Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
7-13 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 21-22
“Igomba rya Yehova niribe”
“Ukugomba kwa Yehova nikube”
15 Paulo akiri kwa Filipo, haraje uwundi mushitsi yubahwa cane, uwo na we akaba yari Agabo. Abari bakoraniye kwa Filipo bari bazi ko Agabo ari umuhanuzi, akaba yari yaravuze imbere y’igihe ibijanye n’ikigoyi gikomeye cateye ku ngoma ya Kolode. (Ivyak. 11:27, 28) Bashobora kuba bibajije bati: ‘Ni kubera iki Agabo aje ng’aha? Azanye ubutumwa nyabaki?’ Bakiriko baramwitegereza badakoma urugohe, yaratoye umukanda wa Paulo, uno ukaba wari igitambara kirekire cashobora gutekerwamwo amahera canke ibindi bintu. Agabo yarawibohesheje amaguru n’amaboko, maze aca afata ijambo. Ubutumwa yashikirije bwari buhambaye cane. Bwavuga buti: “Uku ni ko impwemu nyeranda ivuga: ‘Umugabo nyen’uyu mukanda Abayuda bazomuboha muri ubu buryo i Yeruzalemu, bamutange mu maboko y’abanyamahanga.’”—Ivyak. 21:11.
16 Ubwo buhanuzi bwaremeje ko Paulo yogiye i Yeruzalemu. Bwarerekanye kandi yuko impera n’imperuka Abayuda bomutanze “mu maboko y’abanyamahanga.” Ubwo buhanuzi bwarabujije amahoro abari ng’aho. Luka yandika ati: “Aho twumviye ivyo, twe n’abo ng’aho dutangura kumwinginga ngo ntaduge i Yeruzalemu. Maze Paulo yishura ati: ‘Ivyo mugira ni ibiki, ko murira mwongera muntera kugoyagoya mu mutima? Nimubimenye: siniteguriye kuboherwa i Yeruzalemu vyonyene, ahubwo nditeguriye no gupfirayo ku bw’izina ry’Umukama Yezu.’”—Ivyak. 21:12, 13.
“Ukugomba kwa Yehova nikube”
17 Iyumvire nawe! Abo bavukanyi, ushizemwo na Luka, bariko binginga Paulo ngo ntabandanye urwo rugendo. Muri abo bavukanyi, hari n’abariko bararira. Paulo abitumwe n’ukwo kumwitwararikana urukundo, arababwirana ikibabarwe yuko bariko batuma ‘agoyagoya mu mutima,’ canke ko bariko ‘bamurandura umutima,’ nk’uko Bibiliya zimwezimwe zihindura ijambo ryo mu kigiriki ryakoreshejwe muri uwo murongo. Naho biri ukwo, aguma ashikamye ku mwiyemezo wiwe, kandi nk’uko vyari vyagenze igihe yari kumwe n’abavukanyi b’i Tiro, ntareka ngo ukwo kumwinginga be n’ayo marira bitume adohoka. Ahubwo riho, arabasigurira igituma ategerezwa kubandanya urugendo rwiwe. Ese ukuntu yagaragaje umutima rugabo n’ukwumira kw’ibanga! Nka kumwe kwa Yezu, Paulo yagumye ashikamye ku mwiyemezo yari afise wo kuja i Yeruzalemu. (Heb. 12:2) Naho Paulo atariko arondera kuba umumaratiri, biramutse bibaye, yobonye ko ari agateka kwicwa ahowe yuko ari umuyoboke wa Kristu Yezu.
“Ukugomba kwa Yehova nikube”
18 None abo bavukanyi bavyakiriye gute? Mw’ijambo rimwe, baramwubahirije. Dusoma duti: “Vyanse ko ateshwa, tuvyemera ukwo, tuvuga duti: ‘Ukugomba kwa Yehova nikube.’” (Ivyak. 21:14) Abagerageje kujijura Paulo kugira ngo areke kuja i Yeruzalemu ntibagumye bamugobera ngo akore ibintu nk’uko bo bashaka. Barateze yompi Paulo bongera bariyorosha, baremera icese ko ivyo vyari bihuye n’igomba rya Yehova, naho nyene kubigenza gutyo rwabaye urugamba kuri bo. Paulo yari yatanguye urugendo rwohavuye rumushikana ku kwicwa. Vyari kworohera cane Paulo iyo abo bavukanyi bamukunda cane batagerageza kumujijura ngo ahagarike urwo rugendo.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
‘Nimwumve ukwiregura kwanje’
10 Naho vyari ukwo, Paulo yaragaragaje yuko atahura ababona ko gukurikiza imigenzo y’Abayuda imwimwe ata co vyari bitwaye, nk’uwabuza gukora kw’Isabato canke kurya ibifungurwa binaka. (Rom. 14:1-6) N’ikindi kandi, nta mategeko yerekeye ivyo kugenyerwa yabashingira. Nakare, yari yaragenyereye Timoteyo kugira ngo Abayuda bogendeye ntibamwinube, kubera ko se wiwe yari Umugiriki. (Ivyak. 16:3) Kugenyerwa yari ingingo umuntu yifatira ku giti ciwe. Paulo yabwiye Abagalatiya ati: “Kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa nta kamaro bifise, igihambaye ni ukwizera gukoreshwa n’urukundo.” (Gal. 5:6) Ariko rero, umuntu nta kwizera yobaye afise mu gihe yogenyerewe kugira ngo gusa yerekane ko yubahiriza Itegeko rya Musa canke mu gihe yovuze yuko ari ngombwa ko abantu bagenyerwa kugira ngo bemerwe na Yehova.
11 Naho urwo rukurukuru rutari rufise ishingiro, rwari rukivuruga umutwe Abayuda bakirisu. Ni co gituma ba bagabo b’inararibonye bahaye Paulo ubuyobozi bugira buti: “Turafise abagabo bane bariko indagano. Jana abo bagabo wihumanurane na bo nk’uko bisabwa wongere urihe ivyo basohora, kugira ngo imitwe yabo imobwe. Ni ho bose bazomenya yuko urukurukuru bakwumviseko ata co ruvuze, ahubwo ko ugendera ku rutonde, wewe ubwawe ukagumya Itegeko.”—Ivyak. 21:23, 24.
12 Paulo yari gushobora kubwira abo Bayuda bakirisu yuko ingorane itari ihagaze ku rukurukuru rwamuvugwako, ahubwo ko yari ihagaze ku mwete bari bafitiye Itegeko rya Musa. Mugabo yari afise umutima ukunze wo kwiyorosha akagira ivyo ahinduye, mu gihe gusa kubigenza gutyo bitotumye akora ibiteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’Imana. Imbere y’aho yari yaranditse ati: “Ku bagabwa n’itegeko nacitse nk’uwugabwa n’itegeko, naho jewe ubwanje ntagabwa n’itegeko, kugira ndonke abagabwa n’itegeko.” (1 Kor. 9:20) Ico gihe, Paulo yarasenyeye ku mugozi umwe n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu, gutyo aba abaye “nk’uwugabwa n’itegeko.” Mu kubigenza gutyo, yaradusigiye akarorero keza muri iki gihe mu bijanye no gusenyera ku mugozi umwe n’abakurambere be no kutaguma dushimika ku vy’uko ibintu vyokorwa nk’uko dushaka.—Heb. 13:17.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 22:16
wiyoze ibicumuro vyawe mu kwambaza izina ryiwe: Canke “wiyoze ibicumuro vyawe maze wambaze izina ryiwe.” Umuntu ntivyozwa ibicumuro n’amazi y’ibatisimu, ahubwo avyozwa no kwambaza izina rya Yezu. Ivyo bisigura kumwizera no kugaragaza ukwo kwizera mu bikorwa.—Ivk 10:43; Yak 2:14, 18.
14-20 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 23-24
“Yagirizwa ko ari ikiza be n’uko avyura imigumuko”
“Gira umutima rugabo!”
5 Indemesho Paulo yahawe yaje hageze. Ku musi ukurikira, Abayuda barenga 40 baciye“baja umugambi mubi, bararahira barisiba yuko batoriye canke ngo banywe batishe Paulo.” Uwo “mugambi mubi” abo Bayuda bagiye “bashizeko n’indahiro,” warerekanye aho umwiyemezo wabo wo kugandagura iyo ntumwa wagera. Babona ko bishitse ntibamugandagure, bociye bavumwa canke bagashikirwa n’ikintu kibi. (Ivyak. 23:12-15) Uwo mugambi wabo, uwari ushigikiwe n’abakuru b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye, wari uw’uko Paulo agarukanwa imbere y’abagize Inama Nkuru kugira ngo basubire kumusambisha, bakigira nk’abakeneye kumenya ukuri kwiyongereye ku bimwerekeye. Ariko rero, abari bagiriye Paulo uwo mugambi mubi bociye bamubundira mu nzira, bagaca bamwica.
6 Yamara rero, umwishwa wa Paulo yarumvise ibijanye n’uwo mugambi mubi, hanyuma aca aza kubimubwira. Paulo yaciye ategeka uwo musore kuja kubimenyesha wa mukomanda w’ingabo z’Abaroma, Kolode Lisiyasi. (Ivyak. 23:16-22) Nta gukeka ko Yehova akunda abakiri bato usanga, nk’ukwo kw’uwo mwishwa wa Paulo atavuzwe izina, bashira ineza y’abasavyi b’Imana imbere y’iyabo babigiranye umutima rugabo, kandi bakihatira badahemuka guteza imbere ivy’Ubwami.
“Gira umutima rugabo!”
10 Paulo yamaze igihe “[acungiwe] mu kirimba c’umwami Herodi” i Sezariya, mu kurindira ko abamwagiriza bashika bavuye i Yeruzalemu. (Ivyak. 23:35) Haciye imisi itanu, hahavuye hashika Umuherezi mukuru Ananiya, umuntu azi kuvugira imbere y’abantu yitwa Teritulo be n’umugwi w’abagabo b’inararibonye. Teritulo yatanguye gushemagiza Felisi ku vyo yariko arangurira Abayuda, bikaba biboneka ko ukwo kwari ukumusiga inkore ku maso arondera gutoneshwa na we. Yaciye yagiriza Paulo ati: “[Ni] ikiza, avyura imigumuko mu Bayuda bose kw’isi yose, akaba na kizigenza w’umuce w’idini w’Abanyanazareti, akaba kandi ari umuntu yagerageje guhumanya urusengero, tukaba twamufashe.” Nya Bayuda bari kumwe na we ‘bariyunze kuri ico gitero, bemeza yuko ivyo ari ko biri.’ (Ivyak. 24:5, 6, 9) Kuvyura imigumuko, kuba kizigenza w’akagwi gateye akaga be no guhumanya urusengero, vyari ibirego bikomakomeye ku buryo vyotumye nyene kuvyagirwa acirwa urwo gupfa.
“Gira umutima rugabo!”
13 Paulo yaradusigiye akarorero keza twokurikiza bishitse tukarengutswa imbere y’abategetsi duhowe ugusenga kwacu canke twagirijwe ibinyoma nk’ibi ngo turi abagumutsi, kibure ngo turi abo mu muce bavuga ko uteye akaga. Paulo ntiyarondeye kwikundwakaza kuri uwo buramatari akoresheje amajambo yo kumusiga inkore ku maso nka kumwe kwa Teritulo. Paulo yagumye atekanye kandi ari n’urupfasoni. Abigiranye ubuhanga, yarashinze intahe itomoye kandi y’ukuri. Paulo yaravuze yuko “Abayuda . . . bo mu ntara ya Aziya” bari bamwagirije yuko ngo yari yahumanije urusengero batari bahari, yongera avuga yuko hisunzwe amategeko bari bakwiye kuba ari ho bari kugira ngo baburane maze ibirego vyabo bikumvirizwa.—Ivyak. 24:18, 19.
14 Igishimishije kuruta ni uko Paulo yashingiye intahe ivyo yemera. Iyo ntumwa ibigiranye ubutinyutsi, yarasubiye kuvuga ibijanye n’uko yemera ko hazobaho izuka, ico kikaba ari co cari catumye haba uruhagarara igihe yari imbere y’Inama Nkuru. (Ivyak. 23:6-10) Mu kwiburanira kwiwe, Paulo yarashimitse ku cizigiro c’izuka. Uti kubera iki? Kubera ko Paulo yariko ashingira intahe Yezu be n’uko yazuwe mu bapfuye, ico kikaba ari ikintu abamurwanya batorose bemera. (Ivyak. 26:6-8, 22, 23) Nkako, ikibazo cerekeye izuka, na canecane ikijanye no kwemera Yezu be n’izuka ryiwe, ni co cari catumye haba urwo ruhagarara.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 23:6
ndi Umufarizayo: Paulo yari azwi na bamwe mu bariko baramwumviriza. (Ivk 22:5) Igihe yiyita umwana w’Abafarizayo, Abafarizayo bo mu Nama Nkuru bashobora kuba baciye batahura yuko yemera ko asangiye na bo kahise. Kubera ko bari bazi ko yamaze gucika umukirisu w’umunyamwete, baratahuye ko atashe kuvuga ko yari akiri kumwe na bo. Muri uyu murongo rero, mu kwiyita Umufarizayo, Paulo ntiyashaka kuvuga ivy’ako kahise kiwe. Yashatse kuja ku ruhande rw’Abafarizayo aho kuja ku rw’Abasadukayo, kuko Abafarizayo bemera izuka cokimwe na we. Ico kintu yaragihurizako n’Abafarizayo bari ng’aho. Biboneka ko yari yizigiye ko avuze ico kintu abagize Inama Nkuru batahurizako vyotumye bacanamwo hakagira abamushigikira, kandi ni ko vyagenze. (Ivk 23:7-9) Ivyo Paulo yavuze mu Vyakozwe 23:6 birasa kandi n’ingene yidondoye igihe yariko ariregura imbere y’Umwami Agiripa. (Ivk 26:5) N’igihe yandikira abakirisu b’i Filipi ari i Roma, yarasubiye kuvuga kahise kiwe k’Ubufarizayo. (Fp 3:5) N’ikindi twomenya, ni uko twisunze Ivk 15:5, hari abandi bakirisu bagumye babonwa nk’abahoze mu muce w’Abafarizayo, n’inyuma y’aho bacikiye abakirisu.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 24:24
Durusila: Ni umukobwa agira gatatu wa Herodi akaba ari na we mutoyi mu bakobwa. Uwo Herodi ni umwe avugwa mu Ivk 12:1, akaba ari Herodi Agiripa wa mbere. Durusila yavutse nko mu 38 inyuma ya Kristu, akaba yavukana na Agiripa wa kabiri na Berenise be na Mariamne wa gatatu. (Ivk 25:13) Buramatari Felisi yari umugabo agira kabiri wa Durusila. Yabanje kwubakana n’umwami w’Umusiriya yitwa Azizus w’i Émèse, mu nyuma barahukana aca yubakana na Felisi nko mu 54, afise imyaka nka 16. Birashoboka ko Durusila ari ho yari ari igihe Paulo yavugira imbere ya Felisi “ibijanye n’ubugororotsi n’ukwigumya be n’ivy’uguca imanza kuzoza.” (Ivk 24:25) Kubera ko Felisi “yipfuza kwitonesha ku Bayuda,” igihe yasubirirwa mu mabanga na Fesito yasize Paulo mw’ibohero. Hari abiyumvira ko yabigize kugira ngo ashimishe uwo mugore wiwe akiri muto, uno akaba yari Umuyudakazi.—Ivk 24:27.
21-27 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 25-26
“Paulo yungururiza kwa Sezari, hanyuma akabwira inkuru nziza Umwami Herodi Agiripa”
“Nungururije kwa Sezari!”
6 Icipfuzo Fesito yari afise co kwitonesha ku Bayuda cotumye Paulo yicwa. Paulo yaciye rero yikora ku burenganzira yahabwa no kuba yari afise ubwenegihugu bw’Uburoma. Yabwiye Fesito ati: “Mpagaze imbere y’intebe y’imanza ya Sezari, aho mbwirizwa gucirwa urubanza. Nta kibi na kimwe nakoreye Abayuda, nk’uko na wewe uvyibonera neza. . . . Nungururije kwa Sezari!” Umuntu amaze kuvuga yuko yungururije kwa Sezari, akenshi ntivyahindurwa. Ivyo Fesito yarabishimitseko igihe yavuga ati: “Kwa Sezari ni ho wungururije; kwa Sezari ni ho uzoja.” (Ivyak. 25:10-12) Kuba Paulo yarungururije ku mucamanza wo hejuru, ni akarorero abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe bokurikiza. Igihe abarwanya Ivyabona vya Yehova bagerageje gutegura “ivyago [ba]koresheje ingingo zishinzwe,” bano baca bikora ku buryo bwemewe n’amategeko kugira ngo baburanire inkuru nziza.—Zab. 94:20.
“Nungururije kwa Sezari!”
10 Paulo abigiranye urupfasoni, yarakengurukiye Umwami Agiripa kubera ako karyo yari amuronkeje ko kwiburanira imbere yiwe, arerekana icese yuko uwo mwami yari umuhanga mu vy’imigenzo yose n’impari vyo mu Bayuda. Paulo yaciye adondora kahise kiwe ati: “Nabayeho ndi Umufarizayo nk’uko umuce w’idini usumvya iyindi gukavya wo mu nsengo yacu uri.” (Ivyak. 26:5) Paulo akiri Umufarizayo, yari yiteze ukuza kwa Mesiya. Ico gihe rero, kubera ko yari umukirisu, yarerekanye abigiranye ubutinyutsi yuko Yezu Kristu ari we Abayuda bari bamaze igihe kirekire biteze. Paulo yariko azira ico we hamwe n’abamwagiriza bemera, ni ukuvuga icizigiro bose bari bafise c’uko umuhango Imana yahaye ba sekuruza babo worangutse. Ivyo vyatumye Agiripa arushiriza kugira icipfuzo gikomeye co kwumviriza Paulo.
11 Mu kwigana ivyo yibuka ku bijanye n’ukuntu yahora afata bunyamaswa abakirisu, Paulo yavuze ati: “Jeho nari nahoze vy’ukuri niyumvira muri jewe ko nabwirizwa gukora ibikorwa vyinshi vyo kurwanya izina rya Yezu Umunyanazareti; . . . kubera ko nari nasaze bimwe birengeje mu kubanka [ni ukuvuga abayoboke ba Kristu], naraheba nkabahama no mu bisagara vyo hanze.” (Ivyak. 26:9-11) Paulo ntiyariko arashikuza. Abantu benshi bari bazi ukuntu yahora ahama abakirisu n’ubukazi n’akantu. (Gal. 1:13, 23) Agiripa ashobora kuba yaribajije ati: ‘Ni igiki none cahinduye umuntu nk’uwu?’
12 Amajambo Paulo yaciye avuga yarishuye ico kibazo, na yo agira ati: “Igihe nari ku rugendo nja i Damasiko mfise ububasha n’igikorwa nahawe n’abakuru b’abaherezi, narabonye ku mutaga ku nzira, ewe mwami, umuco urusha izuba gukayangana uravya uvuye mw’ijuru, urabiriza irya n’ino yanje n’irya n’ino y’abari bafatanije nanje urugendo. Twese tumaze kugwa hasi, numva ijwi rimbwira mu rurimi rw’igiheburayo riti: ‘Sauli, Sauli, umpamira iki? Erega kuguma utera imigere ku mihunda birakugirira nabi.’ Mugabo mvuga nti: ‘Uri nde ga Mukama?’ Umukama na we ati: ‘Ndi Yezu, uwo uriko urahama.’”—Ivyak. 26:12-15.
13 Ico gitangaro careretse Paulo ko ari nk’aho yariko “atera imigere ku mihunda.” Paulo yari yarigiriye nabi mu vy’impwemu mu kurwanya igomba ry’Imana nka kurya nyene igitwazi cosanga cigiriye nabi kikikomeretsa mu gihe cotera imigere kw’isonga rikarishe ry’umuhunda. Mu kwiyereka Paulo ku nzira ija i Damasiko, Yezu, uwari amaze kuzuka, yaratumye uwo mugabo w’inziraburyarya ariko bigaragara yuko yabona ibintu mu buryo butari bwo, ahindura ukuntu yari asanzwe abona ibintu.—Yoh. 16:1, 2.
14 Mu vy’ukuri, Paulo yaragize amahinduka akomeye mu buzima bwiwe. Yabwiye Agiripa ati: “[Sina]gambarariye ivyo bintu nabonye bivuye mw’ijuru, mugabo mpereye ku bantu b’i Damasiko no ku b’i Yeruzalemu, no ku gihugu cose ca Yudaya, no ku mahanga, nagenda njana ubutumwa bw’uko bakwiye kwigaya, bagahindukirira Imana mu gukora ibikorwa bikwiranye n’ukwigaya.” (Ivyak. 26:19, 20) Paulo yari amaze imyaka n’iyindi ariko ashitsa igikorwa Yezu Kristu yari yamushinze muri rya yerekwa ryo ku mutaga. Uti none ivyo vyashitse ku biki? Abakiriye neza inkuru nziza Paulo yamamaza barigaye ku bijanye n’ingeso yabo y’ubuhumbu kandi iranga uburyarya, maze barahindukirira Imana. Abo bantu baracitse abanyagihugu beza, baratuma mu mvugo no mu ngiro igihugu kirangwamwo umutekano n’ukwubaha amategeko.
15 Ariko rero, ivyo vyiza nta co vyari bivuze ku Bayuda barwanya Paulo. Paulo yavuze ati: “Ivyo ni vyo vyatumye Abayuda bamfata mu rusengero bakagerageza kungandagura. Ariko kubera yuko naronse imfashanyo iva ku Mana ndabandanya kugeza uno musi gushinga intahe ku bato no ku bahambaye.”—Ivyak. 26:21, 22.
16 Twebwe abakirisu b’ukuri, dutegerezwa ‘kwama twiteguriye kuburanira’ ukwizera kwacu. (1 Pet. 3:15) Igihe tuba turiko turabwira abacamanza n’abategetsi ivyo twemera, hari aho wosanga gukurikiza uburyo Paulo yakoresheje mu kugira ico abwiye Agiripa na Fesito, bidufashije cane. Mu kubwirana urupfasoni abo bategetsi bo hejuru ukuntu ukuri kwo muri Bibiliya kwahinduye ubuzima bwacu be n’ubw’abakiriye neza ubutumwa dushikiriza, hari aho ivyo vyobakora ku mutima.
“Nungururije kwa Sezari!”
18 Ariko Paulo yaciye yishura uwo buramatari ati: “Sinsaze, Nyakwubahwa Fesito, ahubwo ndiko mvuga amajambo y’ukuri n’ay’ukurorana kw’umuzirikanyi. Mu vy’ukuri, umwami ndiko ndabwirana umwidegemvyo wo kuvuga arazi neza ivyo bintu . . . Mbega Mwami Agiripa, uremera Abahanuzi? Ndazi ko ubemera.” Agiripa yaciye asubizayo ati: “Mu mwanya mutoyi wotuma nyurwa ngacika umukirisu.” (Ivyak. 26:25-28) Ayo majambo y’umwami, yaba yayavuze abikuye ku mutima canke abigiranye agahemo, arerekana ko intahe Paulo yashinze yagize ikintu kinini ikoze kuri uwo mwami.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 26:14
utera imigere ku mihunda: Umuhunda ni inkoni isongoye bakoresha mu kuyobora igitungwa. (Abc 3:31) Imvugo ngo “gutera imigere ku mihunda” ni umugani w’ikigiriki. Uva ku nyifato y’ishūri igagaza, ikanka kuyoborwa n’umuhunda mu kuwutera imigere, ivyo bigatuma ikomereka. Na Sauli ni ko yari ameze imbere y’uko aba umukirisu. Kurwanya abayoboke ba Yezu bari bashigikiwe na Yehova, vyari gutuma Paulo yikomeretsa bimwe bikomeye. (Gereranya na Ivk 5:38, 39; 1Tm 1:13, 14.) Mu Musiguzi 12:11, hagereranya “imihunda y’inka” n’amajambo y’umuntu w’inkerebutsi avyurira uwuyumvirije umutima wo gukurikiza impanuro.
nwt insiguro y’amajambo
Umuhunda. Ni inkoni ndende ifise kw’isonga icuma gisongoye, abarimyi bakaba bayikoresha mu kuyobora igitungwa. Umuhunda ugereranywa n’amajambo y’umuntu w’inkerebutsi avyurira uwuyumvirije umutima wo gukurikiza impanuro. Imvugo ngo “gutera imigere ku mihunda” iva ku nyifato y’ishūri igagaza, ikanka kuyoborwa n’umuhunda mu kuwutera imigere, ivyo bigatuma ikomereka.—Ivk 26:14; Abc 3:31.
Nufashe abandi kwakira ubutumwa bw’Ubwami
14 Paulo yari azi ko Agiripa yari Umuyuda wo kw’izina. Paulo aciye ku bumenyi Agiripa yari asanzwe afise ku vyerekeye idini y’Abayuda, yazirikanye yuko ukwamamaza kwiwe mu vy’ukuri kwarimwo ‘kutagira ikindi avuga atari ivyo abavugishwa n’Imana be na Mose bavuze ko bizoba’ ku vyerekeye urupfu rwa Mesiya be n’izuka ryiwe (Ivyakozwe 26:22, 23). Mu kwibwirira Agiripa, Paulo yabajije ati: “Mwami Agiripa, uremeye ivy’abāvugishwa n’Imana?”. Agiripa yaciye abura ico afata n’ico areka. Iyo avuga yuko atemera abavugishwa n’Imana, izina ryiwe ryo kuba Umuyuda yizera ryari kuba ritakaye. Ariko iyo yemera ivyiyumviro vya Paulo, yari kuba yemeye imbere y’abantu yuko ashigikiye iyo ntumwa maze agahakwa kwitwa umukirisu. Paulo yarishuranye ubukerebutsi ico kibazo ciwe ati: “Ndazi yuk’uvyemeye”. Umutima wa Agiripa watumye yishura gute? Yishuye ati: “Mu kanya gatoyi wonshwirura ngacika umukirisu” (Ivyakozwe 26:27, 28, NW). Naho Agiripa atacitse umukirisu, biboneka ko Paulo yamukoze ku mutima ku rugero runaka akoresheje ubutumwa bwiwe.—Abaheburayo 4:12.
28 NZERO–3 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 27-28
“Paulo afata ubwato buja i Roma”
‘Nta muntu n’umwe muri mwebwe azohasigara’
15 Paulo ashobora kuba yari yabwiye abantu benshi bari muri ubwo bwato ibijanye n’“icizigiro c’umuhango Imana ya[tanze].” (Ivyak. 26:6; Kol. 1:5) Ico gihe na ho, bitumwe n’uko ubwo bwato hari kabiri na rimwe bugasaba, Paulo yarababwiye imvo zihambaye cane zatuma bizigira ko borokotse ivyagira bibashikire. Yavuze ati: “Muri iri joro iruhande yanje hahagaze umumarayika . . . , avuga ati: ‘Ntutinye, Paulo. Utegerezwa guhagarara imbere ya Sezari, kandi ehe Imana yaguhaye ata kangonongono abo muri kumwe mu bwato bose.’” Paulo yaciye abahimiriza ati: “Nimureme rero, mwa bagabo; kuko nemera Imana yuko biza kuba nk’uko nabibwiwe. Ariko dutegerezwa gusukwa i musozi kw’izinga kanaka.”—Ivyak. 27:23-26.
‘Nta muntu n’umwe muri mwebwe azohasigara’
18 Nya bantu bari barokotse basanze bari kw’izinga rya Malita, mu Bumanuko bwa Sisile. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Izinga rya Malita ryari riherereye he?”) Abantu bo kuri iryo zinga bavuga ururimi rw’urunyamahanga, barabagaragarije “ubuntu bw’akataraboneka.” (Ivyak. 28:2) Baracaniye umucanwa abo bantu batari bazi bari bashitse kuri iryo zinga ryabo bajovye kandi bariko barajugumira. Uwo mucanwa warabafashije gususuruka naho hari hakanye cane kandi imvura ari jejeje. Vyongeye, waratumye hakorwa igitangaro.
‘Nta muntu n’umwe muri mwebwe azohasigara’
21 Hari umuntu umwe w’umutunzi yitwa Pubiliyo yari afise amatongo menshi, yaba muri ako karere. Ashobora kuba yari intwazangabo y’Umuroma yari ihambaye cane kuri iryo zinga rya Malita. Luka avuga ko Pubiliyo yari “umuntu mukuru wo muri iryo zinga,” akaba akoresha neza na neza izina ry’icubahiro riboneka ku vyandikano bibiri vyubuwe muri iryo zinga. Yarahaye indaro Paulo na bagenziwe, bahamara imisi itatu. Yamara, se wa Pubiliyo yari arwaye. Luka aradondora neza na neza ukuntu uwo muntu yari amerewe. Yaravuze n’indwara kandondwa uwo muntu yari arwaye, ati: “Yari aryamye arembejwe n’inyonko n’amacinya.” Paulo yarasenze yongera arambika ibiganza kuri nya muntu, na we aca arakira. Kubera ko abantu bo muri iryo zinga bakozwe ku mutima cane n’ico gitangaro, baciye bazana abandi barwayi kugira ngo bakizwe, barazana n’ingabirano kugira ngo baronse Paulo na bagenziwe ivyo bari bakeneye.—Ivyak. 28:7-10.
“Gushinga intahe inogangije”
10 Aho amaherezo Paulo na bagenziwe binjiriye i Roma, “Paulo [yaremerewe] kuba ukwa wenyene ari kumwe n’umusoda amucunze.” (Ivyak. 28:16) Kugira ngo imbohe yaba yakoze ivyaha bitobito ntitoroke, akenshi bayibohera ku musoda yaba ayicunze hakoreshejwe iminyororo. Naho Paulo, uwari asanzwe ari umwamamaji w’Ubwami, yari aboshwe muri ubwo buryo, nta gukeka ko umunyororo yari aboheshejwe utamubuza kuvuga. Ni co gituma haciye imisi itatu aruhutse ku bw’urugendo yari yagize, yakoranirije i Roma abantu bakurubakuru bo mu Bayuda kugira ngo abibwire yongere ababwire inkuru nziza.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 27:9
ukwisonzesha kw’umusi w’impongano: Canke “ukwisonzesha kwo mu gatasi.” Ijambo ku rindi ni “ukwisonzesha.” Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kwisonzesha” ryerekeza gusa ku kwisonzesha kwasabwa n’Itegeko rya Musa, kukaba kwari ukwisonzesha gufitaniye isano n’Umusi w’impongano wagirwa buri mwaka, uwitwa kandi Yom Kippur (Mu giheburayo ni yohm hak·kip·pu·rimʹ, “umusi wo gupfuka [ibicumuro]”). (Lw 16:29-31; 23:26-32; Gh 29:7) Imvugo ngo ‘kwibabaza,’ iyikoreshwa mu bijanye n’Umusi w’impongano, muri rusangi isobanura gukora ibintu bitandukanye vyo kwibabaza, ushizemwo n’ukwisonzesha. (Lw 16:29) Kubona mu Vyakozwe 27:9 hakoreshwa ijambo “ukwisonzesha” birashigikira iciyumviro c’uko ukwibabaza nyamukuru kwagirwa ku Musi w’impongano kwari ukwisonzesha. Ukwisonzesha kw’Umusi w’impongano kwaba mu mpera za Nyakanga canke mu ntango za Gitugutu.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 28:11
Bene Zeyu: Nk’uko bivugwa mu nkuru z’ibitito z’Abagiriki n’Abaroma, abo “Bene Zeyu” (mu kigiriki ni Di·oʹskou·roi) bari Castor na Pollux, abahungu b’amahasa y’imana Zeyu (Jupiter) n’Umwamikazi Leda w’i Sparte. Bivugwa ko mu vyo Bene Zeyu bari bajejwe hari harimwo gukingira abasozabwato, bakabakiza bishitse bakagirira ingorane mu kiyaga. Kuba iyi nkuru ivuga ivyerekeye igishusho cari ku mpanza y’ubwato ni ikindi kimenyamenya cerekana ko yanditswe n’uwavyiboneye.