Ni kubera iki dukwiye kuvuga ukuri?
MANFRED yatanguye kumenyerezwa mu bijanye no gukora akazi ko mu biro afise imyaka 18a. Ikompanyi yakorera yaratunganije ivy’uko we hamwe n’abandi bantu nka bangahe bariko baramenyerezwa, boza barakurikirana kabiri mu ndwi ivyigwa mw’ishure rimwe rimenyereza abaryigamwo kugira baronke ubuhanga buzotuma bashobora gukora akazi kanaka. Umusi umwe, ivyigwa vyarangiye hakiri kare ugereranije n’aho vyari bisanzwe birangirira. Nk’uko vyari mu mategeko y’iyo kompanyi, abo bamenyerezwa bategerezwa guca bagaruka ku kazi kugira bakore amasaha yaba asigaye. Aho kubigenza gutyo, bose baciye bigira kwinezerererwa kiretse Manfred gusa yaciye asubira ku kazi. Muri uwo mwanya, umuyobozi mukuru ajejwe abo bamenyerezwa yaciye ashika. Igihe yabona Manfred, yamubajije ati: “Kubera iki uno musi utagiye kwiga? Abandi bo bari he?” Manfred yari akwiye kwishura gute?
Ibintu nk’ivyo vyashikiye Manfred vyama vyabaye. Yoba yari kuvuga ukuri, canke yoba yari gukingira ikibaba abo bigana? Aramutse atanze inyishu y’ukuri vyotumye abo bandi bagira ingorane maze bagaca bamwanka. Vyoba bibereye kubesha mu bihe nk’ivyo? Wewe wari gukora iki? Turaza kugaruka kuri Manfred mu nyuma, ariko reka tubanze turimbure ico bisaba igihe dutegerezwa gufata ingingo yo kuvuga ukuri canke kutakuvuga.
Ukuri n’ikinyoma ni ibintu bidacana uwaka
Mu ntango ya kahise k’abantu, ibintu vyose vyari bishingiye ku kuri. Nta vyo kugoreka ibintu vy’ukuri, guhirika ukuri canke kuvuga ibintu uko bitari, vyari bihari. Yehova, we Muremyi, ni “Imana y’ukuri”. Ijambo ryiwe ni ukuri, ntashobora kubesha, kandi ariyamiriza ibinyoma n’abanyabinyoma.—Zaburi 31:5; Yohana 17:17; Tito 1:2.
None ko bimeze gutyo, ikinyoma caje gute? Yezu Kristu yaratanze inyishu y’ukuri igihe yabwira abanyamadini bamurwanya barondera kumwica, ati: “Mwebge mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo” (Yohana 8:44). Nta nkeka ko Yezu yariko yerekeza ku vyabaye muri rya tongo ry’i Edeni, igihe Shetani yatuma umugabo n’umugore ba mbere bagarariza Imana, maze bakagwa mu caha amaherezo bagapfa.—Itanguriro 3:1-5; Abaroma 5:12.
Ayo majambo ya Yezu arerekana neza ko Shetani ari ‘se w’ibinyoma’, ni ukuvuga uwatanguje ibinyoma. Shetani n’ubu aracabandanya urugamba rwo kurwanira ikinyoma, kandi mu vy’ukuri ariko “[a]zimiza abari kw isi bose”. Ni we ahanini akwiye kubazwa ingaruka ugukwiragira kw’ikinyoma kwakwegeye abantu muri iki gihe.—Ivyahishuriwe 12:9.
Ukudacana uwaka kuri hagati y’ukuri n’ikinyoma, ukwatangujwe na Shetani wa Mucokoranyi, n’ubu kuracakora ibara. Kwaranyengetereye kurashika mu nzego zose zo mu kibane c’abantu maze kuragira ico gukoze ku muntu wese. Uburyo umuntu abayeho burerekana ko ashigikiye ukuri canke ikinyoma. Abari ku ruhande rw’Imana, ubuzima bwabo babushingira ku kuri kwo mw’Ijambo ryayo Bibiliya. Uwo wese adakurikira inzira y’ukuri aragwa mu maboko ya Shetani, yaba abizi canke atabizi, kubera ko “isi yose iri muri wa Mubi”.—1 Yohana 5:19; Matayo 7:13, 14.
Ni kubera iki usanga abantu bafise agatima ko kubesha?
Kuba “isi yose” iganzwa na Shetani biratwereka igituma abantu benshi babesha. Yamara twoshobora kwibaza duti: ‘Ni kubera iki Shetani, ‘se w’ibinyoma’, akora gutyo?’. Shetani yari azi ko Yehova ari we Segaba akwiriye kuganza ivyo yaremye vyose, harimwo na wa mugabo n’umugore ba mbere. Ariko, yaripfuje ico kibanza gihambaye kandi kidasanzwe, ico na co kikaba ari ikintu atari afitiye uburenganzira. Abitumwe n’umwina be n’icipfuzo kiranga ubwikunzi, yaragize amayeri kugira atware ikibanza ca Yehova. Kugira ngo abishikeko, yakoresheje ibinyoma n’uruhendo.—1 Timoteyo 3:6.
Bite ho muri iki gihe? Ntiwemera none ko umwina be n’icipfuzo kiranga ubwikunzi ari vyo n’ubu bigituma abantu benshi babesha? Ubudandaji burimwo umwina, politike yononekaye be n’idini ry’ikinyoma vyuzuyemwo uruhendo, ibinyoma, amayeri hamwe na forode. None babigira kubera iki? Si kubera ko akenshi abantu babitumwa n’umwina be n’icipfuzo co guhahamira ubukuru canke icipfuzo co kuronka ubutunzi, kugira ububasha ku bandi canke igiti kandi batari babikwiye? Umutware w’inkerebutsi, ari we wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera, yagabishije ati: “Uwihutira kuba umutunzi ntazobura guhanwa” (Imigani 28:20). Intumwa Paulo na we yanditse ati: “Gukunda amahera [ni] imizi y’ibibi vyose” (1 Timoteyo 6:10). Nta nkeka ko ivyo vyoshobora kuvugwa no ku bijanye n’ukwipfuza ubukuru canke igiti mu buryo burenze urugero.
Ikindi kintu gituma abantu babesha ni ugutinya, ni ukuvuga gutinya ingaruka bishobora kugira canke gutinya ukuntu abandi bokwiyumvira igihe havuzwe ukuri. Ni ibisanzwe ko abantu bipfuza gukundwa canke kwemerwa n’abandi. Ariko rero, ico cipfuzo kirashobora gutuma bagoreka ukuri, naho koba akantu gatoyi gusa, kugira ngo bapfukapfuke amakosa, bahishe utuntu dutoduto babona ko tutabereye canke kugira gusa abandi bagume bababona neza. Birabereye kubona Salomo yanditse ati: “Gutinya abantu n’ukwitega umutego, arik’uwizigira Uhoraho azoba amahoro”.—Imigani 29:25.
Tube intahemuka ku Mana y’ukuri
Manfred yishuye gute wa muyobozi w’ikompanyi yamusaba kwisigura? Yavugishije ukuri. Yagize ati: “Uno musi umwigisha yaturekuye hakiri kare, naciye rero nza ku kazi. Abandi na bo, sinshobora kubishurira. Kumbure woshobora kubibariza”.
Manfred yari gushobora kwishura ku rwenge, bigatuma akundwa na ba bagenzi biwe. Mugabo yari afise imvo zumvikana zo kudahemuka ku kuri. Manfred ni Icabona ca Yehova. Ukuvugisha ukuri kwiwe kwatumye ijwi ryiwe ryo mu mutima riguma ritanduye. Vyatumye kandi umukoresha wiwe amwizigira. Manfred yaciye arungikwa kumenyererezwa mu rwego rujejwe ivy’utubuyenge tw’igiciro, aho abamenyerezwa badakunda kwemererwa gukorera. Haheze imyaka nka 15 Manfred ashinzwe amabanga muri iyo kompanyi, wa muyobozi mukuru yaramuterefonye kugira gusa amukeze yongere amwibutse ico kintu cabaye cerekana ukudahemuka kwiwe ku kuri.
Kubera ko Yehova ari Imana y’ukuri, uwo wese yipfuza kugiranira na we ubucuti somambike ategerezwa “[k]wiyambu[ra] ibinyoma” kandi ‘akavuga ivy’ukuri’. Umusavyi w’Imana akwiye gukunda ukuri. Wa mugabo w’inkerebutsi yanditse ati: “Icabona cizigirwa ntikibesha”. None, ikinyoma ni iki?—Abanyefeso 4:25; Imigani 14:5.
Ikinyoma ni iki?
Ikinyoma cose ni ukutavuga ukuri, yamara ukutavuga ukuri kwose si ikinyoma. Uti kubera iki? Inyizamvugo imwe isigura yuko ikinyoma ari “ikintu umuntu avuga azi canke yemera ko atari ukuri, akabigira afise intumbero yo guhenda abandi”. Mu vy’ukuri, umuntu abesha aba afise intumbero yo kuyovya mugenziwe. Ariko iyo umuntu atavuze ukuri, mugabo akaba atabigize n’ibigirankana, nko kwihenda mu kubwira umuntu ibintu binaka canke ibitigiri binaka, si cokimwe no kubesha.
Vyongeye, turakeneye kurimbura nimba umuntu arondera kumenya amakuru manaka yoba afise uburenganzira bwo kuronka inyishu ikwiye. Nk’akarorero, dufate ko Manfred yari kuba yabajijwe ivyo bibazo nyene n’umuyobozi mukuru wo mu yindi kompanyi. Manfred yoba yategerezwa kumubwira akantu kose? Eka data. Kubera ko uwo muyobozi ata burenganzira yobaye afise bwo kumenya ayo makuru, Manfred ntiyotegerejwe kuyamumenyesha yose. Birumvikana, no muri ico gihe nyene vyobaye ari bibi amubeshe.
Ni akarorero akahe Yezu Kristu yatanze ku bijanye n’ivyo? Igihe kimwe, yariko araganira n’abantu bamwe batizera berekanye ko bipfuza kumenya ibijanye n’urugendo yari kugira. Bamuhanuye bati: “N’uve ino, uje i Yudaya”. NoneYezu yishuye iki? Yavuze ati: “Mwebge ni mudūge [i Yeruzalemu] kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidūgako, kukw igihe canje kitaragera”. Gatoyi inyuma y’ivyo, Yezu yahavuye aja i Yeruzalemu kuri iyo misi mikuru. Ni kubera iki yishuye ukwo? Nta burenganzira bari bafise bwo kumenya neza utuntu tw’ido n’ido tw’aho yategerezwa kuba ari. Rero, naho Yezu atavuze ikinyoma, yabahaye inyishu idakwiye kugira ngo yirinde akaga bari gushobora kumuteza canke guteza abayoboke biwe. Ico nticari ikinyoma kubera ko intumwa Petero yanditse ku bijanye na Kristu ati: “Nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe”.—Yohana 7:1-13; 1 Petero 2:22.
Ariko none tuvuge iki ku bijanye na Petero ubwiwe? Muri rya joro Yezu yafatwamwo, Petero ntiyabeshe gatatu kose, agahakana ko atazi Yezu? Mu vy’ukuri, Petero yaraguye mu mutego wo gutinya abantu maze arabesha. Mugabo bidatevye ‘yaraturitse ararira’ maze arigaya kandi icaha ciwe carahariwe. Vyongeye, yaragize ivyo yigiye kw’ikosa ryiwe. Haciye imisi itari mike, yaravugiye ku mugaragaro ivyerekeye Yezu kandi yarashikamye aranka kureka kuvuga igihe yari ageramiwe n’abategetsi b’Abayuda b’i Yeruzalemu. Ata gukeka, ukuba Petero yarahuvye akanya gato be no kuba yarigaruye bidatevye bikwiye kuturemesha twebwe twese, kubera ko dushobora kurengerwa bitagoranye n’ubugoyagoye maze tugatsitara mu mvugo canke mu ngiro.—Matayo 26:69-75; Ivyakozwe n’intumwa 4:18-20; 5:27-32; Yakobo 3:2.
Ukuri kuzokomezwa ibihe bidahera
Mu Migani 12:19 hasigura hati: “Umunwa w’ukuri uzokomezwa gushitsa ibihe bidashira, arik’ururimi rw’ibinyoma n’urw’akanya gato”. Mu vy’ukuri, ukuri kurangwa n’ukuramba. Ubucuti abantu bagiranira na bwo burushiriza kuba ubutekanye kandi bumara akanyota igihe biyemeje kuvuga ukuri no gukora bahuza na kwo. Kanatsinda, kuvuga ukuri ntibiteba kuvamwo ivyiza. Muri ivyo harimwo ijwi ryiza ryo mu mutima, izina ryiza, be n’ubucuti bukomeye mu mubano w’abubatse, mu muryango, mu bagenzi eka mbere no mu vy’urudandaza.
Ikinyoma coco kimara umusi ntikimara umwaka. Akarimi kabesha koshobora guhenda umuntu mu kanya gato, ariko ikinyoma ntikimara igihe kinini. Vyongeye, Yehova, we Mana y’ukuri, yarashinze igihe ntarengwa c’aho atazoguma yihanganira ikinyoma be n’abagikorereza. Bibiliya isezerana yuko Yehova azokuraho akosho ka Shetani wa Mucokoranyi, umwe se w’ibinyoma, azimiza abari kw’isi bose. Vuba Yehova agiye guherengeteza ibinyoma vyose n’abanyabinyoma bose.—Ivyahishuriwe 21:8.
Ese ukuntu bizoba bihimbaye igihe amaherezo “umunwa w’ukuri” uzoba wakomejwe gushitsa ibihe bidahera!
[Akajambo k’epfo]
a Si ko yitwa.
[Iciyumviro ku rup. 5]
Umwina be n’icipfuzo kiranga ubwikunzi ni vyo bituma abantu babesha
[Iciyumviro ku rup. 6]
Ikinyoma cose ni ukutavuga ukuri, yamara ukutavuga ukuri kwose si ikinyoma
[Ifoto ku rup. 6]
Ni igiki twigira ku kuba Petero yarihakanye Kristu?
[Ifoto ku rup. 7]
Kuvuga ukuri bituma abantu bagiranira ubucuti butekanye kandi bumara akanyota