URURIRIMBO RWA 89
Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe
Integuro icapuwe
1. Mbe Kristu Yezu turamwumviriza?
Arigish’akatumurikira.
Ariko rero tuzohezagirwa
Tugamburutse tukamwumvira.
(ICITABIRIZO)
Umviriz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
Nugamburuke maz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
2. Kugira tubeho turoraniwe,
Tube nka ya nzu yo ku rutare.
Nitwisunga ubuyobozi bwiwe
Tuzorama ntidutembagare.
(ICITABIRIZO)
Umviriz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
Nugamburuke maz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
3. Nk’igiti kir’iruhande y’amazi
Gitang’ivyamwa vyaco ku gihe,
Twirinze ntitub’abagambarazi
Tuzohimbarw’ivyiza twidihe.
(ICITABIRIZO)
Umviriz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
Nugamburuke maz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
(Raba kandi Gus. 28:2; Zab. 1:3; Imig. 10:22; Mat. 7:24-27; Luka 6:47-49.)