ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/11 rup. 13-18
  • Nufashe abandi kwakira ubutumwa bw’Ubwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe abandi kwakira ubutumwa bw’Ubwami
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe ubuhanga bwo gushwirura
  • Ugushwirura gukora ku mutima
  • Nukoreshe Ijambo ry’Imana ubigiranye ubuhanga
  • Nubone ubusuku nk’uko Imana ibubona
  • «Ndungururije kwa Sezari!»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • «Ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Kwicisha bugufi
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Tube abasuku bagira ivyo bahinduye kandi bahuza n’uko ibintu vyifashe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/11 rup. 13-18

Nufashe abandi kwakira ubutumwa bw’Ubwami

“Agiripa abwira Paulo ati: ‘Mu kanya gatoyi wonshwirura ngacika umukirisu’”.​—IVYAKOZWE 26:28, NW.

1, 2. Vyagenze gute ngo intumwa Paulo arenguke imbere ya Buramatari Fesito be n’Umwami Herode Agiripa wa 2?

IKAYISARIYA mu 58 G.C., Buramatari w’Umuroma Porukiyo Fesito yaragendewe n’Umwami Herode Agiripa wa 2 na mushikiwe Berenike. Buramatari Fesito yarabatumiye, “bazanana icubahiro cinshi, binjirana mw ikombe n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abahambaye bo mur’ico gisagara”. Bivuye kw’itegeko rya Fesito, intumwa Paulo mukirisu yararengukijwe imbere yabo. Vyagenze gute ngo uwo muyoboke wa Yezu Kirisitu ahagarare imbere y’intebe y’ubucamanza ya Buramatari Fesito?​—Ivyakozwe 25:13-23.

2 Ivyo Fesito yabwiye abashitsi biwe biratanga inyishu kuri ico kibazo. Yavuze ati: “Mwami Agiripa, namwe mwese abo turi kumwe hano, murabona uyu, uwo ishengero ry’Abayuda bose bānsabira i Yerusalemu bo n’ino, basemerera ngo ntagikwiye kubaho. Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kand’ubgiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, ngabira kumumurungikira. None mbuze ijambo rimenyekanisha ivyiwe ryo kwandikira umwami wanje, ni co gitumye ndamuzana imbere yanyu, kandi cane-cane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo ni twamara kumusiguza, mbone ico kwandika. Kuko ngira ngo n’ic’ubgenge buke kurungika imbohe, sinerekane ibirego vyayo”.​—Ivyakozwe 25:24-27.

3. Ni kubera iki indongozi z’idini zazanye ibirego vyo kwagiriza Paulo?

3 Amajambo ya Fesito arerekana ko Paulo yahanganye n’ibirego vy’ikinyoma vy’uko agumura abandi, bukaba bwari ubukozi bw’ikibi bwacirwa urubanza rwo gupfa (Ivyakozwe 25:11). Ariko rero, Paulo ntacamwagira. Ivyo birego vyari vyavuye kw’ishari ry’indogozi z’idini z’i Yeruzalemu. Zararwanije igikorwa ca Paulo co kuba umwamamaji w’Ubwami zongera zirababazwa cane n’uko yafasha abandi gucika abayoboke ba Yezu Kirisitu. Paulo acunzwe n’ingabo zifise ibirwanisho bikomeye, yarakuwe i Yeruzalemu, ajanwa mu gisagara ca Kayisariya kiri ku kivuko, aho yarengutse kwa Kayisari. Avuye ngaho, yari guca ajanwa i Roma.

4. Ni amajambo atangaje ayahe Umwami Agiripa yavuze?

4 Niwihe ishusho Paulo ari ku kirimba kwa buramatari, imbere y’umugwi urimwo umutegetsi afise uruhara ruhambaye mu Nganji y’Abaroma. Umwami Agiripa arahindukiye kuri Paulo hanyuma akavuga ati: “Uremerewe kwiregura”. Uko Paulo avuga, hari ikintu gitangaje kiba. Ivyo Paulo avuga bitanguye kugira ico bikoze ku mwami. Kukaba nkako, Umwami Agiripa avuga ati: “Mu kanya gatoyi wonshwirura ngacika umukirisu”.​—Ivyakozwe 26:1-28.

5. Ni kubera iki amajambo Paulo yabwiye Agiripa yari kirumara cane?

5 Iyumvire gatoyi! Bivuye ku kwiregura kw’ubuhanga kwa Paulo, umutegetsi yarakozwe ku mutima n’ububasha bunyengetera bw’Ijambo ry’Imana (Abaheburayo 4:12). Muri ukwo kwiregura kwa Paulo, ni igiki cabaye kirumara cane? Kandi ni igiki twokwigira kuri Paulo gishobora kudufasha mu gikorwa cacu c’uguhindura abantu abigishwa? Dusuzumye ukwo kwiregura kwiwe, hari ibintu bibiri nyamukuru bija ahabona mu buryo butomoye: (1) Paulo yari umuntu ashwirura mu vyo ashikiriza. (2) Yakoresha ubumenyi yari afise bw’Ijambo ry’Imana mu buryo buranga ubuhanga nka kurya nyene umuhinguzi w’utugenegene akoresha igikoresho mu buryo kirumara.

Nukoreshe ubuhanga bwo gushwirura

6, 7. (a) “Ugushwirura” gusobanura iki nk’uko kwakoreshejwe muri Bibiliya? (b) Ugushwirura kugira uruhara uruhe mu gufasha abandi kwemera inyigisho yo muri Bibiliya?

6 Mu gitabu c’Ivyakozwe, amajambo y’ikigiriki ahindurwa ngo ugushwirura aguma aza arakoreshwa ku bijanye na Paulo. Ivyo bishaka kuvuga iki ku vyerekeye igikorwa cacu c’uguhindura abantu abigishwa?

7 Mu rurimi rw’intango rw’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, “gushwirura” bisobanura “guhindukiza” canke gutuma umuntu “ahindura ivyiyumviro bivuye ku kuzirikana canke ku kurimbura ibibereye”, bivugwa n’inyizamvugo imwe y’uwitwa Vine (Expository Dictionary of New Testament Words). Dusuzumye insobanuro y’ishimikiro, turagira n’ibindi dutahuye. Ritanga iciyumviro co kwizigirwa. Ni co gituma iyo ujijuye umuntu akemera inyigisho yo muri Bibiliya, uba utumye akwizigira, ku buryo bw’uko yizera ko iyo nyigisho ari iy’ukuri. Biribonekeza ko bidahagije kubwira umuntu ivyo Bibiliya ivuga kugira ngo avyemere yongere abishire mu ngiro. Uwukwumviriza ategerezwa kujijuka yuko ivyo uvuga ari ukuri, uwo muntu yaba ari umwana, umubanyi, uwo mukorana, uwo mwigana canke incuti.​—2 Timoteyo 3:14, 15.

8. Kujijura umuntu ku bijanye n’ukuri kwo mu Vyanditswe harimwo n’iki?

8 Ushobora gute kujijura umuntu yuko ivyo wamamaza biva mw’Ijambo ry’Imana ari ukuri? Paulo akoresheje ukuzirikana kwumvikana, ivyiyumviro bijijura be n’ukwinginga kuvuye ku mutima, yarihatiye guhindura ivyiyumviro vy’abo yabwiraa. Aho gupfa kuvuga gusa yuko ikintu kanaka ari ic’ukuri, urakeneye rero gutanga ikimenyamenya kijijura gishigikira ivyo uvuze. Ivyo vyogirwa gute? Raba neza yuko ivyo uvuga bishingiye neza na neza kw’Ijambo ry’Imana atari ku vyiyumviro vy’umuntu. Vyongeye, nukoreshe ikindi kimenyamenya gishigikira amajambo uvuga avuye ku mutima ashingiye ku Vyanditswe (Imigani 16:23). Nk’akarorero, nimba werekanye yuko abantu bagamburuka bazokwinovora ubuzima mw’isi y’iparadizo, ayo majambo nuyashigikize Ivyanditswe bibivuga, nka Luka 23:43 canke Yesaya 65:21-25. Ushobora gute gutanga ikindi kimenyamenya gishigikira iciyumviro utanze co mu Vyanditswe? Woshobora gukoresha uturorero two mu vyo abakwumviriza basanzwe bazi. Ushobora kumwibutsa ivy’umunezero usanzwe kandi utagurwa uva ku kwitegereza ubwiza bw’irirenga, ku kamoto keza k’ishurwe, ku kanovera k’icamwa, canke umunezero uva ku kwitegereza inyoni iriko iragaburira icana cayo. Numufashe kubona yuko ibintu nk’ivyo biteye umunezero ari ikimenyamenya c’uko Umuremyi ashaka ko twinovora ubuzima kw’isi.​—Umusiguzi 3:11, 12.

9. Dushobora gute kwerekana ko tugira ibitegereka mu gikorwa cacu c’ukwamamaza?

9 Igihe ugerageza gushwirura umuntu ngo yemere inyigisho kanaka yo muri Bibiliya, uriyubara kugira ngo ubushwashwanutsi bwawe ntibuhave butuma wumvikana nk’umuntu adakora ibitegereka, bigatuma rero uwukwumviriza yugara umutima wiwe n’umuzirikanyi wiwe. Igitabu Ishure ry’Ubusuku gitanga iri jambo ry’ingabisho: “Gupfa kuvuga amajambo y’ukuri ashira ku kabarore ikinyoma c’ivyo uwundi muntu akunda rwose, naho nyene ayo majambo woba uyashigikiza imirongo myinshi yo mu Vyanditswe, mu bisanzwe ntivyakirwa neza. Nk’akarorero, nimba imisi mikuru imenyerewe uyiciriye urubanza yuko ifise inkomoko ya gipagani, ivyo bishobora kudahindura ingene abandi bantu biyumvira ku biyerekeye. Ugize ibitegereka kenshi uzorushiriza kwererwa”. Ni kubera iki twogira akigoro gakomeye ko kuba abagira ibitegereka? Ico gitabu kivuga giti: “Uburyo bufasha abantu kuzirikana ni ukuremesha na bo ikiganiro, kibaha ikintu bazirikanako mu nyuma, kandi gicira inzira ibiyago bizokurikira. Ubwo buryo burashobora kuba ubujijura bimwe bikomeye”.​—Ab’i Kolosayi 4:6.

Ugushwirura gukora ku mutima

10. Ni mu buryo ubuhe Paulo yatanguye ukwiregura kwiwe imbere ya Agiripa?

10 Reka ubu na ho turabe twitonze amajambo Paulo yavuze yiregura ari mu Vyakozwe ikigabane ca 26. Raba ukuntu yatanguye insiguro yiwe. Mu gutangura ikiganiro ciwe, Paulo yararonse ikintu c’ishimikiro cumvikana afatirako kugira akeze Agiripa, naho uwo mwami yari afitaniye imigenderanire iteye isoni na mushikiwe Berenike. Paulo yavuze ati: “Ivyo narezwe n’Abayuda vyose, mwami Agiripa, numva nnezerewe kw ari wewe ngira mvyiregureko uyu musi: kandi cane-cane kuk’uzi imigenzo n’impāri vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize”.​—Ivyakozwe 26:2, 3.

11. Amajambo Paulo yabwiye Agiripa yerekana gute ko yubaha, kandi ni iciza ikihe yavuyemwo?

11 Woba wabonye yuko Paulo yemeye icese ikibanza kiri hejuru Agiripa yari afise mu kumubwira akoresheje izina ryiwe ry’icubahiro ngo Mwami? Ivyo vyarerekanye ko yubaha, kandi biciye ku guhitamwo kwiwe n’ubukerebutsi amajambo avuga, Paulo yarahaye icubahiro Agiripa (1 Petero 2:17). Iyo ntumwa yaremeye icese Agiripa ko ari umuntu azi rwose imigenzo be n’amategeko bisobanganye vy’abatwarwa biwe b’Abayuda yongera avuga yuko yari anezerewe kuba yari ashoboye kwiregura imbere y’umutegetsi nk’uwo azi ibintu neza. Paulo, uwari umukirisu, ntiyifashe nk’aho yabona ko asumba Agiripa, uwutari umukirisu (Ab’i Filipi 2:3). Ahubwo, Paulo yasavye umwami kumwumviriza yihanganye. Gutyo, Paulo yaratumye ibintu vyoroha ku buryo Agiripa be n’abandi bamwumviriza bari gushobora kwakira ivyo yari agiye kubabwira. Yariko ashiraho umushinge, ni ukuvuga ikintu bahurizako, yokwubakiyeko ivyiyumviro vyiwe.

12. Mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, dushobora gute gukora ku mutima abatwumviriza?

12 Nka kumwe kwa Paulo ari imbere ya Agiripa, kuva tugitangura inshikirizo yacu y’ubutumwa bw’Ubwami gushika tuyirangije, nimuze dukore ku mutima uwutwumviriza. Ivyo dushobora kubigira mu kugaragaza ko twubaha bivuye ku mutima umuntu tuba turiko turabwira inkuru nziza no mu kwerekana ko twitwararika vy’ukuri imico yiwe be n’ivyiyumviro vyiwe yisangije.​—1 Ab’i Korinto 9:20-23.

Nukoreshe Ijambo ry’Imana ubigiranye ubuhanga

13. Nka kumwe kwa Paulo, ushobora gute kuvyurira ingiro abakwumviriza?

13 Paulo yipfuza kuvyurira ingiro abamwumviriza kugira ngo bakore ibihuje n’inkuru nziza (1 Ab’i Tesalonike 1:5-7). Kugira ivyo abishikeko, yarakoze ku mutima wabo w’ikigereranyo, ukaba ari wo cicaro c’ibivyurira umuntu ingiro. Tugarutse ku kwiburanira kwa Paulo imbere ya Agiripa, raba ukuntu Paulo ‘yaramirije neza mw’ijambo ry’Imana’ mu kwisunga ivyavuzwe na Musa be n’abahanuzi.​—2 Timoteyo 2:15.

14. Sigura ukuntu Paulo yakoresheje ugushwirura igihe yari imbere ya Agiripa.

14 Paulo yari azi ko Agiripa yari Umuyuda wo kw’izina. Paulo aciye ku bumenyi Agiripa yari asanzwe afise ku vyerekeye idini y’Abayuda, yazirikanye yuko ukwamamaza kwiwe mu vy’ukuri kwarimwo ‘kutagira ikindi avuga atari ivyo abavugishwa n’Imana be na Mose bavuze ko bizoba’ ku vyerekeye urupfu rwa Mesiya be n’izuka ryiwe (Ivyakozwe 26:22, 23). Mu kwibwirira Agiripa, Paulo yabajije ati: “Mwami Agiripa, uremeye ivy’abāvugishwa n’Imana?”. Agiripa yaciye abura ico afata n’ico areka. Iyo avuga yuko atemera abavugishwa n’Imana, izina ryiwe ryo kuba Umuyuda yizera ryari kuba ritakaye. Ariko iyo yemera ivyiyumviro vya Paulo, yari kuba yemeye imbere y’abantu yuko ashigikiye iyo ntumwa maze agahakwa kwitwa umukirisu. Paulo yarishuranye ubukerebutsi ico kibazo ciwe ati: “Ndazi yuk’uvyemeye”. Umutima wa Agiripa watumye yishura gute? Yishuye ati: “Mu kanya gatoyi wonshwirura ngacika umukirisu” (Ivyakozwe 26:27, 28, NW). Naho Agiripa atacitse umukirisu, biboneka ko Paulo yamukoze ku mutima ku rugero runaka akoresheje ubutumwa bwiwe.​—Abaheburayo 4:12.

15. Paulo yashoboye gute gutanguza ishengero i Tesalonike?

15 Woba wabonye yuko uburyo bwo gushikiriza inkuru nziza bwa Paulo bwari bugizwe n’ukwamamaza be n’ugushwirura? Kubera yuko Paulo yakoresha ubwo buryo uko ‘yaramiriza neza mw’ijambo ry’Imana’, bamwe mu bamwumvirije ntibabaye abumviriza gusa, baracitse abizera. Ukwo ni ko vyagenze n’i Tesalonike, aho Paulo yarondeye Abayuda be n’Abanyamahanga batinya Imana mw’isinagogi. Inkuru yo mu Vyakozwe 17:2-4 ivuga iti: “Paulo, nk’uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe, abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yar’uwo kubabazwa, no kuzuka mu bāpfuye . . . Bamwe muri bo b[arizera]”. Paulo yari umuntu ashwirura. Yarafasha abantu kuzirikana, agasigura, akongera agatanga igihinyuza biciye ku Vyanditswe c’uko Yezu yari umwe Mesiya hari haheze igihe kirekire yarasezeranywe. Vyavuyemwo iki? Harashinzwe ishengero ry’abizera.

16. Ushobora gute kugira umunezero mwinshi kuruta mu kwamamaza Ubwami?

16 Woba ushobora kurushiriza kuba umuhinga mu buhanga bwo gushwirura igihe usigura Ijambo ry’Imana? Nimba ubishobora, uzokwironkera umunezero be n’akanyamuneza birushirije mu gikorwa cawe co kwamamaza no kwigisha abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ivyo ni vyo vyabaye ku bamamaji b’inkuru nziza bashize mu ngiro inama zitangwa z’ugukoresha Bibiliya cane mu gikorwa c’ukwamamaza.

17. Mu kwerekana ukuntu gukoresha Bibiliya mu busuku bwacu ari ngirakimazi, niwigane ivyo ubwawe wiboneye canke utange iciyumviro nyamukuru c’icabonywe kiri muri iyi ngingo.

17 Nk’akarorero, hari umucungezi w’ingenzi umwe wo mu Vyabona vya Yehova yanditse ati: “Abavukanyi n’abavukanyikazi batari bake ubu bariko batwara Bibiliya mu ntoke igihe bashinga intahe inzu ku nzu. Ivyo vyarafashije abamamaji gusomera icanditswe abantu benshi mu bo bahura. Vyarafashije umunyamuhana be n’umwamamaji kubona ko dukoresha Bibiliya, tudakoresha gusa ibinyamakuru be n’ibitabu mu busuku bwacu”. Ariko ntiwumve, gutwara canke kudatwara ahabona Bibiliya igihe tuja mu gikorwa co kwamamaza bivana n’ibintu bitandukanye, ushizemwo n’imigenzo y’aho tuba. Naho ari ukwo, twoshima kuvugwa neza ko dukoreshanya ubuhanga Ijambo ry’Imana kugira dushwirure abandi ngo bemere ubutumwa bw’Ubwami.

Nubone ubusuku nk’uko Imana ibubona

18, 19. (a) Imana ibona gute ubusuku bwacu, kandi ni kubera iki dukwiye gutsimbataza ukubona ibintu nk’uko ibibona? (b) Ni igiki kizodufasha kugira amasubirayo ari n’ico avamwo (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ukuntu wokwererwa mu kugira amasubirayo”, ruri ku rupapuro rwa 16.)?

18 Ubundi buryo bwo gushikira umutima w’abatwumviriza, burimwo kubona ubusuku nk’uko Imana ibubona no kuba abantu bihangana. Ivyo Imana igomba ni uko abantu b’uburyo bwose “[ba]shika ku kugira ubumenyi ntagakosa bw’ukuri” (1 Timoteyo 2:3, 4, NW). Ivyo si vyo none natwe twipfuza? Yehova kandi arihangana, ukwihangana kwiwe kukaba kuronsa abantu benshi uturyo two gushika ku kwigaya (2 Petero 3:9). Ku bw’ivyo rero, igihe turonse umuntu afise umutima ukunze wo gutega ugutwi ubutumwa bw’Ubwami, vyoba nkenerwa ko tuguma dusubirayo kugira dutsimbataze ukwo gushimishwa. Bisaba umwanya n’ukwihangana kugira ngo twitegereze ukuntu imbuto z’ukuri zikura (1 Ab’i Korinto 3:6). Uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro ruvuga ngo “Ukuntu wokwererwa mu kugira amasubirayo” ruratanga inama z’ukuntu wotsimbataza ugushimishwa nk’ukwo. Ibuka yuko ubuzima bw’abantu, ni ukuvuga ingorane zabo be n’uko ivyabo vyifashe, biguma bihindagurika. Bishobora gusaba ko ugerageza incuro nyinshi kugira ngo ubasange i muhira, mugabo si ivy’impfagusa. Dushaka kubaha akaryo ko kwumva ubutumwa bw’Imana bwerekeye ubukiriro. Ku bw’ivyo rero, nusenge Yehova Imana umusaba ubukerebutsi bwo gutsimbataza ubuhanga bwawe bw’ugushwirura mu gikorwa urangura co gufasha abandi kwemera ubutumwa bw’Ubwami.

19 Tumaze kuronka umuntu yipfuza kwumva vyinshi ku vyerekeye ubutumwa bw’Ubwami, ni ikindi giki dushobora gukora bwa bakozi bakirisu? Ikiganiro cacu gikurikira kiratanga imfashanyo.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye ugushwirura, raba icigwa ca 48 be n’ica 49 vyo mu gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woba uvyibuka?

• Ni igiki catumye ukwiregura kwa Paulo imbere y’Umwami Agiripa kuba kirumara?

• Ubutumwa bwacu bushobora gute gukora ku mutima?

• Ni igiki kizodufasha gukoresha Ijambo ry’Imana mu buryo kirumara mu gushikira umutima?

• Dushobora gute kubona ubusuku nk’uko Imana ibubona?

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 16]

Ukuntu wokwererwa mu kugira amasubirayo

• Niwerekane ko witwararika vy’ukuri abantu.

• Nucagure ikiganiro co muri Bibiliya gikwegera co kuganirako.

• Nushireho ishimikiro ry’ivyo muzoganirako igihe cose umugendeye.

• Nugume wiyumvira nya muntu mumaze kuvana.

• Nusubire kumugendera bidatevye, kumbure haciye umusi umwe canke ibiri, kugira ngo ukurikirane ugushimishwa.

• Nugumize mu muzirikanyi yuko ihangiro ryawe ari iryo gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana.

• Nusenge Yehova umusaba ko ugushimishwa kwa nya muntu kwokwongerekana.

[Ifoto ku rup. 15]

Paulo yarakoresheje ugushwirura igihe yari imbere ya Buramatari Fesito be n’Umwami Agiripa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika