UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yehova abibona gute?
Imbere yo gufata ingingo, yaba iyihambaye canke iyisanzwe, twoba twibaza duti: ‘Yehova abibona gute?’ Naho tutazokwigera tumenya akantu kose ku kuntu Yehova yiyumvira, aratubwira muri Bibiliya ibikenewe vyose kugira dukore “igikorwa ciza cose.” (2Tm 3:16, 17; Rm 11:33, 34) Yezu yaratahura neza ivyo Se agomba, kandi ni vyo yashira imbere mu buzima. (Yoh 4:34) Ese twomwigana mu gukora ivyo dushoboye vyose kugira dufate ingingo zihimbara Yehova.—Yoh 8:28, 29; Ef 5:15-17.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUBANDANYE GUTAHURA IVYO YEHOVA AGOMBA (LW 19:18), MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Kubera iki dukwiye gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwacu?
Ni ingingo ngenderwako izihe twokwisunga igihe duhitamwo imiziki?
Ni ingingo ngenderwako izihe twokwisunga igihe duhitamwo uburyo bwo kwambara no kwitunganya?
Dukwiye gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu yindi mice iyihe y’ubuzima?
Tworushiriza gute gutahura ivyo Yehova agomba?
Ingingo mfata zihishura iki ku bijanye n’ubucuti mfitaniye na Yehova?