kandi ko yari yiteze yuko abomukurikiye vyobaye ngombwa ko bitegurira gutanga ubuzima bwabo mu murimo w’Imana. Babigize boronse impera nyinshi.—Soma Matayo 16:27.
3. (a) Ni ibibazo ibihe Yezu yabajije abariko baramwumviriza? (b) Ikibazo ca kabiri Yezu yabajije, gishobora kuba caribukije iki abariko baramwumviriza?
3 Ico gihe nyene, Yezu yarabajije ibibazo bibiri bituma umuntu azirikana ati: “Umuntu vyomumarira iki kwunguka isi yose agaheba ubuzima bwiwe?” hamwe na, “Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe?” (Mrk. 8:36, 37) Inyishu y’ico kibazo ca mbere iratomoye uravye ukuntu abantu babona ibintu. Nta co vyomarira umuntu kuronka isi yose mugabo akabura ubuzima bwiwe. Ivyo umuntu atunze biba ngirakamaro igihe gusa ari muzima kugira ngo abinezerererwe. Ikibazo ca kabiri Yezu yabajije ngo “Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe?” gishobora kuba caribukije abariko baramwumviriza ikirego Shetani yavyuye mu gihe ca Yobu igihe yavuga ati: “Ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” (Yobu 2:4) Abantu bamwebamwe badasenga Yehova, boshobora kubona ko ayo majambo Shetani yavuze ari ay’ukuri. Abenshi bokora ikintu ico ari co cose, bakarenga ku ngingo ngenderwako iyo ari yo yose, kugira gusa ngo bagume ari bazima. Abakirisu bobo babona ibintu mu buryo butandukanye n’ubwo.
4. Ni kubera iki ibibazo Yezu yabajije bifise insobanuro igera kure ku bakirisu?
4 Turazi yuko Yezu ataje kw’isi kugira ngo aduhe amagara meza, ubutunzi be no kubaho imyaka myinshi muri ino si. Yaje kugira ngo aturonse akaryo ko kuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha, kandi icizigiro co kuronka ubwo buzima ni co duha agaciro cane. (Yoh. 3:16) Umukirisu akwiye gutahura yuko mu kibazo ca mbere Yezu yabajije yashatse kuvuga ati: “Umuntu vyomumarira iki kwunguka isi yose agaheba icizigiro ciwe co kuzobaho ibihe bidahera?” Inyishu ni uko ata na kimwe vyomumarira. (1 Yoh. 2:15-17) Kugira ngo dushobore kwishura ikibazo kigira kabiri Yezu yabajije, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba mfise umutima ukunze wo guheba ibingana iki muri iki gihe kugira ngo icizigiro mfise co kubaho mw’isi nshasha kigume ari ntakekeranywa?’ Inyishu dutanga kuri ico kibazo, iyibonekera mu kuntu tubayeho, irahishura ukuntu ico cizigiro gikomeye mu mitima yacu.—Gereranya na Yohani 12:25.
5. Dushobora gute kuronka ingabirano y’ubuzima budahera?
5 Mu bisanzwe, Yezu ntiyariko avuga yuko umuntu ashobora kuronka ubuzima budahera ari uko abukoreye. Ubuzima, mbere n’ubwo dufise muri kino gihe, ubwo twovuga ko bumara igihe gito, ni ingabirano. Ntidushobora kubugura canke ngo dukore ikintu na kimwe kugira tube ababereye kuburonka. Uburyo bumwe rudende dushobora kuronka iyo ngabirano y’ubuzima budahera ni mu “[kwizera] Kristu Yezu” hamwe na Yehova, ‘uwuhemba abamuronderana ubwira.’ (Gal. 2:16; Heb. 11:6) Yamara rero, ukwizera gutegerezwa kugaragarira mu bikorwa, kubera yuko “ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.” (Yak. 2:26) Ku bw’ivyo, igihe tuza kuba turiko turazirikana kuri ivyo bibazo Yezu yabajije, vyoba vyiza turimbuye ata gufyina ukuntu ivyo dushobora guheba tubigiranye umutima ukunze muri kino gihe bingana be n’ukuntu ivyo dushobora gukora mu murimo wa Yehova tubigiranye umutima ukunze bingana kugira ngo twerekane yuko ukwizera kwacu ari kuzima vy’ukuri.
‘Kristu ntiyishimishije ubwiwe’
6. Ni ibiki Yezu yashira imbere y’ibindi?
6 Aho gushinga ijisho ku vyo isi yo mu gihe ciwe yari gushobora kumuronsa, Yezu yibanze ku bintu bihambaye maze yamirira kure agatima ko kwironderera amatungo arondera kwimerererwa neza. Ubuzima bwiwe bwarangwa n’ukwitanga be no kugamburukira Imana. Aho kwinezereza, yavuze ati: “Nama nantaryo nkora [ibihimbara Imana].” (Yoh. 8:29) Yezu yari afise umutima ukunze wo gukora ibingana iki kugira ngo ahimbare Imana?
7, 8. (a) Ni ikimazi ikihe Yezu yatanze kandi yahawe impera gute? (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kwibaza?
7 Igihe kimwe, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Umwana w’umuntu yaje, atari kugira ngo asukurirwe, ariko kugira ngo asukurire abandi no kugira ngo atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mat. 20:28) Imbere y’aho, igihe Yezu yatangura kuburira abayoboke biwe yuko vuba yari agiye “[gutanga] ubuzima bwiwe,” Petero yaciye amubwira ngo yibabarire. Ariko rero, Yezu yagumye ashikamye. Yaratanze abikunze ubuzima bwiwe butunganye ku bw’abantu. Iyo ngendo itaranga ubwikunzi yatumye kazoza ka Yezu kaba ntakekeranywa. Yarazuwe maze “[ashirwa] hejuru iburyo bw’Imana.” (Ibik. 2:32, 33) Muri ubwo buryo yaratubereye akarorero keza cane.
8 Intumwa Paulo yahanuye abakirisu b’i Roma ‘kutishimisha’ ubwabo yongera abibutsa yuko “na Kristu atishimishije ubwiwe.” (Rom. 15:1-3) None, ni ku rugero rungana iki tuzoshira mu ngiro iyo mpanuro yatanzwe n’intumwa maze tukitanga kugira ngo twigane Kristu?
Yehova yipfuza ko tumuha ibintu vyiza gusumba ibindi
9. Ni igiki mu bisanzwe umukirisu aba agize igihe yiyeguriye Imana?
9 Muri Isirayeli ya kera, Itegeko rya Musa ryavuga yuko abashumba b’Abaheburayo bategerezwa kurekurwa mu mwaka ugira indwi baba bamaze bashumvye canke mu mwaka wa Yubile. Ariko rero, bari gushobora no guhitamwo ikindi. Umushumba akunze shebuja, yarashobora guhitamwo kuguma ari umushumba muri urwo rugo ubuzima bwiwe bwose. (Soma Gusubira mu vyagezwe 15:12, 16, 17.) Na twebwe nyene turagira ihitamwo nk’iryo igihe twiyeguriye Imana. Turemera tubikunze gukora ivyo Imana igomba, aho kureka ngo dutwarwe n’ivyiyumviro vyacu. Tubigenjeje gutyo tuba twerekanye urukundo rugera kure dufitiye Yehova be n’icipfuzo dufise co kumukorera ibihe vyose.
10. Ni mu buryo ki turi abantu Imana yiharije, kandi ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute ku vyiyumviro vyacu be no ku vyo dukora?
10 Nimba uriko uriga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova ubigiranye ubwira, ukaba uriko uragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza kandi ukaba witaba amakoraniro ya gikirisu, urakwiye gukezwa. Turizigiye ko vuba uzokwumva uvyuriwe umutima wo kwiyegurira Yehova maze ukabaza ikibazo wa Munyetiyopiya yabajije Filipo ati: “Ni igiki kimbuza kubatizwa?” (Ibik. 8:35, 36) Ubucuti ufitaniye n’Imana rero buzoca bumera nk’ubw’abakirisu Paulo yandikiye bari bafitaniye na yo. Yababwiye ati: “Ntimwigaba, kuko mwaguzwe igiciro.” (1 Kor. 6:19, 20) Twaba dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kw’isi, nimba twariyeguriye Yehova, ni we Databuja. Ese rero ukuntu bihambaye ko twikuramwo ivyipfuzo vy’ubwikunzi maze “[tukareka] gucika abashumba b’abantu”! (1 Kor. 7:23) Ese ukuntu ari agateka kuba umusavyi wa Yehova w’intahemuka, uwo ashobora gukoresha nk’uko bimuhimbara!
11. Ni ikimazi ikihe abakirisu basabwa gutanga, kandi ivyo bisobanura iki vy’ukuri, nk’uko vyerekanwa n’ibimazi vyatangwa mu gihe c’Itegeko rya Musa?
11 Paulo yahanuye abo bari basangiye ukwemera ati: “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana, igikorwa ceranda kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.” (Rom. 12:1) Ayo majambo ashobora kuba yaribukije abakirisu b’Abayuda ibimazi vyari mu bigize ugusenga kwabo imbere yuko baba abayoboke ba Yezu. Bashobora kuba bari bazi yuko mu gihe c’Itegeko rya Musa, ibitungwa vyatangwa ku gicaniro ca Yehova vyategerezwa kuba ari vyiza gusumba ibindi. Nta kintu kigayitse na kimwe cemerwa. (Mal. 1:8, 13) Ukwo ni na ko biri igihe dutanze imibiri yacu “nk’ikimazi kizima.” Dushikanira Yehova ibintu vyiza gusumba ibindi, ntidupfa kumushikanira birya bisigara igihe tuba tumaze gushitsa ivyipfuzo vyacu bwite. Igihe twiyeguriye Imana, turayiha ubuzima bwacu ata co twisigarije, aho hakaba harimwo inkomezi zacu, ivyo dutunze be n’ubuhanga bwacu. (Kol. 3:23) None ivyo tuvyerekana gute mu buzima bwacu?
Nukoreshe umwanya wawe mu buryo buranga ubukerebutsi
12, 13. Uburyo bumwe bwo guha Yehova ibintu vyiza gusumba ibindi ni ubuhe?
12 Uburyo bumwe bwo guha Yehova ibintu vyiza gusumba ibindi ni ugukoresha umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi. (Soma Abanyefeso 5:15, 16.) Ivyo bisaba ukwigumya. Utwosho two muri ino si be n’agasembwa twarazwe bituma tugira impengamiro yo gukoresha umwanya mu bintu bituma twiryohererwa gusa canke mu nyungu zacu bwite. Vy’ukuri, “ikintu cose ca[ra]shingiwe igihe caco,” ushizemwo n’ukwisamaza guhimbaye be n’akazi dukora kugira ngo dushitse amabanga ya gikirisu tujejwe. (Umus. 3:1) Ariko rero, umukirisu yiyeguye arakeneye kuguma afise uburimbane no gukoresha umwanya wiwe mu buryo buranga ubukerebutsi.
13 Igihe Paulo yagendera i Atene, yarabonye ko “Abanyatene bose be n’abanyamahanga bari bacumbitse ng’aho [a]ta kindi bamaza umwanya wabo w’ukwisamaza atari ukuvuga canke kwumviriza ikintu gishasha.” (Ibik. 17:21) Muri kino gihe, abantu benshi baratakaza umwanya muri ubwo buryo. Mu bintu vyo kwisamaza biriho muri kino gihe, harimwo kurorera televiziyo, gukina udukino two kuri videwo be no kurondera amakuru kuri Internet. Ibidusamaza biguma birushiriza kuba vyinshi bigatuma dutakaza umwanya wacu. Twirekeranye vyoshobora gutuma twirengagiza ivyo dukeneye mu buryo bw’impwemu. Twoshobora mbere gushika aho tubona yuko dufise ibintu vyinshi dukora ku buryo tutokwitwararika “ibintu bihambaye kuruta,” ni ukuvuga ibintu bijanye no gukorera Yehova.—Flp. 1:9, 10.
14. Ni ibibazo ibihe bibereye ko tuzirikanako ata gufyina?
14 Ku bw’ivyo rero, kubera yuko uri umusavyi wa Yehova yiyeguye, niwibaze uti: ‘Mu vyo nkora ku musi ku musi, hoba harimwo umwanya wo gusoma Bibiliya, kuzirikana be no gusenga?’ (Zab. 77:12; 119:97; 1 Tes. 5:17) ‘Noba nshira ku ruhande umwanya wo gutegura amakoraniro ya gikirisu? Noba ndemesha abandi mu gutanga insasanuro ku makoraniro?’ (Zab. 122:1; Heb. 2:12) Ijambo ry’Imana rivuga yuko Paulo na Barunaba bamaze “igihe kitari gito bavugana ubutinyutsi ku bukuru bwa Yehova.” (Ibik. 14:3) Woba ushobora guhindura ivyawe uko vyifashe kugira ngo umare umwanya wiyongereye, eka mbere ukamara “igihe kitari gito,” mu gikorwa co kwamamaza, kumbure mu gukora uri umutsimvyi?—Soma Abaheburayo 13:15.
15. Abakurambere bakoresha gute umwanya wabo mu buryo buranga ubukerebutsi?
15 Igihe intumwa Paulo na Barunaba bagendera ishengero rya gikirisu ry’i Antiyokiya, “[baramaranye] n’abigishwa igihe kitari gito” kugira ngo babaremeshe. (Ibik. 14:28) Abakurambere b’abanyarukundo muri kino gihe na bo nyene barakoresha umwanya munini kugira ngo bakomeze abandi. Uretse ubusuku bwo mu ndimiro barangura, abakurambere barakora cane kugira ngo baragire ubusho, bakarondera intama zazimiye, bagafasha abarwaye, bakongera bakitwararika ayandi mabanga menshi bajejwe mw’ishengero. Nimba uri umuvukanyi yabatijwe, uko ivyawe vyifashe vyoba bigukundira gukwiza ibisabwa kugira ngo uterwe utwo duteka tw’umurimo twiyongereye?
16. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora ‘gukorera iciza incuti zacu mu kwizera’?
16 Abantu benshi bararonkeye umunezero mu gufasha mu bijanye no gutabara ababuze ivyabo kubera ivyago biva ku bintu abantu bakora canke ivyago vy’ivyaduka. Nk’akarorero, umuvukanyikazi umwe ageze mu myaka 60 akaba asukurira kuri Beteli, akatari gake yaragize ingendo ndende agiye gufasha mu bikorwa vyo gutabara. None ni kubera iki yakoresheje imisi yiwe y’akaruhuko muri ubwo buryo? Avuga ati: “Naho ata buhinga budasanzwe mfise, kari agateka gukora ikintu ico ari co cose cari gikenewe. Narumvise ndemeshejwe cane n’ukwizera gukomeye kw’abavukanyi n’abavukanyikazi banje bari barabuze ibintu vyinshi vy’umubiri.” Vyongeye, abantu ibihumbi n’ibihumbi kw’isi yose barafasha mu kwubaka Ingoro z’Ubwami be n’Ingoro z’amateraniro. Mu kugira uruhara muri mwene ivyo bikorwa, tuba turiko ‘turakorera iciza incuti zacu mu kwizera’ ata bwikunzi tubigiranye.—Gal. 6:10.
“Ndi kumwe namwe imisi yose”
17. Ni igiki wewe ubwawe wotanga kugira ngo uronke icizigiro c’ubuzima budahera?
17 Ikibano c’abantu conkowe ku Mana kigiye gukurwaho. Ntituzi neza na neza igihe ivyo bintu bizobera. Ariko rero, turazi yuko “igihe gisigaye [ari] kigufi” be n’uko “ibintu vyo kuri iyi si biriko birahindagurika.” (Soma 1 Abakorinto 7:29-31.) Ivyo bituma ca kibazo Yezu yabajije kirushiriza kugira insobanuro, ikigira giti: “Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe?” Nta gukeka ko tuzokwemera guheba ikintu ico ari co cose Yehova adusaba kugira ngo turonke “ubuzima nyakuri.” (1 Tim. 6:19) Vy’ukuri, birahambaye ko twumvira impanuro Yezu yatanze yo ‘kumukurikira ubudahengeshanya’ be no “[k]ubanza kurondera ubwami.”—Mat. 6:31-33; 24:13.
18. Ni igiki dushobora kwemera tudakeka, kandi kubera iki?
18 Mu vy’ukuri, gukurikira Yezu ntivyama nantaryo vyoroshe, kandi nk’uko ingabisho Yezu yatanze ivyerekana, vyaratumye abantu bamwebamwe batakaza ubuzima bwabo muri kino gihe. Naho ari ukwo, cokimwe na Yezu, turirinda agatima ko ‘kwibabarira.’ Turizera amajambo adukura amazinda Yezu yabwiye abayoboke biwe basizwe bo mu kinjana ca mbere, ayagira ati: “Ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:20) Nimuze rero, uko bishoboka kwose, dukoreshe umwanya wacu be n’ubuhanga bwacu mu murimo mweranda. Tubigize tuba twerekanye ko twizigira yuko Yehova azoturokora muri ya makuba akomeye canke akadusubiza ubuzima mw’isi nshasha. (Heb. 6:10) Muri ubwo buryo tuzoba twarerekanye ukuntu duha agaciro cane ingabirano y’ubuzima.
Wokwishura gute?
• Ni gute Yezu yagaragaje mu buryo budasanzwe umutima ukunze wo gusukurira Imana n’abantu?
• Ni kubera iki umuntu akwiye kwiyanka, kandi ivyo abigira gute?
• Muri Isirayeli ya kera, ibimazi vyonyene Yehova yemera vyari ibihe, kandi ivyo bitwigisha iki muri kino gihe?
• Ni mu buryo ubuhe dushobora gukoresha umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi?
[Ifoto ku rup. 26]
Yezu yamye nantaryo akora ibintu bihimbara Imana
[Ifoto ku rup. 28]
Abisirayeli bari bafise umutima ukenguruka baratanga ibintu vyiza gusumba ibindi bari bafise kugira ngo bashigikire ugusenga kw’ukuri
[Ifoto ku rup. 29]
Turahimbara Imana mu gukoresha umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi