ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/5 rup. 12-17
  • Nuyobore Intambuko Zawe Wishimikije Ingingo Ngenderwako z’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuyobore Intambuko Zawe Wishimikije Ingingo Ngenderwako z’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingingo Ngenderwako z’Imana
  • Niwiyumvire Kandi Ukore Wishimikije Ingingo Ngenderwako
  • Imvo Nziza Irakenewe
  • Ingaruka Ziteye Umunezero
  • Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ingingo Ngenderwako z’Imana Zirashobora Kukugirira Akamaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Nureke amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana bimenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Yehova abibona gute?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/5 rup. 12-17

Nuyobore Intambuko Zawe Wishimikije Ingingo Ngenderwako z’Imana

“[Yehova a]kwigisha ibikugirira ikimazi.”​—YESAYA 48:17.

1. Umuremyi arongora abantu gute?

UKO abanyasiyansi bakora bagatama kugira bamenye ibihishijwe mu kirere, ni ko batangazwa n’urugero rw’inguvu nyinshi cane ziri mu biri mu kirere bidukikije. Izuba ryacu, na ryo akaba ari urunyenyeri rufise ubunini bugereranye, rirekura inguvu nyinshi zingana n’“iturika ry’amabombe amamiliyaridi 100 riba uko umusegunda uhera.” Umuremyi arashobora gutegeka kandi akayobora umuvuvu nk’uyo w’ibisyo vyo mu kirere akoresheje ububasha bwiwe butagira aho bugarukira. (Yobu 38:32; Yesaya 40:26) Tuvuge iki none kuri twebwe abantu, twahawe ububasha bwo kwihitiramwo, ubushobozi bwo kwigenza runtu, ubwenge n’ubushobozi bwo gutahura ivy’impwemu? Ni mu buryo ki Umuremyi wacu yabonye ko bibereye ko ari we atuyobora? Aratuyobora abigiranye urukundo akoresheje amategeko yiwe atagira agahaze be n’ingingo ngenderwako ziwe ziri hejuru bifatanijwe n’ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe neza.​—2 Samweli 22:31; Abaroma 2:14, 15.

2, 3. Imana ihimbarwa n’ukugamburuka nyabaki?

2 Imana irahimbarwa n’ibiremwa bifise ubwenge bihitamwo kumugamburukira. (Imigani 27:11) Aho kudushingira ivyo tugamburuka nk’impumyi bwa bimashini bitagira ubwenge, Yehova yaraturonkeje uburengazira bwo kwihitiramwo kugira ngo dushobore gufata ingingo zo gukora ibigororotse tubizi neza.​—Abaheburayo 5:14.

3 Yezu, uwagaragaje bimwe bitagira agahaze Se wiwe, yabwiye abigishwa biwe ati: “Mur’abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera. Sinkibita abashumba.” (Yohana 15:14, 15) Mu bihe vya kera, umushumba yategerezwa kugamburuka amategeko ya shebuja. Ku rundi ruhande, ubugenzi bugirwa mu kugaragaza kamere zikora ku mutima. Turashobora gucika abakunzi ba Yehova. (Yakobo 2:23) Ubwo bugenzi bukomezwa n’ukugaragarizanya urukundo. Yezu yasanishije ukugamburukira Imana n’urukundo igihe yavuga ati: “Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda.” (Yohana 14:23) Kugira ngo adukunde yongere atuyobore ata nkomanzi, Yehova adutumirira kubaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe.

Ingingo Ngenderwako z’Imana

4. Wodondora gute ingingo ngenderwako?

4 Ingingo ngenderwako ni iki? Ingingo ngenderwako isobanurwa ko ari “ukuri kuzwi na bose canke ukuri kw’ishimikiro: icagezwe gikora ku mice myinshi kandi c’ishimikiro, inyigisho, canke itegeko ayandi yose ashingiyeko canke ayandi yose akomokako.” (Webster’s Third New International Dictionary) Umwihwezo wa Bibiliya witondewe uhishura ko Data wa twese wo mw’ijuru atanga inyobozo z’ishimikiro ziraba imice itandukanye y’ubuzima. Ivyo abigira ku bw’ineza yacu yamaho. Ivyo birahuye n’ivyo Umwami w’inkerebutsi Salomo yanditse: “Mwana wanje, ni wumve, wemere amajambo yanje, ni ho imyaka y’ukubaho kwawe izoba myinshi. Nakwigishije inzira y’ubgenge, nakurōngōye mu nzira z’ubugororotsi.” (Imigani 4:10, 11) Ingingo ngenderwako z’ishimikiro zitangwa na Yehova ziragira ico zikoze ku bucuti tugiranira na we be n’abantu bagenzi bacu, ku gusenga kwacu, be no ku buzima bwacu bwa misi yose. (Zaburi 1:1) Nimuze turimbure zimwe muri izo ngingo ngenderwako z’ishimikiro.

5. Tanga uturorero tw’ingingo ngenderwako z’ishimikiro zimwezimwe.

5 Ku biraba ubucuti tugiranira na Yehova, Yezu yavuze ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose.” (Matayo 22:37) Vyongeye, Imana iratanga ingingo ngenderwako zijanye n’ukuntu dufata abantu nkatwe, nka rya Tegeko ry’Agakura rigira riti: “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.” (Matayo 7:12; Ab’i Galatiya 6:10; Tito 3:2) Ku vyerekeye ugusenga, dukeburwa uku: “Twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe.” (Abaheburayo 10:24, 25) Ku biraba imice y’ubuzima bwacu bwa misi yose, intumwa Paulo avuga ati: “Iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.” (1 Ab’i Korinto 10:31) Mw’Ijambo ry’Imana harimwo izindi ngingo ngenderwako umuyoro.

6. Ingingo ngenderwako zitandukaniye he n’amategeko?

6 Ingingo ngenderwako ni ukuri kuzima, ntahara, kandi Abakirisu b’inkerebutsi bariga kuzikunda. Yehova yarahumekeye Salomo kwandika ati: “Shira umutima ku majambo yanje, tega ugutwi ukuvuga kwanje; ntibikave imbere y’amaso yawe, bizigamire imbere mu mutima wawe. Kuko bibera ubu[zima] ababironka, no kunonoka mu mibiri yabo yose.” (Imigani 4:20-22) Ni gute ingingo ngenderwako zitandukanye n’amategeko? Ingingo ngenderwako ni zo shimikiro ry’amategeko. Amategeko ashobora kuba ayadomako, agashobora gukora mu gihe kinaka, ariko ingingo ngenderwako zikora ibihe vyose. (Zaburi 119:111) Ingingo ngenderwako z’Imana ntizita igihe canke ngo ziveho. Amajambo yahumetswe y’umuhanuzi Yesaya aragaragara ko ari ay’ ukuri. Agira ati: “Ivyatsi birūma, amashurwe agakabirana, arikw ijambo ry’Imana yacu rizohorah’ibihe bidashira.”​—Yesaya 40:8.

Niwiyumvire Kandi Ukore Wishimikije Ingingo Ngenderwako

7. Ijambo ry’Imana rituremesha gute kwiyumvira no gukora twishimikije ingingo ngenderwako?

7 “Ijambo ry’Imana yacu” riguma riza riraturemesha kwiyumvira no gukora twishimikije ingingo ngenderwako. Igihe Yezu bamusaba kuvuga muri make Icagezwe, yaravuze mu majambo make kandi atomoye ibintu bibiri: hamwe yashimitse ku gukunda Yehova, ahandi ashimika ku gukunda abantu nkatwe. (Matayo 22:37-40) Mu kubigira gutyo, Yezu yasubiyemwo bimwe mu vyari bigize incamake yari yaratanzwe mu ntango, yerekeye ingingo ngenderwako z’ishimikiro zo mu Vyagezwe vya Musa, zivugwa mu Gusubira mu Vyagezwe 6:4, 5, ahavuga hati: “Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene; kandi mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose.” Biragaragara ko Yezu yari afise kandi mu muzirikanyi inyobozo y’Imana iri mu Balewi 19:18. Mu nsozero itomoye, ngufi kandi y’ububasha y’igitabu c’Umusiguzi, amajambo y’Umwami Salomo agaragaza ko ari akarorero gatomoye k’ivyagezwe vy’Imana bitari bike: “Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese. Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.”​—Umusiguzi 12:13, 14; Mika 6:8.

8. Ni kubera iki kugira ugutahura kwuzuye ingingo ngenderwako za Bibiliya z’ishimikiro ari uburinzi?

8 Ugutahura kwuzuye ingingo ngenderwako z’ishimikiro nk’izo kurashobora kudufasha gutegera no gushira mu ngiro izindi nyobozo zitomoye. Bisubiye, mu gihe tudatahura ingingo ngenderwako z’ishimikiro bimwe binogangije kandi ngo tuzemere, ntitwoshobora gufata ingingo ziranga ubukerebutsi kandi ukwizera kwacu kwoshobora guhungabana bitagoranye. (Abanyefeso 4:14) Nitwagumiza mwene izo ngingo ngenderwako mu muzirikanyi wacu no mu mutima wacu, tuzoba twiteguriye kuzikoresha mu gufata ingingo. Igihe tuzishize mu ngiro tubigiranye ugutahura, bituma turoranirwa.​—Yosuwa 1:8; Imigani 4:1-9.

9. Ni kuki bitama vyoroshe gutegera no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya?

9 Gutegera no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya ntivyoroshe cokimwe no gukurikiza amategeko yashinzwe. Kubera ko turi abantu b’abanyagasembwa, twoshobora kutagira akigoro gasabwa kugira ngo tuzirikane ku ngingo ngenderwako. Twoshobora gushima kugira itegeko rinaka twashingiwe igihe duhanganye n’ugufata ingingo canke duhanganye n’ukugira amahitamwo agoye. Rimwe na rimwe twoshobora kuronderera ubuyobozi ku Mukirisu ahumuye, kumbure umukurambere w’ishengero, twizigiye kuronka itegeko kanaka rirashe rijanye n’uko ivyacu vyifashe. Yamara, Bibiliya canke ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bishobora kudatanga itegeko kanaka rirashe, eka mbere n’igihe turihawe, ryoshobora kutama ari ryo rituyobora mu bihe vyose no mu bintu vyose. Ushobora kuba wibuka yuko hari umugabo umwe yabajije Yezu ati: “Mwigisha, mbaririra mwene mama tugabure umwandu.” Aho guca ubwo nyene atanga itegeko ryari gufasha gutorera umuti uguhazuka kwari hagati y’abavukana, Yezu yamuhaye ingingo ngenderwako izwi n’abantu bose igira iti: ‘Mwame mugavye, mwirinde umwina iyo uva ukagera.’ (UB) Gutyo Yezu yari atanze inyobozo yari kirumara ico gihe kandi ikaba ikiri kirumara no muri iki gihe.​—Luka 12:13-15.

10. Kwigenza ubwacu mu buryo buhuje n’ingingo ngenderwako bihishura gute imvo zo mu mutima dukorana?

10 Ushobora kuba warabonye abantu bahengamira ku gupfa kugamburuka amategeko batabishaka koko, bakayagamburuka babitumwe n’ugutinya igihano. Ukwubaha ingingo ngenderwako ntikujamwo agatima nk’ako. Uko zimeze kwose, ingingo ngenderwako zituma abayoborwa na zo bazikurikira bivuye ku mutima. Mu bisanzwe, ingingo ngenderwako nyinshi ntizituma abatazisunga baca baronka igihano ubwo nyene. Ivyo biraduha akaryo ko guhishura igituma tugamburukira Yehova, imvo yo mu mutima dukorana. Akarorero tugasanga mu kuntu Yozefu yanse igihe muka Potifari yamugobera ngo basambane. Naho Yehova atari bwatange itegeko ryanditse ribuza ubusambanyi kandi akaba ata gihano c’Imana cari gitegekanijwe ku biraba ugusambana n’umugore w’uwundi mugabo, Yozefu yarazi ingingo ngenderwako yashizwe n’Imana yo kuba intahemuka mu mubano w’ababiranye. (Itanguriro 2:24; 12:18-20) Dufatiye ku kuntu yavyakiriye, turashobora kubona yuko ingingo ngenderwako nk’iyo yagize ububasha bukomeye kuri we: “Noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?”​—Itanguriro 39:9.

11. Ni mu mice iyihe Abakirisu bashaka kuyoborwa n’ingingo ngenderwako za Yehova?

11 Muri iki gihe, Abakirisu bashaka kuyoborwa n’ingingo ngenderwako za Yehova ku biraba ibintu vyabo bwite, nk’uguhitamwo abagenzi, ivy’ukwinezereza, umuziki, be n’amayagwa basoma. (1 Ab’i Korinto 15:33; Ab’i Filipi 4:8) Uko dukura mu bumenyi, mu gutahura, no mu gukunda Yehova n’ingingo mfatirwako ziwe, ijwi ryacu ryo mu mutima, be n’inyifato runtu yacu bizodufasha gushira mu ngiro ingingo ngenderwako z’Imana mu bintu ivyo ari vyo vyose biduhanze, mbere no mu bintu bitwerekeye ubwacu gusa. Turongowe n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ntituzorondera mu vyagezwe vy’Imana aho bitadomako, eka mbere ntituzokwigana abagerageza gukora ibintu bigana ku kurenga icagezwe kinaka, baraba aho bashobora kugeza batarakirengako vy’ukuri. Turatahura yuko iciyumviro nk’ico ata co kivamwo kandi ko conona.​—Yakobo 1:22-25.

12. Ni ikintu nyamukuru ikihe kidufasha kuyoborwa n’ingingo ngenderwako z’Imana?

12 Abakirisu bahumuye baremera icese yuko ikintu nyamukuru cobafasha gukurikira ingingo ngenderwako z’Imana ari ugushaka kumenya ukuntu Yehova yiyumva ku bijanye n’ikintu kanaka. Umwanditsi wa Zaburi ahanura ati: “Yemwe abakunda Uhoraho, ni mwanke ikibi.” (Zaburi 97:10) Mu gutondeka ibintu bimwebimwe Imana ibona ko ari bibi, mu Migani 6:16-19 havuga hati: “Har’ibintu bitandatu Uhoraho yanka, mbere n’indwi bimusesema: amaso y’ubgibone n’ururimi rw’ibinyoma, n’amaboko avisha amaraso y’aberanda; n’umutima ugera imigabo mibi, n’ibirenge vyihutira kwirukira ikibi; n’icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ubuhūmvyi, n’ūvyura imitongano mu bavukana.” Igihe icipfuzo co kuzirikana ku kuntu Yehova yiyumva ku bintu nk’ivyo vy’ishimikiro kigenga ubuzima bwacu, ukubaho twisunga ingingo ngenderwako gucika akamenyero ka misi yose.​—Yeremiya 22:16.

Imvo Nziza Irakenewe

13. Ni ukwiyumvira nyabaki Yezu yashimitseko mu Nsiguro yiwe yo ku Musozi?

13 Kumenya ingingo ngenderwako no kuzishira mu ngiro biradukingira kandi umutego w’ugusenga ataco kumaze, ugusenga kwo kw’izina. Hariho itandukaniro hagati y’ugukurikira ingingo ngenderwako n’ukwumira ku mategeko. Ivyo Yezu yaravyerekanye mu buryo butomoye mu Nsiguro yo ku Musozi. (Matayo 5:17-48) Ibuka yuko abumviriza Yezu bari Abayuda, kubera ico, inyifato yabo ishobora kuba yari ikwiye kugengwa n’Ivyagezwe vya Musa. Ariko mu vy’ukuri, uburyo babona Ivyagezwe kwari gucuritse. Bo bashimika ku majambo y’Ivyagezwe aho gushimika ku co bisobanura. Bisubiye, bashimika ku migenzo yabo, bakayirutisha inyigisho z’Imana. (Matayo 12:9-12; 15:1-9) Ico vyavuyemwo ni uko abantu muri rusangi batigishijwe kwiyumvira ivyerekeye ingingo ngenderwako.

14. Yezu yafashije gute abamwumviriza kwiyumvira bishimikije ingingo ngenderwako?

14 Igitandukanye n’ivyo, muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yarashizemwo ingingo ngenderwako ziri mu mice itanu y’ivy’ukwigenza runtu: ishavu, umubano w’ababiranye n’ukwahukana, imihango, ukwihora, urukundo n’urwanko. Mu muce wose ukwawo, Yezu yarerekanye akamaro ko gukurikira ingingo ngenderwako. Gutyo, Yezu yarashize hejuru ingingo mfatirwako y’ivy’ukwigenza runtu ku bw’abayoboke biwe. Nk’akarorero, ku bijanye n’ubusambanyi, yaraduhaye ingingo ngenderwako itarinda ibikorwa vyacu gusa, ariko kandi irinda ivyiyumviro be n’ivyipfuzo vyacu. Igira iti: “Umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.”​—Matayo 5:28.

15. Dushobora gute kwirinda impengamiro iyo ari yo yose yo kuba abumira ku mategeko?

15 Ako karorero karerekana ko tudakwiye kwigera twibagira ico ingingo ngenderwako za Yehova zishaka gushikako. Nta nkeka, ntidukwiye kugerageza kwihesha ubutoni ku Mana biciye ku kwiyerekana ko twigenza neza atari vyo. Yezu yarashize ahabona agatima nk’ako katariko mu kudoma urutoke ku kigongwe c’Imana no ku rukundo rwayo. (Matayo 12:7; Luka 6:1-11) Dukurikiye ingingo ngenderwako za Bibiliya, tuzokwirinda kugerageza kubaho twisunga (canke gusaba abandi ngo babeho bisunga) amategeko umuganda kandi agoye y’ivyokorwa n’ibitokorwa, arenze ku vyo Bibiliya yigisha. Tuzokwitwararika cane ivyerekeye ingingo ngenderwako y’urukundo n’ukugamburukira Imana aho kwitwararika ugusenga kuboneka inyuma gusa.​—Luka 11:42.

Ingaruka Ziteye Umunezero

16. Nutange uturorero tw’ingingo ngenderwako ziri mu nyobozo zimwezimwe za Bibiliya.

16 Kubera twihatira kugamburukira Yehova, birahambaye ko dutahura yuko ivyagezwe bishimikiye ku ngingo ngenderwako nyamukuru. Nk’akarorero, Abakirisu bategerezwa kwirinda ugusenga ibigirwamana, ubuhumbu, be n’ugukoresha amaraso ico atagenewe. (Ivyakozwe 15:28, 29) Ni igiki gishigikira iyo mpagararo ya gikirisu kuri bene ivyo bibazo? Imana ni yo dukwiriye gusenga yonyene gusa; dukwiye kuba abizigirwa ku bo twubakanye; kandi Yehova ni we Mutanzi w’Ubuzima. (Itanguriro 2:24; Kuvayo 20:5; Zaburi 36:9) Gutahura izo ngingo ngenderwako z’ishimikiro bituma kwemera no gukurikiza ivyagezwe bijanye na zo bicika ivyoroshe.

17. Ni ingaruka nziza izihe ziva mu gutegera no mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya?

17 Uko dutegera ingingo ngenderwako z’ishimikiro tukazishira mu ngiro, ni ko dutahura ko ziriho ku bw’ineza yacu. Imihezagiro yo mu vy’impwemu abasavyi b’Imana binovora akenshi ijanirana n’ivyiza biboneka. Nk’akarorero, abirinda kunywa itabi, ababaho bigenza runtu, kandi bubahiriza ubweranda bw’amaraso baririnda kwizizirwa n’indwara zimwezimwe. Muri ubwo buryo nyene, kubaho twisunga ukuri kuva ku Mana, birashobora kutwungura mu vy’ubutunzi, mu vy’ikibano canke mu vy’ubuzima bwo mu rugo. Ivyiza ivyo ari vyo vyose nk’ivyo biboneka biragaragaza agaciro k’ingingo mfatirwako za Yehova, ko vy’ukuri ari ngirakimazi. Ariko rero, kuronka ivyiza ngirakimazi nk’ivyo si yo mvo nyamukuru ituma dushira mu ngiro ingingo ngenderwako z’Imana. Abakirisu b’ukuri bagamburukira Yehova kubera yuko bamukunda, kubera yuko bikwiye ko bamusenga, be n’ukubera yuko ari co kintu ciza bakwiye gukora.​—Ivyahishuriwe 4:11.

18. Niba dushaka kuba Abakirisu bererwa, ni igiki gikwiye kuyobora ubuzima bwacu?

18 Kureka ubuzima bwacu bukayoborwa n’ingingo ngenderwako za Bibiliya bijana mu nzira y’ubuzima ihanitse, na yo ikaba ubwayo ishobora gukwegēra abandi mu nzira y’Imana. Igihambaye kuruta, uburyo tubayeho buratera iteka Yehova. Turatahura yuko Yehova vy’ukuri ari Imana y’inyarukundo idushakira ineza. Igihe dufata ingingo twishimikije ingingo ngenderwako za Bibiliya tukabona n’ukuntu Yehova aduhezagira, turashika no ku kwumva ko tumwegereye cane. Egome, turatsimbataza kandi ubucuti burangwa urukundo na Data wa twese wo mw’ijuru.

Woba Uvyibuka?

• Ingingo ngenderwako ni iki?

• Ingingo ngenderwako zitandukaniye he n’amategeko?

• Ni kubera iki ari ngirakamaro kuri twebwe ko twiyumvira tukongera tugakora twishimikije ingingo ngenderwako?

[Uruzitiro ku rup. 14]

Wilson, Umukirisu wo muri Ghana, yaramenyeshejwe ko mu misi mikeyi yokwirukanywe mu kazi kiwe. Ku musi wiwe wa nyuma w’akazi, yarungitswe kwoza umuduga w’umuyobozi w’iyo kompanyi. Igihe Wilson yasanga amahera mu muduga, umukoresha wiwe yamubwiye ko Imana yari yarungitse ayo mahera kubera ko Wilson yari agiye kwirukanwa mu kazi uwo musi. Ariko rero, mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya z’ukuba inzirabugunge, Wilson yarasubije nya mahera uwo muyobozi. Nya muyobozi yaratangaye vyongera biramukora ku mutima, ntiyaciye aha Wilson ubwo nyene akazi kabandanya gusa, ariko kandi yaramudugije amugira umwe mu bantu bahambaye bo muri iyo kompanyi.​—Abanyefeso 4:28.

[Uruzitiro ku rup. 15]

Rukia ni Umunyalubaniyakazi ageze nko mu myaka 60. Kubera ukudahuza mu muryango, yamaze imyaka irenga 17 atavugana na musazawe. Yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, aramenya yuko Abakirisu b’ukuri bategerezwa kubana mu mahoro n’abandi, batabika inzika. Yarasenze ijoro ryose, n’umutima wiwe udihagizwa, aca agenda aho musaza we aba. Umusengezana wiwe arugurura urugi. N’ugutangara kwinshi, aca abaza Rukia ati: “Ni nde yapfuye? Aha uhakora iki?” Rukia yamusavye ko yobonana na musaza we, se w’uwo mwana. Abigiranye ubwitonzi bwinshi yarasiguye yuko ukwiga ivyerekeye ingingo ngenderwako za Bibiliya n’ukwiga ivyerekeye Yehova vyamusunikiye ku kugiranira amahoro na musazawe. Bamaze kurira no guhoberana, baciye bagira umusi mukuru w’ukwo gusubira guhura kudasanzwe!​—Abaroma 12:17, 18.

[Ifoto ku rup. 17]

Matayo 5:27, 28

[Ifoto ku rup. 17]

Matayo 5:3

[Ifoto ku rup. 17]

Matayo 5:24

[Ifoto ku rup. 17]

“Abonye iryo shengero, adūga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwēgēra. Yanzika kuvuga, arabigisha.”​—MATAYO 5:1, 2

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika