ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/4 rup. 29
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yaraburaniye ugusenga gutyoroye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Imana Yoba Yemera Ubwoko Bwose bw’Insengo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Ubu ni co gihe c’uko ufata ingingo ntabanduka yo kugira ico ukoze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/4 rup. 29

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki mu 1 Ab’i Korinto 10:8 havuga yuko Abisirayeli 23.000 ari bo bapfuye ku musi umwe bivuye ku bushakanyi, mu gihe mu Guharūra 25:9 hatanga igitigiri c’abantu 24.000?

Hariho ibintu bitari bike vyosigura iryo tandukaniro ry’ibitigiri bitangwa muri ivyo vyanditswe bibiri. Ikintu kimwe coroshe gutahura kuruta ibindi vyose, coba ari uko igitigiri nyakuri c’abo bantu kiri hagati ya 23.000 na 24.000, bikaba bituma umuntu ashobora kuronka kimwe muri ivyo bitigiri vyuzuye mu gukurako ibirengako canke mu kwongerako ibibuze.

Rimbura ubundi buryo bushoboka. Intumwa Paulo yarasubiyemwo inkuru y’ivyashikiye Abisirayeli i Shitimu kugira ngo ibere akarorero ko kuburira abakirisu b’i Korinto ha kera, igisagara cari kizwi cane ko kibayeho mu buryo buranga ubushegabo. Yanditse ati: “Kandi ntitugashakane, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāshakanye, maze hagapfamw’abantu ibihumbi mirongwibiri na bitatu ku musi umwe”. Paulo amaze gukuramwo abo Yehova ubwiwe yiyiciye abahoye ubushakanyi, yatanze igitigiri c’abantu 23.000.—1 Ab’i Korinto 10:8.

Ariko rero, mu Guharūra ikigabane ca 25 hatubwira yuko ‘Abisirayeli bifatanije na Bayali y’i Peyori, maze uburake bwa Yehova burabaziriringira’. Yehova yaciye ategeka Musa kwica “abakuru bose baganza abantu”. Musa na we yaciye ategeka abacamanza ngo bashitse iryo tegeko. Amaherezo, igihe Finehasi yaca yica adatebaganye Umwisirayeli yari yazanye Umumidiyanikazi mw’ikambi, “ikīza cā[ra]bogojwe”. Iyo nkuru iherezwa n’aya majambo: “Abishwe n’ico kīza bār’ibihumbi mirongwibiri na bine”.—Guharūra 25:1-9.

Igitigiri gitangwa mu gitabu co Guharūra biboneka yuko kirimwo ba “bakuru . . . baganza abantu” bicwa n’abacamanza hamwe n’abo Yehova ubwiwe yiyiciye. Abo bakuru bishwe n’abacamanza bishoboka ko bashika ku gihumbi, bigaca rero bikwiza igitigiri c’abantu 24.000. Abo bakuru canke abo baja imbere abandi nimba barakoze ubusambanyi, nimba baragize uruhara muri nya birori, canke barashigikiye ababikoze, na bo nyene ‘barifatanije na Bayali y’i Peyori’.

Ku bijanye n’ijambo ‘kwifatanya’, igitabu kimwe kivuga ivya Bibiliya gisigura yuko rishobora gusobanura “kwibohera ku muntu”. Abisirayeli bari ihanga ryiyeguriye Yehova, mugabo igihe ‘bifatanya na Bayali y’i Peyori’, barasambuye ubucuti bari bafitaniye n’Imana bwari bushingiye ku kuba barayiyeguriye. Haheze imyaka 700, Yehova yabwiye Abisirayeli abicishije ku mumenyeshakazoza Hoseya ati: “Bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze” (Hoseya 9:10). Abagize ivyo bose bari bakwiriye urubanza rubi rw’Imana. Ni co gituma Musa yibukije Abisirayeli ati: “Amaso yanyu yiboneye ivyo Uhoraho yakoze kubga Bayali y’i Peyori; kuk’Uhoraho Imana yanyu yaranduye abantu bose bākurikiye Bayali y’i Peyori, akabakūra hagati muri mwebge”.—Gusubira mu vyagezwe 4:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika